UMUVUMO W’INDWI UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

 Genda i Bujumbura mu materaniro y’Abasoma Bibliya/Association des Lecteurs de la Bible. Hamagara kuri 79321090

ISAHA IMWE

Biyorer’umukungungu ku mitwe, bataka barira baboroga, bati : N’ibara, n’ibara, ca gisagara gihambaye, catungishije ubutunzi bwaco  abafise amato mu kiyaga bose, kuko cakomvomvowe mw’isaha imwe (Ivyahishuwe 18: 19).UMUVUMO W'INDWI UBONEKA MU GITABO C'IVYAHISHUWE pirogues-370554

medium_minuit

Ubu tugiye kwiga ijambo ryagiye riboneka kenshi muri iyi mivumo itatu ikurikirana ryitwa  »isaha imwe » (Ivyahishuwe 18: 10, 16 na 19). Iri jambo ngo  »isaha imwe » riravugwa ibihetangabo indwi mu gitabo c’Ivyahishuwe.  Twaravuze ukuntu igitabo c’ivyahishuwe kigenda gihagaze ku nkingi indwi: Amashengero 7, ibimenyetso 7, inzamba 7, abamarayika 7 bafise ivyago 7 n’ibindi… Ubu rero tugiye kuzotangura ikindi cigisho kivuga isaha imwe ya nyuma y’isi. Kuko iyo saha nayo ivugwa incuro 7, birumvikana ko ikomeye kandi ikwiye kwigwa. Imirongo ivuga iyo saha imwe n’iyi: Ivyahishuwe 8: 1; 14: 7; 14: 15; 17: 12; 18: 10; 18: 16 na 18: 19, ariho turiko turiga, ariko tuzohanonosora neza ni twagera mu gihe co kwiga IYO SAHA IMWE.

Ico twogenda tumenye gusa n’uko iyo saha ivugwa mu mvugo y’ubuhanuzi, ingana n’imisi 15 mu biharuro bisanzwe vyo kw’isi. Kuko umusi uzohwana n’umwaka (Guharura 14: 34). Ibi bivuga ko, mu mvugo y’Imana, imisi 360 igize umwaka, ihwanye n’umusi w’amasaha 24 wo kw’isi.  Gurtyo rero isaha imwe ica ingana n’imisi 360 kugabura n’amasaha 24, tuca tubona ko isaha ingana n’imisi 15. Ubuhanuzi bwa Bibiliya iyo bufashwe mur’ubwo buryo, duca tubona ko isi itazoba yorohewe mu ndwi zibiri (mu vyumweru bibiri) zizoherukira isi, canke mu misi 15 ya nyuma.

Mur’uwu muvumo w’indwi, ho havuzwe ukuntu mu marira yo muri iyo saha ya nyuma, hazovugwa n’ukuntu Babuloni ariyo yar’itungishije abafise amato mu kiyaga. War’uziko ubwato nabwo ar’ikindi kigereranyo c’ishengero? …  » mu misi ya Nowa bwa bwato bukibazwa, muri bwo harokokeye bakeya, bashika umunani, barokokeye mu mazi. Ayo niyo namwe abakiza kubw’ikigereranyo c’ukubatizwa (1Petero 3: 20-21).  7Soma witonze no muri Luka 5: 3-11). Abo rero bazorira, ariko bakaba bafise amato mu kiyaga, n’abanyamadini, kuko bose bayobora amadini ariko bakagenda bisunga ishengero rya Roma mu mico n’imigenzo yaryo. Ico kiyaga bafisemwo amato s’ikindi, n’iki kivugwa mur’uwu murongo ngo: Ya mazi wabonye, maraya yicarako niyo moko n’amakungu, y’abantu n’amahanga n’indimi (Ivyahishuwe 17: 15). N’ukuvuga rero ko ari abantu bashinze ayandi mashrengero mu moko menshi y’abantu no mu ndimi nyinshi. Bazomaramara, mu gihe bazosanga bubakiye ku binyoma vy’i Babuloni, noneho nayo igasha babona, cake se bakayihiramwo… Uwuzoramba gushika muri iyo saha ya nyuma azobana utuntu n’utundi! Reka tubiteg’amaso!

Publié dans : ||le 5 novembre, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire