TWIGE IVYAHISHUWE 6:12-16

 

UKUMENEKA KW’IKIMENYETSO CA GATANDATU GUTEGURA UKUMENEKA KW’IKIMENYETSO C’INDWI

Ivyahishuwe 6: 12-17

Kandi mbona amena ica gatandatu kimatanije ico gitabo, isi iratigita cane: izuba ririrabura cane nk’igunira ry’ubgoya; ukwezi kwose guhinduka nk’ amaraso,  inyenyeri zo kw’ijuru zikorokera hasi nk’uko umusukoni uzungagizwa n’igihuhuta, ugahungururura insukoni zawo zitararunguriza:  ijuru ririzinga, nk’umuzingo w’igitabo kizinzwe, imisozi yose n’ibizinga vyo mu kiyaga vyose bikurwa ahantu havyo. Abami bo mw’isi bose n’abaganwa n’abakuru b’abagabisha b’abasoda, n’abatunzi n’abanyenkomezi n’abangurano bose n’abidegemvya bose binyegeza mu masenga no mu bitandara vyo mu misozi; babarira imisozi n’ibitandara bati Ni mutugweko muduhishe inyonga z’ Ivyagiye kuri irya ntebe n’uburake bw’Umwagazi w’Intama,   kuk’ umusi uhambaye w’uburake bwabo ushitse, ka ndi ninde ashobora guhagarara?

Ni mwaba mwarabitse ivyigisho twagiye twiga vyose, muribuka neza ko ibi bimenyetso indwi vy’ishashara bimatanije ca gitabo canditswe imbere n’inyuma, bisobanura ibihe indwi vy’ishengero ry’Imana, kuva mu gihe c’Intumwa kugera ku kugaruka kwa Yesu.  Nico kimenyetso tugezemwo muri iki gihe. Muranyumva neza: Abenshi bakunze kwirata ubumenyi bw’Ivyanditswe Vyera, bagatangura guharira (kuj’impaka), mu gihe ubusobanuro babonye budahuje n’ivyo bari biteze, ivyo bigeze kwumva mu nyigisho zo mu nsengero zabo._Ibi ndabivuze, kugirango ntimuhave mwibaza ko nshaka kubahakanisha ko tugeze mu gihe ca Laodokeya, kuko mwese muzi neza ko Laodikeya isobanura ishengero ryo mu gihe ca nyuma, naco kikaba kigira indwi mu bihe vy’ishengero ry’Imana_ Oya, ni muhumure, ndazi ko turi muri Laodikeya, ishengero ry’indwi, risobanura ibihe vya nyuma, vyo gucirwa urubanza.

Ariko rero, mu bimenyetso indwi (si mu mashengero indwi) vy’ishashara bimatanije ca gitabo canditswe imbere n’inyuma co mu Vyahishuwe 5: 1, biraboneka ko tukiri mu kimenyetso ca gatandatu, naco nyene ntabwo kirarangiza kumeneka.

Reka tuvyige ido n’ido:  Mu cigisho giheruka twarize ko mu gihe co hagati yimyaka ya 1515 na 1755 habaye ibihe bigoranye vyo kugorora ishengero, benshi bakahasiga agatwe (mwibuke ba Luther, Calvin, Zwingli, Melenchton, n’abandi), TWIGE IVYAHISHUWE 6:12-16 LutherMartin Luther 

Jean Calvin

Urlich

 Zwingli41_00329607~_lucas-cranach-der-aeltere_portrait-of-philipp-melanchton Philippe Melenchton

ari vyo vyagereranywa na ca gihe za  »mpwemu zabishwe babahora ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu.

Muri uyo mwaka w’1755 twavuze ngaho hejuru gato, niho ubuhanuzi bwatangura kuranguka bimwe biboneka, aribwo bugikomeza nkuko muvyumva kandi muvyibonera n’amaso yanyu. Mumwaka w’1755, habaye nyamugigima itigeze iboneka na rimwe mu mateka y’isi, ihitana ibintu vyinshi mu Bulayi, muri Afrika, no muri Amerika. Ibihugu vyatakaje abantu n’ibintu ku buryo ata n’uwuzi igitigiri c’ukuri c’abapfuye, ni Espagne, Portugal, ariko no muri Afrika, igisagara ca Alger casenyutse hafi ya cose. Hari n’igisagara co muri Maroc cagiye cose n’abakibamwo barenga ibihumbi nta n’umwe yarokotse. Iyo nyamugigima yarumvikanye kuva muri Groenland kugera muri ya mazinga bita Antilles abamwo abirabure bo muri Amerika, ari naho mwumvise mu misi ishize habaye iyindi nyamugigima yashenye hafi igihugu cose igahitana abantu ibihumbi 230. Nyamugigima ndiko ndababwira yo muri 1755 rero yo yarumvikanye mbere kugera no muri île Madère, Norvège, Suède, no muri Royaume-Uni. N’ukuvuga ko iyo nyamugigima yatigise ku mugabane w’isi ungana na kilometero kwadrato imiliyoni zitandatu (6.000.000 km²). Ivyo vyashitse mu mpera y’ imyaka yo gucuranguza abakristu.

Imyaha 25 nyuma y’iyo nyamugigima, kw’itariki 19 za Rusama mu mwaka w’1780 haboneka ibintu vy’akajoreza, umusi wari wakeye nk’iyindi babona ucitse umwijima w’icuraburindi. Uwo musi w’uwijima w’ itariki 19 za Rusama 1780, warabaye rurangiranwa, wandikwa muri kahise (mu mateka) y’ibihugu. Kuko kuva mu gihe Imana yahanisha Abanyegiputa vya vyago cumi, nta musi wari bwigere uboneka wijimye nk’uyo, ku buryo amahanga menshi aba muri munturinde mu gihe hobaye amanywa. Uko ababonye ivy’uwo musi bagiye babivuga, biratwereka ko habaye ukuranguka k’ubuhanuzi bw’umuhanuzi Yoweli, bwari bwaravuzwe imbere y’ uwo mwijima, nk’imyaka 2.500 ngo: Izuba rizocura umwiza, n’ukwezi guhinduke amaraso, hataraza uwo musi mukuru uteye ubwoba w’Uhoraho (Yoweli 2: 31). 

Mu gutangura iki cigisho, mwabonye ko nagiye mpa inumero imirongo nkurikije uburyo bwa Bibiliya. Ku murongo wa 13 rero handitswe ngo: inyenyeri zo kw’ijuru zikorokera hasi, nk’uko umusukoni uzungagizwa n’igihuhuta, ugahungurura insukoni zawo zitararunguriza (umusukoni=ifigiye, mu kinyarwanda handitswe umutini). Iki kimenyetso naco cararangutse kw’itariki 13 Munyonyo mu mwaka w’1833, aho hagwa ibimeze nk’imvura y’amabuye yo mw’ijuru. Umwigisha yitwa Silliman yasize inyandiko ivuga ko ivyo bintu vy’akumiza vyabonetse  muri Amerika ya ruguru yose… kuva saa munani z’ijoro gushika ku manywa; kuko nta n’igicu cari kw’ijuru kuri uyo musi, bituma umuntu uw’ari we wese yibonera ukuntu ibipande vy’inyenyeri bikoroka bic’ibibatsi, bitekeranye, bigenda bikurikirana ( R. M. Devens, American Progress or the Great Events of the Gretest Century, chap. 28, part 1.5).

Ngirango muratahura neza impamvu zatumye mbabwira ko turi mu gihe co kumeneka kw’ikimenyetso ca gatandatu. Ntikirarangira kumeneka, kuko mu gihe gito, biriya vyanditswe ku mirongo ya 14 kugera ku wa 17, navyo bitegerezwa gushika. Subira inyuma usome neza iyo mirongo. Ukumeneka kw’ikimenyetso c’indwi, ko kuzotangura mugihe ikimenyetso ca gatandatu kizoba kitararangiza no kumeneka. Bizobera nko ku musi umwe, kuko uko kumeneka kw’ico kimenyetso c’indwi, niko kuzokura Yesu hasi aje kuducungura akadukura muri uwu muruho wa hano mw’isi. Tuzovyiga mu cigisho gikurikira.

Wumva se wishimiye kuba uri hafi yo gutaha kwa Data? Ihangane gato, usenge, ukomeze wizere, uvuge ubutumwa, ureke ibimenyetso vyose bize bikurikirana. Nimurondere mu gitabo c’Uhoraho musome: nta na kimwe muri ivyo kizobura (Yesaya 34: 16).

Imana ikomeze kubagirira neza, ibahe Mpwemu wayo wo gutahura no guca bugufi imbere y’ijambo ryayo.

ANDIKA IVYO WIBAZA VYOSE KURI IKI CIGISHO AHA HEPFO HABIGENEWE

Publié dans : ||le 3 mars, 2010 |2 Commentaires »

2 Commentaires Commenter.

  1. le 3 mars, 2010 à 19:23 NTEZIYAREMYE ATHANASE RAIMOND écrit:

    Yesu ashimwe cyane kandi ni ukuri ajye aguha umugisha kandi Imana ikomeze kudufasha no kuduha imbaraga kugira ngo tuzabane mu bwami bwayo sawa mugire ibihe byiza cyane kandi biranshimishije.

  2. le 4 mars, 2010 à 3:04 Charles écrit:

    Mwene data Balthasar,

    Amahoro y’Imana abane n’awe. Nshimishijwe n’iyi nyandiko (blog) umaze kutugezaho, iramfashije cyane. Si kenshi dukunze kubona ubusobanuro mu buryo bworoshye kandi bunonotsoye bw’ubuhanuzi. Imana ikomeze ku kongera ubwenge kandi inakuyobore muli uyu murimo wayo. Ubishoboye wanyoherereza icyo cyigisho watanze muli 1980 kirebana n’uwo mwijima wo muli 1780.
    Komera
    Charles

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire