UMUVUMO WA KABIRI UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

UMUGISHA WA KABIRI UBONEKA MU GITABO IVYAHISHUWE

Numva ijwi rivuye mw’ijuru rimbwira riti Andika, uti uhereye none hahirwa abapfa bapfira mu mwami. Kandi Mpwemu aravuga ati: Ego me, ngo baruhuke ubutame bwabo, kuko ibikorwa vyabo bijana nabo bibakurikiye (Ivyahishuwe 14: 13)

UMUVUMO WA KABIRI UBONEKA MU GITABO C'IVYAHISHUWE dyn006_original_384_266_jpeg__e6fdfd7c4f3ce9ee8e9ef4d387a68b74

Iri jwi Yohani yumvise rivuye mw’ijuru s’iry’amahoro ku bantu batsimbaraye ku butunzi bwabo, no ku bantu bamogoreye gukor’ivyaha. Ariko nanone riteye ubwoba ku bantu babaye muri Kristu hanyuma bakamuheba kubera amaraha, ubukene, inzara, ingorane zo mu rugo, akazi, n’ibindi… Kuko abamaze kwakirwa n’umuco, bagatamira ingabire iva mw’ijuru, bagasangira Mpwemu Yera, bagatamira ijambo ryiza ry’Imana n’ububasha bwo mu gihe kizoza, maze bakagwa, bakabivamwo, ntibishoboka gusubira kubahindura basha ngo bihane: kuko bongera kwibambira umwana w’Imana, bakamutetereza ahibonekeza (Abaheburayo 6: 4-6). Namba kumenya neza Yesu-Kristu Umwami wacu n’Umukiza kwarabateye kudohoka, bakava mu vy’isi bihumanya, maze bagasubira kuvyizingiramwo, bikabanesha, ivyo hanyuma vyabo birusha ivyo hambere kuba bibi. Icobaye ciza kuri bo, iy’aba batigeze kumeny’inzira yo kugororoka, hako basubira inyuma bamaze kuyimenya, bagata icagezwe cera bahawe. Ivyabashitseko n’ivy’uyu mugani w’ukuri ngo: Imbwa isubiye ku vy’idashwe (2Petero 2: 20-22). Iri jwi rivuga riturutse mw’ijuru rero, niryo ryinginga umunyavyaha wese ngo yihane, ryinginga n’abagororotsi ngo bakomeze mu kugororoka kwabo, kuko hahirwa abapfa bapfira mu mwami.

Naho nyene numvise ko bamwe bibababaza iyo ntashize hejuru idini ryabo, ntihahirwa abapfa bapfira mw’idini, ah’ubwo hahirwa abapfa bapfira mu mwami. Mwa ndyarya mwe, kuko mukwiragira mu kiyaga no ku misozi, ngo muhindure n’umwe abe uw’idini ryanyu, iy’ahindutse bituma abarusha kabiri kuba umwana wa Gehinomu (Matayo 23: 15). Kuko bamwe bitiranya kuba abayoboke b’idini no kuba abakristu. Hari n’inyigisho nyinshi ziri mur’ayo madini, iyo uzisesanguye neza ukoresheje umuco wo mw’ijambo ry’Imana, usanga ata kigenda. Kandi ivyo ntibitangaje kuko na Satani yigira umumarayika w’umuco (2Abakorinto 11: 14)  Ariko iyo wiyumviriye gusohoka mur’iryo dini, usanga waraboshwe imbere n’inyuma, kuko warivukiyemwo, kuko ufise ibikorwa bikomeye muri ryo, kuko wubahwa n’abo musangiye urusengero, kuko ryaguhaye akazi, kuko utinya ko abandi bogutwenga, n’ibindi… Ariko rero, ijwi ry’umwungere mwiza riravuga ngo: Bantu banje, sohoka muv’iwe, kugirango mwoye gufatanya n’ivyaha vyiwe, mwoye guhabwa ku vyago vyiwe (Ivyahishuwe 18: 4). 

Idini s’iryo shengero! Kuko amadini ni menshi, ariko ishengero rizwi mw’ijuru ni rimwe gusa. Idini itunganye itagira agasembwa imbere y’Imana Data wa twese, n’ukuraba impfuvyi n’abapfakazi, mu marushwa yabo, no kwirinda ngo ntiwanduzwe n,ivy’isi (Yakobo 1: 27). Muvy’isi tugomba kwirinda, n’amadini arimwo.  N’ivy’ukuri Imana irafise idini ryayo yipfuza ko ryosagarara mw’isi kuko ariryo rishigikiye inyigisho z’ishengero ryayo. N’uko rero idini Imana yemera tugomba gupfiramwo ni rimwe rero n’ishengero tugomba gupfiramwo ni rimwe. Bitewe n’uko iryo dini ry’Imana ryuzuzanya n’ishengero, rikuzuzanya na Kristu, kuripfiramwo niko gupfira muri Kristu. Riri hehe? N’irihe? N’iri rivugwa ngo: Aha niho ukwizera kw’abera guserukira, bitondera amategeko y’Imana n’ukwizera nka Yesu (Ivyahishuwe 14: 12). Iri dini rifise icicaro mu mutima w’umuntu, si ngombwa ngo urinde kuba wanditswe mu gitabo c’ishengero. Ntiwibeshe ngo uri mu nzira y’ukuri, ni waba utitondera amategeko yayo, kuko ukwihangana kw’abera (aberanda), aho guserukira n’aha, nkuko Yesu avyivugiye: bitondera amategeko y’Imana, bakizera nka Yesu nyene. Ushaka uyahunge, ugende uzunguruke amadini yose ngo uhunge abigisha amategeko ariko amaherezo urubanza ruzocibwa hakurikije ubutungane (Zaburi 94: 15) niyo mategeko. Kuko twese tutazobura kugaragarira imbere y’intebe y’amateka ya Kristu, kugirango umuntu wese ahabwe ibikwiranye n’ico yakoze akiri mu mubiri, ar’iciza canke ar’ikibi (2Abakorinto 5: 10)

Ndakwibutsa ko barya bagereranya amategeko yo mu gitabo ca Mose n’amategeko cumi y’Imana, ko bibesha. Kuko mu mategeko ya Mose, amenshi yerekeye imihango n’uburyo bwo kubaho kwa kiyahudi. Ntaho bitandukaniye na birya vy’iwacu, bivuga ngo kirazira ko umwana ahagarara hejuru y’umuntu mukuru. Ngo nta mugore yurira inzu. Ngo kwicara ku ngata kuba  ar’ugusema so. Benshi bumva ko agatima mpembero kabo kabacira urubanza iyo barenze amategeko nkayo yerekeranye n’umuco wabo. Ndetse mbere abonye abandi bantu batameze nkawe akabacir’urubanza. Ariko war’uziko mu yandi mahanga, abana  bashobora guhagarara hejuru ya base, mbere umwana akagutambuka wicaye, ariko ntihagire ico yibaza na kimwe? Umugore agahamagara umugabo mw’izina, n’ibindi vyinshi twebwe dutinya mu mico yacu. Na Mose yar’afise mwen’ayo mategeko yo gutunganya igihugu. Ariko amategeko cumi ntahinduka mu moko yose no mu bihugu vyose.

Na none amategeko ya Mose ari mu gitabo canditswe na Mose nyene, ariko ay’Imana ari ku bisate bibiri vy’amabuye, yanditswe n’Imana nyene. Handitswe ngo: Mose yandika ivyo vyagezwe abishikiriza abaherezi. Abarira Abalewi aribo bareruzi b’isandugu y’isezerano ry’Uhoraho ati: Nimujane iki gitabo c’ivyagezwe, mugishire i ruhande y’isandugu ry’isezerano ry’Uhoraho Imana yanyu, kigumeho kugirango kibe icabona co kubagiriza (Gusubira mu Vyagezwe 31: 25-26). Murumva ko ico gitabo canditswe na Mose cagendera i ruhande y’isandugu ry’isezerano. Ariko amategeko cumi yanditswe n’Imana yo yagendera imbere mw’isandugu, kuko handitswe ngo: Abamenyesha isezerano ryiwe,  ababarira ngo murishitse, nivyo vya vyagezwe cumi, avyandika ku bisate vy’amabuye bibiri (Gusubira mu Vyagezwe 4: 13) Kandi uze ushire muri iyo sandugu ibishingantahe nzoguha (Kuva 25: 16). Ivyagezwe cumi vyanditswe n’Imana kandi vyagendera imbere mw’Isandugu y’isezerano. Ninavyo Uhoraho yavuze ko azokwandika mu mitma y’abantu biwe muri ibi bihe vyo mw’isezerano rishasha. Coba ar’ikinyoma rero, kuvuga ko amashengero atigisha amategeko y’Imana ari mu kuri. Uwuvuga ngo ndamuzi, ntiyitondere ivyagezwe vyiwe, n’umubeshi ukuri ntikuri muriwe (1Yohani 2: 4). Si je mbivuze, bivuzwe n’ijambo ry’Imana. Kuko ni yaba Imana yashize amategeko yayo mu mitima yacu, vyerekana rero ko akiriho. Uwutayafise mu mutima, ntaco apfana n’Imana, n’umunyedini gusa. Kuko handitswe ngo: Nzoshira ivyagezwe vyanje mu bwenge bwabo no ku mitima yabo kandi iho nzovyandika, nanje nzobaber’Imana nabo bazoba abantu banje (Abaheburayo 8: 10).

Murazi ko iyo ntambara y’amategeko ihora ivyuka iyo hari uwuhirahiriye akavuga ko itegeko ry’isabato ryanditswe muri Bibiliya ritigeze rihinduka. Niho benshi baca batangura kwibaza ibibazo vyinshi. Ariko Uhoraho yaravuze ngo: Sinzova mw’isezerano ryanje, sinzohindura ijambo ryavuye mu kanwa kanje (Zaburi 89: 35). Ubwo urumva uwibaza ko vyahindutse nawe afise ukundi azobisobanura, kuko twebwe ubutumwa bwiza twahawe n’uko bwanditswe. Ntitwobuhindura kuko Yesu-Kristu uko yar’ari ejo n’ubu niko akiri, niko azokwama ibihe bitazoshira (Abaheburayo 13: 8). Hitamwo inyigisho za Bibiliya canke inyigisho z’idini.

Abatari bake baratangajwe nuko navuze ko mu vyagezwe vyanditswe mu mitima yacu, ata cagezwe co guhimbaza dimanche kirimwo. Yego ndabisubiyemwo, ntakirimwo, ivyagezwe vy’Uhoraho ni birya biri mu Kuvayo 20: 3-17. Muragaba, ejo ntimuze mupfire mu nyigisho z’idini mugirango n’iz’Imana!

Igihe kimwe nariko ndigisha abantu bari bateranye bumviriza ijambo ry’Imana ari benshi, noneho nza kuvuga ivyo kusohoka muri Babuloni nkuko nabivuze ngaho hejuru ngo: Bantu banje ni muve iwe… Noneho, umuvyeyi umwe ashira akamo hejuru ngo: GUSOHOKA TUKAVAYO NTIBIGOYE, ARIKO TUZOSOHOKA TWEREKEZA HEHE? Nkumbure nawe coba arico kibazo ufise. Iyo wizeye neza Yesu n’ijambo ryiwe, arakwereka ishengero ryiwe riri hano mw’isi ryitondera amategeko y’Imana yose, kandi rifise ukwizera nkawe. Uko kwizera niko Abahanuzi n’Intumwa bapfiriyemwo. Ng’iryo ishengero nkwipfuriza. Sinshaka kuvuga amazina y’amashengero muri iki cigisho, kuko sinshaka kwamamaza idini iry’ariryo ryose, mugabo nipfuza kwamamaza Yesu. Ni wagira ikibazo kuri ibi bintu, uracandika hariya hepfo, tuzogisubiza. Ni mwagomba kubaza mubaze, muhindukire muze (Yesaya 21: 12)

Kandi Mpwemu aravuga ati: Egome, ni baruhuke mu mahoro, kuko ibikorwa vyabo bijana nabo bibakurikiye. Mbeg’ukuntu vyoba ari vyiza usezeye iyi si, noneho Mpwemu akavuga ati: Niwiruhukire amahoro kuko ivyo wakoze biraguherekeje! Ngufitiye ikibazo: Nk’ubu bigushikiye, nimugoroba, canke ejo n’ejo bundi ukaba utakiri mur’uwu mubiri, har’aho wumva ko ibikorwa umazemwo imisi, canke ivyo wazindukiyemwo n’ivyo wiriwemwo, nk’ubu bigukurikiranye imbere ya Mpwemu, wumva vyoguhesha kuruhuka amahoro? Canke woba uwo kurimbuka hamwe n’abarimbuka? Kandi dukorana nayo (Imana), turabiginga ntimuherwe ubuntu bw’Imana gupf’ubusa (2Abakorinto 6: 1)

Iki cigisho nkiguhaye kuko numva mpatwa n’urukundo rw’Imana, kumbura wisubireko. Kuko Imana yakunze cane abari mw’isi, vyayitumye itanga umwana wayo w’ikinege, kugirango uwumwizera wese ntapfe rubi, ahubwo ngo ahabwe ubugingo buhoraho (Yohani 3:: 16). Wumvise neza mur’uwu murongo ko uwutaronse ubugingo bubonerwa muri Yesu, aba agiye gupfa rubi? Mwene Data muvandimwe, hita mwo!

Ndagusengera nanje nisengera ngo wewe nanje Imana iduhe uwu mugisha.

ANDIKA IVYO WIYUMVIRA VYOSE KURI IKI CIGISHO, HARIYA HEPHO HABIGENEWE.

Publié dans : ||le 5 novembre, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire