TWIGE IVYAHISHUWE 4: 1-3

 

YOHANI YEREKWA INTEBE Y’UBWAMI

(Ikinyarwanda ni cinshi, ariko kiroroshe kwumva ku vuga ikirundi gusa)

Hanyuma y’ibyo mbona mw’ijuru urugi rukinguye, kandi numva rya jwi nabanje kwumva rivugana nanjye rimeze nk’iry’impanda rimbwira riti  »Zamuka uze hano nkwereke ibikwiriye kuzabaho hanyuma y’ibyo » , Mur’ako kanya mba mu Mwuka. N’uko mbona intebe y’ubwami iteretswe mw’ijuru, mbona n’Uwuyicayeho. Uwari uyicayeho yasaga n’ibuye ryitwa yasipi, n’iritwa sarudiyo, kandi umukororombya /umunywamaziwari ugose iyo ntebe usa na simargido.(Ivyahishuwe 4: 1-3)

Image result for the throne of god

Yohana amaze kubona iyo ntebe yarabonye n’ibindi vyinshi hirya no hino hayo. Iyi ntebe y’ubwami Paulo nawe yayivuzeho ati: Twese tugomba kurenguka imbere y’intebe y’ubwami bw’Imana, kugirango umuntu wese ahabwe ingero ikwiranye n’ivyo yakoze bibi canke vyiza (2Abakorinto 5: 10). Ahandi haravuga ngo: Imana yashinze umusi wo gucira isi yose urubanza rw’ukuri, bizokorwa n’umuntu yitoranirije (Ivyakozwe n’Intumwa 17: 31).

Ivyo Yohani yeretswe bifitaniye isano n’ivyo abahanuzi Daniyeli na Ezekiyeli beretswe mu gihe yerekwa ivy’urubanza rwo mw’ijuru.  Dusome: Nkomeza kwitegereza kugeza aho bashyiriyeho intebe z’ubwami, haza umukuru nyir’ibihe vyose aricara. Imyambaro yiwe yera nka shelegi kandi umusatsi/umushatsi we wasaga n’ubwoya bg’intama bwera. Intebe y’ubwami bwe yasa n’ibirimi by’umuriro, kandi inziga/amakurudumu yayo yasaga n’umuriro ugurumana/waka. Imbere yiwe hatemba uruzi rw’ umuriro, uduhumbagiza/ibihumbi n’ibihumbi baramukorera, kandi inzovu incuro inzovu/amasinzi n’amasinzi bari bamuhagaze imbere. Imanza zirashingwa, ibitabo birabumburwa. (Daniyeli 7: 9-10). Umuhanuzi Ezekiyeli  nawe arabivuga nkuko yabibonye mu majambo ye, ati: Hejuru y’umutwe w’ikizima hari ikimeze nk’ijuru gisa n’ibirahuri biteye ubwoba bibambwe hejuru y’imitwe yabyo. Munsi y’iryo juru amababa yabyo yari arambuye/agaranzuye rimwe ryerekeye irindi, buri kimwe cari gifite abiri atwikiriye uruhande rumwe, kandi buri kimwe cari gifite abiri atwikiriye urundi ruhande ku mibiri yabyo. Kandi ubwo vyagendaga, numvaga guhorera/guhinda kw’amababa yabyo ari nko guhorera/guhinda kw’amazi menshi, nk’ijwi ry’Ishoboravyose, urusaku rw’ ikiriri rumeze nk’urusaku rw’ingabo/nk’uguhinda kw’ingabo. Iyo byahagararaga vyabumba amababa yabyo. Kandi hejuru y’ikirere cyari hejuru y’imitwe yabyo hari ijwi, n’uko vyahagarara bikabumba amababa yabyo. Kandi hejuru y’ikirere cari hejuru y’imitwe yabyo hari igisa n’intebe y’ubwami, isa n’ibuye rya safiro, kandi hejuru y’iyo ntebe hariho igisa n’umuntu ( Ezekiyeli 1: 22-26) Soma witonda ayo magambo aciweho umurongo. N’ubwo Ezekiyeli abivuga mu mvugo yiwe, usanga avuga bimwe na Yohani. Niwaba ugifise Bibiliya mu ntoke, soma neza mu Vyahishiwe 4: 3, usanga Uwari yicaye ku ntebe yasa n’ibuye ryitwa yasipi n’iryitwa sarudiyo, kandi umunywamazi wari ugose iyo ntebe usa na simargido. Ibi vyose biratwereka ukuntu mw’ijuru hatinyitse.

Ariko ndagomba ngo twigire hamwe ivyerekeye  umukororombya. Abumva ikirundi gusa, nagirango ndababwire ko umukororobya ariwo »munywamazi ». Iyo har’umukororombya/umunywamazi, izuba n’imvura bibonekera igihe kimwe. Izuba rigereranywa n’ukuri kw’Imana kubonerwa mu butumwa bwiza bw’agakiza muri Yesu-Kristo: Ariko mwebweho abubaha izina ryanje, Izuba ryo gukiranuka rizabarasira rifite gukiza mu mababa yaryo (Malaki 3: 2; muri Bibiliya nshya z’ikinyarwanda, ni Malaki 3: 20). Imvura igereranywa n’amarira atewe n’agahinda umunyabyaha yumva mu mutima, kubera ko atsinzwe n’ibyahavye/vyiwe. Noneho Mwuka Wera agatangira kumutoza imirimo myiza, kubw’ijambo ry’Imana rikomeza kumwigisha. Ni musabe Uwiteka imvura mu gihe c’itumba, muyisabe Uwiteka urema imirabyo, nawe azabavubira imvura y’umurindi, umuntu wese azamumereza ubwatsi mu rwuri rwe (Zekariya (10: 1). Nkuko imvura na shelegi bimanuka bivuye mw’ijuru ntibisubireyo, ah’ubwo bigatosa ubutaka bukameza imbuto bugatosa n’ingundu, bugaha umubivyi imbuto n’ushaka kurya bukamuha umutsima, niko ijambo ryanje riva mu kanwa kanje rizamera. Ntirizagaruka ubusa, ah’ubwo rizasohoza ibyo nshaka, rizashobora gukora ico naritumye (Yesaya 55: 10-11)

Yohana avuga ko iyi ntebe y’ubwami igoswe n’umukororombya. NI YA NTEBE Y’UBUNTU. N’uko rero twegere intebe y’ubuntu tudatinya. kugirango tubabarirwe tubone ubuntu bwo kudutabara mu gihe gikwiriye (Abaheburayo 4: 16).

Mu kukwandikira iki cigisho, nakomeje no gusenga cane kugirango ugikuremwo ubufasha. Kuko Mwuka Wera arashaka kudufasha kwisuzuma mu mitima no kwihana ivyaha vyacu vyose, muri iki gihe dutegereje kurenguka imbere y’intebe y’ubwami y’Imana. Buriya Imana Ishoboravyose itegereje ko twova mur’ivyo vyaha tugendana mu mutwe, no mu mafuti yose tugenderamo, kugirango abamarayika bose bashobore kunezerwa, basesereze impundu bati: Imbabazi n’umurava birahuye, gukiranuka n’amahoro birahoberanye (Zaburi 85: 11), mu bugingo bwa Nyirarunaka (wowe cyangwa jye). None se Yesu ntiyavuze ngo: Haba umunezero mwinshi imbere y’Imana n’abamarayika, kubera umunyabyaha umwe yihanye (Luka 15: 10). Guhera ubu ngubu, twihane ibyaha vyacu, kugirango tubabarirwe, igihe c’imbabazi kikihari, mw’izina ryera ry’Umukiza wacu Yesu-Kristo. Amen!

ANDIKA IBITEKEREZO BYAWE KURI IKI CIGISHO AHA HEPHO HABIGENEWE

Publié dans : ||le 19 juin, 2009 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire