URUKUNDO RWA YESU III

AMARASO N’AMAZI

Uwo musi wari uwo kwitegurira Pasika, nuko kugirango ababambwe ntibagume ku misaraba kw’isabato, kand’uwo musi w’isabato wari mukuru, Abayuda basaba Pilato ngw,amaguru yabo avunwe, kandi ngo babamburwe. Maze abasoda baraza bavuna amaguru y’uwambere, n’ay’uwundi yabambanywe nawe. Ariko bashitse kuri Yesu, babonye yamaze gupfa, ntibaba bakimuvuna amaguru, ariko umwe mu basoda amucumita icumu mu rubavu, ako kanya hava amaraso n’amazi.

Uwabibonye niwe yabishingiy’intahe kand’intahe yiwe n’iy’ukuri, kand’arazi ko avuga ukuri, kugira ngo namwe mwizere. Kuko ivyo vyabayeho kugirango icanditswe gushike, ngo Nta n’igufa ryiwe rizovunwa. Kandi har’ikindi canditswe kivuga ngo: Bazobona uwo basogose (Yohani 19: 31-37.

 URUKUNDO RWA YESU III

Bibiliya ivuze ko ibi vyabaye ku musi wo kwitegurira Pasika. Luka  nawe yemeza ko vyabye ku musi wo kwitegura (Luka 23: 54). Yohani avuze kandi ko bwaca haba isabato, ikaba n’umusi mukuru uhambaye. Uwo musi mukuru nyene niwo Pasika, kuko iyo Pasika yashitse ku musi wayo usanzwe, n’ukuvuga ku musi ugira cumi nakane w’ukwezi kwa mbere kw’Abaheburayo, gutangura ku mugoroba (Kuvayo 12: 18). Twibukanye ko umusi w’Abaheburayo ariwo musi wo muri Bibiliya, utangura ku mugoroba ukagera ku wundi mugoroba (Itanguriro 5, 8, 13, 19, 31). Igihe Yesu yapfa rero, Luka we abisobanura neza ati: War’umusi wo kwitegura, isabato igira ishike (Luka 23: 54). Ubwo izuba ryararenze, isabato iba iratanguye, umusi mukuru wa Pasika uba urashitse. Yesu niwe mwagazi wa Pasika w’ukuri, nico gituma iyo Pasika itazibagirana, yabaye amaze kwitanga, ayiruhukira mu cobo, mur’urwo rupfu rwiwe tuharonkera ubugingo.

Umusi mukuru wa Pasika wo ku musi wambere w’imisi indwi (dimanche) usanze uzwi kandi ukundwa mu mashengero y’iki gihe, ntukomoka muri Bibiliya. Birazwi ko Yesu yazutse ku musi wa mbere w’imisi idwi (dimanche), ariko nta murongo wo mu Vyanditswe Vyera wigisha ko uwo musi wa mbere w’imisi indwi uzoba umusi mukuru. Paulo intumwa nawe avuga ko Pasika ari ukwihereza kwa Kristu nk’incungu y’ibicumuro vyacu, akadusaba kugira uwo musi mukuru. Muranyumva neza, nta mwanditsi wa Bibiliya agwanya uwundi. Mose yabwiwe n’Imana  ko Pasika izoba umusi mukuru uzokwama ushika ku musi wa cumi na kane w’ukwezi kwa mbere kw’Abaheburayo, kandi barawukomeje nkuko Uhoraho yavyivugiye ati: mu kwezi kwa mbere, ku musi wakwo w’icumi nakane ku mugoroba, haze hame haba Pasika yanje, jewe Uhoraho (Abalewi 23: 5). Navuze ivyerekeye ukuntu Paulo nawe yategeka abakristu kugira iyo Pasika, ni mwumve amajambo yanditse: Kuko umwagazi w’intama watanzwe kw’ikimazi ari Kristu. Nuko nituziririze imisi mikuru tudafise umwambiro wa kera, canke umwambiro w’urwanko n’ikibi… (1Abakorinto 5: 7-8). N’iyo Pasika Bibiliya ivuga yabaye kw’isabato. Yesu rero yapfuye ku musi wa gatandatu (vendredi). Twumvikane, kuko umusi wambere muri Bibiliya ni wo twebwe twita dimache, ari wo musi w’izuka (Mariko 16: 9), ukaba ushika isabato ihavuye (Mariko 16: 1-2). Nico gituma ndaberetse ko uwo musi w’urupfu rwa Yesu ari umusi wa gatandatu. Biragoye kwemera no kwinjira mu bwenge, kuko basogokuruza bacu batubwiye ngo ni ku wa gatanu Ariko ukuri kwanditswe n’uko ndiko ndababwira.

N’uko kur’ico kirengarenga  co kumusi wa gatandatu (vendredi) rero, Abayuda basaba Pilato ngo amaguru yababambwe avunwe kandi ngo babamburwe. Twarize mu vyigisho biheruka ko muguhohosha ababambwe, babahuraguza imitarimbo bakabavuna amaguru. Ariko burya ubuhanuzi bwa Bibiliya ntibuhera. Yohani Umubatizi yari yamuranze ati: Nguyu umwagazi w’intama w’Imana ukur’icaha c’abantu kw’isi (Yohani 1: 29). Yesu rero, kuko asanzwe ariwe ubuhanuzi bwavuga kuva na kera bukamugereranya n’umwagazi w’intama wa Pasika, ntiyashobora kuvunwa igufa n’abo bapagani kubera iryo tegeko ry’Abayuda. Ivyanditswe bivuga  ivya Pasika biti: inyama baze bazikoze imitsima itambiye n’imboga zirura… kandi ntibaze bavune igufa na rimwe ryazo, nkuko amabwirizwa ya Pasika ameze (Guharura 9: 12). kandi ntimuze muvune igufa na rimwe ryayo (Kuvayo 12: 46). Muri Zaburi  naho ngo: Azigama agufa yiwe yose, nta na rimwe rivunika (Zaburi 34: 20).

Ubwo rero ntagufa rya Yesu bavunye nkuko Mpwemu Yera yari yarabivugiye mu bahanuzi. Ariko kuko kandi handitswe ngo bazihweza uwo basogose (Zekariya 12: 10), vyabaye ngombwa noneho ko uwo musoda acumita iryo cumu mu rubavu rwa Yesu, havamwo amaraso n’amazi. Erega, ayo maraso niyo nyene Kristu yakoresheje mu kurema ishengero ryiwe, kuko abari kure kera mwigijwe hafi n,amaraso yiwe (Abefeso 2: 13), yatubohoje ivyaha vyacu amaraso yiwe (Ivyahishuwe 1: 5). Erega arya mazi yavuye mu rubavu, niyo atwoza ivyaha agereranywa mbere n’amazi y’umubatizo. Kristu yakunze ishengero araryigura, ngw’aryeze, aryogeshe amazi n’ijambo (Abefeso 5: 25-26).

Iki ni co gihe cawe co gukizwa, ngwino woge muri aya maraso n’amazi  vyavuye mu rubavu rw’umucunguzi wawe, were derere, kuko nta rubanza ruri ku bari muri Kristu Yesu. Rabisha amaso y’ukwizera kirya gihengeri caciwe n’icumu ry’uwo musoda. Yamara yacumitiwe ibicumuro vyacu, yajanjaguriwe ububegito bwacu, igihano kiduhesha amahoro caguye kuri we, kandi mu mishishagu yiwe, niho agakiza kacu kari (Yesaya 53: 5)

Uwabibonye niwe yabishingiye intahe kandi yavyanditse ngo natwe twizere dukizwe.  Icompa nawe uyu musi ugakizwa mu gusoma iyi nkuru nziza.

Iman’iguhe kwozwa n’ayo maraso n’amazi biva mu rubavu rwa Yesu.

ANDIKA ICO WIBAZA KURI IKI CIGISHO NGAHA HEPFO HABIGENEWE

Publié dans : ||le 9 septembre, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire