TWIGE IVYAHISHUWE 21: 22-27

TWIGE IVYAHISHUWE IGICE CA 21: 22-27

Ndabahaye mwiriwe mwese bene data mwumva uru rurimi rw’ikirundi/ikinyarwanda!

Hari haciye imisi mutabona icigisho, ariko ntimugire ngo narabibagiye, ah’ubwo nigisha benshi noneho bamwe bakaza gushikirwa batevye. Ariko hari n’igihe haza ivyihutirwa, nkabanza kurwana navyo.

Ndazi ko benshi muri mwebwe ari bwo bwa mbere mubona ibi vyigisho. Mwari mumenyereye ivy’igifransa n’icongereza (Mon Sauveur m’aime/My Saviour’s love); bivuga ku rukundo rw’umukiza wacu Yesu-Kristo. Abandi n’ubwa mbere. Ku buryo bw’umwihariko, ndahaye ikaze mwene data Christine mu kigwati c’i Yeruzalemu, nkaba ndamwipfurije umugisha wo kubona abandi bene Data bashobora gusabikanya nawe ijambo ry’Imana i Yeruzalemu. Tubahaye ikaze mwese muri ibi vyigisho vy’igitabo c’Ivyahishuriwe intumwa Yohani.

 Ubushize nari nabanje kubanyurizamo igice ca 10, nkinyujije kuri mwene Data Phenias Mbonihankuye; kuko cari icihutirwa cane. Noneho uyu musi turakomeza programme  isanzwe, nkuko twayitangiye. Abaje vuba ntimugire ikibazo kuko tuzatangirira ku gice ca mbere mu misi mike.

Mukwiye kurarika n’abandi, iri shule ryacu rigakomera cyane!

Dusome: Icyakora sinabonye urusengero muri uwo murwa, kuko umwami Imana Ishoboravyose n’Umwana w’Intama ari rwo rusengero rwawo. Kand’ibirimba vyawo ntibikenewe kwakirwa n’izuba canke n’ukwezi kuko ubwiza bw’Imana ari bwo buwumurikira, kandi Umwana w’Intama ariwe tara ryarwo. Amahanga azogendera mu muco wawo, abami bo mw’isi  bazane yo ubwiza bwabo. N’ibirimba bitigera vyugarirwa na gato, kuko ijoro ritabayo. Kandi bazozanayo ubwiza n’icyubahiro vy’amahanga. Muri urwo rurembo ntihazinjiramo ikintu gihumanya cyangwa ukora ibizira akabeshya, keretse abanditswe mu gitabo cy’ubugingo cy’Umwana w’Intama .

Kuva ku murongo wa 11 kugeza ku wa 21 havugwamwo uko uwo murwa umeze, ibiwubatse n’ibipimo vyawo. Ariko iyi mirongo tumaze gusoma (22-27) yerekana ko uwo murwa ariwo i wabo w’Imana kandi hakaba n’i wabo w’abantu.  Amahanga n’abami bazagendera mu bwiza bwawo bakawuzanamwo icyubahiro cabo ni wewe najewe, ni twaba twihanganye tukirinda guhemuka muri ibi bihe; dore ko  »ingero y’umwana ko ipfira mu magodoka ». Aha sinibeshe kuko  » Ufite umugabane mu kuzuka kwa mbere, arahiriwe kandi n’uwera. Urupfu rwa kabiri ntaco ruzogira abameze bartyo, ah’ubwo bazoba abahereji (abasaserdoti, abatambyi) b’Imana na Kristo kandi bazofatanya kuganza hawe na Kristo mu myaka 1000 (Ivyahishuwe 20:6)   Umwami wacu Yesu-Kristu aravuga ati: Mbabikiye ubwami nkuko Data yabumbikiye (Luka 22: 28). Mukomere kw’ibanga rero, kuko vyose vyerekana ko Yes’ari hafi kuza, tukaduga mw’ijuru hamwe n’abazoba mw’izuka rya mbere. Mbese iri jwi rivuga ngo:  »Hamagara abakozi ubahe umushahara wabo kandi utangirire ku baje nimugoroba » (Matayo 20:8), hari ico rikubwira? Va mw’itiro wige gukorer’Imana, kuko muri uwo muji, hazogera yo abahakoreye!!! URIMA ITIRO UKIMBUR’INGONERA!|!!!

Mugire umwaka mwiza w’ 2009, uze ubabere umwaka wo kweger.Imana cane, uwaka w’AMATA N’UBUKI!

Mwene So mufatanije ukwizera,

Miburo Balthasar

Publié dans : ||le 4 avril, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire