TWIGE IVYAHISHUWE 8: 13

IMPANDA YA GATANU IZOBA AR’ISHYANO RYA MBERE (1)

Ndaraba, numva inkukuma iguruka yatiriye ijuru, ivuga n’ijwi rirenga, it’ibara, ibara, ibara riza kubonwa n’abari mw’isi kubw’ayandi majwi y’inzamba z’abamarayika batatu, bahava bavuza (Ivyahishuwe 8: 13)

Yohani avuze ati: Ndaraba, numva… Buriya uwuraba ikintu ni we akibona, kandi uwuza kwumva arumviriza. Abantu benshi bahawe impano ikomeye yo kuraba ibintu n’amaso yabo no kwumvisha amatwi yabo. Ariko benshi bahitamwo kuraba ibitagira umumaro, no kwumviriza ibihuje n’irari ryabo. Guhang’amaso Imana no kuyumviriza, ntabwo ari vyo bifise umwanya wa mbere mu rwaruka rw’iki gihe. Icompa uyu musi, wewe usoma ukagira inyota yo kwama uhanze amaso Imana mu masengesho yawe no mu gusoma igitabo c’Ijambo ryayo, kandi ukama wumvira iryo jambo. Kwumvira Imana bitera amahirwe menshi. Kandi ni mwakikamira iburyo canke i bumoso, amatwi yanyu azokwumva ijambo ribaturutse inyuma rivuga rit’Iyi niyo nzira, mube ariyo mujana (Yesaya 30: 21). Mureke kugir’ubwoba, kuko Uhoraho yatuyoboye kuva mu ntangiriro z’ibi vyigisho, azokomeza kutuyobora, naho twozimira yotuzimurura (naho twayoba yatuyobora).  Hahirwa uwusoma, hahirwa n’abumva amajambo y’ubu huhanuzi, bakitondera ivyanditswemwo, kukw’igihe kuri hafi (Ivyahishuwe 1: 3). Mi murondere mu gitabo c’Uhoraho musome, nta na kimwe co muri vyo kizobura (Yesaya 34: 16)

Inkukuma ivugwa muri uyu murongo, niyo mpungu, inkona canke inkongori. TWIGE IVYAHISHUWE 8: 13 vol_de_l_aigle

Yohani yavuze ati: numva inkukuma iguruka yatiriy’ijuru, ivuga n’ijwi rirenga… Mu buhanuzi bwa Bibiliya, inkukuma igereranywa n’ububangutsi buvanze n’ubukomezi mu gutwara abantu n’ibintu, mu gutera amahanga giturumbuka(kugwa mpiri), canke gutangaza amakuru mabi vuba na vuba.  Reka tubisome: Mwarabonye ivyo yakoreye Abanyegiputa, n’ingene mweho yabateruye ku mababa nk’ay’inkukuma, akabazana… (Kuvayo 19: 4). Uhoraho azobagomorera ihanga rya kure, ribatere, rize nk’uko inkukuma yirasa (Gusubira mu Vyagezwe/ Gutegekwa kwa kabiri/ Ivugurura 28: 49) Umugore ahabwa amababa abiri nk’ay’inkukuma nini, kugirango agurukire mu bugaragwa ahantu hiwe (Ivyahishuriwe 12: 14).

Iyi nkukuma ngo yaguruka yatiriye ijuru: n’ukuvuga ko amakuru mabi yo muri ico gihe azogera ku baturage b’isi bose ata wuvuyemwo mu kanya gato. Mu kuvuga ko iyo nkukuma iguruka yatiriye ijuru, Yohani yerekana ko isi izoba iriko iracishwa bugufi mu bwibone bwayo butewe no kwishimira ubugome ataho bizayigeza. Erega, buriya uwukugiye hejuru aba yagushoboye. 

Aho amakuru meza yo kwamamaza igaruka rya Yesu azogera, ni naho n’inkuru mbi ku binangiy’imitima zizogera. Kuko n’umumarayika agurukana amakuru meza y’iteka ryose nawe aguruka yatiriye ijuru:  Kandi mbona umumarayika wundi aguruka yatiriye ijuru, afise ubutumwa bwiza butazoshira bwo kubarira ababa mw’isi n’amahanga yose, n’imiryango yose, n’indimi zose n’amoko yose, avuga n’ijwi rirenga ati: Mwubah’Imana muyihimbaze, kukw’igihe c’amateka yayo gishitse, museng’iyaremye ijuru n’isi n’ibiyaga n’amasoko (Ivyahishuwe 14: 6-7).

Iri jambo ngo ibara, ibara, ibara… risubiwemwo gatatu, kugirango twumve ko bikomeye. Iki kizoba ari igihe c’umubabaro utigeze kubaho, nta wuzogisohokamwo amahoro kiretse abasangiye ukwizera na Yakobo, ariwe Israeli. Kuko Ivyanditswe bivuga ngo: Twumvise ijwi ry’abari mu gatengo no mu bgoba, atari iry’abari mu mahoro. Banza mubaze murabe, murabe ko hogira umugabo aja kunda ngo avyare: None n’iki gitumye mbona umugabo wese yifashe ku mafyinga nk’umugore aramutswe, mu maso hose hagahindurira?

Ew’amagorw’ari hano! Kuk’uwo musi uhambaye nta wuhwanye nawo, n,igihe c’umubabaro wa ba Yakobo yamara bazokizwa (Yeremiya 30: 5-7). Ibi bihe vy’akaga na Kristu yabinyuzemwo, n’intumwa n’ahanuzi, na basokuruza bacu mu kwizera. N’ishengero ry’Imana rizobinyuramwo. Mwirinde ababemerera ijuru ku buryo buhendutse (butazimba), bavuga ngo tuzoterurwa tugende mw’ijuru tudaciye mu vyago vya nyuma. Iyo nyigisho siyo Kristo yampaye kubabgira. Mu vyo nahawe, havuga ngo: Mw’isi muzogira amakuba, ariko ni mugumy’umutima, natsinz’isi (Yohani 16: 33). Ntutinye ivyo ugiye kubabazwa… Wame wihangana kugeza no ku gupfa, nanje nzoguha ikamba ry’ubugingo (urugori rw’ubuzima) (Ivyahishuwe 2: 10). Ivyo nivyo mwahamagariwe, kuko na Kristo yabababarijwe, akabasigarana icitegererezo, kugirango mugere ikirenge mu ciwe (1Petero 2: 21)

Nari navuze ko iri jambo ngo ibara, ibara, ibara risubiwemwo gatatu kugirango tumenye ko bizoba bikomeye. Ni vyo kuko n’umuhanuzi Ezekiyeli arabivuga mu buryo bwiwe ati: Kura umugara, wiyambure igitsibo, ntibizosubira kumera nk’uko vyari bisanzwe. Icari hasi kizoshirwa hejuru, kandi icari hejuru kizosubizwa hasi. Amatongo, amatongo, nzobigira amatongo masa, kandi ni ko bizokwama gushitsa igihe nyenevyo azozira (Ezekiyeli 21: 26-27). Reka uwu murongo ndawushire mu kirundi no mu kinyarwanda c’iki gihe kugirango mu bitahure neza. Kura inkofero y’ubutegetsi, wiyambure ikamba (urugori), kuko ibintu bigiye guhinduka. Icari hasi kizoja hejuru, kand’icari hejuru kizosubira hasi. Nzobigira ibishingwe, ibishingwe, ibishingwe, kandi bizoguma gurtyo kugeza igihe nyenevyo azozira.

Kugera mu mwaka w’1964, Papa w’i Roma yambara inkofero y’ingori zitatu, igizwe n’imigara itatu, ngo vyerekane ko afise ububasha mu vyo mw’ijuru no mw’isi, no musi y’isi. Uwambaye iyo ngofero y’ubutegetsi bw’ikirenga ubga nyuma, ni Papa Paulo wa VI, yayiyambuye neza kw’itariki 13 z’ukwezi kwa Munyonyo muri 1964, yambara inkofero zisanzwe z’abepiskopi. Iyo yari yambaye yari yayigabiwe na Diyosezi ya Milan mu Butaliyano. Kandi burya ivyo bintu biba bikozwe mu butare buhenda, izahabu n’ibindi bintu vy’agaciro. Iyo nkofero ngo barayigurishije, ngo bayikuramwo amahera yo gufasha abakene, bavuga ko ubu yoba iri mu nzu yerekanirwamwo ibintu vya Karahanyuze by’igiciro i Washington.

   Iyi n’ifoto ya Paulo wa VI

Ku bakunda gusoma Bibiliya muraziko mu gitabo c’Ivyahishuwe, igice ca 13, havugwamwo igikoko, canke inyamaswa. Iki gikoko canke iyo nyamaswa ntibivuga umuntu runaka,canke umupapa runaka, ah’ubwo bivuga ubutegetsi muri rusangi, mugabo bushingiye kw’idini. Handitswe ngo: Giteranura akanwa kaco kirogota(canke kirogotwa) ku Mana no kw’izina ryayo no kw’ihema ryayo, no kubaba mw’ijuru. Ubu bubasha bw’abapapa b’i Roma n’amayoberane, butuma biyita amazina y’Imana yo mw’ijuru, mbere ngo bagashobora no kwongera umubare w’(igitigiri c’)abaturage bo mw’ijuru, mu kwandika abantu mu gitabo c’abatagatifu (aberanda). Kandi ntimukite umuntu wo mw’isi Data, kuko So ar’umwe, ar’uwo mw’ijuru (Matayo 23: 9) Ibi vyo kwandika umuntu mu gitabo c’aberanda, vyo ntivyobaho, kuko  »hatabonetse uwushobora kuzingurura ico gitabo canke kukiraba. …  »Intambge yo mu muryango wa Yuda, Umunago wo ku gishitsi ca Dawidi, yaranesheje, ngo azingurure igitabo, amene ikibimatanije (Ivyahishuwe 5: 3-4). Uwo ni Yesu avugwa. Uwundi muntu yopfungura ico gitabo atar’Imana ni nde? Imana n’Umwana wayo, ni yo ifise ububasha bwo kwandika, canke gufuta ikintu muri ico gitabo. Mose yavuze ati: Es’icompa ukababarira icaha cabo! naho bidashobotse, jewe upfume usibanganya izina ryanje mu gitabo cawe wanditse (Kuvayo 32: 32). Ivyo ni vyo urugori canke umugara wo hejuru kuri ya ngofero usobanura.

Vya bindi vyo kuvuga ngo bafise za purugatori, ngo bashobora kugenera umuntu ijuru canke umuriro udahera, vyose nta shingiro bifise mw’ijambo ry’Imana. Uku niko Umwami Uhoraho agize ati: Umutima wawe ko wishize hejuru, kand’ukavuga uti: Ur’Imana ng’uvyagiye ku ntebe y’Imana hagati mu kiyaga; yamara ur’umuntu buntu naho wigereranya nayo. Mbeg’uzosubira kuvugira imbere y’abakwica ngo ur’Imana? Ushima uzoba ur’umuntu buntu ntuzoba uri Imana, ushitse mu maboko y’ugusogota! Ezekiyeli 28: 2, 9).

Kandi rero ngo  » gihabwa kurwanya abera no ku banesha, kandi gihabwa gutwara imiryango yose, n’amoko yose, n’indimi zose n’amahanga yose, Kandi ababa mw’isi bose bazogisenga, umuntu wese izina ryiwe ritanditswe mu gitabo c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama yatanzwe kw’ikimazi uhereye ku kuremwa kw’isi (Ivyahishuwe 13: 7-8). Urumvako ubwo bubasha bufise imbaraga aha mw’isi, ntaco bwibanga, n’abera b’Imana ngo burabanesha. Nico urugori rwo hagati kuri ya nkofero rusobanura. Urugori rwo hasi, ruraboneka muri aya majambo yo muri iyi mirongo ibiri yo mu Vyahishuwe 13: 7-8, kuko gikoresha ubutware bw’amayoberane, butazwi no mw’ijuru. Nibwo bugize ishimikiro ry’ubwami bwa ca gikoko. Ni nabwo butuma abari mw’isi bose bagisenga. Nibwo rugori rwo hasi. Nkuko izindi ngori zishimikiye kurwo hasi ni naho ibinyoma vyose vy’ubwo bushobozi bishimikiye kuri ivyo vyo kuvuga ngo barazi ivy’abageze mu cobo, ngo bafise amasengesho yo kubakurayo bakagera mw’ijuru, za ndulujensiya, amasakramentari, ibisigi vy’aberanda n’ibindi… Sindababujije gukurikira Ekleziya Gatorika y’i Roma, ndiko ndigisha Ivyanditswe Vyera gusa. Mushobora guhitamwo Ivyanditswe Vyera ariryo jambo ry’Imana, canke mugahitamwo ivyanditswe n’abantu. ico nzi n’uko » buri muntu azikorera umutwaro wiwe (Abagalatiya 6:5). Ico nzi n’uko umutwaro twaremetswe n’abantu uravuna cane, kandi tukavunikira ubusa. Ariko Yesu afise umutwaro uhwahutse kandi uzoduhesha agaciro, niwo nanje nipfuza kugenda nikoreye: nshaka kuvuga; kwitondera ijambo ryiwe imbere yo kwitondera ivyavuzwa n’abantu. Ni nde mupapa canke umuprezida yokwubahuka kuvuga aya majambo ngo: Ni muze kuri jewe abananiwe n’abaremerewe ndabaruhura, mwikoreze ingata yanje, munyigireko; kuko nd’umugwaneza; niyoroheje mu mutima; namwe muzoronka uburuhukiro bw’imitima yanyu. Kuko ingata yanje itababaza, n’umutwaro wanje urahwahutse (Matayo 11: 28-30). Kwizera uwaganjwe bitera kuganzwa, ariko kwizer’Umwana w’Umwana w’Imana bizana ubugingo budahera. Igikwiye n’ukwumvir’Imana kuyirutisha abantu (Ivyakozwe n’intumwa 5: 29)  N’aho tuvyigisha tuyobowe na Mpwemu w’Imana n’abamarayika, hazokwama hari amasinzi n’amasinzi y’abantu baramya ubwo bubasha bakabupfukamira. Ariko rero dufise amasezerano ko hariho abazobutsinda bakabwigobotora. Abakuru n’abato bazogikundurira inyuma.  Abo bazogwanya w’Intama, uwo Mwagazi azobanesha, kuko ariwe aganza abaganza n’Umwami w’abami, kandi abari kumwe nawe bahamagawe, batoranijwe, bayobotse, nabo bazobanesha (Ivyahishuwe 17: 14). Tuzovyiga neza mu vyigisho bizokurikira,  tuzoraba ukuntu n’abategetsi b’isi bose bozociruka inyuma! Yewe, uwuzoramba azobona.

Mwitegure rero, ubu tugiye kuziga ivy’inzamba ya gatanu, Amajambo tumaze gusoma azotuma dutahura neza za nzamba zitatu zigiye kuvuzwa!

Imana ibahezagire!

Publié dans : ||le 13 avril, 2010 |1 Commentaire »

1 Commentaire Commenter.

  1. le 14 avril, 2010 à 14:49 Muheto écrit:

    Mwiriwe neza!
    Mbanze kubaza ikibazo;mbega ubu buhanuzi bwo muri ezekier 21:26-27 bwoba bwashitse muri 1964 aho uwo mu Papa yakura iyo nkofero.
    Ubu naho nagira ndakubwire ko nogerageza gukora traduction ariko mwondungikira icigwa kimwe nshobora gukopiya hanyuma nkagerageze traduction hanyuma niwabona ko ari vyiza mbandanye kubikora.Merci

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire