TWIGE IVYAHISHUWE 7: 4-11

4.Numva igitigiri c’abashyizweho ikimenyetso ngo ni 144000. Ni bo bashyizweho ikimenyetso bo mu miryango yose y’Abisirayeli.

5.Abo mu muryango wa Yuda bashyizweho ikimenyetso ni 12.000. Abo mu muryango wa Rubeni ni 12.000. Abo mu muryango wa Gadi ni 12.000.
6.Abo mu muryango wa Asheri ni 12.000. Abo mu muryango wa Nafutali ni 12.000. Abo mu muryango wa Manase ni 12.000.
7.Abo mu muryango wa Simiyoni  ni 12.000. Abo mu muryango wa Lewini  ni  12.000. Abo mu muryango wa Isakari ni 12.000.
8.Abo mu muryango wa Zebuluni ni 12.000. Abo mu muryango wa Yosefu ni 12.000. Abo mu muryango wa Benyamini ni 12.000.
9.Hanyuma y’ibyo mbona abantu benshi umuntu atobasha guharura, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose, bahagaze imbere ya ya ntebe n’imbere y’Umwana w’Intama, bambaye amakanzo yera kandi bafite amashami y’ibisandasanda mu ntoki zabo,
10.bavuga ijwi rirenga bati “Agakiza ni ak’Imana yacu yicaye ku ntebe n’ak’Umwana w’Intama.”
11.Nuko abamarayika bose bari bahagaze bakikije ya ntebe na ba bakuru na bya bizima bine, bikubita hasi bubamye imbere y’intebe, baramya Imana bati
12.“Amen, amahirwe n’icyubahiro n’ubwenge n’ishimwe, no guhimbazwa n’ubutware n’imbaraga bibe iby’Imana yacu iteka ryose, Amen
13.Umwe muri ba bakuru arambaza ati “Aba bambaye amakanzu yera ni bande kandi bavuye he?”
14.Ndamusubiza nti “Mwami wanjye, ni wewe ubizi.” Arambwira ati “Aba ni abavuye muri urya mubabaro mwinshi, kandi bameshe amakanzo yabo bayejesha amaraso y’Umwana w’Intama.
15.Ni cyo gituma baba imbere y’intebe y’Imana, bakayikorera mu rusengero rwayo ku manywa na nijoro, kandi Iyicaye ku ntebe izobatwikiriza ihema ryayo.
16.Ntibazicwa n’inzara ukundi, kandi ntibazicwa n’inyota ukundi kandi izuba ntirizobica canke indugumbayose,
17.kuko Umwana w’Intama uri hagati y’intebe y’ubwami, azobaragira akabuhira amasōko y’amazi y’ubugingo, kandi Imana izahanagura amarira yose ku maso yabo.”
Habayeho impaka nyinshi kur’aba bantu 144.000, bamwe bati, n’igitigiri (umubare) ufite ubundi busobanuro. Jewe ndashaka kuguma ku busobanuro Bibliya itanga, sinshaka gushiraho igitekerezo canjye canke ic’uwariwe wese. Ndemeranya na Bibliya ko hariho abantu 144.ooo batoranijwe, bazoba bakiri bazima, bafise ikimenyetso c’Imana, ku musi Yesu azogaragara ku bicu vy’ijuru. « Nuko  mbona Umwana w’Intama ahagaze ku musozi wa Siyoni, ahagararanye n’abantu 144.000 , bafite izina rye n’izina rya Se yanditswe mu ruhanga rwabo. Numva ijwi rivugira mu ijuru rimeze nk’iry’amazi menshi asuma, kandi nk’iry’inkuba ihinda cyane, kandi iryo jwi numvise ryari rimeze nk’iry’abacuranzi bacuranga inanga zabo, baririmba indirimbo nshya imbere ya ya ntebe y’ubwami n’imbere ya bya bizima bine na ba bakuru. Nta muntu wabashije kwiga iyo ndirimbo, keretse ba bantu 144.000 bacunguwe ngo bakurwe mu isi.

4.Abo ni bo batandujwe n’abagore kuko ari nk’inkumi. Abo ni bo bakurikira Umwana w’Intama aho ajya hose. Bacunguriwe mu bantu kugira ngo babe umuganura ku Mana no ku Mwana w’Intama. 5.Mu kanwa kabo ntihabonetsemo ibinyoma, kuko ari baziranenge(Ibyahgishuwe 14: 1-5).
Aba bantu bitwa ko bameze nk’inkumi, kuko ivyahayabo vyahanaguwe neza n’amaraso yaYesu, n’intungane. Ntihagire uwibaza ko abagabo canke abagore bubatse batazojayo. N’abasambanyi bihanye bakemera icahacabo, Yesu arabaharira, nabo bashobora kuba mur’abo 144.000.
Aba 144.000 ntibivuze ko aribo bonyene kuko Yohana yeretswe abandi babakurikiye bazoba bavuye mu bigeragezo vyinshi. Ah’ubwo ikibazo tugiye kuziga neza  n’icerekeye iri jambo ngo »Umwe muri ba bakuru arambaza ati ». Abo bakuru ni bande?
Icigisho kizokurikira kizotubwira abo bakuru abaribo. Ntimucikwe!
Publié dans : ||le 11 janvier, 2016 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire