URUKUNDO RWA YESU I

UMWAMI YESU KU MUHANA WO MURI EDENI

Nukw’Imana irem’umuntu mw’ishusho yayo mw’ishusho y’Imana niho yamuremye; irema abantu bar’uburyo bubiri. Maze Imana irabahezagira iti: Ni murondoke, mugwire mwuzure isi muyiganze, mugabe amafi yo mukiyaga, n’ibiguruka mu kirere, n’ibifise ubugingo vyose bigendagenda kw’isi (Itanguriro 1: 27-28).

Mbese Imana yoba isa n’umuntu? Canke umuntu yoba asa n’Imana? Nihaba har’igihe Imana yigeze gusa n’umuntu, mbese yoba yar’umuntu nka twebwe? Kumenya uko uwo muntu yar’ameze ntacvo vyotwungura, ariko inkuru nziza ngufitiye uyu musi, n’uko na wewe ushobora gusa n’Imana.

 Icaha nticari bwinjire mw’isi. Uwu muntu yari yujuje ivyangombwa vyose bikenewe kugirango abone Imana amaso mu yandi, nkako yabumbwe n’intoke z’Imana. Twasomye ngo Imana irema abantu bar’uburyo bubiri (Itanguriro 1: 27). N’ukuvuga umugabo n’umugore. Uhoraho Imana abumba umuntu mu mukungugu wo hasi amuhumekera mu mazuru impwemu y’ubugingo, umuntu acURUKUNDO RWA YESU I GardenOfEden3aba ufise ubugingo (Itanguriro 2: 7). Uhoraho aravuga ati: Si vyiza ko uyu muntu yibana wenyene, hinge ndamuronderere umufasha bikwiranye. Maz’Uhoraho Imana asinziriza umuntu ubutikoma, arasinzira, amukuramwo urubavu rumwe, ahomeka inyama mu gishingo carwo. Urwo rubavu Uhoraho Imana akuye muri uwo muntu, arukuramwo umugore, amuzanira uwo muntu. Maz’uwo muntu aravuga ati: Uyu n’igufa ryo mu magufa yanje, azokwitwa Umugore kuko yakuwe mu Mugabo (Itanguriro 2: 7, 18-23).

Muvyumva gute kubona urugo rushinzwe n’Imana, ikaba ariyo irwihera  umugisha? Mbese kur’uyu musi wa none vyoshoboka? Birashoboka, kandi ijambo ry’Imana rivuga ko urugo n’itunga, umuntu abiragwa n’abavyeyi, ariko umugore aciye ubwenge amuhabwa n’Uhoraho (Imigani 19: 14). Umwami Yesu yar’ahari muri ubwo bukwe bwa mbere bwabereye ku muhana wo muri Edeni. Yipfuza ko twosoma kenshi iyo nkuru kuko ishimishije, ati:  Ntaho murasoma yuko uhereye mbere na mbere Rurema yabaremye bar’uburyo bubiri, ikavuga iti Nico gituma umuntu azosiga se na nyina akabana n’umugore wiwe akaramata, bompi bakaba umubiri umwe? Bituma batakiba babiri ariko baba babaye umubiri umwe. Nukw’ic’Imana yamatanije, umuntu ntaze akimatanure (Matayo 19: 4-5). Ahandi aravuga ati: Ico gihe nari kumwe na yo (Imana), nd’umukozi w’umuhanga, kandi imisi yose narayihimbara, nama niginagura imbere yayo, niginagura mw’isi yayo yaganutse, mpimbarwa n’abana b’abantu (Imigani 8: 30-31) Nkako uwo Yesu tubabwira, yahoranye n’Imana ubgambere na mbere, vyose vyaremwe na we, mu vyaremwe vyose nta kintu na kimwe kitaremwe nawe (Yohana 1: 2). Si wa wundi bamwe bita Intumwa y’Imana Isa, abandi ngo n’umuntu nkatwe s’Imana, ngo nta Mana zibiri zobaho.

Ndashaka kubabwira ubutumwa bwiza nkuko nabuhawe n’Umwami wacu, nkabibutsa ko umuntu yavyawe n’umugore adashobora gutahura amabanga y’Imana yose. Kuko s’ibintu dushobora guhinyuza mu biharuro vyo mw’ishule, bimwe batwigisha ngo: 1+2=3, canke ngo 3-2=1. Aha niho benshi bibesheye, biha gusobanura ivyo badashoboye. Bavuga ngo mu vy’Imana nta mabanga arimwo, ariko ijambo ryayo rivuga ngo: N’ukuri uri Imana yihishje wewe Mana y’Abisraeli, Umukiza (Yesaya 45: 15). Imigabo yayo ntishobora kubariritswa, n’inzira zayo ntizirondoreka. Ni nde yamenye umutima w’Uhoraho? Canke ninde yabaye umujanama wiwe (Abaroma 11: 33-34). Inyigisho nkiyi ituma ishavu ry’abigira abanyabwenge ryongerekana, kuko bashaka kumenya vyose, ariko bakayoberwa ukuntu bafata inzira yo gukizwa iboneka muri Kristu-Yesu, kandi ariyo yoroshe gusumba vyose, iyo umuntu abishatse. Abandi bakihandagaza ngo bazi ubwenge bwahebuje buva mu bitabo vyabo bita vyeranda, bakavugango : Imana ntivyara kandi ntivyarwa, hanyuma bakavuga ngo n’umushoboravyose. Nashaka kubabwira nshimitse ko ni yaba Imana idashora kuvyara canke ngo ivyarwe, ntaco yotumarira na twebwe, ntaco yomarira abavyeyi n’ibibondo bayizeye; kuko ntiyoba ishobora vyose, kandi idashobora kuvyara. Ndasubiyemwo: Imana idashobora kuvyara kandi ntishobore kuvyarwa, birumvikana rero ko idashobora vyose. Abantu bigisha inyigisho nkizo bayobowe n’iyindi mana, imana y’iyi si. 

Uko biri kose, Imana twebwe dusenga ari yo Rugira rugir’ibibondo iravyara, kuko yakunze cane abari mw’isi bigatuma itanga umwana wayo w’ikinege ngo uwumwizera wese ntaze apfe rubi, ngo hagupfa aronke ubungingo buhoraho (Yohani 3: 16).  Irashobora kuvyarwa ikaguma ar’Imana kwa kundi, kuk’umwana atuvukiye, duhawe umwana w’umuhungu, ubutware buzoba ku bitugu vyiwe, azokwitwa Igitangaza, Umujanama, Imana y’ubushobozi, Data wa twese, Umukama w’amahoro (Yesaya 9: 6). Dukwiye gukora uko dushoboye kugira ngo iyi nkuru nziza ishike mu matwi y’abaguye muri ivyo binyoma vy’amangetengete y’isi.

Uwo Mukama w’amahoro, niwe yahaye abavyeyi bacu ba mbere umugisha wo kurondoka, abaha n’ivyo kurya, ku buryo ata cari kibuze mur’urwo rugo rwabo. Ico ngusabira n’uko nawe ariwe yoguha umugore mwubakana  nkuko yamuhaye Adamu. Nawe mukobwa, nipfuza ko ariwe yoguha umugabo nkuko yamuhaye uwo mukobwa wa mbere, yitwa Eva. Ni mwaba naho mumaze kwubaka, kuki kur’uwu mugoroba mutopfukama ngo musabe Imana, kugirango urugo rwanyu rumere nkuko urwa Adamu na Eva rwari rumeze igihe Imana yabaha umugisha wa mbere.

Agakiza kava muri Yesu-Kristu gashobora gutunganya imigambi yawe yose yo gushinga urugo ruhire kandi rukristu, bikamera nkuko vyari bimeze ku muhana wo muri Edeni imbere yuko icaha kibinjirana. Ivyerekeye ako gakiza kava muri Yesu gahindura ubugingo bw’ bw’ abantu bugahinduka busha, nivyo tuzibandako cane muri ibi vyigisho: Erega abamwakiriye bose yabahaye ububasha bwogucika abana b’Imana, nibo bizeye izina ryiwe, nibo batavyawe n’amaraso, canke ukwipfuza kw’umubiri, canke n’ukwipfuza kw’umugabo, ariko bavyawe n’Imana (Yohani 1: 12-13). Ivyananiye Adamu vyose bikamukwegera mu caha cakurikiranye uruvyaro rwiwe rwose, Kristu yiyemeje kubidusubiza.  Kristu yatubereye umuvyeyi muri vyose, arababara turababarirwa, arapfa turazurwa tugira ubugingo. N’izo mpamvu zituma Ivyanditswe vyera bimutwereka nk’Imana y’ubushobozi, Data wa twese, Umukama w’amahoro.  Ni yo nkuru nziza nari ngufitiye uyu musi: Wewe nawe urashobora gusa n’Imana kubera ko ubugingo bwawe buhishijwe muri Yesu, umwana w’Imana (Abakolosayi 3: 3)

Icompa uyu musi, iki cigisho kikakubera akaryo ku kumwiyegereza akakubera uburaro n’uburamuko. Burya n’uko ubwenge bwacu budategera neza, ariko mu vy’ukuri Kristu atahari, nta buzima bwoba muri iyi si. Uwirata wese akwiye kwirata ko yakiriye Kristu mu bugingo bwiwe.

Ndakwipfurije kumwakira nawe.

Publié dans : ||le 24 août, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire