TWIGE IVYAHISHUWE 5: 1-5

Mbonana Iyicaye kuri ya ntebe igitabo mu kuboko kw’iburyo cyanditswe imbere n’inyuma, kandi gifatanishijwe ibimenyetso birindwi by’ubushishi (ishashara). Mbona marayika ukomeye abaririza (abaza) n’ijwi rirenga ati:  »Ni nde ukwiriye kubumbura kiriya gitabo no kumena ibimenyetso bigifatanije? Ntihagira uwo mu ijuru cyangwa uwo mu isi cyangwa uw’ikuzimu ubasha kubumbura icyo gitabo, cyangwa kukireba. Umwe muri ba bakuru arambwira ati:  »Wirira dore Intare yo mu muryango wa Yuda n’Igishyitsi cya Dawidi aranesheje, ngo abumbure igitabo amene ibimenyetso birindwi bigifatanije » (Ivyahishuwe 5: 1-5)

Ndagerageza kuvanga n’ikirundi cinshi muri iki cigisho, kuko biraboneka ko abarundi biza kubagora gutahura neza aya majambo tumaze gusoma mu Vyahishuwe 5: 1-5. Barundi bene Data, sindabibagiye!!!

Iki cigisho kizatujana kitugeze ku gice c’umunani, kuko niho ikimenyetso c’indwi kizamenekera. Birumvikana neza ko Intare yo mu muryango wa Yuda ari we Munago mu nzu ya Dawudi, ni Yesu-Kristo. Niwe akwiriye kubumbura igitabo kifatatanishishijwe ibimenyetso indwi vy’ishashara. Ico gitabo gifatanijwe n’ibimenyetso indwi kirimwo amabanga y’ivyabaye muri vya bihe indwi vyagenewe ubuzima bw’ishengero, na vyo n’ibi:

Ikimenyetso cya mbere gitekeye ivyabaye  mu gihe c’Ishengero rya Efeso: mu gihe c’Intumwa: 31-100

Ikimenyetso cya kabiri gitekeye ivyabaye mu gihe c’ishengero ry’i Simuruna, ari ryo shengero ryo mugihe c’akaga kabi: 101-313

Ikimenyetso cya gatatu gitekeye ivyabaye mu gihe cy’Ishengero ry’i Perugamo, ariryo Shengero ry’ubwirasi ryashizwe hejuru cyane n’abami n’abanyedini, rigakorera ivya mfurambi intore z’Imana: 313-538

Ikimenyetso cya kane gitekeye ivyabaye mu gihe c’Ishengero rya Tuwatira ryakoze imirimo myinshi myiza, ariko ribonekamwo abigisha b’ibinyoma banse kwiyambura ubugome bw’i Perugamo: 538-1517

Ikimenyetso cya gatanu gitekeye ivyabaye mu gihe c’Ishengero ry’i Sarudi aho ishengero ryari risigaye ryarahes’umugongo, mu gihe ryabwirwa ngo: Bakubon’ugenda naho ur’umupfu (Ivyahishuwe 3:1): 1517-755

Ikimenyetso cya gatandatui co gitekeye ivyabaye mu mperuka z’ishengero ry’i Sarudi, kigakubakuba ivya Filadelufiya  n’ivy’i Laodokeya, ku buryo hariho na bimwe bitararanguka vyo muri ico kimenyetso cya gatandatu (1755- kugeza kw’iherezo ry’imbabazi.  Kirangije kumeneka, hazoba hageze ko Kristu aza kujana ishengero ryiwe

Ikimenyetso c’indwi rero  gituma haba agacerere (ituze), kuko abari mw’ijuru bose basohotse bakurikiye umukwe aje mu bugeni  kuri musi mweranda wo kugaruka kwa Kristo no gutangura wa musi mukuru w’imyak’igihumbi. Ni bwo  bukwe bw’Umwana w’Intama buvugwa mu Vyahishuwe 19: 7 kugera kuri 22: 17.

Buriya ngo uwutarukuyagiye aba arugusiganye! Reka mbanyurizemo muri make uko ivyo bimenyetso vyamenetse, ibitarameneka navyo tuzaba tureba uko bizaba ni vyashika tukiri bazima. Bitabaye ivyo naho tuzareba Yesu mu bwiza bwiwe ni yaza kudutora, ivyo bizatuma twishima ivyishimo vyuzuye.

Uyu musi ndabaha umusogongero (imponjo), n’ukuvuga ko nza gusobanura ukuntu ikimenyetso ca mbere camenetse, ariko mu misi ya vuba nzokomeza mbereka n’ukuntu Intare yo munzu ya Yuda, ari we Yesu, yamenye n’ibindi bimenyetso. N’ibitarameneka  bizomeneka, rindira tuzobibona. Guma muri Yesu gusa. Erega ivyo mbabwira s’ibigambogambo vy’amangetengete y’ab’isi, ah’ubwo: Nzahagarara hejuru y’umunara aho ndindira, kandi nzarangaguza ndeba aho ari numve ico ambwira… Maze Uwiteka aransubiza ati: » Andika ivyerekanywe ubigaragaze ku mbaho, kugirango ubisomye abyihutire. Kuko ibyerekanywe bifite igihe byategekewe, ntibizatinda kukigeraho, kandi ntibizabeshya, n’aho vyatinda ubitegereze, kuko kuza ko bizaza ntibizahera (Habakuki 2: 1-3)

Muri maso ? Raba rero ukumeneka kw’ikimenyetso ca mbere:

N’uko mbona Umwana w’Intama amena kimwe muri ivyo bimenyetso birindwi bifatanije ca gitabo, numva kimwe muri vya bizima bine kivuga ijwi nk’iry’inkuba kiti ngw’ino. Ngiye kubona mbona ifarashi y’umweru (ifarasi yera), kandi uwuyicayeko yar’afite umuheto, ahabwa ikamba (ahabwa urugori, igitsibo), n’uko agenda anesha, kandi ngo ahore anesha.

Dufise amasezerano meza ko uburakari bw’Uhoraho bukongerezwa ku bungeri (buragurumana nk’umuriro ku bungere), kandi ko azohana amasekurume y’ihene (amasuguru). Ibi bivuga ko ata mupasitori cyangwa uwariwe wese yar’akwiye gufata itorero ry’Imana uko yishakiye, yaba n’umutegetsi wa Leta. Muri ayo masezerano turasoma ngo: Kuko Uwiteka Nyir’ingabo aje gusura umukumbi we ariwo (ubusho bwiwe ari bwo) nzu ya Yuda, azabahindukira nk’ifarasi ye nziza mu ntambara (Zakariya 10: 3). N’uko rero  ukumeneka kw’iki kimenyetso cya mbere, kugaragaza ibihe vyiza vy’intsinzi y’itorero, mu gihe c’intumwa aho zakorana umwete no kwitanga, zifashijwe n’abandi bakristu b’inyankamugayo, badatinya ibikangisho vy’abagaragu ba Shitani. Isengesho ry’izo ntwari z’Imana riravyerekana ngo: Kandi none Mwami Mana, reba ibikangisho vyabo, uhe abagaragu bawe kuvuga ijambo ryawe bashize amanga (batagira ubwoba) rwose, urambure ukuboko kwawe(uramvure ukuboko kwawe) kugirango gukize, gukore n’ibimenyetso n’ibitangaza, mw’izina ry’umugaragu (umusavyi) wawe wera Yesu » (Ivyakozwe n’Intumwa 4: 29-31.

Soma icigisho cerekeranye n’ishengero co muri Efeso nkuko twacigiye hamwe mu kwezi kwa 2/2009: http://paroissetwihane.unblog.fr/2009/o2/10

Iri shengero ryarwanye urugamba rwiza rirarunesha kuko ryari rishimikiye kuri Kristu neza neza, ingorane ntizaritera ubwoba. Rigereranywa n’ifarasi y’igitare (yera). Ni ryo torero ubuhanuzi buvuga muri aya magambo ngo: Uruta ubwiza abana b’abantu, ubukundiririza (ubutore) busutswe ku minwa yawe, ni co cyatumye Uwiteka Imana yawe iguha umugisha w’iteka. Wa ntwari we, ambara inkota yawe ku itako, ambara ubwiza bwawe n’icyubahiro cawe. Ugendane icyubahiro uri kw’ifarashi uneshe, urengere ukuri n’ubugwaneza no gukiranuka, ukuboko kwawe kw’iburyo kukwigishe ibitey’ubwoba. Imyambi yawe irartyaye, amahanga agwa hasi imbere yawe, imyampi yawe iri mu mitima y’ababisha bawe (Zaburi 45: 3-6).

Kugera kuri uyu musi wa none, uwitwaje umuheto m’imyampi nkuko abakristo ba mbere babigenjeje, niwe akorer’Imana agashimwa akanesha, kuko amabingira(amasega) n’ubu ariho, ashaka kurya intama z’Imana nka ba Herodi. Nkako, Ivyanditswe bivuga ngo: Uwitwaje umuheto n’imyambi, niwe uzahagera, kuko igihugu cyose kizaba ari imifatangwe n’amahwa gusa (Yesaya 7: 24).

Ariko se nk’ubu Yesu na Petero na Paulo bagarutse, mbese basanga itorero rigihagaze bwuma n’imiheto n’imyampi mu buryo bw’ Umwuka?  Weho se ku giti cawe,  bimeze bite la?

Mbasengera nanjye nisengera kugirango umwanzi kirogoya adutegerejeh’urwitwazo, ashaka aho yahera ngo aturas’imyambi ye, n’abura aho ahera akorwe n’ikimwaro. Erega dutwikiriwe n’amaraso ya Yesu, ni yo aduha imbaraga.  Kanguka dukomez’urugamba, Yes’ari hafi kuza!

Tuzareba ibindi bimenyetso uko vyamenetse, mu vyigisho bizakurikiraho!

Miburo Balthasar

ANDIKA IVYO WIBAZA KURI IKI CIGISHO NGAHA HEPFO HABIGENEWE

Publié dans : ||le 2 octobre, 2009 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire