TWIGE IVYAHISHUWE 4: 6-8

YOHANA YEREKWA INTEBE Y’UBWAMI (III)

Imbere y’iyo ntebe hariho igisa n’inyanja y’ibirahure isa n’isarabgayi, kandi hagati y’iyo ntebe no kuyizenguruka hari ibizima bine byuzuye amaso imbere n’inyuma. Ikizima cya mbere cyasaga n’intare, icya kabiri gisa n’ikimasa, icya gatatu cyari gifite mu maso hasa n, ah’umuntu, naho icya kane casa n’ikizu kiguruka.

Uyu musi ndashaka ngo tuvugane ku vyerekeye iyo nyanja y’ibirahure n’ivyo bizima bine. Mu vyigisho biheruka, twabonye kenshi ko amazi cyangwa ikiyaga, bigereranywa n’abantu. Hamwe na hamwe ndetse bavuga uruzi (Ivyahuwe 16: 12). Ibirahure birabonerana. N’ukuvuga ko ata muntu n’umwe ashoboye guhisha ikintu na kimwe imbere y’Imana Data wa twese n’Umwana wayo. Aho Imana yicaye ku ntebe yayo ibona vyose, nta bintu bikorerwa mu kinyegero ngo ibiyoberwe. Erega buriya ngo  » amaso y’Uwiteka aba hose, yitegereza ababi n’abeza » (Imigani 15:3). Zaburi ya Dawidi iti: » Ndahungira Umwuka wawe he? Nahungira mu maso hawe he? Nazamuka nkaja mw’ijuru uriyo, nasasa uburiri bwanje i kuzimu uri yo. Nakwenda amababa y’umuseke, ngatura ku mpera y’inyanja, aho naho ukuboko kwawe kwahanshorerera, ukuboko kwawe kw’i buryo kwahamfatira. Nakwibwira nti: Ni ukuri umwijima ni wo uri buntwikire, umucyo ungose uhinduke ijoro, n’umwijima ntugira ic’uguhisha, ah’ubwo ijoro ryaka nk’umurango (riva nk’amanywa), umwijima n’umuco kuri wowe ni kimwe (Zaburi 139: 7-12) Soma na none: Umubwiriza 12: 14 na Luka 12: 1-3.

Ubusobanuro bw’ ibi bizima bine byuzuye amaso imbere n’inyuma burafitaniye isano n’iyo nyanja y’ibirahure. Kugira amaso imbere n’inyuma bosobanurwa ngo bifise ububasha bwo kubona vyose. Umuhanuzi Ezekiyeli yaravyeretswe nawe. Abivuga mu mvugo ye, akavyita Abamarayika b’abakerubi, avugako bari bafite amaso impande zose. Maze ngiye kubona mbona umuyaga w’ishuheri, uje uturutse i kasikazi, igicu ca rukokoma gishibagura umuriro gikikijwe n’umuco w’itangaza, kandi hagati y’uwo muriro haturukaga ibara nk’iry’umuringa ukubye. Muri wo hagati haturutsemo ishusho y’ibizima bine kandi uku niko byasaga: byari bifite ishusho nk’iy’umuntu, kandi buri kimwe cari gifite mu maso hane, buri kimwe cari gifite n’amababa ane(Ezekiyeli 1: 4-6).

Dusabe Umwami Yesu kugirango duhabwe ubuntu bwo kuba abantu b’abizigirwa, badakoza isoni umurimo w’Imana mu bapagani. Kuko buriya ivyo tuvuga vyose n’ivyo dukora, abo hanze baratureba, Imana iratureba, kandi n’abamarayika baratureba, kuko twahindutse ibishungero by’ab’isi, n’ivy’abamarayika, n’abantu (1Abakorinto 4: 9). Inyigisho y’ ivyo bizima bine yagomvye kudukebura tukisubirako, abanyarwanda baravuga ngo:  »tukikubita agashi »

Ubuntu bw’Umwami Yesu bubane na mwebwe mwese! Amen

ANDIKA IVYO WIBAZA VYOSE KURI IKI CIGISHO NGAHA MUSI HABIGENEWE

Publié dans : ||le 12 juillet, 2009 |2 Commentaires »

2 Commentaires Commenter.

  1. le 13 juillet, 2009 à 13:32 Athanase Raimond écrit:

    Yesu ashimwe cyane ndishimye cyane kubw’iki kigisho kandi ndanezerewe cyane hamwe no gushima Imana yaguhinduriye akazi burya Imana ireba kwihangan k’umuntu hanyuma yava mu bigeragezo ikamuhemba none rero nagerageje kuguhamagara ndakubura ubwo ngubwo niwi connecta turavugana kuko ndagushka cyane.
    Yesu aguhe umugisha

  2. le 31 octobre, 2009 à 20:51 labonnenouvelledusalut écrit:

    Athanase, n’amahoro se muntu w’Imana? Ko mudakoma?

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire