VA HASI, UFATE URUGENDO, UJE ABA BANTU IMBERE (Gusubira mu Vyagezwe 10:11)

 UMUKRISTU W’UKURI WESE ABA AR’UMUYOBOZI

Nuko namaze kur’uwo misozi imisi mirongw’ine n’amajoro mirongw’ine nk’ubwa mbere, Uhoraho no mur’ico gihe naco aranyumvira, ntiyabarandura. Maze Uhoraho arambarira ati: Va hasi ufate urugendo uje aba bantu imbere, kugirango binjire mu gihugu narahiye ba sekuruza ko nzokibaha, bacegukire (Gusubira mu Vyagezwe 10: 10-11)

Aya majambo avuye mu gitabo kivuga ukuntu Mose yasubiriyemwo Abisirayeli ivyerekeye amategeko y’Imana, ukuntu bayobowe n’ubutware bw’Uhoraho mu rugendo rwabo rwose, bakarya bakanywa bakambara, kandi bagafashwa no mu bihe vy’amagume. VA HASI, UFATE URUGENDO, UJE ABA BANTU IMBERE (Gusubira mu Vyagezwe 10:11) bibiliya-yera-4cIco gitabo citwa Gusubira mu Vyagezwe, canke Gusubira mu vy’amategeko, nico dusomamwo aya majambo meza ya Mose ngo: Uhoraho Imana yanyu yagenda abaterura nk’uko mubizi, nk’uko umugabo aterura umwana wiwe, mu rugendo rwanyu rwose (Gusubira mu Vyagezwe: 1: 31).

Hano Mose ariko arabibutsa ukuntu yasubiye ku musozi kubasengera, muri ca gihe yasanga bihumanishije ca gishusho c’ikimasa c’izahabu (Kuvayo 32: 7-14). Kuko yabonye baguye mu vyaha aca asubira inyuma ningoga, yihutira ku basengera. Uko gusenga kwa Mose kuvugwa hano kubera ico caha c’ugukora ikimasa c’izahabu, n’ukugira kabiri. Kuko mu gihe Abisirayeli bacura ico kigirwamana, Imana yari yababonye nk’ejo mu vyo bakora vyose mur’ubwo bupfu bwabo Mose ataramenya ivyabaye. Nkako handitswe ngo: Urazi iyicara ryanje n’iva hasi ryanje (Zaburi 139: 2). N’iyo Mana yabanje guhishurira Mose ibiriko biraba mw’ikambi, Mose ata na kimwe aramenya: Uhoraho abarira Mose ati: Manuka ugende, kuko ba bantu bawe wakuye mu gihugu ca Egiputa bamaze kwononekara.veau_poussin Inzira nabategetse bayitaye ata n’akanya, bironkeye igishushanyo c’ikimasa bakivugutiye mu nkero, bagisenze, bagihaye ibimazi, baravuga bati: Yemwe b’Israyeli, ng’iyo Imana yanyu yabakuye mu gihugu caEgiputa (Kuvayo 32: 7-8). Obra%2Bde%2BMoises%2BcopyIco gihe Imana yaciye igerekako ko igiye kubahonya, ariko igasigaza Mose kugira ngo ize imihindure ihanga rikomeye. Mose ni kwo guca yubarara hasi arasenga yinginga Imana ngo ntibarandure. Kandi rero burya umugenzi n’ikindi. Mose yar’umugenzi w’Imana ku buryo butangaje. Iyumvire umuntu nkatwe yashoboye kugondoza Imana akayibuza gukora ivyo yari yagambiriye!!! N’uko Uhoraho arigarura, areka ivyo vyago yari yageneye guteza abantu biwe (Kuvayo 32: 14).

Iyumvire uko Uburundi bwomera canke igihugu icarico cose, mu gihe umutegetsi waco yokwama azindurwa no kugisabira ku Mana kugirango igiharire ivyaha vyaco. Canke se uko vyomera mu rugo rwawe, mu gacimbiri kawe, ku musozi wawe, muri Commune yawe, mu kazi kawe, muri wewe nyene, mugihe woba umunyamasengesho yuzuye nka Mose.

Mose yavuye gushengera ibukama asanga ibintu vyamaze kwononekara bisigaye ari potopoto, asanga ishengero ririko rirakora ibidakorwa! Ishavu riramwica, ata hasi ivyo bisate yar’afise mu ntoke abimenera mu mucamo w’uwo musozi (Kuvayo 32: 20). Abaza Aroni uko vyagenze kugira ngo ibintu bigere aho hose, Aroni ararementanya ubujambo bwo kwikurayo, Mose ahamagara Abalewi bagisigaranye imbuto y’akantu abarungika kwica uwo wese bazi ko yagize uruhara mu gushikira uwo mugararizo. Kur’uwo musi mu bantu hapfamwo nk’ibihumbi bitatu (Kuvayo 32: 28). Ariko Mose abonye ukuntu ico caha gikomeye n’ukuntu gitukishije Abisirayeli mu mahanga yandi, arivuganya ati Ngira nduge nje k’Uhoraho nkumbure nobona ingene mbatangira impongano kubw’icaha canyu (Kuvayo 32: 30). Uku gusubira ku Mana ni kwo rero yibukije Abisirayeli ati: N’uko namaze kur’uwo musozi imisi mirongw’ine n’amajoro mirongw’ine nk’ubwa mbere; Uhoraho no mur’ic0 gihe naco aranyumva, ntiyabarandura (Gusubira mu Vyagezwe 1o: 10).

Abayobozi bazi gusengera abo bashinzwe, nibo baba bakwiye ico gikorwa koko, discouraged_heartatari bamwe bagwanisha ivyiyumviro vy’uburyarya canke bipfuza intsinzi y’imiheto n’imyampi. Burya ubugabo s’urucumu! Kuyobora abantu ntibisaba ubutore bw’umubiri canke ubwenge bw’ab’isi, bisaba ko uba warabihamagariwe n’Imana. Ntaco uraba ishusho yiwe canke uko areha kuko sinamutoranije. Erega jewe sindaba nkuko abantu baraba, kuko abantu baraba ku rukoba gusa, ariko jewe Uhoraho ndaba mu mutima (1Samweli 16: 7) Kubihamagarirwa navyo ntibikwiye, igikwiye n’ukwama utura Imana ingorane zawe n’iz’abo ushinzwe. Nshaka kuvuga abo mu rugo rwawe, mu kazi, mw’ishengero, ku musozi wawe, aho ufise ubuyobozi hose, ndetse no ku mubiri wawe bwite, kuko burya uwutazi gutegeka umubiri wiwe ntiyotegeka igihugu ngo bimukundire. Erega, Uganza umutima wiwe aruta uwunesha igisagara (Imigani 16: 32). Kand’umuntu atitangira mu mutima ameze nk’igisagara gitewe inzitiro zaco zarasambutse (Imigani 25: 28). Muzobona  abenshi barambira ku buyobozi kandi bafise abansi babagwanya, hanyuma bakarangiza neza bageze ku migambi yose biyemeje kugerako. Abandi bakayobora bakoresheje inguvu n’ubwenge bwabo, ntibaze kubaza Imana ico bokora, ntibigere basengera abo bashinzwe kuyobora!!! Muri iyo migwi ibiri y’abayobozi, usanga abagira amahirwe yo gukundwa n’abo bayobora ari bariya ba mbere natangiriyeko. Ibaze kuba ur’umupasitori, canke umupatiri,canke umuyobozi mu vy’igihugu, noneho ah’uciye bakaguha induru aho kugukeza bakakwishimira. Abayobozi ben’abo usanga bafise abansi babarwanya kubera ukutishimira ukuntu Imana ibakoresha, ariko ubushobozi bwayo bugakomeza kugaragara mu magara make ya kimuntu.  Kuza kubaza Imana ntibivuga kuja mu materaniro y’amadini ngo babone ko musitanteri kanaka canke chef w’i kanaka aseng’Imana. Ntibivuga kujana mu misa n’umugore n’abana imisi yose. Nashatse kuvuga kwihererana n’Imana tukayibwira iritubabaje mw’ibanga.

Niho rero Umwami Imana yihweza ivya Mose, irumviriza, imubona mwo ubugabo n’ubutwari, kuko yamenye gukoresha neza igihe yahawe n’Imana. mosesMaze Uhoraho  aramubarira ati Va hasi, ufate urugendo, uje aba bantu imbere, ubageze mu guhugu narahiye ba sekuruza ko nzokibaha, bacegukire (Gusubira mu Vyagezwe 10: 11). Dukwiye kumenya natwe gukoresha aka kanya Imana yaduhaye, kandi mumenye ko twese tur’abayobozi. Ntimuze mumere  nka Kayini yagiye gutakaza umurongo, abwira Imana ngo: Ndabizi? Nar’umwungere wa murumuna wanje? Itanguriro 4: 9). Mugenzi, uwo muntu ari imbere yawe uramushinzwe, uwo mwana uhetse mu mugongo uramushinzwe, uwo mwana wigisha uramushinzwe, abo mujana mu kazi, kwa muganga, kw’isoko n’ahandi bose urabashinzwe.

Iki cigisho s’ico kubararikira gusengera abo muyoboye canke kwisengera gusa, ah’ubwo nico kubahagurutsa ngo muve hasi, mugende. Simwe muzoba mugenda, ah’ubwo ni Kristu, azobayobora azogendana na mwe mu buyobozi bwanyu. Aravuga ati: Ni mugume muri jewe nanje nzoguma muri mwebwe. Nkuko ishami ritabasha kwama ubwaryo ritagumye ku muzabibu, niko namwe mutabibasha, mutagumye muri jewe (Yohani 15: 4). Paulo ati: Nshobozwa vyose n’uwumpa ubukomezi (Abafilipi 4: 13). N’uko rero,  muje abantu banyu imbere, abo mu ngo zanyu, abo muyoboye mu kazi,  na bashobuja canke banyokobuja nyene, kuko nabo burya barakeneye iyi nkuru nziza; muje imbere abo muyoboye mu mihari, mu ntwaro aho mugeza hose, mutibagiye no kwiyobora mwebwe nyene mu mibiri yanyu. Aho twese dutegerezwa gushikana abacu ni mu gihugu c’isezerano i Kanani ho mw’ijuru, kwa Yesu.

 

Tuzohurirayo rero. Mugire urugendo rwiza.

Publié dans : ||le 4 février, 2011 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire