UMUGISHA WA MBERE UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

UMUGISHA WA MBERE UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

Hahirwa uwusoma, hahirwa n’abumva amajambo y’uku kuvugishwa n’Imana, bakitondera ivyanditswe muri yo! Kukw’igihe kiri hafi (Ivyahishuwe 1:3) 

UMUGISHA WA MBERE UBONEKA MU GITABO C'IVYAHISHUWE bible-reading

Uwu mugisha niwo wambere rero uboneka mu gitabo c’Ivyahishuwe. Mu buryo Yohana yawanditse yohejwe na Mpwemu Yera, umenga yarabona ibiriko biraba mu mashengero gushika no mu mashengero yo muri iki gihe. Ni murabe neza: Uyu mugisha ntuvuga ngo: Hahirwa abasoma, uvugango: Hahirwa uwusoma. Uwu mugisha utera integer abasoma ijambo ry’Imana umw’umwe aho aherereye mu buzima bwiwe bwa misi yose, Atari bimwe vyo gupfungura Bibliya mu kigare (mu kivunga), utazi n’impamvu uyipfunguye.  Uwu mugisha uteguza abantu basoma ijambo ry’Imana muri ibi bihe, ngo barisome kandi bongere barizigame. Gereranya aya majambo ya Yesu n’imigenzo y’abantu bitwaza Bibiliya muri iyi misi: Mwebge murasesa  mu Vyanditswe, kuko mugirango muri vyo niho mufise ubugingo budashira, kandi ari vyo binshingira intahe, ariko mukanka kuzakuri jewe ngo muronke ubugingo (Yohani 5: 39). Ikibazo: Burya abasoma Bibiliya bose barayoboka Yesu ngo baronke ubugingo? Weho se bimeze bite? 

 

Muri uwu mugisha wa mbere, biraboneka ko uwusoma atagomba kwisomera gusa, ariko akwiye kugira uko ashoboye kwose akabwira abandi ivyo yasomye, bakavyumva.  Kuko hahirwa uwusoma, hahirwa n’abumva amajambo y’uku kuvugishwa. Mur’umuco w’isi. Igisagara cubatswe ku mpinga y’umusozi ntigishobora guhishwa. Nta bodomeka itara ngo baryubikeko igisimbo, ariko barishira ku gitereko caryo ngo riboneshereze abari mu nzu bose. Abe ariko umuco wanyu ubonesha imbere y’abantu, ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, bahimbaze So wo mw’ijuru (Matayo 5: 14-16). Bashobora kuba batazi gusoma, canke badafise uburyo bwo kuvyisomera; ariko bavyumvirije, bashobora gusangira umugisha n’uwabisomye. Erega handitswe ngo:  Kandi n’abazimira mu mitima bazoc’ubwenge, n’abidodomba bazemera kwigishwa (Yesaya 29: 24). Abantu bazi gusoma, bakaba bagira isoni zo gusomera  abandi Ivyanditswe Vyera, bazobona ibara. Ubutumwa bwiza twahawe buvuga ngo: Semerera cane ntiwigarure, rangurura ijwi ryawe nk’inzamba, ubarire abantu banje ibicumuro vyabo (Yesaya 58: 1). Abantu baronse umwanya wo kuvyumva, ariko bakazibira amatwi, canke bagaca mu zindi nzira kugirango ibi bintu ntibibashike mu gutwi kwabo, nabo bazobon’ibara. Ivyanditswe Vyera biravuga ngo: Banka uwuhanurira mw’ishikiro ry’igisagara, bakazinukwa uwuvuga ivy’ukuri (Amosi 5: 10).  N’uko rero, uze uheze ubabarire,uti uku niko Umwami Uhoraho agize: ng’Uwugomba kumva ni yumve,utabigomba n’areke (Ezekiyeli 3: 27).

 Uwu mugisha ugenewe guteguza umuntu wese ngo akunde gusoma no kwumviriza, kugirango  ni vyashika agapfa umusi wo kugaruka kwa yesu utaraza, nawe abashe gusinzirana uwu mugisha wa kabiri uvugango: Uhereye ubu, hahirwa abapfa bapfira mu Mwami (Ivyahishuwe 14: 13). N’uko rero nawe ni wige Ivyanditswe Vyera uvyitondere, urabe ukuntu Imana izoca igendana nawe ubwonyene, ikubere umugenzi. Ariko ni vyaguter’ubute, nawe uzocika ikijuju, ugende izimagirika, no mu mvugo yawe uze urogotwa ku Mana no ku Nzira yayo y’ubugingo bubonerwa muri Yesu-Kristu. Ibi mbikwandikiye kuko nipfuza ko wogendera mu muco. Kuko hariho uwudashobora kwibesha mu vyo avuga, niwe yavuze ati: MWARAZIMIYE KUKO MUTAMMENYE IVYANDITSWE N’UBUSHOBOZI BW’IMANA (Matayo 22: 29).

Ingo rero twisubireko tuvyige, kandi tuvyigishe, bose babimenye, kuko igihe kiri hafi! (Ivyahishuwe 1: 3)

Publié dans : ||le 22 septembre, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire