UMUVUMO WA MBERE UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

Genda i Bujumbura mu materaniro y’Ishirahamwe ry’Abasoma Bibliya/Association des Lecteurs de la Bible. Hamagara kuri 79321090Imbere yo gutangura iki cigisho, ndashaka kwibutsa abagisoma ko ata mugambi mfise wo gucir’urubanza idini, canke umuntu uwariwe wese. Oya, umugambi n’umwe, N’UKWIGISHA IVYANDITSWE VYERA GUSA

 IMPANDA YA GATANU IZO IZOBA ARI IBARA RYA MBERE (1)

Ndaraba mbona inkukuma iguruka yatiriye ijuru, ivuga n’ijwi rirenga iti Ibara ibara ibara riza kubonwa n’abari mw’isi kubw’ayandi majwi y’inzamba z’abamalayika batatu bahava bavuza (Ivyahishuwe 8: 13)  Ibara rya mbere

Umumarayika wa gatanu aravuza. Mbona inyenyeri itibukiye mw’isi ivuye mw’ijuru; ihabga urupfunguzo rw’urusumanyenzi rw’i kuzimu. Yugurura urusumanyenzi rw’i kuzimu rupfundukamw’umwotsi nk’uw’itanure rinini, izuba n,ikirere bicurishwa umwiza n’umwotsi wo mur’urwo rusumanyenzi. Mu mwotsi havamw’inzige zija mw’isi, zihabga ububasha bgo gukora ivyo sikorupiyo zo mw’isi zibasha gukora. Zibgirwa kutagira ico zigira vyatsi vyo kw’isi, cank’ikintu cose kibisi, cank’igiti cose, atarabantu batadomwekw,ikimenyetso c’Imana mu ruhanga rwabo. Zihabga kutabica, ariko zihabga kubasesereza amezi atanu. Kandi kubabaza kwazo kumeze nk,ukwa sikurupiyo iyo iriye umuntu. Muri iyo misi abantu bazoba barondera urupfu, ariko ntibazorubona na gatoya; bazoba bipfuza gupfa, urupfu rubahunge (Ivyahishuwe 9: 1-6).

Aya majambo ngo   »Umumarayika wa gatanu aravuza, hamwe n’ahandi hose bavuga ivy’umumarayika avuza inzamba, wirinde gushira umutima kuri ya mashusho dukunda kubona y’abantu bafise amababa bita abamarayika. Wibuke gusa ko hari igihe kizogera icago cose kigasukwa nkuko Imana yabishize ku rutonde. Abamarayika b’Imana bazoba bakora ivyo bikorwa niko, ariko n’uno musi ivyo vyose wumva bishika mw’isi, nibo bategekwa kubikora  kugira ngo ababa kw’isi bamenye ko ibikorwa vyiwe ar’ivy’ukuri , kand’inzira ziwe ar’iziroranye, ariko abagendera mu bgibone, ashobora kubacisha bugufi (Danieli 4: 37).

Inyenyeri itibukira mw’isi ivuye kw’ijuru ivugwa hano ni Satani ubwiwe. Yohani si we gusa yabonye ivya Satani akoroka ava kw’ijuru nk’inyenyeri. Yesaya nawe yarayibonye, arabivuga ati: Ewe kuntu ukorotse uvuye kw’ijuru, wa nyenyeri yo mu rubungubungu mwana w’umutwenzi! Ew’ingen’uciwe ugashika hasi, wewe watsind’amahanga! (Yesaya 14: 12). Aha haragoye kwumva no kwemera, kuko Satani ivugwa nk’inyenyeri yaka, ndetse ikitwa inyenyeri yo mu rubungubungu, mu museke, canke mu mutwenzi. Kuko tumenyereye kubona aho abantu bacapa Satani nk’akagabo kabi b’ubuzuru n’uduhembe tubiri, ndetse bamwe bakayiha n’akarizo inyuma… Yamara siko biri, Satani n’akantu keza k’intore, kandi n’iyo ije guhenda abantu yihisha mu tuntu twiza. Yesu nawe ngo yarayibonye ikoroka iva kw’ijuru,

  UMUVUMO WA MBERE UBONEKA MU GITABO C'IVYAHISHUWE

aragira ati: Nabonye Satani akoroka avuye mw’ijuru, akoroka nk’umuravyo (Luka 10: 18)

Twasomye ngo iyo nyenyeri imaze gukoroka ihanga urupfunguzo rw’urusumanyenzi. rw’i kuzimu. Har’ahantu habohewe ingabo za Shitani, abo twita abadayimoni kenshi, ku buryo badashobora gukora ibibi vyose bipfuriza abari mw’isi, kuko igihe Imana yashinze kitaragera (a). Urwo rusumanyenzi wewe na jewe tutazi aho ruherereye ruzopfungurwa. Handitswe ngo: Yugurura urusumanyenzi rw’ikuzimu, rupfundukamwo umwotsi nk’uw’itanure rinini » Ivyahishuwe 9:2. Iyo umuntu yafatiwe mu mwotsi mubi ntashobora guhema. Kandi umwotsi uva mu matanure yo mumahinguriro ukunze kugera mu kirere ugahita wirabura.

  umwotsi upfunduka uva mw’itanure ryo mw’ihinguriro

Uyu mwotsi usobanurwa za miliyaridi n’imiliyaridi z’abadayimoni zizorungikwa muri iyi si, kw’itegeko rya Luciferi, kugirango zivugire mu bantu b’abanyavyaha. Na zo nyene ubwazo zizihindura abantu, ku buryo ijambo ry’Imana rizugaranwa rwose, isi ntizoba igishobora guhumeka (guhema). Kuko burya iyo umuntu canke igikoko kitagihema kiba capfuye. Uguhumeka canke guhema kw’iyi si n’ukuba igifise amasigarira yubaha Imana. Aya masigarira ni yo ashobora guhangana n’abajura, n’abasambanyi, n’abarozi, n’ababeshi, akavuga ati:  Ubugingo bwanje bukidundega, impwemu z’Imana zikiri mu mazuru yanje, n’ukuri iminwa yanje ntizovuga ivyo kugabitanya… Ntibikabeho yuko nobemerera ngo muvuze ibiroranye, kugeza aho nzopfira, sinzokwigera mva ku gutungana kwanje (Yobu 27: 3-5). Iyi si yacu izoba ikeneye abantu b’Imana bahagarara bashikamye imbere y’uruvyaro rwa Satani kugeza ku gihe c’iyo nzamba (iyo mpanda) ya gatanu. Kuko imaze kuvuga, amahoro azoba akuwe mw’isi, nta kwihana kuzoba kukihari, abadayimoni bazoba bakora ivya mfura mbi ku batuye mw’isi. Nico twita mu yandi majambo ukurangira kw’imbabazi z’Imana.

Mwirinde ababigisha ko imbabazi z’Imana zihoraho ku bana b’abantu. Imana yavuze ngo: mpora abana ibigabitanyo vya ba se, nkageza ku runganwe rugira gatatu no ku rugira kane rw’abanyanka, nkagirira ikigongwe abankunda, bakitondera ivyagezwe vyanje nkageza ku runganwe rwabo uko ruzogenda rukurikirana gushitsa igihumbi ( Kuvayo 20: 5-6). N’uko rero, tumenye ko imbabazi z’Imana zihoraho igihe cose, ariko ku bitondera amategeko yayo (ivyagezwe vyayo) gusa. Niko biri: Nta mahoro ku banyakibi, nikw’Imana yanje igize (Yesaya 57: 21). Inzira irora ku ntebe y’imbabazi rero izopfungwa vuba. Ndasaba ngo ibi muvyumve neza kandi muvyiteho mu masengesho yanyu. Bene Data, ni mwirinde ntihagire uwo muri mwebwe agira umutima mubi utizera, umutera kurek’Imana nzima. Ariko muhanurane uko bukeye bicitwa uyu musi, ntihakagire uwo muri mwebwe akomantazwa umutima n’uruhendo rw’icaha (Abaheburayo 3: 12-13)

Mu mwotsi ngo havuye mw’inzige ziva mw’isi zihabwa ububasha bwo gukora ivyo sikorupiyo zo kwisi zibasha gukora.

Ishusho ya sikorupiyo

Inzige zisobanura igihe c’amapfa. Kuko inzige zirya ibiterwa vyose vyo mu ndimiro. Indimiro y’Imana ni twebwe (1Abakorinto 3: 9). Imbuto zizoba zaratewe mu bantu b’Imana zizoba zareze zigeze gusarurwa, izisigaye zanse kwera ziribwe n’inzige. Inzige ni ba badayimoni bazocika abantu, bavanze n’abantu buntu bazoba bariko barakora amabi adashobotse kubera ivyago bizoba biriko birabasarisha. Icerekana ko izi nzige zisobanurwa ngo: abakozi ba satani n’iri jambo ngo: Zibgirwa kutagira ici zigira ivyatsi, canke intu cose kibisi, canke igiti cose… (Ivyahishuwe 9: 4). Urabonako ar’abantu bazoba bayobowe n’umutware wabo azobaha amategeko bagomba kugenderako.

uruzige

Ivyatsi, ikintu cose kibisi, canke igiti, bisobanurwa ngo abantu b’Imana, abakuru n’abato, n’abayobozi bayoboye neza ubwoko bw’Uhoraho kugeza muri ico gihe c’ukurangira kw’imbabazi: Ni murabe neza uyu murongo wa kane, uraduha urugero rwiza akarorero keza kw’ukuntu bizoba bimeze. Hazoba hari abantu  b’Imana bazoba barokotse bakingiwe na marayika, ku buryo na Satani atazatinyuka kubakoraho. Bivugwa ngo: Zihabga kutagira ico zigira ivyatsi vyo kw’isi, canke ikintu cose kibisi, canke igiti cose, atar’abantu batadomweko ikimenyetso c’Imana mu ruhanga rwabo (Ivyahishuwe 9: 4)

Ivyo ngira ngo mvuge, ndasaba Imana ngo ntibikurakaze, ah’ubwo: Abo nkunda bose ndabakankamira, kandi nkabakangira, n’uko gir’umwete wihane (Ivyahishuwe 3: 19). Ikimenyetso c’Imana kidomwa mu ruhanga gisobanurwa ngo kwemera no kweza isabato y’Imana nkuko bisabwa mw’ijambo ryayo ngo: mweze amasabato yanje, abe ikimenyetso hagati yanje namwe (Ezekiyeli 20: 20).Umuhanuzi Ezekiyeli yeretswe ibi kandi yumva n’aya majambo ngoijisho ryanyu ntirigire uwo riziguriza, ntihagire n’uwo mugirir’akagongwe; mwice mutikize umutama n’umusore, n’umwigeme n’abana bato n’abagore, ariko ntihagire umuntu n’umwe mwegera mu barikw’ico kimenyetso, kandi muhere ku rusengero rwanje rwera. (Ezekiyeli 9:6).

Muri iyo misi, hazoba hageze aho abahisemwo gukurikira amategeko y’abantu batandukanywa neza n’abahisemwo amategeko y’Imana. Igikwiye n’ukwumvira Imana kuyirutisha abantu (Ivyakozwe n’intumwa 5: 29). Tubaye turashira ku ruhande ubujambojambo bwose buvugwa bwo gushigikira umusi wa mbere w’indwi (dimanche), ndashaka kubibutsa ko uyo musi uboneka mu mategeko y’Ekleziya gatorika, ariko si mu mategeko cumi y’Imana. Bo bavuga ngo: Uhimbaze umusi w’Imana n’imisi mikuru itegerezwa. Wumve imisa ku misi y’Imana no ku misi mikuru itegerezwa n’ayandi…. Ariko itegeko ry’Imana rizwi mw’Isezerano rya kera no muri rishasha, n’iri ngo: Wibuke kandi kweza umusi w’isabato (Kuvayo 20: 8). Soma Bibiliya yawe kugeza ku murongo wa 11. Wongere usome mw’isezerano rishasha, muri Luka 23: 54-56 n’Ivyakozwe n’Intumwa 16: 13-15).

(Imbere yo kubandanya iki cigisho ndashaka kubibutsa ko umugambi wanje atar’uwo gucir’urubanza idini canke umuntu uwariwe wese, ariko umugambi wanje n’umwe: N’UKWIGISHA IVYANDITSWE VYERA GUSA.)

Ivyago rero twariko turavuga, bizoterwa n’ukumvira abo badayimoni rero ni kwa guseserezwa n’uburibwe bw’imboyi zazo, Kuko  birasobanutse neza ivy’ico cago mu Vyahishuwe 16: 2 ngo: asuka urwavya rwiwe kw’isi, abantu bafise ikimemyetso ca ca gikoko, bagasenga igishushanyo caco, bafatwa n’ibisebe bikomeye bibi (Ivyahishuwe 16: 2). Ibi bisebe ngo bizobamarako amezi atanu, canke imisi ijana na mirongw’itanu…  Turabwirwa ko gushika muri ico gihe, idini rya ca gikoko canke ya nyamaswa rizoba rigihanyanyaza, rihatira abantu gusenga, kuko ivyago bizoba ar’urudubi.: Ngo bizokurikirana abantu bafise ikimenyetso ca cagikoko kandi bagasenga ikimenyetso caco (Ivyahishuwe 16: 2). Muri iyo misi abantu bazoba barondera gupfa, ariko ntibazobona urupfu, bazoba bipfuza gupfa, urupfu rubahunge (Ivyahishuwe 9:6). Bizoba bikomeye, ngo n’urupfu ntirozoshobora kurya umuntu mur’ayo mezi. Mbeg’ivyago!

Mu mirongo ikurikiye turabonako ar’abantu Imana yita inzige bazoba bahenda abandi bitwaje mbere ibirwanisho bikaze kuko bazoba bibaza ko bashobora kugwanya ubwoko bw’Imana no kurasa Yesu ni yaboneka ku bicu. Akarimi keza k’abo bantu niko kagereranywa n’ubgoya bumeze nk,imishatsi y’abagore. 

 

abasirikare b’abagore

Kuko mu mico y’abantu benshi, imishatsi y’abagore irafise uruhare runini mu bibagira beza, ku buryo bashobora no kureka imirimo bariko barayikorera isuku ry’umwihariko, kandi bikabatwara amahera menshi. Umurongo rero uvugango:  Kandi zari zifise ubgoya bumeze nk’umushatsi w’abagore, amenyo yazo yari nk’ay’intambwe. N’ukuvuga ngo bazoboneka nk’abagiraneza, ariko ar’abanyakibi bakabuhariwe. Imirongo yindi yo muri ico gice ca cenda (7-11). Yerekana neza ko ar’abazoba bitwaje ibirwanisho bibaza ngo bazotsinda Umwana w’Imana. Reka tuyisome: Kandi ishusho y’izo nzige yasa n’iy’amafarashi yiteguriye intambara, zari zambaye mu mitwe nk’ibitsibo bisa n’izahabu,mu maso hazo hasa n’ah,abantu. Kandi zari zifise ubwoya bumeze nk’umushatsi w’abagore, amenyo yazo yari nk’ay’intambwe (Ivyahishuwe 9: 7-8). Kugeza ngaha, izi nzige zisa naho zigereranywa n’inteko za gisirikare zigizwe n’abagore. Ibitsibo canke ingori za zahabu, navyo nyene, mu bihugu vyinshi, har’ukuntu abakobwa b’inkumi n’abagore bakiri bato bakunda kwigira beza, batega urugori  hejuru y’uruhanga rwabo ku mishatsi,  kenshi ziba ari ingori z’igiciro kinini.

 

Bituma aboneka neza cane mu bandi, akagira uburanga (ubwiza). Ikibabaje rero n’uko ngo amenyo azoba asa n’y'intambwe. Nico gisobanura ko abo bantu bazogarara nk’abazotabara ababa mw’isi, ariko bazoba ar’abanyavyaha nk’uko nabivuze ngaho hejuru. Dukomeze:  Kandi zari zifise ibikingira ibikiriza, bimeze nk’ivyuma, guhinda kw’amababa yazo, kwari kumeze nk’uguhinda kw’imikogote ikwegwa n’amafarasi menshi yiruka ija mu ntambara. Kandi zari zifise imirizo nk’iya sikorupiyo, n’imboyi, kandi mu mirizo yazo niho ni ho harimwo ubushobozi bwo gusesereza abantu amezi atanu (Ivyahishuwe 9: 9-10)

Ibuka ibigwanisho vy’intambara uzi muri iki gihe. Burya vyinshi vyacuriwe kuzokora akazi kuri wa musi, naho nyene na bene vyo babitunze batabizi. Ego, ntibazi iryo banga, mugabo babaho mu vyaha gusa. Satani rero azobagira ibikoresho.

Wabonye ko ubuhanga, bw’abo bagwanyi, n’ivyotsi bizoterwa n’ibisasu vyaba, za bombe, n’ibindi ari vyo bizovamwo vya bisebe.  Mu mirizo yazo n’ukuvuga mu birindi vy’imbunda, canke ahantu havyo ho kubika amasasu n’ubundi bumara.

Inkuru nziza muri ivyo vyose n’iyi: Abo bazorwanya Umwagazi w’Imana, uwo Mwagazi azobanesha,kuko ariwe agaza abaganza n’Umwami w’abami, kandi n’abari kumwe nawe, bahamagawe, batoranijwe, bayobotse, nabo bazobanesha (Ivyahishuwe 17: 14).

Izo ngabo ari zo nzige ngo: Zifise  umwami wazo, niwe, mumarayika w’ikuzimu,mu Giheburayo yitwa Abadoni, mu kigiriki yitwa Apoluwoni. Apoluwoni n’ukuvuga Ruhonyanganda (Kirimbuzi).

Ibara rya mbere riraheze, eh’ukundi kubona ibara kubiri guhava kuza hanyuma (Ivyahishuwe 9: 11-12).

Ibi vyago, wewe muntu w’Imana, si wewe biraba. Uzoshikamishwa no kugororoka, uguhahahazwa kuzokuba kure, ntaco uzotinya; bo n’ibitey,ubwoba, kuko bitazokwegera. Ni hagira abagutera, sijewe nzoba mbagomoye; abazogutera bose bazohindikirana imbere yawe. Ehe ni jewe ndema umucuzi avuguta amakara, agakuramw’ico kurwanisha kubg’ubuhanga bwiwe; ariko kandi naremye umuranduzi wo kugeseza nawe. Ntaco kurwanisha bacuriye kukurwanya kizogira ico kimara; kand’ururimi rwose ruzoguhagurukira kukuburanya uzorutsinda. Ivyo nivyo  ragi ry’abasavyi banje, jewe Uhoraho, kandi uko ni ko kugororoka kwabo gukomoka kuri jewe; ni jewe Uhoraho mbivuze (Yesaya 54: 14-17). Ariko usabwe na none kwihangana ugakomeza inzira imwe y’agakiza. Kuko hasigaye igihe gito cane, kandi ugira aze azoza, ntazoteba. Ariko umugororotsi wanje, azobeshwaho n’ukwizera, naho ni yiyonjorora ntazohimbara umutima wanje. Ariko tweho ntitur,abo mu biyonjorora bagahona, ariko tur’abo mu bizera, ubugingo bgabo bugakizwa (Abaheburayo 10: 37-39). 

Iki cigisho cerekeye umuvumo wa mbere kiracabandanya

Publié dans : ||le 5 novembre, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire