TWIGE IVYAHISHUWE 9: 13-21

INZAMBA YA GATANDATU

Umumarayika wa gatandatu aravuza: Numva ijwi riva ku mahembe ane y’igicaniro c’izahabu kiri imbere y’Imana, ribarira umumwarayika wa gatandatu afise inzamba riti, rit Bohora abamrayika bane babohewe ku ruzi Eufrate. Abo bamarayika bane bari biteguriwe iyo saha n’uwo musi, n’uko kwezi, n’uwo mwaka, babohorerwa kwica ikigira gatatu c’abantu.  Igitigiri c’abagwanira ku mafarasi cari ibihumbi amajana abiri: igitigiri cabo naracumvise. Kandi nerekwa ntya amafarasi n’abari,  bayicayeko. Bari bambaye ivyuma bikingira ibikiriza, bisa n’ikibengebenge n’agafyiri n’amazuku. Iminwa y’ayo mafarasi yari nk’iy’intambwe, mu kanwa kayo havamwo umwotsi umuriro n’umwotsi n’amazuku. Ikigira gatatu c’abantu cicwa n’ivyo vyago, ukw’ari bitatu:umuriro n’umwotsi n’amazuku bivuye mu kanwa kayo. Kuko ububasha  bwayo mafarasi buri mu kanwa kayo no mu mirizo yayo, kuko imirizo yayo imeze n’inzoka, nayo iri n’imitwe, niyo aryanisha.

Abantu barokotse batishwe n’ivyo vyago, ntibihana ivyakozwe n’intoke zabo, ngo bareke gusenga abadayimoni n’ibigirwamana vTWIGE IVYAHISHUWE 9: 13-21 PQRM000Zy’izahabu n’ivy’ifeza, n’ivy,imiringa n’ivy’amabuye, n’ivy’ibiti bidashobora kubona canke kwumva canke kugenda; kandi ntibihana ngo bareke ubwicanyti bwabo, canke uburozi, canke ubushakanyi, canke ubusuma.

Kugira ngo iki cigisho cumvikane neza, ukwiriye kubanza gusoma icigisho  cakibanjirije citwa  »TWIGE IVYAHISUWE 9: 1-12. Mu vyahishuwe 9: 12, haravuga ngo: Ibara rya mbere riraheze, eh’ukundi kubona ibara kubiri kugiye kuza. Mu vyigisho bigiye kuza rero, uze wame wibuka ko birangwa n’ivyago vyigabanije mwo kubiri. Icago tugiye kwiga kijanye n’inzamba y’umumarayika wa gatandatu, kizoba kije nko kuruhura abantu bazoba bamaze amezi atanu bababazwa na ca cago Bibiliya igereranya n’ugukomorwa na sikorupiyo. Ijambo ngo  »abantu » muri ibi bice vya nyuma, ntirisobanura abari mw’isi bose. Rivuga abanyavyaha bazoba batigeze bakingurira Yesu imitima yabo. Iri jambo turarigarukako mu gusozera iki cigisho.

Yohani rero ati: Numva ijwi riva ku mahembe ane y’igicaniro c’izahabu riti Bohora abamarayika bane babohewe ku ruzi runini Eufrate. Iki gicaniro (uruhimbi canke altari) c’amahembe ane, gisobanura inganji y’Imana ikwiye isi yose, ariko ab’isi ntibashake kuyubaha. Ubwo ni yamahanga yose aba mw’isi. Kuko ihembe canke amahembe, bisobanura ububasha, inganji. Ni vyo umuhereji (umutambyi) Zekariya, se wa Yohani Umubatizi yavuze, mu ndirimbo yiwe y’ubuhanuzi, ati: Umwami Imana ashimwe, Imana y’Abisiraeli, kuko igendeye abantu bayo ikabacungura, kandi iduhagurukirije ihembe ry’agakiza, mu nzu ya Dawidi umusavyi wayo (Luka 1: 68-69).  Iki gicaniro rero kirasobanura isi, kuko dusoma ahandi ngo: Mbona musi y’igicaniro impwemu z’abishwe babahora ijambo ry’Imana no gushinga intahe bari bafise. Batakambishwa n’ijwi rirenga bati: Databuja wera w’ukuri, uzogeza ryari kudaca amateka no kudahora abari mw’isi amaraso yacu (Ivyahishuwe 6: 9-10). Muri iyi mirongo ibiri tumaze gusoma, biraboneka ko izi mpwemu zitavugira mw’ijuru, ntizari no ku gicaniro, ariko ngo zari musi y’igicaniro. Biraboneka ko atari impwemu zimaze kugera mu munezero wo mw’ijuru. Kandi noneho mw’ijuru, hazojayo umuntu muzima, umubiri n’impwemu (umubiri n’umutima), nkuko Kristu yagiye, nkuko Mose na Eliya bagiye. ujp4ffnvMusi y’igicaniro ni musi y’ubutaka, mu kuzimu. Ni wabandanya gusoma neza, uraza kubona ukuntu Imana ibandanya kugereranya isi n’ahantu heza ha zahabu: igicaniro canke igikombe ca zahabu, bitewe n’amasengesho y’abera avugirwa muri iyi si nyene.

Tugaruke kuri rya jwi Yohani yumvise riva ku mahembe ane yo ku gicaniro c’izahabu kiri imbere y’Imana. Kuki Bibiliya ivuga ko ayo mahembe ari ane? N’ukuvuga ubwami bune bwatoteje abantu b’Imana burabasabagiza kuva kubwami bwa Babuloni kugeza kubw’Abaroma bwahindutse Ubupapa. Ndamubaza nti: Abo bazanywe no gukor’iki? Aranyishura ati: Ayo niyo mahembe yasabagije Abayuda n’Abisiraeli n’ab’i Yerusaremu, ntihagira n’umwe avyura umutwe, none abo bazanywe no kuyaca ivutu, no gutsinda hasi amahembe y’abanyamahanga, yashize hejuru amahembe yayo, ngo agwanye igihugu c’i Buyuda agisabagize (Zekariya 1: 21). Abayuda mu buhanuzi n’ukuvuga abakristu (soma Abaroma 2: 28-30). Bazoba rero bageramiwe n’abanyavyaha mw’isi yose, ariko Uhoraho azoturwanira. Nico gituma nagushiriyeho iyi shusho y’ikarata y’isi yose ngo ibikwibutse. Vyavuzwe kandi ngo n’igicaniro c’izahabu kiri imbere y’Imana (Ivyahishuwe 9: 13). Mu vy’ukuri, iyo ikintu kiri imbere yawe wama ugikubitizako akajisho. Niko n’iyi si imeze, ibibera muri iyi vyose , Uhoraho arabibona, nta nakimwe twomuhisha. I kuzimu hari mu kuboko kwiwe, kandi impinga z’imisozi miremire nazo n’iziwe. Ikiyaga n’iciwe, niwe yakiremye, intoke ziwe nizo zabumvye imisozi (Zaburi 95: 4-5). Kugira ngo bamenye uhereye i burasirazuba, ukageza i burengerazuba yuko atsayindi Mana uretse jewe Uhoraho, kandi nta wundi. Ni jewe nkomoko y’umuco, n’umuremyi w’umuco, nd’isoko y’impore, nd’umuremyi w’ivyago, ni jewe Uhoraho nkora ivyo vyose (Yesaya 45: 6-7). Kandi mu gihe hakiri amasengesho y’abera ava mw’isi, isi iracitwa uruhimbi rwa zahabu. Vyose birangiye, Babuloni imaze kugesezwa, ivyanditswe bihita bivuga ngo: Babuloni ca gisagara gihambaye,  gicitse ikibanza c’abadayimoni, aharindirwa impwemu zihumanya zose, aharindirwa ibisiga bihumanya vyankwa vyose (Ivyahishuwe 18: 2). Ariko imbere y’uko hatikizwa, kuko Uhoraho azoba akirindiriye ko abari yo bose  bumva ijwi ryiwe, bakigira imigambi yo gusohoka canke kugumayo, muri ico gihe, Babuloni ariyo ruvange rw’amahanga yo muri iyi si, izoba icitwa uruhimbi (igicaniro, altari) rw’izahabu canke  igikombe c’izahabu mu kuboko kw’Imana. Niko vyanditswe ngo:  Babuloni cari igikombe c’izahabu mu kuboko kw’Uhoraho, caboreje (casindishije) isi yose: amahanga yanyoye kuri vino yaco (Yeremiya 51: 7)

Twibuke na none ko rya jwi  ribarira umumarayika wa gatandatu afise inzamba riti Bohora  abamarayika bane babohewe kuri rwa ruzi runini Eufrate (Ivyahishuwe 9: 14). Nkuko isi ifise amerekero ane, niko n’aba bamarayika babohewe ku ruzi Eufrate ari bane. Ibi birabibutsa ya nsiguro nabaha mu misi ishize, ivuga ukuntu uruzi Eufrate ruzokama, ko vyasobanura ukuntu amoko n’amahanga n’indimi bizova ku mwungere w’isi yose, azoba yiyemeje kuyobora isi mu binyoma. Na hano nico bivuga. Aba bamarayika bane babohewe ku ruzi runini Eufrate, basobanura igihe kitarashika, kuko isaha n’umusi n’ukwezi n’umwaka vyategekanijwe n’Uhoraho bitaragera. Ni vyashika, amahanga yose. ariyo agereranywa n’amazi y’uruzi runini Eufrate, azikangurira kurwana urugamba atazotsinda rwo kurwanya Imana n’abasavyi bayo. Arambwira ati: Ya mazi wabonye maraya yicarako, ni yo moko n’amakungu y’abantu, n’amahanga n’indimi (Ivyahishuwe 17: 15). Bizoba mu mpande zine z’isi, ku mahanga yose, kandi nta n’isegonda izorenga kuri uwo musi w’urugamba rwategekanijwe n’Uhoraho. Twasomye ngo abo bamarayika bane, bari biteguriwe, iyo saha, n’uwo musi, n’uko kwezi, n’uwo mwaka (Ivyahisahuwe 9: 15).

Havuzwe ko bazica ica gatatu c’abantu, kandi ngo igitigiri c’abo barwanyi cari 200.000. Ibi vyose bivuga ubwinshi bw’abo banyentambara ba kabuhariwe. Kwicara ku mafarasi na kurya kuntu twasomye amafarasi yabo ameze, n’ivyo bambaye, vyose bisobanura ukuntu ico gihe kizoba igihe c’intambara mbi, nico ijambo ry’Imana ryise Haru-Maguedoni mu Vyahishuwe 16: 16.

Mu gusozera iki gice Yohani yavuze ngo:  Abantu batishwe n’ivyo vyago ntibihana ivyakozwe n’intoke zabo, ngo bareke gusenga  abadayimoni n’ibigirwamana vy’izahabu n’ivy’ifeza n’ivy’imiringa n’ivy’amabuye n’ivy’ibiti bidashobora kubona canke kwumva canke kugenda, kandi ntibihana ngo bareke ubwicanyi bwabo, canke uburozi, canke ubushakanyi, canke ubusuma (Ivyahishuwe 9: 20-21). Ba bandi bavuga ko babohowe ku mategeko y’Imana rero, aha hagomba kubaha icigisho. Ibi vyago bazoba bitumbereye neza abantu bica amategeko y’Imana ku manyama, bishimiye inyigisho zindi  canke ubundi bwenge bitagira ishingiro mu gitabo c’Imana.

Mu vyigisho biheruka, aho twavuga ku vyerekeye ba bamarayika bazosuka ivyago biva mu nzavya z’izahabu,  haratweretse ko umumarayika wa kane yasutse urwavya rwiwe mu zuba rihabwa kubaburisha abantu umuriro. Abantu bababurwa n’indugumba nyinshi barogotwa kw’izina ry’Imana, ntibihana ngo bayihimbaze (Ivyahishuwe 16: 8). Ni nako ngo bizogenda mu gihe ubwami bwa ya nyamaswa buzoba bukubiswe n’umwiza uva muri rwa rwavya rwa marayika wa gatanu, naho nyene baravuga ko guhera mu mwiza no kuribwa na vya bisebe bizotuma barogotwa ku Mana nyen’ijuru, kandi ntibazihana ngo bareke ibikorwa vyabo bibi (Ivyahishuwe 16: 11).

Biraboneka rero ko kugeza kw’isaha ya nyuma, ab’isi bazoba bacishimiye ibigirwamana vyabo, basambana, babesha, biba, ndetse kugeza no ku munota wa nyuma. Kuko ijambo rirangiza programu y’ivyago rivuga ngo: Urubura ruhambaye, ibuye ryarwo ripima nk’italanto, rukoragurikira ku bantu ruvuye mw’ijuru: ico cago c’urubura gituma abantu barogotwa ku Mana, kuko icago carwo gikomeye cane (Ivyahishuwe 16: 21).

Navuze ko muri ibi bice bivuga ivyago vya nyuma, ijambo rivuga ngo  »abantu » risobanura abanyavyaha banse gukingurira Yesu imitima yabo. Abandi rero bavugwa nk’  »abera, ivyatsi vyo kw’isi, igiti kibisi,abagurano (imbata) b’Imana, canke abasigaye bo mu ruvyaro rwa wa mugore » ( soma Ivyahishuwe 7: 3, 8:4, 9:4; 12:17, 14: 12).

Nkwifurije kutazitwa umuntu muri iyo misi mibi, kuko umwami Yesu yiteguriye kuguha ivya ngombwa vyose ngo witwe umugurano w’Imana, umusavyi wayo, uwasigaye, kuko wahisemwo kumwegurira umutima  wawe.

N’uko rero noneho abari muri Kristo Yesu, nta rubanza ruzobatsinda (Abaroma 8: 1).

Turahiriwe!

Publié dans : ||le 11 août, 2010 |1 Commentaire »

1 Commentaire Commenter.

  1. le 21 juin, 2011 à 12:03 deaf in rongai écrit:

    kandi ikindi nashaka twebwe banyamuragi turashaka kwiga amajambo y’Imana ukuntu twoshobora gukizabandi bakamenya amajambo y’Imana. Mugabo sicoroshe gukora iki kintu nukotwebwe tworonka ibitabo bituma tumenya Imana nkabandi kandi nuko turonka abadusigurira bake natwe bamwe bamwe turiko turagerageza kwiga Bibiriya kugirango dufashe abandi kubimenya, mugabo nukuri sicoroshe

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire