UMUGISHA WA KANE UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

UMUGISHAWA KANE UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

Ubutumire buhire (Iki cigisho kiri mu kirundi coroshe gusa, abavuga ikinyarwanda bashobora kugitahura)

Hahirwa abatumiwe gutaha ubukwe bwa wa Mwagazi (Ivyahishuwe 19:9)

Afficher l'image d'origine

Mbese ubwo bukwe buzoba gute? Mbese uremera ko ubwo bukwe buzobaho? Kutavyemera biterwa n’uko utabwiteguriye. Kandi kubwitegurira bisaba ngo Umwami Yesu akugirire ubuntu, aguhe ingabire y’ukwizera nyako, niho wotangura kuryoherwa n’ivyiza bigutegereje mw’ijuru. Ukwizera n’ukumenya rwose ivyizigirwa, udakekeranya ngo ntibizoba, kandi ibitabonwa, niko kubitumenyesha kw’ar’ivy’ukuri. Icatumye abakera bashingirw’intahe, n’uko bari bagufise. Kand’utizera ntashobora kuyihimbara; kuko uweger’Imana akwiriye kumenya yuko iriho, igaha impera abayirondera (Abaheburayo 11: 1-2, 6).

Mur’ayo majambo mpejeje kuvuga, nashaka kwerekana ko ivy’ubwo bukwe ata muntu n’umwe arabona neza integuro yabwo, ariko kubera ko twasezeraniwe kubutaha, twese ababutorewe kandi biteguye, turizera ko tuzobutaha; kand’ivyo abamarayika bipfuza kubirunguruka (1Petero 1: 12). Ariko nkuko handitswe ngo Ivy’ijisho ritigeze kubona, n’ivy’ugutwi kutigeze kwumva, ibitigeze kwinjira mu mutima w’umuntu, vyose Imana yavyiteguriye abayikunda (1Abakorinto 2: 9). Ibi rero n’ivy’ukuri, kuvyizera bituma dukumbura ijuru cane, tukabona umwami Yesu ariko aramanuka ku bicu vy’ijuru akikijwe n’isinzi ry’abamarayika, nkukw’ amasezerano abivuga.

Ni mwumve inkuru nziza y’Umwami n’Umukiza wacu Yesu-Kristu, bene Data: Tunezerwe, duhimbarwe, duhe Iman’icubahiro, kuk’ubukwe bwa wa Mwagazi  w’Intama bushitse, umugeni wiwe ariteguye. Kandi yahawe kwambara impuzu zera nziza, zikayangana zitanduye, izo mpuzu nziza zera, nizo kugororoka kw’abera. Umumarayika arambwira ati: Andika uti Hahirwa abatorewe gutaha ubukwe bwa wa Mwagazi. Kand’arambarira ati: Ayo n’amajambo y’ukuri y’Imana (Ivyahishuwe 19: 7-9).

Umwagazi agiye gutaha ubukwe ni Yesu, umugeni n’ishengero ryiwe, yakoye amaraso, inzu y’ubukwe yubatswe iyo mw’ijuru aho twizera kuzobana nawe ibihe vyose.

Yohani Umubatizi aramudushikiriza ati: Nguyu umwagazi w’Imana akur’icaha c’abari mw’isi. Uyo niwe navuze nt’inyuma yanje hazoza umuntu yar’uwambere kuri jewe, kuko yariho ntarabaho. (Yohana 1: 29-30). Yesu nawe ubwiwe yamye yiyerekana nk’umukwe: Yesu arababwira ati: Mbega mwoshobora mute gutegeka abatowe ngo bisonzeshe bakiri kumwe n’umukwe? Ariko har’imisi izoza; kand’umukwe ni yabakurwamwo bazoca bisonzesha muri iyo misi (Luka 5: 34-35).

Ishengero ry’Imana niryo mugeni: Iki gikorwa ndiko ndakora hamwe na Mpwemu w’Imana muri mwebwe, gisa n’ico Paulo yakoze mu bakristu bo mw’ishengero ry’i Korinto. Kandi hariho n’abandi  Imana yahamagaye kuyikorera muri iyi misi ya nyuma y’umwiza. Naho dukorer’Imana turi mu bihugu atari bmwe, ikiduhuza n’uko tuvuga rumwe mur’uwu murimo. Paulo rero, yashaka kubereka ko ata mashengero abiri Kristu azemera, mugabo ko ashaka kuzakira ishengero rimwe rifise ibitekerezo bimwe, kandi rifise ukwizera kumwe, rifise Umwami umwe. Yavuze ati: Mbafuhira ifuhe ryo kubw’Imana, kuko nabahaye umugabo umwe, niwe Kristu, ngo ndabamushingire mumeze nk’inkumi itunganye. Ariko ndatinya ko, nkuko ya nzoka yahendesheje Heva ukwiyorobeka kwayo, kumbure ivyiyumviro vyanyu vyokwoshwa, mugaca mureka kugororoka no kwera mu vya Kristu. Kuko iyo hagize uwuza i wanyu akababarira uwundi Yesu tutababwiye, cank’iyo mwakiriye iyindi mpwemu idahuje n’iyo mwakiriye ubwa mbere, canke akazana ubundi butumwa budasa n’ubwo mwari mwaremeye, we muramwihanganira neza! Kuko nibwira ko izo ntumwa zihambaye ataco zindusha na gatoya. Naho nd’ikijuju (naho nd’umuswa) mu majambo, sindi ikijuju mu (sind’umuswa) vy’ ubwenge(2Abakorinto 11: 2-6)

Uwu mugeni avuzwe, Bibiliya irangije kutwereka ko atari umugeni uw’ariwe wese, ariko Kristu ashaka kwakira ishengero ritigeze rikundira ko Satani aribesha nk’uko Heva yemeye kubeshwa. Aha niho intambara yose ihagaze, kandi Kristu yiteguye kuduha ibigwanisho vyose kugirango dutsinde urugamba, tubone gutaha ubukwe. Abamarayika bose biteguriye kudutabara. Mu miburo iheruka ya Bibliya turasoma ngo:  Ico gisato kigirira wa mugore inzigo, kirigira ngo kirwanye abo mu ruvyaro rwiwe basigaye,  bitondera amategeko y’Imana, kandi bafise ibishingira intahe Yesu (Ivyahishuwe 12: 17).

Iman’ishimwe kuko uwo mugore yavyaye benshi, hakavamwo abaguye n’abasigaye! Aba basigaye, nibo bagize ishengero ry’ukuri. Niwe mugeni avugwa hariya hejuru ngo:kand’umugeni wiwe ariteguye (Ivyahishuwe 19:7). Umugeni w’ukuri yiteguye kuzotaha ubwo bukwe akimbagirana n’umugabo wiwe, n’uwo nyene ijambo ry’Imana ritubwira ngo: bitondera amategeko y’Imana, kandi bafise ibishingira intahe Yesu (Ivyahishuwe 12: 17).

Wa musaza we, wa muvyeyi wavyaye ugaheka, wa musore nawe wa mukobwa we, Yesu arabona ukuntu wagwanye kugirango ntuhemuke mw’ibanga ry’ubukristu bwawe, arazi ukuntu wihanganye kuva kera! Kand’aravuga ati: Ndazi ah’uba kw’ariho umurwa wa Satani uri, kandi wumiye kw’izina ryanje…, Ariko mfise ivyo nkugayako bike, kukw’i wanyu uhafise abakomeza inyigisho za Balamu yigishije Balaki gushira igitsitaza imbere y’Abisirayeli, kugira ngo barye ivyaterekerejwe ibigirwamana, basambane. Niko nawe ufise abakomeza inyigisho z’Abanikolayiti nk’uko nyene. N’uko rero ni wihane: n’utihana nzoza vuba kand’abo nzobagwanya, mbakubite inkota yo mu kanwa kanje (Ivyahishuwe 2: 13-16)

Abo bantu bariho ngaho muri twebwe, bigize abigisha ubundi butumwa bwiza, bagenda babeshera Yesu na Paulo n’izindi ntumwa, babeshera abahanuzi ngo umusaraba wa Yesu watubohoye ku mategeko y’Imana. Bigeze naho bavuga ngo bashobora no kuja mw’ijuru mw’ibanga, noneho ngo abantu bubashe Imana mu kwitondera amategeko yayo bakaba aribo bazosigara hanze. Abanikolayiti, inyigisho zabo kw’ar’ukuvuga ko imirimo yabo ifise ico yongera ku gakiza kabo. Bagashira imbere ibikorwa bakora, bagasubiza hasi ikimazi Yesu yatanze ku musaraba. Ni murabe uko bimeze ubu. Iyo amateraniro yitabwe n’abantu benshi, indirimbo zigasamirana, bose baravuga ngo amen, kandi bagataha bazi ko bari mu kuri. Ariko iyo itegeko ry’Imana ryamaze gukandagirwa, naho twokora amateraniro amara umusi wose, tukaririmba amazaburi 150 yose, tugatanga ibigiracumi n’amaturo, ntaco bivuze imbere y’Imana. Reka nibutse abatoranijwe ko kwica itegeko ry’Imana naho ryoba rimwe, canke naho woba wibaza ngo ni ritoyi, kuba ar’ugusubiza Kristu ku musaraba.

Aba bantu rero babibwiwe bakavyumva, bagahitamwo ivyo Imana itahisemwo, maze bakagwa bakabivamwo, ntibishoboka gusubira kubahindura basha ngo bihane, kuko bongera kwibambira umwana w’Imana bakamutetereza ahibonekeza (Abaheburayo 6: 6). Nawe rero ngo  abera abamwumvira bose inyanduruko y’agakiza kadashira (Abaheburayo 5: 9). Ko mbona umenga ni vyiza kumwumvira kugirango wewe nanje atubere inyanduruko y’agakiza kadashira nkuko tumaze kubivuga?

Murasubiramwo mwihweze amategeko y’Imana dusabwe kwihanganira mu Kuvayo 20: 3-17, kugirango ejo ntimuze mugwe mu ruzi murwita ikiziba. Arya mategeko niyo yatumye Kristu ava mw’ijuru, abambwa ku musaraba, kuko abantu bayakandagira uko bishakiye. Niho tuvuga ko Yesu yapfuye kubera ibicumuro vyacu, kuko uwukor’icaha aba arenze itegeko (1Yohani 3:4). N’uyu musi, ishengero ryose riyakandagiye, canke ubwoko ubwaribwo bwose bw’abari mw’isi bwiyemeje kuyakandagira, ntakintu bwosubira kuzera mu bwami bw’ijuru. Niho na ya sabato yo mu mategeko cumi ibonekera ko kuyica ar’ukwigira ivyigomeke (canke abaopposants) ku bwami bw’Imana.

 Kuko uwuvuga ngo ndamuzi, ntiyitondere amategeko yiwe, n’umubeshi, nta kuri kuri muri we (1Yohani 2: 4). Ni mwirinde rero kwibesha amazu. Ivyo tuvuga vyose ngo tuzogera yo ni vyaba bidahuje n’vyo Mpwemu w’Imana yemera, bizocika ubusa kuri wa musi, kuko aha niho ukwihangana kw’abera guserukira, bitondera amategeko y’Imana bakizera nka Yesu (Ivyahishuwe 14: 12)

Tuvugishe ukuri tutabeshana, ni yaba uwutitondera ariya mategeko cumi, yitwa umubeshi imbere y’Imana, biraboneka ko amashengero hafi ya 99,99 % yoba agizwe n’ababeshi. Nta mubeshi azogera mur’ubwo bukwe, naho nyene abapasitori babandanya guter’ubutwari ababumva, iyo bigisha ivyo bintu. Dushobora no kuvuga ko uriya Yesu bigisha atariwe Yesu Paulo yigishije. Kuko Paulo yaritondera amategeko yose, akaruhuka n’isabato nka Yesu. (Soma 1Abakorinto 7: 19 n’Ivyakozwe n’Intumwa 16: 13-15). Ndazi ko bidashimisha na gato abamaze kwiyemeza ko bazoruhuka umusi Yesu yazutseko, ariko ni twaba ari twebwe  »mugeni wa Yesu », ndabibutsa ko  »umugore w’ngare adakurwa kw’ijambo adashobora kwubaka urugo ». Wopfuma uba mu gihugu c’ubugaragwa hako ubana n’umugore w’ingare yitoraguza (Imigani 21: 19). N’uko rero burya Bibliya ivugira mu migani, n’ukuvuga ngo na Kristu yopfuma yibana wenyene mw’juru hako abana n’umugore w’ingare yitoraguza. Umugore wa Kristu n’ishengero ryiwe. Ritegerezwa kwemera ivyo Kristu yemera, rikirinda kudadika, ahandiho ntiryoshobora kubana nawe.

Bwirwa wumve mwana w’umuntu: N’uko uwuzorenga ibwirizwa na rimwe ryo mu yoroshe hanyuma y’ayandi, akigisha abandi ngo bagire bartyo, mu bwami bwo mw’ijuru azokwitwa muto hanyuma y’abandi (Matayo 5: 19). Ibi ntibivuze ko azoba ari mw’juru, kuko kuba mutoyi mu bwami niko kuba uw’inyuma.  N’uko rero ab’inyuma turaziko bazumva iri jambo ngo: Mv’iruhande mwa bivume mwe, muje mu muriro utazima, wateguriwe Satani (wa Murwanizi) n’abamarayka biwe (Matayo 25: 41). Murabona ko uwo muriro nawo ko wateguwe n’Imana, si Satani yawuteguye. N’ukuvuga ko nawo uri mu vyo Imana iganza. Nta muntu azoja yo Imana itamurungitse yo. Mukunde cane kwubaha amategeko ya Data nka Yesu no kuyigisha abandi, kuko yavuze ati: Ariko uwuyitondera akayigisha, uyo we azokwitwa mukuru mu bwami bwo mw’ijuru (Matayo 5: 19). Ni we mugeni w’ukuri wa Kristu. Uwishimira iyindi nzira itari iyo Kristu yaciyemwo, atari nayo nzira Kristu yadutoboreye, uwo azoruhira kubona ko yibeshe kuko ntazinjira mu nzu y’ubukwe.

Bibliya ntiyibesha, ishira hanze ababeshi bose, ikavuga yeruye ko batazogera mu nzu y’ubukwe: Ariko ibijora (abanyabwoba), n’abatizera, n’abakor’ibizira, n’abicanyi, n’abasambanyi, n’abarozi, n’abaseng’ibigirwamana, n’abanyabinyoma bose, umugabane wabo uzoba mu kiyaga caka umuriro n’amazuku, nico rupfu rwa kabiri (Ivyahishuwe 21: 8). Inyuma hazoba imbwa, n’abarozi n’abasambanyi n’abicanyi n’abaseng’ibigirwamana, n’umuntu wese akunda kubesha akabikora (Ivyahishuwe 22: 15).

Sinipfuza ko wosigara uramoka inyuma y’urugo hamwe n’imbwa n’abarozi, ndagusengera nanje nisengera ngo tuze dutahane ubwo bukwe bwera.

ANDIKA IVYO WIPFUZA VYOSE KURI IKI CIGISHO HARIYA HEPFO HABIGENEWE.

Publié dans : ||le 5 novembre, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire