TWIGE IVYAHISHUWE 20: 4-6

TWIGE IVYAHISHUWE 20:4-6

Ukuzuka kwa mbere n’ubwami bw’imyaka igihumbi.

Ndashaka kubanza kubibutsa ko ejo bundi twabonye ko Satani azoboherwa mw’isi y’umusaka kumara imyaka 1000, ata muntu ari kuriyo, kuko abanyavyaha bazoba barapfuye. aberanda n’abo bari mu musi mukuru w’imyaka 1000.

Dusome ijambo ry’Imana rero:

Mbona intebe z’ubwami, mbona n’abazicayeko bahabwa ubucamanza. Kandi mbona imitima y’abaciwe amazosi babahora gushingira intahe Yesu n’Ijambo ry’Imana, aribo batasenze ca Gikoko canke igishushanyo caco, kandi batashizweko ikimenyetso caco. Barazuka, bafatanya kuganza hamwe na Kristo mu myaka 1000. Ukwo ni kwo kuzuka kwa mbere. Abapfuye bandi ntibaba bazima iyo myaka 1000 itararangira. Barahiriwe kandi n’aberanda, abafise umugabane mu kuzuka kwa mbere. Urupfu rwa kabiri ntaco ruzobagira, ah’ubwo bazoba abahereji(abishikira ku Mana: Yohani 16: 26-27) b’Imana na Kristo, kandi bazoganziriza hamwe mu myaka 1000.

Murahiriwe kuko muriko murazibukira ico kimenyetso c’igikoko kuko kizofata abo bose banse gukunda ukuri ngo bakizwe (2Abatesalonika 2: 9-12, musome mwitonze iyo mirongo). Kudafata ico kimenyetso, bisobanurwa ngo kugamburukira Imana nka Kristo n’aho wobona ko vyokuviramwo urupfu (Soma Abafilipi 2:8 na 1Petero 2: 21). Nuko rero ni mweze amasabato yanje kugira ngo abe ikimenyetso hagati yanje namwe (Ezekiyeli 20: 20). Bene data, baca umugani mu kirundi ngo: IKIBARIRWA N’ICUMVA, ICEREKWA N’IKIBONA: Ngaho Imana imaze kubamenera akabanga: ikimenyetso cayo n’ISABATO. Abamarayika bariko baravuga bakiranwa ngo: Ntihagire ico mugira isi canke ikiyaga, canke igiti cose, tutaramara gushira ikimenyetso c’Imana ihoraho mu ruhanga rw’abasavyi b’Imana yacu(Ivyahishuwe 7:3). Aya majambo ngo: isi, ikiyaga n’ igiti cose, asobanurwa kumwe, n’ukuvuga ngo  »abantu » mu mvugo yo mu buhanuzi. Reka tubirabire hamwe: 1/Isi n’abantu: Matayo 5: 14; 2/ Ibiyaga n’abantu: Ivyahishuwe 17: 15; 2/ igiti cose, n’abantu: Matayo 3: 10. Abamarayika bagenda bashira ikimenyetso ku ruhanga rw’abantu bose bemeye isabato y’Imana nk’ikimenyetso hagati yabo n’Imana yabo. Ni barangiza kudoma ikimenmyetso ku ruhanga rw’ abasavyi b’Imana y’abamarayika(Ivyahishuwe 7:3), abanyavyaha bazoba basigaye bo kw’isi nta mahoro y’Imana yandi bazoba bakibonye. Nta mahoro y’abanyavyaha, niko Imana yanje ivuga (Yesaya 57: 21) Ni mugende muce mu gisagara mumukurikire, maze mukubite mutababarira, canke ngo mugire akagongwe, mugeseze umusaza n’umusore n’inkumi, abana bato n’abagore, ariko ntimukore ku muntu wese afise ico kimenyetso… (Ezekiyeli 9: 5-6) Isabato izoranga abantu b’Imana mu gihe canyuma. Kuko Isabato ari ikimenyetso c’Imana, Dimanche ikaba ikimenyetso c’amadini yagararije n’abapagani bose.

Abo batemeye gufata ikimenyetso c’igikoko, bazoba mu mugabane wo kuzuka kwa mbere, kandi n’ubu bariyizi, bafise ukwizera kudakekeranya. Kuko Umwami ubwiwe azomanuka avuye mw’ijuru, asemerere n’ijwi rirenga, hamwe n’ijwi rya Marayika mukuru n’inzamba y’Imana, n’uko abapfiriye muri Kristu nibo bazozuka ubwa mbere, maze natwe abazoba bakiriho basigaye duhereko tugurukane nabo, tuduganwe mu bicu, gusanganira umwami mu kirere. N’uko rero tuzobana n’Umwami ibihe vyose  (1Abatesa-lonika 4: 16-17). Abapfuye bandi ntibazoba bazima imyaka 1000 itararangira. Barahiriwe kandi n’aberanda abafise umugabane muri uko kuzuka kwa mbere. Ni bo bazogurukana na twe. Vyemere udakekeranya, wihane ivyaha vyawe, isabato y’Imana ntigutere amadidane, noneho uzogurukana n’abizera bari mw’isi yose, n’abapfiriye muri Kristo kuva kera na rindi. Uzoba umuhereji, n’ukuvuga umwishikira wo mu rugo rwa Data(Yohani 16: 26-27), uzoganza hamwe na Kristo muri iyi myaka 1000. Bizogutangaza kubona Imana igukunda urukundo rungana n’urwo ikunda Umwana wayo, utari ubikwiriye. Burya amaraso ya Yesu yaratwungiye ubumwe n’Imana,  bene Data, ku buryo burengeye ivyo umwana w’umuntu yotegera!!!!!!

Imyaka igihumbi se, ni yarangira hazob’iki? Tuzovyiga mu cigisho gikurikira.

Miburo Balthasar

Publié dans : ||le 4 avril, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire