TWIGE IVYAHISHUWE 6: 9-11

UKUMENEKA KW’IKIMENYETSO CA GATANU

Umwana w’Intama amennye ikimenyetso cya gatanu, mbona musi y’igicaniro (uruhimbi/altari) imyuka (impwemu/imitima) y’abishwe bahowe ijambo ry’Imana n’ubuhamya bahamyaga (n’ugushing’intahe kwabo). Bataka n’ijwi rirenga (basemerera n’ijwi rirenga) bati: Ayii (Yewe) Mwami Wera w’ukuri! Uzageza ryari kudaca amateka no kudahora abari mu isi (mw’isi), uhorere amaraso yacu?. Umuntu wese ahabwa igishura cyera (ikanzu yera), babwirwa kumara n’ikindi gihe gito baruhuka, kugeza aho umubare w’imbata (igitigiri c’abasavyi) bagenzi babo na bene se bagiye kwicwa nkabo uzuzurira (Ivyahishuwe 6: 9-11)

Image result for les martyrs chrétiens

Izi mpwemu /iyi myuka yari musi y’igicaniro isobanura iki? N’ukuvuga abari barishwe mu bihe vya mbere. Mbese bishatse kuvuga ko iyi mitima yavuga nk’abantu bazima? Banza wibuke ko Yohani yari mw’iyerekwa. Vyose bimeze nk’umugani, ariko umugani ugana akariho.  Yesu yaravuze ati: Imana s’iy’abapfuye n’iy’abazima (Matayo 22: 32). Mwuka Wera nawe avuga ashimitse ati: Aburahamu ari we sogokuruza wa twese, nkuko vyanditswe ngo  »nkugize sogokuruza w’amahanga menshi ») imbere y’iyo Mana yizera, ariyo Mana izura abapfuye, ikita ibitariho nkaho biriho (Abaroma 4: 17).

Ivyo Yohani yeretswe biratwemeza ko abapfyuye bizera Kristu batarimbutse, ah’ubwo ko nkuko Kristo ari muzima, nabo ni bazima muri we. Ndagomba ngo mwumve neza ko uyu musi niba mwakiriye Kristu mu bugingo bwanyu, murabonye  »UBUGINGO BUHORAHO ». Niba rero ubwo bugingo buhoraho, n’aho umubiri wacu wapfa, bwo buhoraho. Ubwo bugingo s’ ubundi, ni Kristu nyene. Kuko iyo napfuye ku cyaha, si jyewe mba nkibaho, ah’ubwo ni Kristu abaho muri jyewe. Nabambanywe na Kristo ariko ndiho, nyamara si jewe ndiho, ahubwo ni Kristo ariho  muri jewe (Abagalatiya 2: 20).

Kuko  »Abazima bazi ko bazapfa ariko abapfuye bo ntaco bakizi » (Umusiguzi 9:5), biragaragara neza ko ivyo Yohani yumvise  bisobanura ko Mpwemu Yera yashatse kwereka abasoma ubu butumwa bwiza ko  »n’Umwuka (Mpwemu) adufasha mu ntege nke zacu kuko tutazi uko dukwiriye gusenga, ariko Umwuka ubwe ni we udusabira, aniha iminiho itavugwa, kandi Imana irondora imitima izi ivyo Mwuka atekereza, kuko Umwuka asabira abera nkuko Imana ishaka (Abaroma 8: 26-27). Reka mbibutse ko aya majambo Yohani yanditse yerekeye uku gutaka kw’iyo myuka aterekeranye no kuremesha iyo Myuka, ah’ubwo yerekeye  kuremesha twebwe. Tahura neza iri jambo ngo: ABAZIMA BAZI KO BAZAPFA, ARIKO ABAPFUYE NTACO BAZI (Umubwiriza 9:5). Twebwe tuzi ko tuzopfa, abapfuye bo ntaco baba bakimenya

Ikindi kandi cerekana ko atari bo bavuga ah’ubwo ko ari Mwuka Wera yagombye kuduha isomo ryo kwihanganira imibabaro, ‘uko  izo mpwemu ntizivugira ku gicaniro, ariko ni musi y’igicaniro. N’ukuvuga musi y’ivu (musi y’igitaka). Imana yabwiye Kayini ngo: Ijwi ry’amaraso ya mwene nyoko rirantakira ku butaka… bwasamitse akanwa kabwo kwakira amaraso ya murumuna wawe, ukuboko kwawe kwavushije (Itangiriro 4: 10-11). Murumvako Abeli yari yamaze gupfa, ariko Imana ivugisha ubugingo bwiwe ngo  »ijwi ry’amaraso ya murumuna wawe ». Ukwizera niko kwatumye Abeli aha Imana igitambo kiruta ica Kayini kuba cyiza, ni nako kwamuhaye guhamywa (gushingirwa intahe) kw,ari umukiranutsi (umugororotsi), ubwo Imana yahamyako amaturo yiwe ari meza kandi niko kwatumye na none akivuga n’ubwo yapfuye (Abaheburayo 11: 4).

Aba bantu b’Imana bavugwa muri iki gice c’Ivyahishuwe 6: 9-11, n’abari bishwe mu gihe idini ryari ryigize intakoreka, muri cagihe c’umwijima (ico bita mu gifransa Moyen Âge cange Époque des ténèbres), bazira ugushingira intahe Bibliya. Ni muri iyo myaka yamara intwari zahanganye n’ubupapa, ivugururwa riraba hirya no hino, ibuka ba Luteri, Calvin, Zwingli n’abandi… Ico gihe kiri hagati y’imyaka ya 1515 na 1755.

Nta kintu gishasha kiri musi y’izuba (Umubwiriza 1:9). Mpwemu Yera yavuze ko  abo bapfuye bahorwa Imana bazokurikirwa n’abandi, kuko igitigiri ngo ntikiruzura. Sinibeshe kuko uyu murongo urabivuga neza ngo: Kugeza aho igitigiri c’

abasavyi bagenzi babo cuzuzurira (Ivyahishuwe 6: 11).

Mbese bigushikiye, wumva vyomera bite? Har’aho woba waramaze guha Yesu ubugingo bwawe kugirango aguhe imbaraga zikwiye zo guhagararira ukuri mu bihe bikomeye no bidakomeye?

Uhoraho aguhire aguhe gukomerera mu kwizera Kristu. Amen

Publié dans : ||le 30 décembre, 2009 |1 Commentaire »

1 Commentaire Commenter.

  1. le 8 juillet, 2012 à 12:09 cyprian kahungu écrit:

    ndasavye ko wonterefona kuko nomero zawe narazitakaje nubutumwa bwa barutazaro umubwiriza wacu.urakoze nomero zanje nizazindi nyene 319 432 5339

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire