TWIGE IVYAHISHUWE 21: 2-5

 TWIGE IVYAHISHUWE 21: 2-5


>  Mbona umurwa wera Yerusaremu nshasha imanuka ivuye mw’ijuru ku Mana, yashajije nkuko umugeni ashaza imbere y’umugabo wiwe. Numva ijwi risemerera rivuye kuri ya ntebe riti: Raba ihema ry’Imana riri hagati y’abantu bayo, kandi izobana nabo, nabo bazoba abantu bayo, kandi Imana ubwayo izobana nabo, nabo bazoba abantu bayo, kandi Imana ubwayo izobana nabo ibe Imana yabo. Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho.kamdi kuboroga, kwiriririra, kuribwa ivyo ntibizongera kubaho na gato, kuko ivya mbere bizoba bishize. Imana ivyagiye kuri ya ntebe iraviga iti: Raba vyose ndabihinduye bishasha. Kandi iti: Andika kuko ayo majambo ari ayo kwizera n’ay’ukuri .
>   
>  Dukwiye kunezerwa cane n’iyi nkuru nziza itwemerera ko tuzoba ahantu hatagira intambara, hatagira abapolisi n’abasirikare, ata bitaro, ata munyororo, ata gutinya inzara n’inyota, aho abanyagihugu baho bose bazoba baguwe neza. Ngo nta munyagihugu waho azovuga ngo  »Ndagwaye », ababa muri iyo Yerusalemu bazoba barababariwe ivyaha vyabo (Yesaya 33: 24). Icompa nkibera muri iyo si itagiramwo ikambi y’impunzi, itagira mwo marariya na SIDA, n’ivyo bigwara bindi… Kurya ibiharage n’ubugari, ivyo ntbizovugwa. Ngo uwuzoba yabaye intwari agatsindira kuba ngaho hantu, azorya ku giti c’ubugingo kiri mu karima k’Imana (Ivyahishuwe 2: 7) yongere arye no kuri manu yahishijwe (Ivyahishuwe 2: 17).
>   
>  Mbese wumva ufise umugambi wo kujana natwe? Niba dusangiye umugambi, reka ibikorwa vyose vy’umwijima, ureke ibigambo bibi vyose biva mu kanwa kawe, wihanganire ibibi vyose abantu bakugiriye, ubaharire, hanyuma uze tugende! Muze tugendere mu muco w’Uhoraho (Yesaya 2:5) mw’izina ryera rya Yesu. Amen.
>  Imana ibane na mwebwe mwese rero!
>   
>  Mwene So musangiye intambara,
>  Miburo Balthasar

Publié dans : ||le 4 avril, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire