TWIGE IVYAHISHUWE 5 (2)

TWIGE NEZA RYA ZINA RYA WA MUGORE W’INDAYA. NGO NI BABULONI

Babuloni n’izina ryakomotse mu rurimi rwa kera rw’ikiarameya (Araméen mu gifransa), ryavuga ngo BAB-ILU=irembo ry’Imana imwe. Noneho muri ico gisagara citiriwe irembo ry’Iman’imwe, hageze igihe ubupagani buragwira, imana ziba ubuhojojo. Nibwo bahavuye bahita: BAB-ILANI, risobanura ngo: irembo ry’imana nyinshi. Ni nka kurya mu giswahili, ubwira umuntu uti Karibu, ariko iyo ari benshi uvuga ngo Karibuni. No mu ruvangatiranye rw’amadini, buri wese asenga ibimuhaye uburyo ariko bose bakiyitirira imana imwe. Muzokwumva benshi baharaye kuvuga ngo kw’isi hari amadini makuru atatu yemera guseng’Imana imwe, ngo n’abayuda, abakristo, n’abaisilamu. Abo bantu murabitondera!!! Imana ntiyoboye amadini atandukanye, Imana iyoboye igihugu cayo, ubwoko bwayo(1Petero 2:9-12, n’ivyakozwe n’intumwa 17: 29. Ibigirwamana vyakomotse i Roma vyiganje muri urwo ruvangatiranye rw’ amadini: Hostiya yerekana ishusho y’izuba, niyo bita ngo n’umubiri wa Kristu, ariko nayo yakomotse mu gusenga izuba kw’abapagani. Yesu ntiyigeze avugako azoza mu bishusho vy’umukate n’umuvinyu, yavuze gusa ko ari urwibutso: Ivyo murabigira munyibuka(Luka 22: 19). Kuko igihe cose murya kuri uyo mutsima kandi mukanywera kuri ico gikombe, muba mwibutsa urupfu rw’umwami, gushika aho azogarukira (1Abakorinto 11:26). Bo bakubwira ko mu misa, ngo Padiri ashobora kurema uwamuremye. Hari n’abapasitori benshi bemera ko mw’igabura ryera ari ko biri. Ariko Bibiliya ivuga ko ari urwibutso. Guhezagira umukate n’umuvinyu n’ibanga rihambaye, ariko Yesu ntiyavuze ko azoza gupfira ukundi kuri altari zacu. N’URWIBUTSO GUSA!!!

Ivya Noheli, n’imisi mikuru inyuranye nka Asomusiyo, ikarema, musi w’iminyota, ubushikiro n,ibindi. Ivyo guhindura amazina y’imisi n’amezi, ubwo bwose n’ubuyobe bw’i Babuloni. Soma neza Daniyeli 7: 25. Uti gute: Dimanche ari yo Sun day=Umusi w’izuba, Lundi=lunadie(mugitaliano no mukilatini), umusi w’ukwezi, kuko ukwezi bakwitirira umwamikazi w’izuba. N’inkuru ndede ikomoka kuri Nimurodi (Itanguriro 10: 8-10) Uyu niwe yabanje kuba umwami w’i Babel (nico kimwe na Bab-ilu), yahavuye iba Bab-ilan(aryo twita Babuloni.). Turaza kuraba iyindi misi hepfo gato.

Nimurodi yarapfuye, abapfumu bararagura ngo imana zamujanye mu zuba. Umwamikazi wiwe Tamuzi ngo zamujanye mu kwezi. Uwo Tamuzi ni we yitwa ahandi ngo ni Ashera, mu bazungu henshi yitwa Ishtar(Abacamanza 2: 13, 1Abami 16:33). Ashera baramwita kandi umwamikazi wo mw’ijuru kuko bahora bamwambaza, dayimoni agakora ibitangaza bakavyitirira umwamikazi wo mw’ijuru (Yeremiya 44 :15-20). Kuko abapagani bamye bushimiye cyane uwo mwamikazi wo mw’ijuru (Yeremiya 7: 17-18). Burya iyo bavuze ngo Mariya arabonekera abantu, n’uwo mudayimoni yamye atombokesha abafise imitima ihuha kuva na kera, n’imbere y’uko Mariya avuka, yamye yiyerekana akora ibitangaza. Paulo araburira ishengero ry’Imana ko uwo mudayimoni azobonekera abantu, agakora n’ibimenyetso bitangaje, kandi abadashinze ibirenge vyabo mu Vyanditwe Vyera bazokurikira ayo mayobera, bemere ngo ni Mariya yabonetse! Si we ni dayimon (Soma 2Abatesalonike 2: 9-12)

 Ishengero ry’i Roma ryazanye inyigisho zo gushemeza Mariya nk’umwamikazi wo mw’ijuru ku buryo bwa gikristo budafudutse neza, bw’ikinyoma. Kwari ukugirango babashe kugumya abapagani ngo ntibabacike; kuko mu bapagani harimwo n’abatunzi binjiza amahera menshi mw’ishengero da!!!! Kuko ubutunzi bwose n’igitinyiro iri shengero ry’i Roma rifise, bikomoka kw’iragi ryasigiwe n’umwami w’abami Konstantino ariko naho nyene ngo hoba harimwo ivyo bafashe mu buryarya!

Dukomeje ku by’imisi, mardi(=ku wa 3 wa Leta), wari umusi wi gusenga inyenyeri  »mars », mercredi(ku wa 4 wa Leta, kwari ugusenga mercure; jeudi (ku wa 5 wa leta kwari gusenga Jupiter; vendredi, kwari ugusenga Venus; samedi, ni Saturne. Burya na Pasika batwereka siyo, Pasika nyayo yo muri Bibliya n’iy’Abayuda. Iyi y’abakristo yazanywe n’abapadiri batsinzwe n’ubupagani, bayishira mu gihe cashinzwe co kwigina ca kigirwamana Ashera canke Istar. Niho hakomotse iri zina rya Pasika y’abagatorika, yemewe n’abaporo mu binyoma ngo: Easter, Oester mu kidagi. Uraraba neza n’iyo bayandika mu gifransa bandika ngo  »Pâques » ariko muri Bibliya Yera mu gifransa bandika  »Pâque » nta  »s »

Ubundi Babuloni no mu giheburayo bivuga ngo urudubi, akaduruvayo mugani w’Abanyarwanda.

Bibiliya ivuga ko iyo ndaya iborewe amaraso y’abera: Kuva igihe ishengero ry’i Roma ryiha ivyo kugeseza abatemera inyigisho za Papa, ntiryigeze ryihana ngo ryemere icaha, n’ubu mu bitabo vyabo biracanditswe kwa kundi. Barindiriye ko igihe gisubira kuba ciza, noneho ngo ni basubira gutegeka ibihugu n’amadini, bazokora amarorerwa nka mbere. Iciza cyavyo n’uko naho abategetsi b’isi bobashigikira, nta maraso yomeneka nk’aya mbere. Kuki? Kuko amaraso ya mbere Uhoraho yemeye ko ameneka ngo abe imbuto zavuyemwo iri shengero rya kino gihe. Muri iki gihe ca nyuma Marayika azorwana akize abana b’Imana(Daniyeli 12: 1), Yesu azoza mugihe intambara izoba yananiranye, atware aberanda biwe, abansi biwe bahone mu kanya gato, Halleluya! (Malaki 4:1-3)

Ibi biratangaje. Kandi nawe biragutangaza nka Yohani ariko n’ukuri! Soma neza Daniyeli 7: 25-27, harakumara agahinda.

Komeza amategeko y’Imana, ntuteshwe indaha n’ibikungero. Ishengero ryawe ukwiye kurarikiramwo incuti n’abagenzi n’ishengero ry’abasigaye, bitondera amategeko y’Imana, bashinga intahe nk’abagabo nk’uko Yesu yabigenjeje.(Ivyahishuwe 12: 17). Amen.

Abenshi bishize mwo ngo abantu bose bigisha ubu butumwa bategerezwa kuba bazwi mu gitabo c’Abadivantiste. Ntabwo ari ukuri. Ica ngombwa n’uko ukuri kuvugwa. Iyo tudatandukanye mu nyigisho, tuba turi bamwe neza. Si ngombwa ko turindira guhabwa uruhusha n’abapasitori, kandi Umwami amaze kutwereka aho dukora. Bibaye ngombwa ko pasitori aza kudufasha, Imana izomuturungikira. Ikindi burya ingabire y’ubupasitori itangwa na Mpwemu. Iyo ugiye kubwiriza ubu butumwa, ukwumva ko witaye kubo wigisha nk’intama ushinzwe, uba uri umwungere ku bwa Mpwemu w’Imana, komereza ngaho. Ubundi dukomeje kurindira abapasitori bavyigiye ntaco twokora.

Dusenge: Duhe umugisha wawe Data, utwigishe guca ubwenge muri iyi misi yuzuye mwo uburyarya bw’umwansi. Utuyoboze Mpwemu wawe  mu nzira itunganye, mw’izina ryera rya Yesu. Amen

Publié dans : ||le 28 avril, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire