TWIGE IVYAHISHUWE 2: 12-17

URWANDIKO RWANDIKIWE ISHENGERO RY’I PERGAMO I

Kandi wandikire umumarayika w’Ishengero ry’i Perugamo uti: « Uwufise inkota ikarishe aravuga ibi, ngo Ndazi aho uba, ko ari ho umurwa wa Satani uri; kandi wumiye kw’izina ryanje, ntiwihakanye kunyizera no mu misi ya Antipa, icabona canje, n’umugororotsi wanje, yiciwe i wanyu, aho Satani aba. Ariko mfise ivyo ndakugayako bike, kuko i wanyu uhafise abakomeza inyigisho za Balamu, yigishije Balaki gushira igitsitaza imbere y’Abisirayeli, kugira ngo barye ivyashikaniwe ibigirwamana, bashegure. Ni ko nawe, ufise abakomeza inyigisho z’Abanikolayiti nk’uko nyene. Nuko rero ni wihane. Ni yo utihana nzokuzako vuba, kandi abo nzobarwanya, ndabakubite inkota yo mu kanwa kanje. Uwuri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwunesha nzomuha kuri manu yanyegejwe, kandi nzomuha ibuye ryera, kuri iryo buye handitsweko izina rishasha, nta muntu arizi, atari uwuzorihabwa.

TWIGE IVYAHISHUWE 2: 12-17

Perugamo n’ukuvuga ikintu gishizwe hejuru, canke gishimagizwa kuruta ibindi, canke ikintu camikaye. Tuvuze mu kirundi c’ukuri, i Perugamo twohita mu Ryirengeye canke mw’Itaba, i Gatwe, ku Gasozi. I Perugamo, hari hihesheje agaciro mu mwaka wa 29 mbere y’ivuka rya Yesu, ni wo mwaka batanguye gusenga ubwa mbere umwami w’abami w’i Roma yitwa Augusto. Wari umurwa mukuru w’amadini yose yo muri Aziya Ntoyi (Asie mineure). Hahurira amadini adasa yo mu Bihugu vyo mu Buseruko. Bari bahashize mu maboko y’ikigirwamana Esculape, ari co abapagani bizera ko gikiza ingwara. Hariho urusengero rw’ibigirwamana rwahora rwakira abaje gusenga benshi uko umwaka utashe. Yesu rero ntiyibeshe mu kuvuga  »ko ariho intebe ya Satani iri » (Ivyahishuwe 2: 13).  Birumvikana ko hari hakenewe gukoreshwa ya nkota y’ubugi bubiri, irtyaye impande zompi, kuko vyari ngombwa ngo ishengero ry’Imana rimenye kwitandukanya n’abapagani batihanye. Ibi birakuraba wewe uvuga ngo uri umurokore, ngo warihanye, kandi ukivayanga mu bintu vya gipagani warazwe na ba papa, ba mama, na ba sokuru na banyogokuru… Ntabwo mu nzu i wawe hoba ari muri Perugamo wa mugabo we? wa mugore we? Mbese muhungu we, wa mukobwa we, ubwo abo mugendana n’abo mubana, abo musangira urabona muhuje muri Yesu? Uraraba neza aho uri muri iki gihe ntihabe ariho hoba hari intebe ya Satani… Vyoshoboka, kubera amajambo y’urwanko ahavugirwa, kubera ukwica mw’ibice kwabo gushingiye, ku madini, ku migambwe, ku ntara, ku bukungu, ku bukene, n’ibindi…

Vyabaye ngombga ko Yesu ayagamvya Perugamo akoresheje inkota y’ubugi bubiri; wosanga n’aho uri arico naho harindiriye… Iyi nkota yakoze umurimo i Perugamo, niyo twita  »Ijambo ry’Imana ». Kuko ijambo ry’Imana ari rizima, rifise ubushobozi, rifise ubugi buruta ubwo inkota zose, rikinjira n’aho ritanya ubugingo n’impwemu, rigatanya ingingo n’umusokoro, risuzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira. (Abaheburayo 4: 12).

Twarize mu rwandiko rw’i Simuruna, ukuntu itorero ryacurangujwe cane, bikageza naho umwami Diocletius ategeka  ko abayoboke b’idini ry’abakristu batsembwa rwose mu myaka cumi ya nyuma y’ubutegetsi bwiwe, n’ukuvuga muri 303-313 (Raba Ivyahishuwe 2: 10 na Ezekiyeli 4:6).

Umwami yakurikiye ni Constantino, ni we yahagaritse ako kaga, noneho yemera ko nawe abaye umukristu. Kwar’ukubahendesha urwenge, kuko ngo yari yarabonye ukuntu abami bagwanije abakristu bagiye bapfa nabi. Nkuko navyemeye, nzobereka urupfu rwishe umwami wese w’umuroma, uko bagiye bakurikirana bacuranguza ishengero rya Yesu. Nzobereka n’ibinyoma bavanze n’ubutumwa bwiza bw’agakiza. Icigisho kizokurikira kizobitwereka neza, mwihangane! 

Ishengero ryari ryaracuzwe bufuni na buhoro rero ryariruhukije, ngaho riba idini ry’umwami Constantino birakomera, noneho mu myaka ya 313 kugeza muri 538, ryagiye hejuru mu Bulayi bwo mu Burengero, riba Kizigenza mu vy’iyobokamana, no mu vya politike. Kugira ngo rigere kuri  urwo rugero, ryemeye guca bugufi, ryemera kuvanga ingingo ngenderwako z’abakristu n’ubuyobe bw’abapagani. Nico gituma nakubwiye nti uraraba neza, ntuze uhave wishima ngo uratunze ufise akazi, ngo wambaye neza, uba mu nzu nziza n’ibindi… Hari igihe ico gitenge wambaye, iyo pantalo, iyo modoka, iryo tongo, iyo nzu, ako kazi, vyoba vyavuye mu guca bugufi imbere y’ingabo za Satani, ukaba ufadikanije Imana n’amahera, ivy’isi n’ivy’ijuru, ngo wemere umire amate, ngo ntiwikuze amata mu kanwa… Wararambiwe, uravuga nka Pergame uti: Aho vyakabereye ni kera…. Yewe ga Mpemuke ndamuke we!!! Ariko kuko uwufise umutima ukomantaye utihana, wirindiriza ishavu ry’inkazi rizoza ku musi wo kuraka, aho imanza zibereye z’Imana zizohishurirwa.Izokwishura umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze. Abarondera ubwiza n’icubahiro no kudapfa, bahora bakora ivyiza bihanganye, izobishura ubugingo budashira. (Abaroma 2:5-7). 

Igice ca mbere c’iki cigisho gihagarariye ngaha, vuba tuziga igice ca kaburi caco, ntikize kibacike!

 

 

Publié dans : ||le 9 mars, 2009 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire