TWIGE IVYAHISHUWE 2: 24-29

 

UBUTUMWA BWIZA KU BASIGAYE

Ariko mweho abasigaye mu b’i Tuwatira, abadafise iyo nyigisho mwese, batamenye ivyo ba bandi bita ivyo mu kuzimu vya Satani, ndababwira nti: « Nta wundi mutwaro ndabikoreza atari uwu;25ko mwumira ku co mufise mugashitsa aho nzozira. » Uwunesha akitondera ibikorwa vyanje agashitsa kw’iherezo, nzomuha ububasha bwo kuganza amahanga. Azoyaragiza inkoni y’icuma, nk’uko bamenagura inzavya z’ibumba; nk’uko nanje nahawe na Data. Kandi nzomuha ikinyenyeri co mu gaturuturu. Uwuri n’ugutwi, ni yumve ico Mpwemu abwira amashengero.(Ivyahishuwe 2: 24-29).

Related image

Hano biragaragara neza ko kwitwa ishengero ry’abasigaye ko ar’uguterwa agateka n’Umwami wacu, kandi bishikira bake cane kwitwa abasigaye. Ushobora no kubana n’abasigaye, ariko utar’uwasigaye. Yesu ntategetse ngo abasigaye b’i Tuwatira basohoke kugirango bareme itorero ryabo, yerekanye ko i Tuwatira hari ibice bibiri mw’itorero: Hari abakundira Yezeberi ngo yigishe, hakaba n’abazimiye kubera Yezeberi: abo nibo twita mu mvugo y’i wacu: Abaguye. Hakaba n’abadakurikiza izo nyigisho mbi, nibo basigaye. Icompa uko kwose musomye ibi vyigisho, nkumva mukomeza guter’imbere mwikomeza mu Mwami, kugira ngo musigare muhagaze nk’abagabo, mu gihe amadini, politike, inzoga, abagore, amafaranga, amatongo biriko biragusha benshi bigira ngo ni bene Data. Umwami wacu Yesu-Kristu yaratubwiye mu misi iheze ngo: Ndazi amarushwa yawe n’ubworo bwawe (yamara uri umutunzi), n’ibitutsi vy’abiyita Abayuda, atari bo, ariko ari isinagoga ya Satani (Ivyahishuwe 2: 9). Bikunze kuboneka kenshi mu mashengero, abantu bakaza bifitiye za ivyo baaha kugerako, bakaririmba ngo bimare agashavu ariko atar’uko bagomba guhimbaz’Imana, abandi bakaba bifitiye inyigisho zabo bagomba guhitisha ku ruhimbi, bakanavuga ngo n’ivyo beretswe n’Imana. Vyageze n’aho benshi bafata umurongo umwe wa Bibiliya bakawugira ishimikiro ry’inyigisho yabo, iyindi mirongo yose bakayireka ngo ni Mpwemu Yera yababwiye kugenza bartyo, n’ibindi, n’ibindi…

Yesu aravuga ati: Nta wundi mutwaro mbikoreza, mukomeze ivyo mufise kugeza aho nzozira (Ivyahishuwe 2: 24-25). Ivyo dufise tugomba gukomeza n’ibiki? N’ibi ngo: « Ni hagira uwunkunda, azokwitondera ijambo ryanje, kandi Data azomukunda, maze tuzoza kuri we, tubane na we. Ni mwankunda, muzokwitondera ivyagezwe vyanje, 16nanje nzosaba Data, na we azobaha uwundi Mwitsa, ngo azobane namwe ibihe bidashira Ni mwitondera ivyagezwe vyanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nitondeye ivyagezwe vya Data, nkaguma mu rukundo rwiwe. Muri abakunzi banje, ni mwakora ivyo ndabategetse. (Yohana 14:23, 15-16; Yohana 15: 10, 14).

Hadutse abahanuzi b’ibinyoma bigisha ko Yesu na Paulo batubohoye ku mategeko ya Data. Abo bantu murabirinda mubamize yompi. Aha niho ukwihangana kw’abera guserukira, bitondera amategeko y’Imana bakagira ukwizera nka Yesu (Ivyahishuwe 14: 12). Ico kibazo c’amategeko cama kivyuka iyo ijambo ry’Imana rihirahiriye rikavuga ko mu mategeko cumi handitswe mwo isabato. Bo baca bahungira i Roma, bati ntimushobora kudukura ku musi Yesu yazutseko. Bati umusi ntakintu uvuze ngombwa n’uko  twosenga Imana mu mahoro, tugakundana nk’abavandimwe.

Ni waba wemera ko aya mategeko ngo ntiwice, ntusambane, ntubeshe, ar’ amategeko y’Imana, emera ko n’iri rivuga ngo Wibuke kwez’umusi w’isabato naryo ryanditswe mur’ayo cumi (Kuva 20: 3-17 na Yakobo 2: 10-11). Turetse no kuvuga ukuntu umwami Konstantino yarivumereye ku wa 7 Ntwarante 321 (7 Werurwe 321), reka turabe no mu mategeko atandatu y’Ekleziya gatolika mu Burundi, nkuko vyari vyanditswe mu gitabo citwa IKATEKISIMU muri 1961, imbere y’uko ihinduka YAGA MUKAMA: 1/ Uhimbaze umusi wa Mungu n’imisi mikuru itegerezwa 2/Wumve misa ku musi wa Mungu no ku misi mikuru itegerezwa. 3/Uhabwe isakramentu rya Penetensiya rimwe mu mwaka. 4/Uhabw’ikomuniyo mu misi ya Pasika. 5/ Wisonzeshe ku musi wa gatanu mutagatifu 6/Nturye inyama ku musi zizira.

Ushobora kuraba mu bihugu vyose, ugasanga bose bemera ko iryo tegeko ryo guhimbaza umusi w’Imana barikomeyeko cyane, ariko nta na hamwe riboneka muri Bibiliya. Umusi w’Imana wa Bibiliya n’ umusi w’indwi,  ariko Ekleziya gatolika yahaye amashengero yivyariyeumusi wa mbere w’imisi indwi, ari wo twita icumweru. 

Ibi muranakumbura muvyumve kandi muvyiteho, kuko Ivyanditswe Vyera biratonganya Ekleziya Gatolika ngo: Ababisha bawe batontomeye hagati y’aho twakoranira mu kugusenga, bashinze amabendera yabo ngo abe ibimenyetso (Zaburi 74: 4) Ibendera ry’Imana ryanditswe ko ngo: AHA NIHO KWIHANGANA KW’ABERA KURI BITONDERA AMATEGEKO Y’IMANA, BAKAGIRA KWIZERA NKA YESU (Ivyahishuwe 14: 12). Har’itandukaniro hagati y’amategeko y’Imana n’ay’Ekleziya. Mu vyo wahawe na Yesu, dimanche ndazi ko ntayirimwo, nzi ko wayihawe n’idini. Ivyanditswe Vyera bivuga ko umusi w’Imana  ari  »Isabato » yo mu mategeko cumi (Yesaya 58: 13), atari irya ya Mose ivugwa muri Abalewi 23: 26-32). Uwufise ugutwi, niyumve ivyo Mpwemu abwira amashengero: UWIZIBA AMATWI NGO NTIYUMVE AMATEGEKO , N’AMASENGESHO YIWE ARASESEMA IMANA (Imigani 28: 9).

Imana ibagirire neza mwese.

ANDIKA IBISUBIZO KURI IKI CIGISHO NGAHA HEPFO HABIGENEWE

Publié dans : ||le 15 mai, 2009 |1 Commentaire »

1 Commentaire Commenter.

  1. le 18 mai, 2009 à 19:58 jeannette écrit:

    Ndashimiye cane rwose kubw’ibi byigisho ni ibyigisho biziye igihe kandi nizera ntashidikanya ko bizakiza imitima ya benshi. Mugumye mugire umwete

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire