TWIGE IVYAHISHUWE 21: 1

TWIGE IVYAHISHUWE 21: 1.

N’uko mbona ijuru rishasha n’isi nshasha, kuko ijuru rya mbere n’isi ya mbere vyari bitakiriho, n’ikiyaga naco n’uko.

Noneho dukomeze ivyigisho vyacu. Mwibuke ko umugambi ar’uwo kwiga igitabo cose c’Ivyahishuwe. Muze murarika abandi benshi twige ijambo ry’Imana, muringike e. mails zabo ni babikunda. Ni twarangiza, tuzoca dutangurira ku gice ca mbere, kuko ibi vyigisho twabitanguriye ku gice ca 17 cari kibabaje benshi.

War’uziko ibi vyose turabisha amaso bigiye kuzohinduka Yesu ni yagaruka? Ijuru rizavaho habe no guhinda gukomeye maze urufatiro rw’ivyo vyose turabisha amaso bizoshonga kubera umuriro uzoba waka cane isi n’ibirimwo bizotongorwa. Kandi nkuko yabisezeranye, dutegereje ijuru rishasha n’isi nshasha bitazorangwa mw’icaha (2Petero 3: 10, 13). Aha ni ho nifuza guhurira na mwebwe. Kuko nta munyavyaha yojayo. Uwo muriro kandi ngo uzorigata abanyavyaha. Kuko niba dukor’ivyaha ibigirankana tumaze kumeny’ukuri, ntihaba hagisigaye impongano y’ivyaha; ah’ubwo n’ukurindirana ubwoba ugucirwa kw’iteka, no kurindira ikibengebenge c’umuriro kizorigata abansi b’Imana  (Abaheburayo 10: 26-27). Aba Bibiliya yita abansi b’Imana, bariko barahitamwo muri iyi misi nyene ikibanza kibi co kurigatwa n’umuriro w’Uhoraho. N,ukuvuga ko bahakana gutegekwa n’Imana, bakizera ayandi mangetengete. Abenshi biyita abakristo kandi ataribo. Kandi rero ngo n’aho bobagirira ubuntu bakabageza mw’ijuru, ntibomenya kuribamwo. Umunyavyaha naho womugirira neza ntabwo aziga gutungana, no mu gihugu c’ivyiza azohakorer’ivyaha, n’ ubwiza bw’Uhoraho ntazobwibanga (Yesaya 26: 10). N’uko rero, muri uwo murwa w’Imana, ntagihumanye kizinjirayo, uwukora ibizira n’umubeshi ntibazogerayo, kiretse abanditswe mu gitabo c’ubugingo c’umwana w’intama w’Imana (Ivyahishuwe 21: 27).

Isengesho mbasengera n’uko mwokwama musuzuma ukuntu mugamburukir’Imana n’ukuntu mwisunga akarorero ka Kristu, kugira ngo amazina yanyu ave mu gitabo c’urupfu aje mu gitabo c’ubugingo kandi agumemwo, mw’izina ryera rya Yesu. amen.

Ndi mwene so musangiye intambara mu mwami,

Miburo Balthasar

 

Publié dans : ||le 4 avril, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire