TWIGE IVYAHISHUWE 8: 7-12

 

 

 TWIGE IVYAHISHUWE 8: 7-12

INZAMBA ZINE ZA MBERE ZIVUZWA

Ba bamarayika ndwi bafise inzamba bagabiriza kuzivuza.

Uwa mbere aravuza haza urubura n’umuriro bivanze n’amaraso, bishiburirwa mw’isi. Ikigira gatatu c’isi kirasha, ikigira gatatu c’ibiti kirasha, ivyatsi bibisi vyose birasha.

Umumarayika wa kabiri aravuza. Ikimeze nk’igisozi kinini caka umuriro gishiburirwa mu kiyaga, ikigira gatatu c’ikiyaga gihinduka amaraso, ikigira gatatu c’ivyaremwe vyo mu kiyaga bifise ubugingo kirapfa, ikigira gatatu c’amato kirahona.

 Umumarayika wa gatatu aravuza:inyenyeri nini iva mwijuru iratibuka, yaka nk’urumuri itibukira ku kigira gatatu c’inzuzi no ku masoko. Iyo nyenyeri yitwa Mururazi. Ikigira gatatu c’amazi gihinduk’umururazi, abantu benshi bicwa n,ayo mazi kuko yarurishijwe.

Umumarayika wa kane aravuza. Ikigira gatatu c’izuba n’ikigira gatu c’ukwezi n’ikigira gatatu c’inyenyeri birakukubitwa, kugirango ikigira gatatu cavyo gicur’umwiza, ikigira gatatu c0 mu bihe vy’umurango nicakirwe, no mw’ijoro n’uko (Ivyahishuwe 8: 7-12)

Ibi vyago bijana n’izi nzamba, birashaka kutwereka ishaka n’urukundo Uhoraho afitiye abantu biwe, ngo abavangure n’abigize inshirwarimenetse. Ibivugwa ku nzamba y’ umumarayika wa mbere bisa n’ivyabaye muri Egiputa, muri vya vyago cumi. Handitswe ngo: Enda none tuma abaza gucur’ inka zawe n’ibitungwa n’ivyo ufise biri ku gahinga, kuko urubura ruzonyukura umuntu  wese canke igitunzwe cose, bizisangwa ku gahinga bitugamye bizopfa. N’uko uwutinye ijambo ry’Uhoraho wo mu basavyi ba Farawo ahungishiriza abantu biwe n’ivyatunze mu mazu, ariko uwufashe minenerwe ijambo ry’Uhoraho arekera abantu biwe n’ivyatunze mu gahinga. Maze Mose atunga inkoni yiwe mw’ijuru Uhoraho arekura inkuba n’urubura umuriro utibukira kw’isi: Uhoraho asegenyurira urubura ku gihugu ca Egiputa. N’uko hagwa urubura rurabagizamwo umuriro, rw’icago, rutigeze kuboneka mu giugu cose  ca Egiputa, uhereye igihe hatanguriye kuba ihanga. Mu gihugu ca Egiputa urwo rubura rwica icari ku  gahinga cose, ar’umuntu ar’igitunzwe, ar’igikoko, kandi rwica n’icameze cose co ku gahinga, ruvuna n’ibiti vyose. Mu gihugu c’i Gosheni honyene niho rutaguye ah’Abisirayeli  baba (Kuvayo 9: 19-20, 23-26).

Ni nako bizomera handi hato: Aho niho muzosubira kumenya yuko har’itandukaniro ry’umugororotsi n’umunyakibi, ry’uwukorer’Imana n’uwutayikorera (Malaki 3: 18).  Kuko yaradusezeraniye ngo: ndagirira ikigongwe abankunda, bakitondera ivyagezwe vyanje (amategeko yanje), kugeza ku runganwe rwabo uko ruzogenda rukurikirana gushitsa igihumbi (Kuvayo 20: 6). N’uko rero mumenye yuko Uhoraho ariyo Mana; n’Imana yo kwizigirwa, yama ishitsa isezerano, ikagirira imbabazi abayikunda, bakitondera ivyagezwe vyayo, ikageza ku runganwe rwabo uko ruzogenda rukurikirana gushitsa igihumbi; ariko abayanka ikabasubiriza mu nkoko bidatevye ikabahonya. Kandi Uhoraho atubarira kwitondera ayo mabwirizwa yose, no kumwubaha we ubwiwe, Uhoraho Imana yacu, kugirango twame mu mahirwe imisi yose, atuzigame, atubesheho, nkuko biri n’uyu musi. Kandi ni twitondera ayo mategeko yiwe nk’uko yabidutegetse, bizoduharurwako nko kugororoka (Gusubira mu Vyagezwe-Gutegekwa kwa kabiri) 7: 9-10 na 6: 24-25)  

Erega inyuma y’ingabire zose, Imana yahaye abantu, hazosigara urukundo rwayo ku bayubaha gusa.  Buriya ni mwaba mutabizi,   »Urukundo ntaho ruzoshira. Ukuvugishwa n’Imana (canke kuvuga ubuhanuzi), kuzokurwaho, kuvug’indimi kuzogira iherezo, ubwenge buzokurwaho (1Abakorinto 13: 8). Ariko Databuja ariwe mwami n’Umukiza wacu Yesu-Kristo, we yatubwiye ngo: Ni mwitondera ivyagezwe vyanje (amategeko yanje) muzoguma mu rukundo rwanje, nku nanje nitondeye amategeko ya Data, nkaguma mu rukundo rwiwe… nabashizeho kugirango mugende murama imbuto, kandi ngo imbuto zanyu zigumeho, kugirango ico musaba cose Data mw’izina ryanje akibahe (Yohani 15: 10, 16) 

Ikigira gatatu c’ibiti ngo kizosha n’ikigira gatatu c’ivyatsi bibisi gishe. Ibiti n’ukuvuga abakozi bakorer’Imana mu murima wayo babuze kwera imbuto bacika ibiti vy’ingumba, abandi bishinga guharanira inyungu zabo no kuyovya abandi (kubazimiza). (soma Luka 13: 6-9, Matayo 23: 13-15 na Yesaya 5: 1-7)

Ivyatsi bibisi, n’abayoboke b’amadini. Amoko menshi y’ibiti akunze kuvomera ivyatsi canke ibiterwa biri mu gitutu cavyo, ku buryo n’iyo izuba ryabaye ryinshi biteba kwuma. Murabe imisave n’ibivumuvumu. Uriya murongo uvuga ngo: ikigira gatatu c’ibiti kirasha, ugakurikiza ko ngo n’ikigira gatatu c’ivyatsi bibisi kirasha. Birumvikana ko abayobozi b’amadini ni bafatwa, ababakurikiye nabo ntaho bazoba basigaye. Erega, Igitewe cose Data wo mw’ijuru atateye, kizorandurwa (Matayo 15: 13). Kandi hahirwa uwudaterwa umutima mubi n’ivyo nigisha (Luka 7: 23) Erega, Uwutamperereko n’umwansi wanje, kandi uwutemera ko tuvanga, arasesagura (Matayo 12: 30).

Ku nzamba ya marayika wa kabiri, biragaragara neza ko hazoza ikintu gikomeye kizoter’ubwoba abagenewe guhona. Kuko twasomye ko ikimeze nk’igisozi kini caka umuriro kizoshiburirwa mu kiyaga.  Twumvikane, iki kintu  »s’igisozi », ariko ni  »igisa n’igisozi ». Bisobanurwa ngo n’ubushobozi bw’ukwibesha ataho bushingiye. Umuriro wabwo canke umwete wabwo uzotera ikiyaga guhinduka amaraso. Ikiyaga n’amoko n’amahanga. Guhinduka amaraso, n’intambara zo kunigurana kuko Mpwemu w’Imana azoba amaze kuva kuri iyi si. Dusome: Ya mazi wabonye, maraya yicarako ni yo moko n’amakungu y’abantu n’amahanga n’indimi (Ivyahishuwe 17: 15).  Hazoba ibitenga vy’amaraso gusa. Raba Uhoraho agirangw’ahindure isi umusaka, ayigire amatongo, ayubike, asanzaze abayibamwo. Kandi isi ihumanijwe n’abayibamwo, kuko barenze amategeko, bakagarariza amabwirizwa, bakica isezerano ry’intahava. Isi izodandabagirana nk’imborerwa, izonyiganyizwa irya n’ino nk’umutara, igicumuro cayo kizoyiremera, kandi izotemba, ntiyongere kuvyuka ukundi (Yesaya 24: 1, 5, 20- musome  ico gice ca Yesaya 24 cose mwumve).

Ububasha bw’ukuri butanyiganzwa buzosigara kuri Yerusaremu y’Imana, ni yo twebwe, na bwa bwami tuzogabirwa butagira iherezo:  Bazoba abaherezi b’Imana na Kristo, kandi bazofatanya nawe kuganza iyo myaka igihumbi (Ivyahishuwe 20: 6). Abizigiye Uhoraho bameze nk’umusozi Siyoni udashobora kunyiganyizwa, ariko wama ushimangiye gushitsa ibihe bidashira, Nk’uko imisozi ikikije Yerusaremu, niko Uhoraho akikije abantu biwe, uhereye none, ugashitsa ibihe bidashira (Zaburi 125: 1-2) Siyoni n’akazina k’Ubuhizi ka Yeruzaremu. Ariko Yerusaremu wo hejuru ni wo mugore bwite ni we mama wacu (Abagalatiya 4: 26).

Vyavuzwe ngo ikigira gatatu c’amato kirahona. Amato asobanura ubucuruzi mpuzamahanga. Kubera ko amazi azoba yahindutse amaraso, kubera ko no kw’isi hazobahatemba imivo y’amaraso, ivyo gucuruza bizohagara, isi izoba iguye muri  »nakabone ». Ngira ngo ndabibutse ko iki cago c’uko amazi ahinduka amaraso cabaye mu vyago cumi vya Egiputa, ariko aho Abisiyeli bari baragerereye, ho amazi yaz’ar’umusarara: meza cane (Raba Kuvayo 7:; 14-25)

Marayika wa gatatu we inzamba yiwe ivuze, n’akari gasigaye kazokurwaho, kuko n’amazi ntazoba akinyobwa, azoba arura. Amazi anyobwa asobanura ngo ubugingo (Soma Yohani 4: 14 na 7: 38). Nta buzima bworoshe buzosigara muri iyi si, kuko Nta mahoro y’abanyavyaha, niko Imana yanje ivuze (Yesaya 57: 21). Ariko hari abazosigara bagoyagoya tuzobiraba neza mu cigisho gikurikira.  

Inzamba y’umumarayika wa kane izotuma abera bishima cane, kuko isi izocura umwiza ariko aho abera bazoba bari barindiriye ihindukira ry’umucunguzi, hazoba hamurikirwa n’ umuco uva ku Mana. Erega imbere y’uko iri zuba ribaho, umuco wamyeho kuko Imana ar’umuco (1Yohani 1:5) Mu vy’ukuri umuco ntituwuhabwa n’izuba. Uhoraho niwe Mana kandi yaduhaye umuco (Zaburi 118: 27). Uyu muco wabonetse imbere y’uko izuba riboneka, hari ku musi wa mbere w’iremwa, ariko izuba ryo ryaremwe ku musi wa kane, wa muco w’Imana waratanguye kumurikira isi (Itanguriro 1: 3-4 na 14-19).

Uwo muco ni wo nipfuza, kandi ni wo mbipfuriza mwese. Mu gihe izuba n’ukwezi n’inyenyeri bizoba vyadegeye, jewe nawe tuzogendera mu muco w’Imana. Yesaya araduhamagara ati:  Yemwe ab’inzu ya Yakobo, ni muze tugendere mu muco w’Uhoraho ! (Yesaya 2:5). Twese ngaha turahamagawe, ni twebwe bene Yakobo kuko dusangiye nawe amasezerano no kwizera, ku bwa  Yesu-Kristu Umwami wacu. Amen

ANDIKA IVYO WIBAZA KURI IKI CIGISHO HARIYA HASI HABIGENEWE

IKI GIKORWA KIRAKENEYE UBUFASHA, KUGIRA NGO UBUTUMWA BUSHIKE KURI BENSHI. NIWABA UFISE ICO WOFASHISHA UMURIMO W’IMANA, ANDIKIRA felimuhire@yahoo.ca, canke uhamagare kuri 1-587-937-1353.

« Kuko iyo umuntu yemeye gutanga akurikije ibyo afite, ibyo birahagije nta wukwiriye gutanga ibyo adafite. Umuntu wese atange nk’uko abigambiriye mu mutima we, atinuba kandi adahatwa kuko Imana ikunda utanga anezerewe » (2Abakorinto 8: 12 na 9: 7)

 

 

Publié dans : ||le 9 avril, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire