UMURIMA W’AMASAKA W’ABARUNDI UGERERANYA AGAKIZA KAVA MURI YESU-KRISTU

UMURIMA W’AMASAKA W’ABARUNDI UGERERANYA AGAKIZA KAVA MURI YESU-KRISTU

(Amajambo adasobanukira neza abanyarwanda cyangwa abandi bose, nagiye nyasobanura mu tuzitizo)

Sinzi ko hoba hari icahindutse ku barimyi b’amasaka, ariko ndazi ko kera nkiyarima (nkiyahinga), twatangura kuyabiba mu mpera z’ukwezi kwa Kigarama (Ukuboza), kugera mu ntagiriro za Ruhuhuma (Gashyantare).

Mu kwezi kwa gatatu n’ukwa kane haba ibagara. Abanyarwanda bakunda cyane amasaka yabo, basubiramo no kuyabaga ubugira kabiri (Kwufira) mu kwa gatanu. N’uko umurima w’amasaka wabagawe neza, ukabona imvura n’izuba mu gihe nyaco ugasanga uryoheye ijisho, cane mu ugihe amasaka amaze kuyangika.

Bikaba vyiza cane kuyabona yeze ahungabana.  Noneho iyo amasaka yeze bakayamyoza canke bakayagesesha imbugita, abandi bakayatema n’umuhoro, bakayashira ku murara.UMURIMA W'AMASAKA W'ABARUNDI UGERERANYA AGAKIZA KAVA MURI YESU-KRISTU r242077_982892

Muri iki cigisho, ndibanda cane ku vyerekeye kuyamyoza canke kuyagesesha imbugita. Iyo baba bahejeje kuyamyoza canke kuyagesa, inka n’impene ( n’ihene) n’intama zarashwara mu gishakashaka (abandi bavuga ngo ni igishakari, abanyarwanda bo bacita igikenyeri), zikarisha zigahaga zigataha. Igiteye agahinda, n’uko wa murima watanze amasaka, n’ubwo inka n’ibindi bitungwa bitaba vyaje kuwurishamwo, bene wo bararindira  gato, bageze nko hagati mu kwezi kwa 8, bagaturira (bagatwika) ca gishakashaka (ca gikenyeri), cabahaye amasaka, nkaho ari bwo buryo babonye bwo kugishimira!!! Niho rero wa mugani w’abarundi wavuye ngo:  

IGISHAKASHAKA KIGUHA AMASAKA UKAGIHA UMURIRO. Kandi ubwo bagapfa kugiturira, bamwe baba bamaze no guhonja (gusogongera) ku mpeke y’amasaka yavuye mur’uwo murima

 IBI  BITWIBUTSA VYINSHI MURI KRISTU-YESU.

Yemeye kumanuka mw’isi, asangira imibabaro natwe. Arabambwa turabamburwa, arababara turababarirwa, arahambwa turazurwa hamwe nawe, ariko none raba ukuntu twirirwa turamusubiza ku musaraba ubugira kabiri, kubera ivyaha vyacu. Ariko yikoreye imibabaro yacu twese, yirundanirizako ububabare bwacu, ariko twamuravye nk’uwahanywe, nk’uwakubiswe n’Imana, agacishwa bugufi. Ariko yakomerekejwe n’ibicumuro vyacu, avunagurwa n’ivyaha vyacu. Igihano kiduhesha amahoro caguye kuri we, kandi mu mishishagu yiwe niho dukura ubukiriro. Twese twarayerera nk’intama zazimiye, umwe wese agahurudukana inzira yiwe. N’uko Uhoraho yemera kumushirako ivyaha vyacu twese. Yaracurangujwe, bamutwara gikubikubi, ntiyakurako umunwa. Wamenga n’umwagazi w’intama bagiye kubaga, ukagirango n’intama yihorera iyo bariko barayipfura ubwoya, ntiyigeze akakaza (Yesaya 53: 4-7)

NI MWUMVE NONEHO INKURU NZIZA Y »UMWAMI N’UMUKIZA WACU YESU-KRISTU:

Ni mwihane kuko ubwami bw’ijuru buri hafi (Matayo 4: 17). Erega Yesu-Kristu, ni we atuma Mpwemu  w’Imana gukora umurimo w’umubivyi mu bugingo bwacu, kugirango twame imbuto nziza zifise akamaro. Kuri wa musi w’amateka dutegereje : azoshira amasaka meza mu kigega nawo umuguruka azowuturira mu muriro utazima (Matayo 3: 12). Ariko kubera ako gatimatare kawe n’umutima wawe wigize inshigwarimenetse, uriko urirundanirizako ishavu n’ukuboneka kw’urubanza nyakuri kw’Imana, aho izoha umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze (Abaroma 2: 5-6)

Ibihembo vyawe uriko urahemba Umucunguzi wawe muri iyi misi, n’ukumwereka ubugome butewe na kamere yawe, kuko wanse gukurwa kw’ijambo ngo abandi bagabo canke abandi bagore, abandi bakobwa, abandi basore, ngo bohava bagusuzugura ugiye kwihana… Wanse guhemukira idini canke umuco w’aho wakuiye, uti Imana iranzi izonkiza n’Inyembabazi. Ntiwibeshe cane, Imana n’Inyembabazi,ariko si kuri bose. Yivugiye ubwayo iti Ngirir’ikigongwe abankunda bakitondera amategeko yanje, nkageza ku ruganwe rwabo uko rruzogenda rukurukirana gushitsa igihumbi (Kuvayo 20: 6). Nkumbure woba wibaza ut’uwu musaza umenga bamuroze amategeko, nkuko benshi babimbwira. Si jewe ndiko ndabivuga,ndiko ndasubiramwo ivyo natumwe. « Kuko gukund’Imana ar’uku: N’uko twitondera amategeko yayo (1Yohani 5: 3).

Burya kwishinga kubika umutwe hamwe n’imborerwa (abasinzi), abasambanyi, indyarya, ibisuma (abajura) abicanyi, abadamaraye mu maraha y’ivy’isi, gutwarwa umutima na za politike z’ibinyoma, kwirirwa mu makarata n’ikibuguzo, ntaco bizokwungura, ahubwo bizobandanya kukuzika mu kuzimu kw’ivyaha, niko kubamba Kristo ubugira kabiri. Kuko ashakako akwihariza, nkuko yagucunguye we nyene!!! Abo bandi baguhamagara, benshi n’intumwa za Satani zishaka kukugira ingaruzwamuheto. Reka ngucire umugani Bwenge buke we: Iyo isi yanyoye imvura ikayihaga, noneho ikamera ivyiza binezereza uwayirimye (uwayihinze), iyo si iba yahawe umugisha n’Imana. Ariko iyo imeze amahwa n’ibitovu, iba yikojeje isoni, iba ari iyo kuvumwa, amaherezo bakazoyiturira (bakazayitwika) (Abaheburayo 6: 7-8).

Ariko se wa muntu we, abarundi ko bavuga ngo:  »Inkoko zisezerana mu masasa », none se uzovuga ngo ntibabikubwiye? Kuko ntibishoboka ko abantu bamaze kumurikirwa, bagahonja (bagasogongera) ku ngabire yo mw’ijuru, bakaronka na Mpwemu Yera, bakamara guhonja kw’ijambo ryiza ry’Imana, n’ububasha bwo mu bihe biri imbere, noneho bakagwa, ntibishoboka ko basubizwa kuba bashasha ngo bihane. Kuko nabo baba basubuye kubamba Umwana w’Imana, bakamukoza isoni mu bantu (Abaheburayo 6: 4-6)

Ariko abarundi baraca umugani ngo: Iryeze kare ntirigera ku murara. Kenshi abantu baragwa, canke bagahera mu vyaha bitwaje ngo babatijwe na Padiri Pingi, ngo umupasitori wo mu Buswisi ni we yabihanishije, ngo urusengero rw’i hanaka ni twe twarwubatse, ngo padiri na pasitori ba hariya na hariya nije nabigishije, n’ibindi n’ibindi. Yego mushingantahe (wa musaza we), nyogokuru we (mukecuru), turakwemera rwose warakoze, uri intwari waratabaye mu rugamba rushushe! Ariko rero Yesu arakubwira ati: Ico mpfa nawe, n’uko wahevye urukundo rwawe rwa mbere (Ivyahishuwe 2:4).  Aha rero muzonkubita ku munwa ariko nzobivuga, ntabwo twokwemera ko abantu batuboneye izuba mu kwizera, ko babura Ikamba ry’ubugingo, urugori rw’ubuzima, ariko ibihembo bigahabwa abasore n’inkumi binjiye mu murimo w’Imana ejo n’ejo bundi…Abana mwahetse bakazoba aribo binjira mu Birimba namwe bavyeyi mugasigara hanze? Twemere koko wa mugani udushikeko ngo IRYEZE KARE NTIRIGERA KU MURARA?

img_0565

Rwaruka (Ruvyiruko) namwe komeza ntimudohoke ku muheto wo gusenga, musengere abaduhaye ubutumwa, kugira ngo twese atawuvuyemwo tuze tuvugire rimwe tuti: « Ehe iyi ni yo Mana yacu, niyo twari turorereye! (Yesaya 25: 9)Yes’araje! Maranatha!

ANDIKA IVYO WIYUMVIRA KURI IKI CIGISHO NGAHA HEPFO HABIGENEWE

 

Publié dans : ||le 28 novembre, 2009 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire