TWIGE IVYAHISHUWE 6:1-2

Mu cigisho giheruka, nabemereye ko tuzorabira hamwe ukuntu ibimenyetso vyamenetse. Ni mube maso tubanze tunoganze neza icigisho giheruka, kugirango dushobore gutahura ukumeneka kw’ibindi bimenyetso:

N’uko mbona Umwana w’Intama w’Imana amena kimwe muri ivyo bimenyetso birindwi bifatanije cya gitabo, numva kimwe muri vya bizima bine kivuga ijwi nk’iry’inkuba kiti:  »Ngw’ino. » Ngiye kubona mbona ifarashi y’umweru (yera), kandi uwuyicayeho yar’afite umuheto, n’uko agenda anesha kandi ngo ahore anesha (Ivyahishuwe 6: 1-2)

Kugirango dusobanukirwe neza n’ukuntu Umwana w’Intama w’Imana ariwe Yesu yamenye ikimenyetso ca mbere, ingo tubanze dusome muri Zekariya 10:3 ngo: Uburakari bwanje bukongerejwe (Ishavu ryanje ririko rurarurumba kubera) abungere kandi nzahana amasekurume (amasuguru) y’ihene, kuko Uwiteka Nyiringabo (Uhoraho Nyen’ingabo) aje gusura umukumbiwe ariwo (kuramutsa ubusho bwiwe aribwo) nzu ya Yuda., azobahindukira nk’ifarashi ye (yiwe) nziza mu ntambara. Kenshi na kenshi, abahanuzi bagiye bagereranya ubwoko bw’Imana n’amafarasi. Ntibitangaje rero ko aya mafarasi avugwa hano, asobanura imibereho y’itorero (ishengero) ry’Imana. N’uko rero iyi farasi y’umweru isobanura ibihe vya mbere vy’itorero rya Kristu, n’ukuvuga mu gihe co kuva mu mwaka wa 31 kugeza mu mwaka w’100 nyuma ya Kristu. Iryo torero ryabaye agahore, riba ryiza cane, rigenda rikwiza inkuru nziza ya Yesu n’imbaraga kugeza ku mpera y’isi. Niho rero ubuhanuzi burigereranya n’ifarasi y’umweru. Ni naryo Mpwemu Yera yavugiye mu kanwa k’umwami Salomo, muri iyi zaburi ngo: Wa ntwari we, ambara inkota yawe ku itako, ambara ubwiza bwawe n’icubahiro cyawe. Ugendane icyubahiro uri ku ifarashi uneshe, urengere ukuri n’ubugwaneza no gukiranuka (Zaburi 45: 4-5).

Vyoba vyiza na none musomye ivyo twigeze kwiga mu rwandiko rwandikiwe itorero ryo muri Efeso, muri ca gihe twiga ivyerekeye amabaruwa arindwi yandikiwe  amatorero yo muri Aziya.  Abatashoboye kubona ico cigisho canke boba batakigifise mu vyuma vyabo murabimenyesha nzokibarungikira.

Mu cigisho kizokurikira tuzorabira hamwe ukuntu ikimenyetso ca kabiri camenetse.

Imana ikomeze kubongera imigisha.

Ndi mwene So mufatanyije intambara muri Kristo

Miburo Balthasar

Icitonderwa: Muri iyi misi ya vuba, nzobanyarukiriza icigisho cerekeranye n’izi ngwara z’ivyaduka zo muri  kino gihe. Imbere y’uko mugira ubwoba mwiruka gushaka ubukiriro aho butari, ni musome Zaburi 91 yose cane cane kuva ku murongo wa 1 kugeza ku wa 8. Kandi musome muri Yesaya 54: 14-17 no mu Vyahishuwe 16: 2.

__________________________________________________________

NI MWANDIKE IVYO MUTEKEREZA VYOSE KURI IKI CIGISHO, NGAHA HEPFO HABIGENEWE

___________________________________________________________

Publié dans : ||le 5 novembre, 2009 |1 Commentaire »

1 Commentaire Commenter.

  1. le 7 novembre, 2009 à 19:06 MUHETO Eric(KIBWA) écrit:

    Bonsoir! Ndashimishijwe cane na message speciale nkiyi mundungikiye kugirango nshobore gukura mu vya mpwemu.
    Nama nifuza cane kuba umuntu avuga ubutumwa ariko ivy’ubu buzima na cane cane ivyigwa bikantesha akanya ko kwiga ijambo ry’Imana kugirango menyeshe ubutumwa nzi .
    Nuko rero icigwa ca mbere ndonse ni iki mugerageze ahubwo muzondungikire ibindi vyozomfasha.
    Amahoro y’Imana abane namwe

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire