TWIGE IVYAHISHUWE 3: 7-13

URWANDIKO RWANDIKIWE ITORERO RY’I FILADELIFIYA

Wandikire marayika w’Itorero ry’i Filadelifiya uti: Uwera kandi ufite urufunguzo rwa Dawidi, ukingura ntihagire uwukinga, kandi ukinga ntihagire ukingura aravuga aya magambo ati: Nzi imirimo yawe. Dore nshize imbere yawe urugi rukinguye kandi ntawubasha kurukinga, kuk’ ufite imbaraga nke nyamara ukitondera ijambo ryanje ntiwihakane izina ryanje. Dore, nguhaye bamwe bo mw’isinagogi ya Satani biyita Abayuda yamara ataribo, ah’ubwo ari abanyabinyoma. Dore nzabahata kuza imbere y’ibirenge vyawe bamenye yuko nagukunze. Kuko witondeye ijambo ryo kwihangana kwanje, nanjye nzakurinda igihe cyo kugeragezwa kigiye kuza mu bihugu vyose, kugerageza abari mw’isi. Ndaza vuba, komeza ico ufite, hatagira uwugutwara ikamba. Unesha nzamugira inkingi yo mu rusengero rw’Imana yanjye kandi ntazasohoka ukundi, nanjye nzamwandikaho izina ry’Imana yanjye, n’iry’umurwa w’Imana Yerusalemu nshya, izamanuka iva mw’ijuru, iturutse ku Mana yanjye, kandi nzamwandikaho izina ryanjye rishya. Ufite ugutwi niyumve ivyo Umwuka abwira amatorero (Ibyahishuwe 3: 7-13)

Afficher l'image d'origine

Mur’iki cigisho, muri kumwe n’umunyavyaha yagiriw’ubuntu, akaba na mwene So musangiye intambara y’umusaraba, Balthasar Miburo.

Itorero rya Filadelifiya ryari itorero rigira gatandatu muri ya matorero indwi yari kuri wa muhanda uca muri Asia ntoyi. Iri torero ryarangwa n’imbaraga ziva mu rukundo rwa kivandimwe. Nkako Filadelifiya naryo n’ijambo risobanurwa ngo  »Urukundo rw’abavandimwe ». Biragaragara ko iryo torero ryari rihanganye n’abantu bitwaza ivy’Ubuyuda kandi batanabikwiye. Yesu avuze ko azabazana bakaza kwikubita imbere y’ibirenge vya Filadelufiya kuko yayikunze.

Mu mvugo ya gihanuzi, Filadelufiya rigereranywa n’itorero ryabayeho hagati ya 1755 na 1844. Ibihe v’umwijima vyari birangiye, umuvyuro wari watangujwe n’abagabo b’abavugabutumwa nka ba Luteri, Calvin, Zwingli n’abandi, wari umaze kugabanuka. Mugihe rero Abaprotestanti bamwe bariko bagwanira nabo ivyo gutegeka ibihugu no guhingura za nyigisho zo gusobanuza ubwenge ijambo ry’Imana (théologie),  ni ho habonetse abandi bantu bavuga ubutumwa bukangura isi, bakwiragiza za Bibiliya mu bihugu vyinshi kugera no muri Afrika. Barigishije, bashinga n’amashirahamwe yo kwandika Bibiliya no kuyigisha, ariyo twita muri iki gihe  » Sociétés bibliques ».

Aba bantu biyita Abayuda ataribo ariko ar’isinagogi ya Satani, mwibuke ko bari barateye no mw’ishengero ry’i Simuruna(Ivyahishuwe 2: 9). Yesu yemeye noneho  ko agiye kubazana bakikubita ku birenge vy’itorero. N’ukuvuga ngo impera n’imperuka bazobona ko bibeshe, kuko biyemeje kurwanya itorero Imana yatoranije. Biyita Abayuda ataribo: n’ukuvuga mu yandi majambo ngo biyita abakristo ataribo.

Dusoma mu gitabo ca Esiteri  ngo: N’uko Hamani arinjira, umwami aramubaza ati:  » Umuntu umwami agomba guha icubahiro, wumva bakwiye kumukorer’iki? Hamana yibajije mu mutima wiwe, ngo: Uwo muntu wundi umwami ashaka guha icubahiro ni nde atari jewe? N’uko aherako arasubiza ati:  » Umuntu umwami agomba guha icubahiro, vyoba vyo bafashe umwambaro w’ubwami umwami yambara , bagafata n’indogoba umwami agenderako, n’ikamba (urugori rw’) umwami yambara ku mutwe, maze uwo mwambaro, n’iyo ndogoba bakabiha umutegeka mukuru ategekera umwami, noneho uwo muntu umwami ahaye icubahiro akambara wa mwambaro, bakamutembereza kuri iyo ndogoba mu mihanda yo mu muji, bakaza baterera hejuru bati: Ni murabe ivyo bakoreye umuntu ahawe icubahira n’umwami! Noneho umwami abwira Hamani ati: Fata uwo mwambaro n’indogoba ubu nyene, ukorere Moridekayi Umuyuda ivyo uvuze, nguriya yicaye kw’irembo i bwami. Ntihagire na kimwe kibura mu vyo umaze kuvuga vyose. Hamani afata wa mwabaro na ya ndogoba, yambika Moridekayi, amutembereza mu mihanda yo mu muji, agenda yiha akamo imbere yiwe ngo:  »Reba ibikwiye gukorerwa umuntu umwami ahaye icubahiro ». N’uko Moridekayi yisubirira kw’irembo i bwami, Hamani nawe yihutira gutaha i muhira iwe, yarakaye, yipfutse mu mutwe. Hamani yiganira umugore wiwe Zareshi n’abagenzi biwe bose ivyamubayeho. Abashingantahe biwe hamwe n’umutegarugori we bamubwira bati: Ko ubona utanguye kwikubita imbere ya Moridekayi kandi akaba ar’uwo mu bwoko bw’Abayuda, ntaco uzomushoboza, ah’ubwo uzoruhira guhenebera imbere yiwe (Esiteri 6: 6-13). Niko vyabaye nyene, kuko Hamani yari yateguje igiti kirekere co kuza kumanikako Moridekayi (Esiteri 6:4) amuhora ngo n’uko yamubonye yiyicariye kw’irembo i bwami ashaka kuvugana n’umwamikazi (Esiteri 5:9). Imigambi mibi ya Hamani igereranywa n’imigambi mibi abakristu babi bazogira yo kwifatanya n’Abami b’isi ngo bahonye ubwoko bw’abera bitondera amategeko y’Imana bakagira no kwizera nka Yesu (Ivyahishuwe 14: 12) bakeza amasabato y’Uhoraho (Ezekiyeli 20: 20 na Luka 23: 56) bakwozanya n’ibirenge (Yohana13: 14), kuko bazoba babona ko  » Marayika w’Uwiteka yama ahagaze iruhande y’abagaragu be ngo abakize(Zaburi 34: 9). Bizobarya mu nda, ni babona inyigisho zabo zose ataco zibafashije, n,amasengesho yabo yose akabahindukira icaha (Zaburi 109: 7) Ariko ico gihe, ubwoko bw’Imana buzoba bwitegurira gusanganira umwami mu masengesho y’ukuri n’indirimbo ku buryo bwemewe n’Imana. Mu masezerano Imana yagiriraniye n’Ishengero ryayo  handitswe ngo:  Azogupfukisha amababa yiwe, musi y’amoya yiwe niho uzokur’ubukiriro. Ntuzatinya iterabwoba rya nijoro, cyangwa umwambi (umwampi) uguruka ku mutaga, canke akaranda karandura mu mwijima, canke ingwara z’ikiza zikubita abantu ku murango. Ibubamfu hazogwa igihumbi, iburyo hazogwa ibihumbi cumi ariko weho ntakizogukorako (Zaburi 91: 4-8). Uzokomerera mu butungane. Ntukagire ubwoba kuko nta kintu kiriho ukwiye gutinya. Ni hagira abagutera, si jewe nzoba ndabagomoye. Uwuzoguhangara azogwa musi y’inganji yawe. Raba, nararemye umucuzi avuguta amakara mu muriro agakoramwo ikigwanisho, ariko kandi naremye n’uwushobora gusambura ico kigwanisho. Nta kigwanisho cacuzwe ngo kikugwanye kizogira ico kigutwara, n’uwuzibesha ngo aragomba kukuburanya, uzamwegekako urubanza. Ng’uwo umugabane w’abagaragu b’Uwiteka, ng’ako agakiza kabo kava i wanje, bivuzwe n’Uhoraho (Yesaye 54: 14-17).

I Filadelifiya habwiwe ngo: Kuko witondeye ijambo ryo kwihangana kwanje, nanje nzokurinda igihe co kugeragezwa kigiye kuza mu bihugu vyose, kugerageza abari mw’isi. Ndaza vuba, komeza ico ufite hatagira uwugutwara ikamba (imirongo ya 10-11). Yesu yaburiye itorero ryiwe ko nyuma y’umuriro w’urukundo rwa kivandmwe, ko hazabaho igihe co kugeragezwa mu bihugu vyose, ariko ko itorero ry’ukuri rizokomeza guhagarara musi y’Ukuboko k’Uwiteka. Uwiteka yiyemeje kuturinda, tureke ubwoba, tumukorere tudatetemera. Erega igihe co kugerageza amahanga yose n’iki tugezemwo.

Birumvikana ko mu gihe ubutumwa bwiza buzaba bumaze kuzenguruka isi yose hazakurikiraho igeragezwa, kugirango abakristu b’ukuri baboneke. Ibigeragezo bizanyura mu mahera, mu nzoga, mu bagore, mu bagabo, mu misi mikuru, muri politike, mu madini, mu myambaro, mu vyo kurya, mu bitabo dusoma, muri za televiziyo n’ibindi. Ariko uwihangana akagera ku mperuka ni we azokira. Ubu butumwa bwiza bw’ubwami buzovugwa kw’isi yose, bube ikimenyetso mu bihugu vose. Hanyuma haze imperuka (Matayo 24: 13-14). Buriya itorero tugiye kuzorangirizako kwiga ry’i Laodokeya, rizotwereka neza ko igihe cavuzwe co kugeragezwa kuzoza mu bihugu vyose ari  co tugezemwo. Kandi tutabaye maso ngo turwane rugabo, hariho abantu bari hanze mu matorero y’ibinyoma no mugipagani, bashobora kuzokanguka bagakora umurimo watunaniye, bagafata amakamba yacu. Erega n’ aya mabuye, Imana yoyavanamwo abana ba Aburahamu (Matayo 3: 9).

Imana yiyemeje gukomeza uwuzatsinda, ikamugira nk’inkingi mu ngoro yayo, ngo ntazoyisohokamwo. Abarundi bakunze kwita abagore babo ngo ni Ba Inarugo. (Banarug0). Mu mico y’abanyamahanga, iyo umugore yagiye gushaka umugabo, aheba izina ry’umuryango w’i wabo akandikwa kw’izina ryo kwa ba Sebukwe, kwa Se w’umugabo wiwe. Mu Rwanda no mu  Burundi bakunda kuvuga ngo ni muka naka (Muka Kanyarushatsi, Muka Nahimana, muka Rugwiza n’ayandi). Raba neza rero uwu murongo wo  mu Vyahishuwe 3: 12, urategura ubukwe bw’ishengero, nyuma y’ibigeragezo bizoba mu bihugu vy’isi. Nkuko umugore afata izina ry’i wabo w’umugabo, niko n’itorero rizofata izina ry’i wabo wa Yesu.  Nk’uko umukobwa abarurwa (yandikwa) aho yagiye gushaka umugabo hakamubera adresse, niko  na adresse y’itorero izoba adresse ya Yesu: Soma neza uwu murongo urateye umunezero, ngo: Unesha, nzamugira inkingi yo mu rusengero rw’Imana yanje kandi ntazosohoka ukundi, nanjye nzamwandikaho izina ry’Imana yanjye n’iry’umurwa w’Imana Yeruzalemu wururuka uva mw’ijuru ku Mana yanje, ndamuhe n’izina ryanjye risha(Ivyahishuwe 3: 12)

Dore Yesu araje nta gisigaye! Muracategereje iki? MUUG’UBUTUMWA BWIZA< NI MURUNGIKIRE ABANDI IKI CIGISHO.

Uwufite amatwi ni yumve ivyo Mwuka abwira amatorero!

ANDIKA IBITEKEREZO VYANYU KURI IKI CIGISHO NGAHA HEPFO HABIGENEWE

 

Publié dans : ||le 29 mai, 2009 |1 Commentaire »

1 Commentaire Commenter.

  1. le 2 septembre, 2010 à 15:58 Nsabimana jean d'Amour écrit:

    Murakoze kutugezaho iby’ijambo ry’Imana ridukangura ngo tumenye icyo Bibiriya ivuga, ngaho nimukomereze aho Imana ibahe umugisha kubwo kwitaga kwanyu

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire