TWIGE IVYAHISHUWE 20: 7-10

TWIGE IVYAHISHUWE 20: 7-10

Imyaka 1000 ni yashira hazob’iki?

 (Ni haba hariho uwo nibagiye, muramwereka iki cigisho)

Iyo myaka 1000 ni yashira, Satani azobohorwa. azosohoka aje guhenda amahanga yo mu mpande zine z’isi, Gogi na Magogi, kugirango ayakoranirize ku rugamba, igitigiri cabo kingana n’umusenyi wo ku kiyaga. Bazoduga bakwire isi yose, bakikize amahema y’abera n’umurwa mukundwa. Maze umuririro uzotibuka uvuye mw’ijuru ubayigize, kandi Satani yababesha ajugunywe muri ca kiyaga caka umuriro w’amazuku, harimwo ca Gikoko na wa muhanuzi w’ibinyoma. Bazobabazwa ijoro n’umurango ibihe vyose.

Dukwiye kunezerwa tukavuga tuti: Haleluya! kuko Imana idufiye imigambi myiza. Amen. Mu bivugwa muri iki gice, wohava wibaza ko hazoba hakiri amahanga yandi kw’isi inyuma y’imyaka 1000. Oya, uribuka icigisho giheruka, cavuga ngo:  Uko ni kwo kuzuka kwa mbere. Abapfuye bandi ntibaba bazima iyo myaka 1000 itararangira.(Ivyahishuwe 20: 5). Abo bantu Satana azohendahenda n’abazoba bazutse mu kwuzuka kwa kabiri, inyuma y’imyaka 1000. N’abapfiriye mu vyaha bo kw’isi yose. Wibuke ko handitswe ngo: Ubu butumwa bwiza bw’ubwami bizovugwa kw’isi yose, bube nk’ikimenyetso gishinga intahe, noneho umuhero ubone kuza (Matayo 24: 14). Bose bazovyumva imbere yo kugaruka kwa Kristo, ni wo mugambi w’Imana. Ni nawo murimo turiko turakora, mw’izina rya Yesu. Amen. Aya majambo ngo Gogi na Magogi, asobanura ngo Satani azoba ari nk’umwami mu ngabo ziwe. Kuko Gogi yar’ umwami yatwara mu gihugu c’i Magogi (Soma Ezekiyeli 38: 2). Ico gihugu cari muri biriya bice vyo mu Burusiya. Soma neza aya mazina y’intara uwu mwami ategeka muri Ezekiyeli 38: 3: Haravuga ngo: Gogi wo mu gihugu ca Magogi, umwami w’i Roshi, n,i Mesheki n’i Tubal. Hari ivyo mukwiye kumenya: Mesheki (mu gifransa=Meshec, iryo jambo ni ryo ryavyaye ico bita Moscou(soma Mosku) , Moscow mu congereza. Roshi, niryo ryavyaye ico bita Russie, Russia mu congereza, Tubali, rivyara Tbilisi.  N’iyo uravye kw’ikarata yo mu Balayi, usanga biri mu ntara zegeranye: Moscou, n’agahugu kitwa Russia biri haruguru, ariko Tbilisi iri hepfo gato, ni wo murwa mukuru wa Georgie. Iri zina rya Roshi ryarakuze cane, ni naryo ryitirirwa igihugu kinini c’ Uburusiya (Russia). Hariho agahugu kitwa Russia, hakaba n’Uburisiya bunini

Satani azozanana ubugome nk’ubwo abami bo muri ivyo bihugu bari bafise, kuko bigira ngo n’intwari mu rugamba zisumvya imbaraga isi yose. Bazoza, bakikize umurwa w’abana b’Imana Yerusaremu yera, muri ya mazu Yesu yagiye kudutegurira. Mu gihe bazoba bibaza ko bamaze kutugota, ngo bigarurire iyo paradizo, ni ho Imana yacu izomanura umuriro ukabatongora. Bantu mushaka kuba muri Israeli y’Imana, turahiriwe! Ubuhanuzi buravuga ngo: Uwo musi uzigira inama mbi mu mutima, maze uvuge uti: Ngiye kuduga nje gutera karya gahugu k’ivyiza kadakikijwe n’uruzitiro, bariya bantu biraye ndabatere batiteguye, kuko bose uko bangana bibera ahantu hatagira n’urugo rw’amabuye, hatagira n’amarembo yugaye, noneho nsahure nijanire iminyago (Ezekiyeli 38: 10-11). N’uko rero mwana w’umuntu, bwira Gogi uti: Umve uko Umwami Uhoraho avuga ngo: Ngira mpangane nawe Gogi, mwami w’i Roshi n’i Mesheki n’i Tubali. Nzogusubiza inyuma ngushorere nkudugana, uturutse mu burengero bwa kure, nkugeze ku misozi y’Israeli. Nzokuvunir’umuheto wawe uri mukuboko kw’i buryo, nzowugutesha, n’imyampi yawe yose uzoba ufise mu kuboko kw’i buryo, nzoyigutesha, ikorokere hasi. Uzogwa ku misozi y’Israeli wewe n’ingabo zawe, n’amahanga azoba ari kumwe na wewe. Nzokubagir’ibisiga vy’amoko yose bikurye vyikure, uzotanyagurwa n’inyamaswa zo mw’ishamba. Uzogwa mu gahinga, ndabikubwiye jewe ubwanje (Ezekiyeli 39: 1-5). Ntabwo nshaka kubigisha inkuru z’ivyabaye, canke ibizoba ku Burusiya, ariko ndagomba kubabwira ko ugutsindwa kwa Satani kwa nyuma, kugereranywa n’iryo bara Uhoraho avuga rizogwa kuri Gogi. Ni yaba umuhanuzi Ezekiyeli yabivuze mu migani, hano Yohani avyeretswe neza. Shetani n’ingabo ziwe zose z’abanyavyaha, bazoturirwa ku musi wo kuzuka kwa mbere.

Mbese koko bazosha igihe cose?

Bibiliya yigisha neza ko gusha igihe cose bisobanurwa gusha nkuko Sodomu na Gomora vyahiye: Kandi Sodomu n’i Gomora n’ibisagara bihegereye… ivyo bisagara vyabaye akabarore, maze bihanishwa umuriro w’ibihe vyose (Yuda, umurongo w’7). Nta bwo umuriro w’i Sodomu n’i Gomora ukiboneka ubu, ariko bisobanurwa ngo bazosha barangire ubutakigaruka. Abenshi bigisha ko umuntu azobabazwa hakurikijwe urugero rw’ivyaha vyiwe, ngo noneho Satani akazoba ariwe ababara igihe kirekire kuko ariwe sôko y’ivyaha vyose. Bibiliya ivuga iti: Kuko naho bomera nk’amahwa asobekeranye, canke nk’ababorwe  n’inzoga, bazoturirwa nk’ivyakatsi vyumye (Nahumu 1: 10).

Ubu nibwo busobanuro nyakuri bw’umuriro udahera. Kuko ntibishoboka ko umunyavyaha  yosha yumva igihe cose, murumvako yoba nawe afise ubuzima budahera. Ego, ntibwoba ari ubuzima bw’amahirwe, ariko bwoba ar’ubundi buzima budahera mugabo bw’umubabaro. Ijambo ry’Imana ryemerera ubuzima buhoraho abizera Yesu-Kristo gusa: Kuko Imana yakunze cane abari mw’isi, vyatumye itanga Umwana wayo w’ikinege kugira mgo uwumwizera wese ntaz’apfe rubi, ah’ubwo ahabwe ubuzima budahera (Yohani 3: 16). Amen.

Publié dans : ||le 4 avril, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire