URUKUNDO RWA YESU II

WOGEJWE NA YESU? WATUNGANIJWE N’AMARASO?   

Nkuko Mose yamanitse inzoka mu bugaragwa, niko umwana w’umuntu akwiriye  kumanikwa kugira ngo uwumwizera wese ahabwe ubugingo buhoraho (Yohani 3: 14-15)

URUKUNDO RWA YESU II Christ_-_Gethsemane_3_-_Del_Parson

 Abantu benshi barazi ko Yesu yapfuye azira ivyaha vyacu ariko ni bake bazi neza ivyaha ivyarivyo. Kumenya neza icaha icarico, tukamenya n’akaga twaguyemwo kubera co, tukamenya n’amagorwa ivyaha vyacu vyateje umwana w’Imana, nyen’ijuru n’isi, ariwe Mukiza n’Umwami w’Uburundi n’Abarundi,  ndetse n’isi yose, nivyo bituma, dufata ingingo yo kubireka.

Ariko nanone bisaba ko dufashwa n’ubushobozi bw’Imana, kuko ntivyoroshe kuvavanura n’icaha. Erega navukiye mu gicumuro, kandi na mama yarakinsamanye! (Zaburi 51: 7).

Uyu musi turaza kurabira hamwe ukuntu Umwami wacu Yesu-Kristu yatugorewe kubera ivyo vyaha bigenda vyibonekeza muri kamere yacu. Yakomerekejwe n’ibicumuro vyacu, avunagurwa n’ivyaha vyacu, igihano kiduhesha amahoro caguye kuri we, ugukira kwacu tugukesha imishishagu yiwe (Yesaya 53: 5)

Abasirikare b’Abaroma bari bafise ingingo umunani bakurikiza mu gufata umunyavyaha baza kwica, kandi izo ngingo nizo zakurikijwe, nkaho umwami Yesu yobaye ari inkozi y’ikibi. Ni murabe uko vyagenze:

1. Umunyavyaha aza kwicwa mu kumufata ntibamuburira, baramuturumbukira. Ivyanditswe bivuga biti:  Akivuga, haza igitero, kiyobowe n’uwitwa Yuda, umwe wo muri bamwe cumi na babiri. Yegera Yesu aramusoma. Yesu aramubwira ati:  Yuda we uragurishije umwana w’umuntu mukumusL%E2%80%99Arrestation+de+J%C3%A9sus.+Maest%C3%A0oma?Abari kumwe na Yesu babonye ibigira ngo bibe, baravuga bati: Mugenzi, tubakubite inkota? Umwe muri bo akubita inkota umusavyi w’umuherezi mukuru amuca ugutwi kw’i buryo. Maze Yesu aravuga ati: Bangwe, bangwe! Akora ku gutwi kw’uwo muntu aramukiza.

Hanyuma Yesu abwira abaherezi bakuru, n’abakuru bashinzwe umutekano wo mu rusengero, n’abashingantahe bari bamuziye ati: Muje nk’abaje gufata umwambuzi, muzanye inkota n’amahiri. Nari kumwe namwe imisi yose mu rusengero ariko ntimumfate. Ariko iyi niyo saha yanyu, n’ububasha bw’umwijima (Luka 22: 47-53)

2. Iyo umunyavyaha afashwe, baca bamuta mu ngoyi bakamudadangira mu kumuboha, bakamushira abategetsi. Ivyanditswe bivuga biti: Abasirikare, abashingantahe, n’abagendanyi b’Abayuda bafata Yesu baramuboha. Eccehomo1Babanza kumujana kwa Anas kuko yari sebukwe wa Kayafa, ni we yar’umuhereji mukuru muruwo mwaka. Anasi amurungika uko yakaboshwe kwa Kayafa (Yohani 18: 12-13).

3. Bamaze kumugeza imbere y’abategetsi nabo bagatangura kumubazaguza. Ivyanditswe biravuga biti: Umuherezi mukuru abaza Yesu ivyerekeye abigishwa biwe n’inyigisho ziwe. Yesu aramusubiza ati: Nabwiye ab’isi neruye, nigishiriza imisi yose mu masinagogi no mu rusengero, aho Abayuda bakoranira, ntaco navugiye mu mpisho. Kubw’ayo majambo, umwe mu bagendanyi b’abayuda yar’aho akubita ikofeYesu, avuga ati: Uko niko wishura umuherezi mukuru? Yesu aramusubiza ati: Ninaba mvuze nabi, ni werekane ikibi mu vyo mvuze, naho ninaba mvuze vyo,unkubitiy’iki? Anasi amurungika kwa Kayafa uko yakaboshwe. Bajana Yesu i butware kwa Kayafa, hari mu gatondo (Yohani 18: 19-24, 28).  N ‘uko bava hasi bashorera Yesu bamujana imbere ya Pilato. Nuko batangura kumurega bavuga bati: Twasanze uyu mugabo agumura igihugu cacu, abuza abantu gutanga ikori rya Sezari, yigirango niwe Kristu, umwami. Pilato amubaza mur’aya majambo ngo: ur’umwami w’Abayuda? Yesu aramusubiza ati: Urarivuze. Pilato abwira umukuru w’abaherezi n’ishengero ati: Nta caha mbona mur’uwu muntu. Ariko barashimantara bavuga ngo: Aragumura igihugu, yigisha mu Buyuda, yaje ava muri Galilaya iyo yatanguriye, kugeza n’ino. Pilato yumvise bavuze i Galilaya, abaza ko uyo muntu ar’umunyagalilaya. Noneho yumvise ko aturuka mu ntara ya Herodi, amurungikira Herodi, kuko yari i Yerusaremu muri iyo misi. Herodi abonye Yesu, aranezerwa cane, kuko kuva kera yipfuza kumubona, kubera ivyo yari yaramwumviseko, akiyumvira ko ahava amubona akora igitangaro. Amubazaguza vyinshi, ariko Yesu ntiyasubiza na kimwe. Abaherezi bakuru n’abanditsi baraho, bariko baramurega  bakobeje.  Herodi n,abasirikare biwe bamurabana agasuzuguro, bamaze kumushinyagurira no kumwambika igihuzu gitukura, amusubiza kwa Pilato. Pilato na Herodi bari basanzwe bankana, ariko kuva uyo musi baca bacika abagenzi. Pilato aca akoranya abaherezi bakuru n’abacamanza, n’igihugu cose cari ngaho, ababarira ati: Mwanzaniye uyu mugabo muvuga ko agumura igihugu. None raba namubajije mwiyumvira, ntakintu nabonye co kumwicisha muvyo mumurega. Herodi nawe n’uko kuko yamudusubije (Luka 23: 1-15).

4. Bamaze kubazaguza uwuregwa ivyaha, baherako bamutonagura n’ibiboko. Ntituziko ibiboko vyose vyari bikozwe kumwe, ariko birazwi ko Yesu yakubiswe ibiboko birimwo udutsinga tw’ivyuma, ku buryo bamukubita umubiri ukavanako n’inyama, amaraso akavirirana hose.flagellation Ivyanditswe biravuga ngo: N’uko Pilato abarekurira Barabasi, amaze gutegeka ko Yesu akubitwa ibiboko (Matayo 27: 26). N’ aho itegeko ry’Abayuda ryategeka inkoni mirongw’itatu n’icenda, Yesu yakubiswe nyinshi, kuko yakubiswe ibihe birenga bitatu. Soma muri  Mariko 15: 15 na 19, Matayo 26: 67)

5.Ivyo vyose birangiye, uwo munyavyaha niwe yagenda yikoreye ico baza kumwicisha, ar’umusaraba bamubambako canke ikindi cose. Yesu yagenda yiremetse umusaraba wiwe, agera ahantu hitwa ku musozi w’Agahanga, mu giheburayo bahita Golgotha (Yohani 19: 17)

6. Bashitse aho babamba inkozi y’ikibi, baca batangura igikorwa co kumubamba. N’uko bara mubamba, bagabangana ivyambarwa vyiwe, bater’ubupfindo, ngo barabe umwe wese ico yegukana. Hari kw’isaha ya gatatu igihe yabambwa (Mariko 15: 24-25).

7. Ivyo kubamba umuntu birangiye baca bamubuganiza ibinyobwa birimwo umunyu, canke ibintu bituma anyoterwa cane, noneho agaphana inyota, ururimi rwandaye. Bamuhaye umuvinyu uvanze n’ibintu bikeretura mu mihogo, ariko yanka kubinywa. Kw’isaha ya gatandatu habaye umwiza w’umuzitanya ukwira isi yose gushika kw’isaha y’icenda. crucifixion-et-mort-de-Jesus-sur-la-Croix-238x300 Kw’isaha y’icenda, Yesu atur’akamo n’ijwi rirenga ati: Eloi, Eloi, lama sabaktani, n’ukuvugango: Mana yanje, Mana yanje, ni kuki wampevye? Bamwe mu bari bahari bavyumvise, baravuga ngo: Noneho ariko aratabaza Eliya. Umwe ariruka ashira umururazi kuri sipongo ayishira ku kibingobingo aramuha ngo n’anywe, avuga ngo maze turabe ko Eliya aza kumumanura (Mariko 15: 23, 33-36)

8. Ivyo vyose birangiye, baca bamanika hejuru y’umutwe, icandiko kivuga ico uwo muntu azize. Noneho  bakareka wa muntu agasambagurika ku musaraba. Hanyuma hakagera aho baza kumuhohosha ataracikana, bakamuhuragura n’icuma c’umutarimbo ku maguru, bavunagura amagufa. Pilato yandika itangazo arishira ku musaraba, ryavuga ngo: Uwu ni Yesu w’i Nazareti, Umwami w’Abayuda. Abayuda benshi barasomye iryo tangazo, kuko aho Yesu yabambwe, hari hafi y’igisagara. Ryari ryanditse mu giheburayo, mu kigreki, no mu kilatini. Abaherezi bakuru b’Abayuda babwira Pilato bati: Ntiwandike ko ar’umwami w’Abayuda! Pilato ati: Ico nanditse nacanditse! Kuko batinyako imivyimba iguma ku misaraba kw’isabato, kuko war’umusi wo kwitegura, kandi uwo musi w’isabato wari mukuru, Abayuda basaba Pilato ko bavunagura amaguru y’ababambwe, hanyuma bakababambura ku musaraba. N’uko abasirikare rero baraza, bavunagura amaguru uwambere, hanyuma bavuna ay’uwundi bari babambanywe. Begereye Yesu, babona yamaze gucikana, ntibamuvuna amaguru; ariko umwe mu basirikare, amucumita icumu mu rubavu, haca hisuka amazi n’amaraso. Uwabibonye ni we abishingir’intahe, kandi ivy’avuga nivyo, kandi araziko avugisha ukuri, kugirango namwe mwizere. (Yohani 19: 19-22; 31-35)

Mu gusozera iki cigisho, ni muze turabire hamwe ido n’ido ku vyabereye i Gologota:

a/Bamuhaye imvinyu ivanze n’ibikeretura mu mihogo (Mariko 15: 23)

b/Baramubamye bagabangana ivyambarwa vyiwe (Mariko 15: 24)

c/Bashize rya tangazo ku musaraba (Mariko 15: 26)

d/Abahita baramutwenga (Mariko 15: 29)

e/Abanyedini baramutwenga ( Mariko 15: 31)

f/Bamuhaye sipongo iriko inkarisha (Yohani 19: 28)

g/ Bamucumise icumu mu rubavu (Yohani 19: 34)

Aha ntitwogenda tutibukanije ko yamaze amasaha atandatu yenena kuri uwo musaraba; Ivyanditswe bivugango: Hari kw’isaha ya gatatu igihe bamubamba (Mariko 15: 25). Kw,isaha y’icenda niho yacikana(Mariko 15: 34).

Twibukanye kandi ko umwiza wamaze amasaha atatu, kuva saa sita kugeza saa cenda (Mariko 15: 33).

e/ Abigishwa biwe baramubambuye baramuhamba

g/ Ku musi wa mbere w’imisi indwi arazuka

Ariko se muvandimwe umaze gusoma iyi nkuru, uraziko amaraso ya Yesu-Kristu ariyo yoza ivyaha vyawe kugirango wemerwe n’Imana? War’uzi ko yababaye gurtyo, akagirirwa nabi kubera jewe na wewe. Ego me, Se wiwe yaramutanze kugirango jewe na wewe tubone gukizwa.5mi00k20 Kuko ivyaha vy’abantu vyari vyatumye ababa muri iyi si bacika ibicibwa. Aho uja hose wame wibuka iri jambo ngo:

Yakomerekejwe n’ibicumuro vyacu, avunagurwa n’ivyaha vyacu, igihano kiduhesha amahoro caguye kuri we, ugukira kwacu tugukesha imishishagu yiwe (Yesaya 53: 5-6)

None se wumva mu mutima wawe warogejwe n’ayo maraso y’umukiza? Mbese ni yagaruka, wumva uzemererwa kujana nawe? Waratunganijwe n »ayo maraso?

Tukivugana iri jambo, ca bugufi dusenge: j0178785Data mwiza, Mana y’urukundo, ugir’ubuntu kandi utangaje, ndagushima kubera umwana wawe Yesu-Kristu wampaye ngo muri we mbonereho agakiza. Ndakwinginze nanje muri aka kanya, umpe gukira ivyaha vyabamvye umukiza wanje Yesu, maze ntangure kugendana n’Imana yanje n’umutim’ukeye. Ndakwinginze, nkiza, mw’izina ryera ry’uwo Yesu-Kristu, umwami wacu. Amen.

Publié dans : ||le 29 août, 2010 |2 Commentaires »

2 Commentaires Commenter.

  1. le 8 septembre, 2010 à 7:56 abayikunda eric happy écrit:

    NIVYUKURI IVYAHA VYACU NIVYO YESU YABAMBIWE KUBWIVYO RERO DUKWIYE KUMUGOROROKERA TUGAKORA IVYO IMANA IGOMBA ;ICO CIGWA CAMFASHIJE CANE.YESU ABAHEZAGIRE

  2. le 26 octobre, 2010 à 4:53 kahungu cyprian écrit:

    bakundwa ni mubona iyimessa muza yisubize byihuta murakoze

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire