TWIGE IVYAHISHUWE 2: 18-29

URWANDIKO RWANDIKIWE ITORERO RY’I TUWATIRA (THYATIRE)

Uru rwandiko narwanditse mu kinyarwanda ariko ubusobanuro buri mu kirundi

Wandikire marayika w’itorero ry’i Tuwatira uti: Umwana w’Imana, ufite amaso asa n’ibirimi vy’umuriro, n’ibirenge bye bigasa n’umuringa w’umuteke aravuga aya magambo ati: Nzi imirimo yawe n’urukundo rwawe no kwizera kwawe, no kugabura kwawe no kwihangana kwawe, n’uburyo imirimo yawe ya nyuma iruta iya mbere kuba myinshi. Nyamara mfite ico nkugaya, kuko ukundira urya mugore Yezebeli wiyita umuhanuzikazi akigisha imbata (1) zanje akaziyobya, kugirango zisambane kandi zirye intonorano(2). Icyakora namuhaye uburyo bwo kwihana, ariko ntiyashaka kwihana ubusambanyi bwe. Dore nzamugusha ku buriri, muteze amakuba menshi n’abasambane be nibatihana imirimo yabo mibi. Kandi n’abanabe nzabicisha urupfu, amatorero yose amenye yuko ari jye urondora ubwenge n’imitima, kandi nzitura umuntu wese wo muri mwe ibikwiranye n’ibyo yakoze.

Ariko mwebwe abasigaye b’i Tuwatira, badakurikiza izo nyigisho kandi batazi ibyo ba bandi bita ubwiru (ari bwo bwiru bwa Satani!), ndabwira nti: Nta wundi mutwaro mbikoreza keretse uyu, ko mukomeza ibyo mufite mukageza aho nzazira. Unesha akitondera imirimo yanjye akageza ku mperuka, nzamuha ubutware bwo gutwara amahanga yose, azayaragiza inkoni y’icuma nk’aho ari inzabya z’ibumba, ayimenagurize rimwe, nkuko nanje nabihawe na Data. Kandi nzamuha inyenyeri yo mu ruturuturu. Ufite ugutwi ni yumve ico Mwuka abwira amatorero.

Amajambo agoye:

(1) Imbata: mu kirundi imbata n’ibinyoni bimeze nk’ibishuhe bashobora kworora (canards mu gifransa). Iyo abanyarwanda bavuga imbata baba bavuga ico abarundi bita umusuku canke umusavyi.

(2)intonorano: mu kirundi, n’ ivyokurya vy’ibiterekerezwa. Ku bakiri bato batabizi, n’ukuvuga ivyo kurya canke ibinyobwa vyakoreshwa mu ndaro z’imizimu mu guterekera, canke mu birori vyo kubandirwa Kiranga, canke mu yindi mihango y’abo kera bita ABASHENZI (abapagani batagiye kwiga ijambo ry’Imana ku misiyoni, kera bitwa  »abashenzi »)

Image result for eveques et Cardinaux

Reka tubanze turabe uco iri zina Tuwatire rivuga. Si izina ritomoye neza n’ubwo abenshi bagerageje kurisobanura.Ikizwi n’uko, turavye indimi z’abazungu zavyariranye, duca dusanga  iryo zina ryosobanurwa ngo: Akamotera k’ibikorwa.(Impumuro y’imirimo). Ishengero ry’i Tuwatira, ntituzi neza amateka yaryo. No mu buhanuzi igihe kigereranywa n’Ishengero rya Tuwatira ntigitomoye neza. Benshi bakekako umugore yitwa Lidiya, ko yoba ariwe yahabwirije ubutumwa bwiza (Ivyakozwe n’intumwa 16: 14)

Tuwatira cari igisagara ruranguranwa mu guhingura impuzu z’imihemba (zitukura), ari naryo bara ry’inyambarabami (Ivyahishuwe 17: 4). Ico gisagara carimwo amahinguriro menshi. Ibikoresho vyinshi babihingura mu miringa y’imyakaka.  Erega n’akarenganyo kabaye muri iki gihe kidatomoye karerekana ko cari nk’igihe co gucisha mu ruganda ishengero ry’Imana ngo ritunganywe rwose. Ni ho ishengero ryaciye mw’ ihinguriro ry’Imana.

Ariko kuki tuvuga ko ico gihe kidatomoye nka neza?

 Mwibuke ko twize mu misi ishize ko ishengero ry’i Pergame rigereranywa n’iryo kuva muri 313 kugera muri 538. Tuwatire naryo ryabaye mu myaka ya 538 kugera muri 1517. Kuki tuvuga ko ico gihe kidatomoye? Biroroshe gutahura: Ubwa mbere, usanga rigira kane uhereye ku rya mbere. Imbere yaryo hari atatu: Efeso, Simuruna na Pergamo. Inyuma yaryo hari ayandi atatu: Sarudi, Filadelufiya na Laodikeya. Rirahagatiwe. Ryabayeho hagati na hagati y’ibihe, kandi banaryita mu gifransa  »Église du Moyen-Age » canke mu gihe c’umwiza (Époque des ténèbres).

Yesu aryandikiye ngo: Nzi imirimo yawe N’urukundo rwawe, no kwizera kwawe, no kugabura kwawe n’uburyo imirimo yawe yo hanyuma irusha iya mbere kuba myiza.  Bivuga iki? Kuva muri 538 gushika muri 1517, ishengero ryatangiranye ubutware ritegeka Uburayi bwose, noneho mu mwaka w’i517, ariwo Martin Luther yatanguza inyigisho zo kunagura ishengero (Mouvement de Reforme), ishengero ryagize imbaraga rirakora, haboneka amashule, ibitaro, n’ibindi, n’ubutumwa bwiza buvuganwa imbaraga.

Yezebeli we yaje kuvyivangamwo gute?

Yesu ati: Nyamara mfite ico nkugayaho, n’uko ukundira urya mugore  Yezebeli yiyita umuhanuzikazi akigisha abasavyi banje, akabayovya (akababesha), kugirango basambane kandi barye intonorano /ivyaterekerejwe. (Ivyahishuwe 2: 20). Gereranya aya majambo n’ivyabaye i Pergamo ngo: Ariko mfite bike nkugaya, kuko i wanyu ufite abakomeza inyigisho za Balamu, yigishize Balaki gushira igitsitaza imbere y’abisirayeli kugira ngo barye ivyaterekerejwe, basambane (Ivyahishuwe 2: 14)

Reka turabe neza Yezeberi uwo ariwe:

N,uko (Ahabu) bimubereye bito kugendera mu vyaha vya  Yeroboamu mwene Nebati, ariyongeranya, arongora Yezebeli umukobwa wa Etibali, umwami w’Abasidoni, aragenda, akorera Bayali, arayiramya /arayisenga (1Abami 16: 31).

Nta wigeze gusa na Ahabu wigurije gukora ivyangwa n’Uwiteka, yohejwe n’umugore we Yezebeli (1Abami 21: 25)

Yezebeli yica abahanuzi b’Uwiteka (1Abami 18:4)

Ishengero rya Kristo rigomba kwama riziko ridakwiye kwivayanga mu mico y’abapagani batizera. Iyo mvuze abapagani batizera, mba nshaka kuvuga abatizera Kristo, n’abashaka kugera ku gakiza bitwaje imirimo itegetswe n’idini canke inyigisho z’abahanga mw’iyobokamana (Kwisonzesha kuko vyavuzwe na padiri canke pasitori, kuvuga amasengesho uyasubiramwo nkuko babigutegetse, guhakana amategeko amwe y’Imana ukemera ayandi atagutera ikibazo, kurya no kunywa nk’abapagani canke gusangira nabo kubera indangari, n’ibindi) Kuko buriya umupagani wo hanze si we duhanganye, ah’ubwo umupagani mubi ni wewe waje mu bana b’Imana, ukinjiza ukuguru kumwe, ukundi kugasigara hanze. Ko witera ingorane, uzoshobora gute kuba i Siyoni n’i Babuloni icarimwe? Yezebeli yinjiye mu Bisirayeli, yicisha abahanuzi, atangura kuza asuzuguza imirimo yabo, noneho imana z’i wabo zisigara arizo zisengwa mu Bwisirayeli. KUKO YEZEBELI YABA MI BISRAELI ATARI UMUNYISRAELI.

Itorero ryo mu gihe c’umwijima, ryahuye na Yezabeli koko, rirakubitika:

Mu mwaka wa 607 : Umwepiskopi w’i Roma niho yiyita Papa, bisobanurwa ngo Muvyeyi/ Kristo ati: Ntimukagire umuntu wo mw’isi mwita Data, kuko So ar’ umwe, ar’uwo mw’ijuru (Matayo 23:9)

Mu mwaka wa 709: Ishengero baryigishije gupfukamira Papa bakamusoma ku birenge/Bibiliya iti: Petero agiye kwinjira, Korneliyo aramusanganira yikubita imbere y,ibirenge bye, aramuramya. Ariko Petero aramuhagurutsa ati: haguruka, nanjye nd’umuntu nkawe (Ivyakozwe n’Intumwa 10: 25-26)

Mu mwaka wa 787: Ishengero baryigishije kuramya ibishusho n’amasanamu /Imana iti: Ntukiremere igishushanyo kibajwe cyangwa gisa n,ishusho yose iro hejuru ku butaka, cangwa mu mazi… ntuzavyikubite imbere, ntuzabikorere (Kuva 20: 4-5)

Mu mwaka wa 993: Ishengero baryigishije ivyerekeye kwandika abantu bamwe bapfuye mu gitabo c’abatagatifu: ikibabaje, n’uko bihitiramwo abantu b’ibikomangoma canke abapfuye baciye bugufi musi ya Papa, ariko abapfiye bakurikiza ivyanditwe Vyera, n’ubu baracabavuma ngo n,abahakanyi. Kuba uwera s’ubwoko canke kuba wemewe na Kiliziya. Twese tur’abera mu gihe twishimiye kuba abana ba Data wo mw’ijuru/Kristu ati: Mube abera nkuko So wanyu wo mw’ijuru ari Uwera (Abalewi 19:2)

Mu mwaka w’1000: Bategeka abapadiri kudashaka abagore ngo bubake nk’abandi bagabo/Imana iti: Si vyiza ko umuntu yibana, nzomushakira umufasha bakwiranye(Itanguriro 2: 18)

Mu mwaka w‘ 1049: Batangira gusoma misa z’abapfuye ( »Requiem »)/Dawidi ati: Umwana akiri muzima, nariyirije ubusa… Ubuse ko yapfuye, nobuzwa kurya n’iki? Noshobora se kumugarura? (2Samueli 12: 22, 23)

Mu mwaka w’ 1090: Niho Rozari n’amashapule vyaduka mw’ishengero /Kristo ati: Mu gusenga ntimukivugishe ubujambo bwinshi nk’abapagani (Matayo 6: 7)

Mu mwaka w’ 1199: Ishengero ryiha ububasha bwo kugirira ikigongwe ivyaha, rirema Induljensiya zikura iceyi cose c’ibicumuro (Indulgence plenière)/Uhoraho aravuga ati: Ni jewe, jew ubwanje mpanagura ivyaha vyawe (Yesaya 43: 14, 25)

Mu mwaka wa 1215: Bigishije ishengero kwirega ibicumuro kwa Padiri ubimwongorera mu gutwi ngo aguhe ikigongwe kiva ku Mana, ubwo Padiri aba abaye  umuhuza ahuza umunyabyaha n’Imana/Har’Iman’imwe, kandi hari umuhuza ahuza abantu n’Imana, ni Yesu-Kristu (1Timoteo 2:5)

Mu mwaka wa 1216: Niho bigisha uguhinduka k’umukate n’umuvinyu ngo bihinduka umubiri n’amaraso vya Yesu-Kristu noneho ikiremwa kikaba kiremye uwakiremye./Paulo na Yesu bati: Uko kwose muriye kuri uwo mukate canke mukanywa kuri ico gikombe muba mwibutsa urupfu rw’umwami gushitsa aho azogarukira (1Abakorinto 11: 26) Amajambo nababwiye ni yo Mpweni n,ubugingo (Yohani 6: 63)

Mu mwaka wa 1343 : Bigishije ibikorwa vyiza vy’umugereka, dushobora kugereka ku kimazi Yesu yadutangiye ku musalaba (les oeuvres surérogatoires)/Paulo ati: Iradukiza, itabitewe n’imirimo yo gukiranuka twakoze, ah’ubwo kubw’imbabazi zayo idukirisha kuhagirwa  ariko kuvuka ubwa kabiri, ikadukirisha no guhindurwa bashya na Mpwemu Yera (Tito 3: 5)

Mu mwaka wa 1434: Batora umuti wo gupfupfahaza ingorane ziterwa no kuba umuntu yabatijwe akiri uruhinja. Noneho bigisha isakramentu ryo gukomezwa:  »Confirmation ». Ubundi Bibiliya ivuga ko umuntu abatizwa iyo yamaze kwizera noneho Mpwemu Yera akaba ashoboye kumuzako. Ariko umubatizo w’uruyoya ntaco umaze. Bavuga ko waba ukura icyaha ca kameremere twakomoye kuri Adamu na Heva, navyo tuzabisobanura mu cigisho gikurikira, kuko ijambo ry’Imana ntiryemera iyo nyigisho: Ijambo ry’Imana ngo Ariko bamaze kwizera ubutumwa bwiza Filipo ababwira bw’ubwami bw’Imana n’ubw’izina rya Yesu-Kristo, barabatizwa abagabo n’abagore (Ivyakozwe n’Intumwa 8: 12) Bavyumvise bartyo babatizwa mw’izina ry’Umwami Yesu. Paulo amaze kubarambikaho ibiganza Mwuka Wera abazako (Ivyakozwe n’Intumwa 19:5)

Mu mwaka w’ 1439: Bigisha ivya Purgatori, ngo n’ahantu abagororotsi babanza guca bagatunganywa imbere yo kurenguka mu nyonga z’Imana/Mpwemu Yera ati: Abapfuye bo ntaco bazi… ikuzimu uzoja, nta mirimo nta n’imigambi uzahabona (Umubwiriza 9: 5, 10)

Mu mwaka w’ 1517: Batangiye kugurisha induljensiya ngo abapfuye bababonere icobafasha kurangiza vuba igihe c’ububabare muri Purgatori/Umwana akiri muzima niyirije ubusa, ndira kuko nibwira nti ntawubizi, ahari Uwiteka yangirira imbabazi agakiza uwu mwana. Ariko noneho amaze gupfa, ndiyiriza ubusa kuki? Mbese nabasha kumugarura?2Samweli 12: 22-23)

Mu cigisho kizokurikira tuzorabira hamwe ukuntu Yezebeli yahawe igihe gihagije co kwihana, akanka akananirana; tuzoraba rero n’inkurikizi yavyo.

Ijambo rimwe norangirizako n,iri ngo: Bwoko bwanje, ni muwusohokemwo (umurwa wa Babuloni), kugirango mwe gufatanya n’ivyaha vyaho, mwe guhabwa no ku vyago vyaho. Kuko ivyaha vyaho vyarundanijwe bikagera mw’ijuru… (Ivyahishuwe 18: 4-5)

Imana ibahe gutahura neza amajambo yayo, mw’izina ryera rya Yesu, Amen.

Publié dans : ||le 4 mai, 2009 |2 Commentaires »

2 Commentaires Commenter.

  1. le 15 mai, 2009 à 22:52 hakizimana john écrit:

    vyukuri kino cigisho kiranshitse kumutima. nuko gusa akinyarwanda aricinshi.. yamara turagerageza gutahura .Imana ihezagire ibikorwa vyamaboko yanyu.

  2. le 7 octobre, 2011 à 10:43 ABALIKUMWE Jean de Dieu écrit:

    Ese birashoboka ko umuntu yaba uwera ntazongere gukora icyaha ukundi?

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire