UMUGISHA W’INDWI UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

UMUGISHA W’INDWI UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

Hahirwa abamesura amakanzo yabo, kugira ngo babone kwegera ca giti c’ubugingo, kandi bace mu birimba, bashike kuri wa murwa (IvyahishuUMUGISHA W'INDWI UBONEKA MU GITABO C'IVYAHISHUWE bapteme_immersionwe 22: 14)image

Muri uwu murongo wa Bibliya, nakoresheje ijambo risanzwe rizwi neza mu kirundi c’iki gike, ngo  »amakanzo » canke  »amakanzu », ariko Bibliya ivuga ngo imvune. N’ijambo rimwe, mugabo n’uko ico ar’ikirundi ca kera. Mbese ayo makanzo ameze gute? N’amakanzo nyabaki? Izo mpuzu zera(iyo myenda y’umweru) ni vyo bikorwa vyo kugororoka kw’abera (Ivyahishuwe 19: 7).

Ngufitiye akabazo, mbese ivyo waraye ukoze nijoro, ivyo wiriwe urakora, ivyo uriko uragambirira gukora, ivyo uriko uravuga, mbese ubona vyokubera imyambaro yera imbere y’Umwagazi w’Imana? Ubona vyogukundira kwegera ku giti c’ubugingo no guca mu birimba ukagera kuri wa murwa wera Yerusaremu?

Turasabwe rero kwama twisuzuma, tumesura imyambaro yacu mu maraso y’Umwagazi w’Imana (Umwana w’intama w’Imana). Ntidusabwe kwambara amakanzu mashasha, mugabo nibura tukamesura ayo twahawe. Twegereze dufise imitima y’ukuri, twizeye ata mazinda, imitima yacu icucagiwe ngw’ivanwemwo ibitwagiriza bibi, imibiri yacu yuhagijwe amazi meza (Abaheburayo 10:22). Ababatizwa umubatizo wo kwibizwa baba berekanye rwose ko bashaka kwoga mu maraso ya Kristu, ariko nabo nyene basabwe kwama bisuzuma, kugira ngo imyambaro yabo yame yera de, yuhagijwe n’amaraso y’Umwagazi w’Imana. Kwirengagiza umubatizo wo kwibizwa n’uguhomba rero, kuko harya niho twerekana imbere y’Imana n’abamarayika, n’Ishengero rya Kristu, ko twemeye kwishushanya na Kristu yatanze amaraso yiwe, agapfa, agahambwa, akazuka, akaja kwicara i buryo bwa Data, ariwe yaturungikiye Mpwemu wiwe ngo ayobore itorero.  Canke ntimuzi yuko twese ababatirijwe kuba muri Kristu Yesu, twabatirijwe kuba mu rupfu rwiwe?None rero kubatizwa kwatumye duhambanwa nawe, tuba mu rupfu rwiwe, kugira ngo nkuko Kristu yazuwe mu bafuye n’ubwiza bwa Data wa twese, abe ariko natwe tugendana ubugingo busha (Abaroma 6: 3-4). Amazi y’umubatizo rero,  » ayo ni yo abakiza namwe ubu, mu buryo bw’ikigereranyo c’ukubatizwa, s’ugukuraho imvyiro zo ku mubiri, ariko n’isezerano ry’umutima utagiriza ikibi, usezeranye ku Mana, abakirisha ukuzuka kwa Kristu (2Pierre 3: 21). Ibi nivyo Umwami wacu Yesu-Kristu yibukije intumwa Petero ati: « Uwamaze kwoga nta handi aba akeneye kwiyuhagira Atari kubirenge (Yohani 13: 10)

Haranditswe kandi ngo: Ni twatura ivyaha vyacu, ni yo yokwizigirwa kandi igororoka, ivyo ni vyo bituma iduharira ivyaha vyacu, ikatwoza ukugabitanya kwacu kwose (ukugabantanya kwacu kwose, ubugaba bwacu bwose, ubupfu bwacu bwose) (1Yohani 1: 9).

Har’aho uja wibuka igihe wasezerana n’Imana kuyibera umwana nayo ngw’ikuber’umuvyeyi? Mbese iyo ivyaha bikwizingiriyeko uja wibuka gusaba imbabazi ngo usubire kugira umutima wera? Iri jambo rero ribwirwa wewe, uwu mugisha ni wewe urindiriye ngo: Hahirwa abamesura amakanzo yabo, kugira ngo babone kwegera ca giti c’ubugingo, kandi bace mu birimba, bashike kuri wa murwa (Ivyahishuwe 22: 14).

Ingo rero twegere iyo sôko iva mw’amaraso yoza ivyaha, iva mu nguma za Emmanueli!

Iman’iguhe iyo migisha yose rero, tuze tubane muri Yerusaremu ho mw’ijuru, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

Publié dans : ||le 6 novembre, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire