TWIGE IVYAHISHUWE 4: 4-11

YOHANI YEREKWA INTEBE Y’UBWAMI (II)

Imirongo ya Bibliya yanditse mu Kinyarwanda ariko ahenshi nagiye nshira ubusobanuro mu Kirundi, buri mu tuzitiro canke imbere y’urwego ruhiritse gurtya « / »

Iyo ntebe yari igoswe n’izindi ntebe makumy’abiri n’enye/na zine. Kuri izo ntebe mbona abakuru makumyabiri na bane bicayeho bambaye imyenda yera, no ku mitwe yabo bari bambaye amakamba/ingori y’inzahabu. Kuri ya ntebe y’ubwami haturukaga/hava imiravyo n’amajwi no guhinda kw’inkuba, kandi amatabaza (amatara) arindwi yaka umuriro yamurikiraga imbere y’iyo ntebe. Ayo matabaza niyo Myuka irindwi y’Imana. Imbere y’iyo ntebe hariho igisa n’inyanja y’ibirahuri isa n’isarabgayi, kandi hagati y’iyo ntebe no kuyizenguruka hari ibizima bine vyuzuye amaso imbere n’inyuma. Ikizima ca mbere casaga n’intare, icya kabiri gisa n’ikimasa, icya gatatu cyari gifite mu maso hasa n’ah’umuntu, naho icya kane cyasaga n’ikizu kiguruka (inkona iguruka). Ibyo bizima uko ari bine byari bifite amababa atandatu atandatu, byuzuye amaso impande zose no mu nda. Ntibiruhuka ku manywa na nijoro ah’ubwo bihora bivuga biti: Uwera, Uwera, Uwera, ni we Mana Ishoboravyose, niyo yahozeho, kandi iriho kandi izahoraho.

Image result for vingt quatre vieillards

Iyo ibyo bizima bihaye Iyicara kuri ya ntebe iteka ryose, icyubahiro no guhimbazwa n’ishimwe, ba bakuru makumyabiri na bane bikubit’imbere y’Iyicara kuri ya Ntebe bakaramya/bagasenga Ihoraho iteka ryose, bakajugunya amakamba yabo/bagaterera ingori zabo  imbere y’iyo ntebe bavuga bati:  »Mwami wacu Mana yacu, ukwiriye guhabga icyubahiro no guhimbazwa n’ubutware koko, kuko ari wowe waremye byose. Igituma biriho kandi icyatumye biremwa n’uko wabishatse (Ivyahishuwe 4: 4-11).

Iyo ntebe y’Imana, ni yo ntebe y’imbabazi, aho jewe na wewe dutegerezwa kwama duhanze amaso, dusenga twerekezayo imitima n’ibiganza vyacu: Dore nkuko amaso y’abagaragu bayahanga ukuboko kwa shebuja, nk’uko amaso y’umuja ayahanga ukuboko kwa nyirabuja, niko n’amaso yacu tuyahanga Uwiteka Imana yacu kugeza aho azatubabarira (Zaburi 123: 2). N’uko rero twegere intebe y’ubuntu tudatinya kugirango tubabarirwe, tubone ubuntu bwo kudufasha mu gihe gikwiriye (Abaheburayo 4: 16).  

Iyi ntebe ikwiye kuduter’umunezero cane, kuko Uwuyicayeho afitaniye ubucuti bukomeye na twebwe. N’ubwo vyagenda bite, ntiyaduhemukira. Erega uwutanga ubwenegihugu bwo mw’ijuru ni mwene wacu, niwe ashinzwe kweza bene se. Twebwe dukwiye gukorana ibyishimo n’ibyizigiro mu Mwami Yesu,  » kuko uweza n’abezwa bose bakomoka kur’Umwe (kuri Imwe), nico gituma adakorwa n’isoni zo kubita bene Se ati: Nzabwira bene Data izina ryawe, nkuririmbire ishimwe hagati y’iteraniro. Kandi ati:  Jeho nzayizigira (nzayiringira), kandi ati: Dore ndi hano, jyewe n’abana wampaye. N’uko rero nkuko abana bahuje umubiri n’amaraso, niko nawe yahuje ibyo nabo, kugirango urupfu rwe/rwiwe aruhinduze ubusa ufite ubutware bw’urupfu ari we Satani, kugirango akure mu buja abahoze ar’abaja bo gutinya urupfu mu kubaho kwabo kose. Kandi tuzi yuko atari abamarayika yatabaye, keretse uruvyaro rwa Aburahamu (Abaheburayo 2: 12-16). Twebwe ni twe ruvyaro rw’Aburahamu. N’aho tuvuga ikirundi n’ikinyarwanda, dore aho akabanga kacu na Kristo kari: Mbese ivyanditswe bimuvuga iki? Ntibivuga ngo: Aburahamu yizeye Imana, noneho bimubarwaho (bimuharurwako) nko gukiranuka? (kugororoka?). Icyakora ntibyanditswe ku bwe/ku bwiwe ko vyamubazwe ho (vyamuharuweko) nko gukiranuka (kugororoka), ah’ubwo ni ku bwacu, abazobiheshwa n’uko twizeye Imana yazuye Yesu Umwami wacu mubapfuye watangiwe (yatanzwe kubw’) ibicumuro vyacu akazurwa kugira ngo dutsindishirizwe (dutsindanishirizwe). N’uko rero ubwo twatsindishirijwe no kwizera, dufite amahoro ku Mana kubw’Umwami wacu Yesu-Kristo, wadushikirije (yadushikirije )ubu buntu dushikamyemwo ku bwo kwizera ngo tubone uko twishimira ibyiringiro byo kuzabona ubwiza bw’Imana (Abaroma 4: 3, 23-5: 2). Kuko ubwo yababajwe no kugeragezwa ubwe/ubwiwe, abasha no gutabara abageragezwa bose (Abaheburayo 2: 18), n’ukuvuga jewe na wewe. Yageragejwe uburyo bwose nka twe, keretse yuko atigeze akora icaha (Abaheburayo 4: 15). Uwumukuru wacu aduhagarariye mw’ijuru, aratahura neza ingorane z’abagabo n’abagore, z’abasore n’inkumi, z’impfuvyi n’abapfakazi, z’abakire n’abakene, kuko yabanye nabo… Ndetse yabaye n’impunzi nawe mu gihugu atari ic’ amavukiro (Matayo 2: 13-15). Yarahungutse nkuko bamwe bahungutse basubira i wabo, ndetse  abavyeyi biwe batinya ko n’abategetsi bohava babamerera nabi (Matayo 2: 19-23). N’Imana ikwiranye natwe, s’ikigirwamana, ni we Emmanueli, atuzi neza. Natwe dukwiye kwitaho kumumenya…

INSOBANURO Y’IBINTU BIMWE YOHANA YABONYE HAFI YA YA  NTEBE

Abakuru makumyabiri na bane. Mu yandi majambo ni abasaza, canke abahumure, inararibonye, abakurambere mirongw’ibiri na bane mu Kirundi. Ariko se aba basaza bo bavuye he? Bavuye muri bene wacu­. Biragaragara neza kuko ku mitwe yabo bari bambaye amakamba canke ingori, ibitsibo (Ivyahishuwe 4:4). Bibiliya yerekana neza ko ikamba ari ikimentetso c’intsinzi: Umuntu wese arushanwa yirinda muri vyose. Abandi bagenzereza batyo kugirango bahabwe ikamba/(urugori, igitsibo) ryangirika/ryononekara, naho twebwe tugenzereza durtyo kugirango duhabwe iritangirika <<kwangirika=kwononekar>> (1Abakorinto 9: 25). Narwanye intambara nziza, narangije urugendo, narinze ivyo kwizera. Ibisigaye mbikiwe ikamba ry’ubugingo iryo umwami utabera/adaca urwa ngodegonde azampa kuri urya musi, nyamara si jye jenyine, ah’ubwo n’ abakunze kuboneka kwe/kwiwe bose (2Timoteo 4: 7-8). Hahirwa umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko namara kwemerwa, azahabwa ikamba ry’ubugingo, iryo Imana yasezeraniye abayikunda (Yakobo 1: 12).  Ariko uje ukiranuka ugeze ku gupfa, nanjye nzaguha ikamba ry’ubugingo (Ivyahishuwe 2: 10).

Aba basaza mirongw’ibiri na bane ni bene wacu, kuko iyo ntsinzi ibahesha ayo makamba, yavuye mu ntambara bagwaniye muri iyi si yacu, intambara yo kwihana icaha. Ariko bategerejwe kurindira igitambo (ikimazi) c’ukuri arico rwa rupfu rwa Kristo, kugirango bikunkumure umukungugu, bave mu bapfuye. Bibiliya iti:  »Yesu yongera kuvuga n’ijwi rirenga, aracikana (aratanga). Umwenda wari ukingiriye ahera cyane utabukamo kabiri, utangirira hejuru ukageza hasi, isi iratigita, ibitare birameneka, ibituro (imva) birakinguka, intumbi nyinshi z’abera bari barasinziriye zirazurwa bava mu bituro, maze amaze kuzurwa binjira mu murwa wera babonekera benshi (Matayo 27: 50-53). None se abo bantu bazutse bahavuye berekeza he? Bazamuwe mw’ijuru hamwe na Yesu. Nico gituma ivuga ngo: Amaze kuzamuka mu ijuru ajyana iminyago (imbohe) myinshi (Abefeso 4:8). Navuze ko abo bantu ko ari bene wacu. Bibiliya ihamya/ishinga intahe ko bari abantu b’abacumuzi nka twe, mugabo bagwana intambara yo kwihana, ariko ngo bari abagome. Bibiliya irabivuga neza iti:  » Urazamutse ujya hejuru ujanye iminyago (imbohe), uherewe impano hagati y’ abantu, ni koko uziherewe hagati y’abagome nabo, kugirango Uwiteka Imana ibane nabo (Zaburi 68: 19). Jewe na wewe, tuzabayo, reka duce bugufi twisunge Kristu. Kuba n’abagome bahagera, Eliya na Mose bakahagera, n’ibintu vy’ukuri bitwemrza ko natwe turi mu nzira yo kuhagera. Ndetse handi hato tuzahatambagira/tuzohazunguruka.

Amatara indwi arizo Mpwemu z’Imana: Bisobanura ko ariho  Sôko y’Uguhoraho kw’Iman’Ihoraho, Isôko y’imigisha. Izi mpwemu indwi z’Imana, n’Imana nyene. Muri Yesaya haravuga neza iyo myuka irindwi (impwemu ndwi): 1. Impwemu y’/Umwuka w’Uwiteka, 2 Impwemu y’/Umwuka w’ubwenge, 3 Impwemu y’Umwuka w’ubuhanga/ubumenyi, 4 Impwemu yo/Umwuka wo kuja inama, 5 Impwemu y’/Umwuka w’imbaraga, 6 Impwemu yo/Umwuka wo kumenya Uwiteka, 7 Impwemu yo/Umwuka wo kwubaha Uwiteka  ( Yesaya 11:2). Birasobanira kandi isoko nyakuri y’Ijambo ry’Imana. Wibuke ko Yesu yiyerekanye « agendera hagati y’ibiterekwakw’amatara indwi vy’izahabu » (Ivyahishuwe 2:1). Itara rirasobanura kandi « ijambo ry’Imana » nkuko handitswe ngo: « Ijambo ryawe n’itararimurikira ibirenge vyanje » (Zaburi 119: 105). Kuko mu mashengero  y’ukuri, niho n’Ijambo ry’ukuri  riva, No mw’ihema ry’ibonaniro, aho Imana yabonanira na Mose, niko vyari biri. Dusoma ngo: « Kand’uz’ukore ico guterekwako amatara mw’iuzahabu iramuye… Kandi kize kigire amashami  atandatu mu mbavu zaco, mu ruhande rumwe rw’ico gitereko haze habe amashami atatu, mu rundi ruhande rwaco habe ayandi atatu (Kuvayo 25: 31-32). Aya mashami atandatu guteranya n’u mutumba waco, usanga vyari ibiterekwakw’amatara indwi, vyariko n’amatara indwi. Icampa/Icompa uyu musi mwese musoma ubu butumwa bwiza mu kuzura izo Mpwemu ndwi z’Imana!!!. Imana ikabamurikira n’umuco uva kuri ya matara arindwi, ariryo jambo ryayo!

Mu cigisho kizokurikira, tuziga ivyerekeye  ya nyanja y’ibirahure, vya bizima bine bifite amaso impande zose. Iki cigisho mugikwiririkanye kugirango benshi bagisome. Kandi muhamagare benshi rero tuze twigire hamwe icigisho kigiye kuza! Mbifurije amahoro n’imigisha biva kuri ya ntebe y’ubuntu, kubwa Yesu-Kristu umwami wacu, Amen.

Publié dans : ||le 26 juin, 2009 |1 Commentaire »

1 Commentaire Commenter.

  1. le 26 juin, 2009 à 21:46 Athanase Raimond écrit:

    Yesu ashimwe cyane kandi Imana ijye iguha umugisha mwinshi natwe twiyemeje gukora umurimo w’Imana nkuko twawuhamagariye twivuye inyuma.

    Mwene So Athanase Raimond

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire