TWIGE IVYAHISHUWE 21: 9-10

TWIGE IGITABO C’IVYAHISHUWE 21: 9-10

Mwari mumaze imisi mubona ivyigisho biza bitevye, ariko hari n’abahora babibona mu congereza canke mu gifransa. Vyose vyategwa n’umwanya muke nari mfise. Ubu nahisemwo kureka vyose ngo nsubire gukomeza iki gikorwa c’Imana, kuko numvise abenshi batishimiye ukuntu bisigaye bigenda. Si mwebwe gusa, ah’ubwo ingorane zari zabaye mu migwi yose nigisha, ari mu kirundi, mu gifransa, mu congereza no mu kiespagnol. Iki cigisho mu giherekanye n’abandi bose bo mu mashengero atar’amwe kuko igihe kiri hagufi. Abantu boba barize ubuhanuzi bwa Daniyeli, muabona neza ko ibiba mu Bulayi birangura neza Ivyanditswe muri Daniyeli 2: 41-44

Uyu musi turasoma mu gitabo c’Ivyahishuwe 21: 9-10

Bibiliya ndiko ndakoresha yanditse mu gifransa, ariko ngenda mpindura amajambo mu kirundi. Vyoba vyiza mugihe muraraba muri Bibiliya zanyu kugirango murabe ko ivyo nanditse bihura n’ivyanditswe muri Bibiliya

Hanyuma  umwe wo muri ba bamarayika indwi bari bafise ibikombe indwi vyuzuyemwo ivyago indwi araza, ambwira ati: » Ingo ndakwereke umugeni, ari we mukenyezi w’umwana w’Intama. N’uko anjana muri Mpwemu ku musozi munini kandi muremure. Anyereka igisagara ceranda, Yerusalemu, imanuka ivuye mw’ijuru ku Mana, itey’igomwe nk’Imana.

Iyi mirongo tumaze gusoma, iratumurikira neza gushika mu kwiga iki gice ca 21 cose.Mubanze mwibuke ko muri abo bamarayika indwi, ko harimwo umwe yar’afise ubutumwa yahawe n’Imana bwo guherengeteza Babuloni neza. N’ubwo abandi bari bafise ivyago vyo kubabaza abari mw’isi, uwo mumarayika we ya tumbereza imyampi yiwe kuri Babuloni gusa. Iyo usomye neza Ivyahishuwe 16:  17- 19. Uca ubona neza ko ariwe yitwa Marayika w’indwi (Ivyahishuwe 16: 17). Ubutumwa bw’uwu mumarayika ni bwo buzosenyura Babuloni ubutakigaruka kuko buvugango: Ca gisagara kinini ciganyamwo gutatu, kandi ibisagara n’amahanga biratembagara, kandi Imana yibuka Babuloni ihambaye, kugirango iyinyweshe igikombe c’ishavu ryiwe ry’inkazi (Ivyahishuwe 16: 19).. Ni nawe marayika avugwa mu gice ca 17 cose.Uyo ngo ni Marayika w’ububasha ngo yafashe igirtyazo gisa n’ingasiro, agiterera mu kiyaga avuga ati: Uku niko Babuloni izojugunywa iherengetezwe, ico gisagara kinini ntikizosusubira kuboneka ukundi (Ivyahishuwe 18: 21). N’uyu mumarayika rero yegereye Yohani, amwereka umugeni n’umugabo wiwe ari we mwana w’Intama w’Imana (Ivyahishuwe 21:10). 

Yerusaremu yo mw’ijuru irashajije cane(Ivyahishuwe 21:11-21). Ku murongo wa 14 wo muri ico gice ca 21, batubwira ko iyo Yerusaremu ifise imfatiro cumi na zibiri, zanditswe ko amazina cumi n’abiri y’intumwa z’umwana w’intama. Kuko itorero rishingiye ku nyigisho z’intumwa cumi na zibiri. Ibi vyari bikwiye kubibutsa bimwe nababwira mu misi ishize, ko ivyo mwiga mu mashengero yanyu, ni vyaba bidahuye n’ivyavuzwe n’intumwa n’abahanuzi, nta kibanza muzoronka muri Yeruzaremu nshasha yo mw’ijuru. Za dimanche, za purgatori, induljensiya, vya Noheli,  amashapule, umusi w’iminyota, karema, Bikira Mariya n’abatagatifu, batisimu z’inzoya, canke batisimu zo gusuka amama y’amazi ku ruhanga, n’ibindi vyinshi…. Iyo yose n’imico yagiye yinjizwa mu muryango w’Imana idahuje n’inyigisho intumwa zarazwe na Yesu.

Mbese wumva ushaka gutahukana n’ishengero rya Kristu ngo wibere muri Yerusaremu nshasha yo mw’ijuru? Iyambure ivyo bintu abantu bagenda bongera ku butumwa bwahawe abera, kuko birahumanya ishengero. Noneho rero ngo: Nta kintu gihumanye kizogerayo, nta muntu bazemerera kuhagira akora ibitey’isoni cank’umubeshi, oya, ngo hazogerayo abafise amazina yanditswe mu gitabo c’ubugingo c’umwana w’intama (Ivyahishuwe 21: 27). Ariko twe abera, ngo tuzahakandagira dufise ubwiza bukayangana (Soma Ivyahishuwe 21: 22-26, n’ Abakolosayi 3: 4)

 

Abenshi nabahindukiye umwansi, kuko ngo nadomye urutoke ku bikorwa vy’amadini yabo. Ewe, baracanyanka! Gukomeza imihango y’idini ngo ukomeze kwandikwa mu gitabo c’idini nta co bimaze. Ico nkwifuriza n’ukwandikwa mu gitabo c’Umwana w’Intama w’Imana; nayo ivyo vyo mugitabo ca Paruwasi canke ishengero, uwogira amahera wese yogenda kugura ikaye mw’isoko akandikamwo abo yifuza ko bamubera abayoboke canke abo amaze kuronka. Ariko ntibivuze ko baca bandikwa mu gitabo ca Yesu. Mwene Data we, ikibarirwa n’icumva, icerekwa n’ikibona!

Imana iguhe umugisha!

Miburo Balthasar     

Publié dans : ||le 4 avril, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire