TWIGE IVYAHISHUWE 2: 20-23

YEZEBELI

Ariko mfise ico ndakugayako, yuko ukundira urya mugore Yezebeli, yiyita uwuvugishwa n’Imana, akigisha akazimiza abakozi banje, kugira ngo bashegure barye ivyashikaniwe ibigirwamana. Kandi namuhaye uburyo bwo kwihana, ntiyakunda kwihana ngo areke ugushegura kwiwe. Ehe ndamutsinda ku buriri, ndarungikira abasambana na we amarushwa menshi, ni batihana ibikorwa vyiwe. Kandi n’abana biwe nzobicisha urupfu, kandi amashengero yose azomenya yuko ari jewe nsesa mu mishaha no mu mitima, kandi nzokwishura umuntu wese wo muri mwebwe ibihwanye n’ivyo mwakoze (Ivyahishuwe 2: 20-23)

Yezebeli ninde?

N’umukobwa wa Etibali, umwami w’Abasidoni (1Abami 31). Uwu mukobwa wa Etibali n’umwana wo mu bapagani, yari yaje kurongorwa n’umwami mubi w’umunyavyaha  w’Umwisiraeli yitwa Ahabu: Turasoma muri Bibiliya ngo: Ariko Ahabu mwene Omuri akora ivyankwa n’Uhoraho kuruta abamubanjirije bose. Nuko bimubereye bito kugendera mu vyaha vya Yeroboamu mwene Nebati, ariyongeranya, arongora Yezebeli umukobwa wa Etibali, umwami w’Abasidoni, aragenda akorera Baali arayirayisenga (1Abami 16: 30-31)

Image result for Jezebel Bible

Uyu Yezebeli, umukobwa wa Etibali, mu buryo bwo mu mwuka canke bwa gihanuzi, bisobanurwa ngo: bariya bose twemerera kuza gufata amagambo mu materaniro y’abizera kandi atari abizera ntibabe n’abategetsi ba Leta. Birashaka kuvuga kandi bariya bantu tugira inshuti z’inkoramutima kandi tudasangiye kwizera. Ntivyemewe ko umukristu aja gukundana n’umukobwa w’umupagani ngo bubakane, canke ngo umukobwa w’umukristu yemere gukundana n’umupagani ngo mwubakane, nkuko cazira mu bana b’Israeli kuza gushinga urugo hamwe n’umuntu mudahuje ubwoko. Kuko nkuko Israeli ari ubwoko bw’Imana bwatoranijwe, namwe muri ubwoko bwatoranijwe,  abahereji/abasaserdoti) b’ubwami, ihanga (ihanga) ryera n’abantu Imana yiharije, kugirango mwamamaze ishimwe ry’Imana yabahamagaye, ikabakura mu mwijima, ikabageza mu muco wayo utangaje. Kera ntimwari ubwoko ariko none muri ubwoko bw’Imana. Kandi ntimuze musabirane nabo ngo abahungu banyu mubasabire abakobwa babo, canke ngo abakobwa babo mubashingire abahungu banyu. Kuko bohindura abahungu banyu ntibayoborwe nanje, ah’ubwo bagakorera izindi mana, ivyo bigatumaishavu ry,Uhoraho rirururumba akabahonya. Ntimwifatanye n’abatizera mudahwanye.  Canke Uwizera n’uwutizera bafitaniye umugabane ki?Cyangwa umucyo n’umwijima vyabana bite? (1Petero 2: 9-10; Gutegekwa kwa kabiri/Gusubira mu Vyagezwe 7: 3-4; 2Abakorinto 6: 14-15)

Yezeberi ayobya abantu b’Imana gute?

Arabazimizaa mu kubigisha gusenga imana z’inyamahanga. Bibiliya iti: »Yubakiye Baali uruhimbi mu nzu ya Baali yari yubatse i Samariya. Kandi yiremera Ashera, ndetse Ahabu uwo  arusha abandi bami b’Abisitayeli bamubanjirije bose gushavuza Uhoraho Imana ya Isiraeli (1Abami 16: 32-33). Nta wigeze gusa na Ahabu yabaye umuja w’ivyaha vyankwa n’Uwiteka, yohejwe n’umugore wiwe Yezebeli (1Abami 21: 25). Mugihe itorero rya Kristu rigiye kwivangavanga n’abapagani, abungere baryo bakigira ba sindabibazwa, nta kindi gikurikira atar’uko itorero rihinduka akarumba k’abadayimoni. Noneho Yesu tukamukoz’isoni, nawe ati: Bakubona ugenda nabwo uri intumbi (Ivyahishuwe 3: 1).

Ntuzakunde ko Yezeberi abona ikiryamo mu nzu yawe, ntuzemere ko Yezeberi agira icicaro mu mutima wawe, waba wihamagariye uburakari no kurimbuka bivuye k’Uwiteka Imana yawe.

Kwihana kwa Yezeberi kuri kure nk’ukwezi

War’uziko uyu mwami Ahabu yigeze kwihana, n’Imana bikayitangaza ikamuharira ivyaha vyose uyu mugore yamwoheje?  N’uko yaja akora nabi cyane, akurikira ibishushanyo bisengwa nkuko Abamori babigenza kwose, abo Uhoraho yirukanye imbere y’Abisiraeli. N’uko Ahabu amaze kwumva ayo majambo atabaguraa imyambaro yiwe, yambara ibigunira, yiyiriza ubusa, yirirwa aryamye ku bigunira, akagenda asoboka. Hanyuma ijambo ry’Uhoraho rigera kuri Eliya w’i Tishubi riramubwira riti: Wabonye uko Ahabu yicishije bugufi imbere yanje? Ko yicishije bugufi imbere yanje sinzomuteza ivyo vyago (1Abami 21: 26-28). Ahabu yagiye kuzira ibindi yakoze nyuma ariko Uhoraho yari yaramuhariye umusi yihana (Soma Abami 22, igice cose). Yezeberi yahitanywe n’ivyaha nawe, we ntiyigeze yibaza ivyo  kwihana (2Abami 9: 30-37)

Wari uziko umukobwa ushobora ku muresha mudahuje kwizera, akakubwirango ivyo vyamadini yawe ntubimuraba; canke umuhungu akakubeshya ngo kuba mudahuje kwizera ntaco bivuze? Ariko iyo mugeze mu nzu, atangura kuvuga ko ivyo bintu vyawe arivyo bikubuza kugira ico wimarira nk’abandi, bikagera n’aho avuga ngo utabihevye muzatandukana. Bitangura gute? Kuko mu gihe wowe ushatse kwihagararaho uti sinakora ibi, sinajya hariya hantu, sinafadikanya na baramu banjye canke ba databukwe muri ibi bintu, kuko mbona ko Yesu atabikunda, uwo mwubakanye we abona ko umubereye intambanyi. Noneho mukarara muhagaze. Benshi barongora muri ubwo buryo, ngo niyagera mu nzu nzomuhindura, ariko usanga hakumuhindura niwe aguhindura.

 No mw’itorero n’uko biri: Benshi bagenda kurara baratamba mu gipagani, bagasangira nabo imigambi yose, bakarya bakanywana,  imisi mikuru y’abapagani bakayinjiza mu rusengero rw’Imana. Hakwemera ko babiterwa n’irari ryaba cangwa indangari, bitwaza ngo batifatanije n’abapagani ntibashobora kubahindura. Yamara uravye, usanga ab’isi baduhindura cyane iyo twifatanije nabo gusumba uko twebwe tubahindura. Ariko ubundi umuco n’umwijima bihuriye he? Ntibishoboka ko mushobora kunywera ku gikombe c’umwami wacu ngo munywere no ku gikombe cy’abadayimoni. Ntimushobora gusangira ivyo ku meza y’Umwami wacu n’ibyo kumeza y’abadayimoni (1Abakorinto 10: 21).  

Ni mukomeze inzira imwe, mutere muj’imbere, mureke gukebaguzwa, Yesu ari hafi kuza! Amen.

ANDIKA IVYO WIBAZA KURO IKI CIGISHO NGAHA HEPFO HABIGENEWE.

Publié dans : ||le 11 mai, 2009 |2 Commentaires »

2 Commentaires Commenter.

  1. le 11 mai, 2009 à 13:42 Ntezitaremye Athanase Raimond écrit:

    Yesu ashimwe cyane nanjye ndishimye cyane kubw’iri jambo kuko muri iyi minsi niryo ririmo kumfasha kuko iyo urebye abantu besnhi bari mu buyobe bwa satani ariko ngo burya tugomba kwitandukanya n’abatizera tudahwanye nanjye nkaba mbwira abakurikirana iki kigisho ngo ntawe ucyeza abami babiri kuko yakurikira umwe akareka undi.
    Yesu aduhane umugisha hamwe no gutekereza kuri iki kigisho.

  2. le 11 mai, 2009 à 15:10 mpawenayo écrit:

    Ndanezerezwa n’ivyigisho vyanyu, ni vyiza, biratomoye ariko sindonka umwanya mwiza wo kuviga neza kuko ndabibona ndikuri Cyber akamachine kariko gaharura amahera.Niba bishoboka ko ndabironka ari igitabo bigaca kuri Boite postale, vyoba vyiza kurusha.
    B.P 2815 Bujumbura-Burundi

    Albert Mpawenayo

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire