TWIGE IVYAHISHUWE 2: 12-17 (V)

URWANDIKO RWANDIKIWE ITORERO RY’I PERUGAMO 

Nari nabemereye ko tuzorabira hamwe muri iki cigisho c’uyu musi ivyerekeye Abanikolayiti bo muri Pergame.

TWIGE IVYAHISHUWE 2: 12-17 (V)

Koko muri Pergame, Yesu ngo yahabonye abakomeza inyigisho z’Abanikolayiti. Mwibuke ko abo bantu Yesu yari yabavuze mbere na mbere mw’itorero ry’i Efeso, aho aribwira ati: Ariko rero mfite ico ngushimira, n’uko wanka ibikorwa vy’abanikolayiti, kuko nanje ndavyanka (Ivyahishuwe 2:6). Abayoboke ba Nikola aribo banikolayiti, bashima gukora imirimo myiza ishimisha abantu. Iki kinyoma cahavuye gikomeza kugera no mu kinyejana ca IV nyuma ya Yezu, ndetse gushika n’uyu musi. Nico cavyaye uwo bita Saint Nicolas. Ariko uyu mugabo bita Saint Nicolas, ntabwo ariwe avugwa muri Bibiliya, ahubwo ni bamazina (baritiranwa). Igitangaje muri ivyo n’uko Nikola wo muri Bibiliya yavutse mu kinyejana ca I. Ariko Yesu yari yarabonye ko mu gihe itorero rizoba rigeze aho rigwa mu vy’isi rikishimira imirimo idafashe, ko hazovuka uwundi yitwa Nikola. Bisa no mu gihe Uhoraho yaviha ivyerekeye ukuvuka k’umwami yitwa Kuro, uwo mwami yagiye kuvuka haciye imyaka 150, kandi yitwa izina ryavuzwe na Nyagasani. 

 Neza neza, Nikola nawe yavutse mu mpera z’ikinyejana ca III. Aba n’umukuru w’itorero (umwepiskopi), atangura kuyovya abantu yikoresha ibintu vyo guha za  »cadeaux abana » no gufasha abakene ». Mu vy’ukuri  ntivyari bibi, ariko iyo bibaye urugero ngo abandi baze bakurabirako, bishobora kukubera umutego. Abantu nka Mère Tereza babaye rurangiranwa mu vyo kwitangira abantu, no gutanga vyinshi ngo abandi bamererwe neza, bakunda kuba ivyamamare mw’isi. Bigatuma  benshi baberekeza ko amaso, noneho bamara gupfa, ngo nta gukeranya uriya muntu agiye mw’ijuru… Ndasubiyemwo, ndasubiyemwo, ndasubiyemwo…: Mwakijijwe n’ubuntu kubwo kwizera, ntivyavuye kuri mwe, ah’ubwo n’impano y’Imana.Ntivyavuye no ku mirimo, kugirango ntihagire uwirarira (Abefeso 2: 8-9). Muze mwirinde kugwa mu mutego wa ba bandi bahenga Noheli yabo igeze, bagatangura gutanga imfashanyo z’ivyokurya n’impuzu n’ibindi. Bakazogufasha ar’uko ngo ugeze kw’isabukuru yo kuvuka n’ibindi… Ariko hagat’aho, wa musi wabo utaragera, n’ubwo wogwa mu nzu nta wuza kukuraba! Noneho bakitwaza ngo bariko barakora imirimo y’urukundo my gufasha abantu ku misi mikuru, ariko iyo uravye neza, usanga ari nk’uguterekera. Baba bashaka gukomeza iragi rya basekuruza babo gusa. Urukundo nyarukundo ntirugira amatariki, soma 1Abakorinto 13: 1-7. 13.Iyo migenzo, hamwe n’ibindi muzumva vyerekeye agakiza gatangwa n’ivyo umuntu aba yakoze: amasengesho, kwisonzesha, gusiba inyama mu Karema (mu gisibo), induljensiya n’ibindi, vyose n’akarondirondi kava kuri Nikola… Abandi ngo bategerezwa kuja kuvuga ubutumwa amasaha angana gurtya mu cumweru kugirango bemerwe n’Imana, abandi bati ntegerezwa kuja kuririmba, ntegerezwa kuja mu materaniro, aha n’aha… N’ubwo yoba nyina wiwe ariko arapfa, canke umubanyi wiwe, ntamuraba n’iryahumye, kuko nawe  yahumwe amaso n’idini… Bimaze iki? Vyose n’imirimo y’ umubiri gusa, itegetswe n’amategeko y’abantu…

Twebwe rero dufise uwo kwizerwa yakoze umurimo uruta iyindi, ni Kristu yatanze ubugingo bwiwe ku bwacu. Uwo kuko ahoraho iteka ryose iteka ryose, afise ubuhereji (ubusaserdoti/ubutambyi) budashira. Nico gituma abasha gukiza rwose abegera Imana baciye kuri we, kuko ahoraho ibihe vyose ngo abasengere (Abaheburayo 7: 24-25). Nta mirimo yindi dukwiye kwitwaza. Mugabo iyo gukunda Yesu gutumye dukora neza, ico gihe tuba dukoze imirimo ivuye ku kwizera. Si twe tuyitirirwa, ah’ubwo Kristu ni we ashimwa muri vyose. Amen.

N’uko wihane, kuko nutihana nzaza aho uri vuba, ndwanye abo, mbatikure inkota yo mu kanwa kanje (Ivyahishuwe 2: 16). Iri jambo ngo  »inkota » rigarutse kabiri mu rwandiko rwerekeye Pergame. Biragaragara ko Pergame hari hariyamamaje mu kwirata. Vyari ngobga ko Kristu ahakubita inkota, niryo jambo ryiwe (Abaheburayo 4: 12). Kuko i Pergamo hari abacamanza bitwaza inkota nininini zirtyaye impande zompi. Ubunini bw’inkota bwerekana n’ubusumbane bw’abacamanza. 

I Pergame, iyo waba utsinze urubanza, bagupfumbatisha akabuye kera, waba naho watsizwe bakagupfumbatisha akabuye k’umukara/kirabura. Kristo ati: Uwuzanesha nzamuha kuri manu yahishijwe. muhe n’ibuye ryera ryanditsweho izina risha ritazwi n’umuntu wese keretse uwurihabwa (Ivyahidhuwe 2: 17).  Kristu yaranesheje ni we manu yo mw’ijuru, ni we mugati wamanutse uva mw’ijuru. Aravuga ati: » Ni je mutsima w’ubugingo. Uwu ni wo mutsima wamanutse uva mw’ijuru, kugirango uwuriye ntapfe (Yohani 6: 48, 50). Abakunda kurya amagambo ari mu gitabo c’ijambo rya Kristo, ntibazabura gutahukana intsinzi. Yohani na Ezekiyeli ngo barasogongeyeho/barahonjeje: N’uko nenda ako gatabo, ngakura mu ntoki za marayika ndagacoshomera /ndagatsontsomera, mu kanwa kanje kandyohera nk’ubuki, ariko maze kukarya munda yanje harasharirirwa/hacika umururazi . Arambgira ati: ukwiye kwongera guhanura ivy’ amoko menshi n’amahanga menshi, n’indimi nyinshi n’abami benshi (Ivyahishuwe 10:  10-11). N’uko mbumbura akanwa, angaburira uwo mizingo w’igitabo. Arambwira ati: Mwana w’umnntu, n’urye uhage, wuzuze amara yawe uwu muzingo w’igitabo nguhaye. Naciye ndawurya, mu kanwa undyohera nk’ubuki . Maze arambgira ati: Mwana w’umuntu, genda ubwire inzu y’Israeli amajambo yanje(Ezekiyeli 3: 2-4).Biragaragara ko abakunda kwiga ijambo ry’Imana rikabacengera mu maraso, bagira n’imbaraga zo kuza kurivuga. Izo mbaraga ziva muri Yesu, Jambo ry’Imana. Ben’abo nibo bana b’Imana badatinya urugamba, bahagararira Imana no mu bihe bikomeye:  Icyakora, abamwemeye bose bakizera izina rye, yabahaye ubushobozi bwo kuba abana b’Imana. Abo ntibavyawe n’amaraso, cyangwa ubushake bw’umubiri, cyangwa n’ubushake bw’umugabo, ah’ubwo bavyawe n’Imana (Yohani 1: 12-13).

Uwufise ugutwi, ni yumve ivyo Mpwemu abwira amatorero (Ivahishuwe 2: 16)

Imana ibagirire neza mwese, ku bwa Kristo, umwami wacu, Amen­.

Publié dans : ||le 22 avril, 2009 |2 Commentaires »

2 Commentaires Commenter.

  1. le 26 avril, 2009 à 17:14 Mpawenayo écrit:

    Bravo vyashobotse Imana ibahezagire

  2. le 31 octobre, 2009 à 17:15 J.de DIEU RURANGWA écrit:

    ndifuza cyane kugirana ubumwe namwe kugirango ndusheho gusobanukirwa n’ijambo ry’IMANA.

    Yesu nabahe Umugisha
    mwene so muri Kristo Yesu J.D

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire