UMUGISHA WA GATANDATU UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

 

UMUGISHA WA GATANDATU UBONEKA KU GITABO C’IVYAHISHUWE

Hahirwa uwitondera amajambo yavugishijwe yo muri iki gitabo (Ivyahishuwe 22: 7)

UMUGISHA WA GATANDATU UBONEKA MU GITABO C'IVYAHISHUWE

Uwu mugisha ushaka gusa n’umugisha wa mbere, ariko iyo uravye neza usanga hariho ubudasa. Kuko umugisha wa mbere uravuga ngo: Hahirwa uwusoma, hahirwa n’abumva amajambo y’uku kuvugisahwa n’Imana, bakitonder’ivyanditswe muri yo; kukw’igihe kiri hafi (Ivyahishuwe 1: 3). Igituma uwu mugisha wa gatandatu uvuze ko hahirwa uwitondera amajambo yavugishijwe yo muri iki gitabo gusa, n’uko hagiye kuza igihe ivyo gusoma bitazoba bigishobotse, kuja mu materaniro kwumviriza abadusomera navyo ntibizoba bigishobotse, hazoba hahiriwe rero abazoba batasoromeye mw’isaho iva, nukuvuga abitondera ivyo bazoba barize mu gihe c’impore. Ni bamara guca ubwoko bwera ubunywenywe, ivyo vyose bizoba bishize (Daniyeli 12: 7). Ubuhanuzi buravuga neza ko ico gihe kizoba ic’umubabaro ku ba Yakobo, n’ukuvuga kuri twebwe tusangiye ukwizera mu Mana ya Yakobo, twebwe Israeli nshasha, nkuko Paulo atwita ngo: Abazogendera kur’urwo rugezo, amahoro abe muri bo, bo n’ikigongwe, no mu Bisirayeli b’Imana (Abagalatiya 6: 16). Umuhanuzi Yeremiya rero yeretswe ibizoba kw’ishengero mu misi yo hanyuma, aravyandika ati: Twumvise ijwi ry’abari mu gatengo n’ubwoba, atar’iry’abari mu mahoro. Banza mubaze murabe ko har’umugabo aja ku nda ngo avyare; none n’iki gituma mbona umugabo wese yifashe ku mafyinga nk’umugore aramutswe,mu maso ya bose hagahindurira? Ew’ amagorwa ari hano! Kuko uwo musi uhambaye atawuhwanye nawo, n’igihe c’umubabaro w’aba Yakobo, yamara bazogikizwa (Yeremiya 30: 5-7).

Abafise ingabire yo gusoma, muje musoma kandi mushire ku mutima ivyo musomye, mubigumye, nikwo kwuzura Mpwemu Yera.  Abafise ingabire yo gusomera abandi no kubigisha, muze musaba Imana kugirango amajambo musohora mu kanwa kanyu ntagende ngo musigare mugaragara mu mitima, ah’ubwo Uhoraho akomeze gusubiza mwo ayandi, niko kuzura Mpwemu Yera. Namwe mwahawe ingabire yo kwumva ijambo ry’Imana n’umunezero mwinshi, muryakire kandi murizigame mwongere murigendere, ntirice mu gutwi ngo riseruke mu kundi, ni ko gukomeza kwuzura Mpwemu Yera. Mumere nka Mariya nyina wa Yesu, nkuko Ivyanditswe bimushingir’intahe biti: Ariko Mariya abika ayo majambo yose mu mutima wiwe (Luka 2: 51). Mariya yagize ingorane zo kubona umwana wiwe amucika akaja kwirirwa yigisha (Mariko 3: 21, 31-32), noneho aja kumubona yafashwe akubitwa, abambwa no ku musaraba (Yohani 19: 25); ariko aho Mpwemu Yera amanukiye ku ntumwa i Yerusaremu, vyamutumye abona ko ivyo yari yarabwiwe ku mwana wiwe ko vyari ivy’ukuri (Ivyakozwe n’Intumwa 1: 14).

Ibigiye kuzoba ku bwoko bw’Imana bisa n’ivyabaye kuri Mariya nyina wa Yesu: Arikw’ igihe vya bindi bizoshika, kand’ehe biraje, niho bazomenya yuko uwuvugishwa n’Imana yamye muribo (Ezekiyeli 33: 33)

Ico mbasengera kandi nanje arico nisabira, n’uko twobika ijambo ry’Imana mu mitima yacu, rikazotugoboka mu gihe c’akaga, hamwe ukwizera kwacu kuzoba gutanguye guhungabana. Aho niho ukwizera kw’abera guserukira (niho kuzoserukira), bitondera amategeko y’Imana, kandi bakisera nka Yesu (Ivyahishuwe 14: 12). Amen

Publié dans : ||le 5 novembre, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire