TWIGE IVYAHISHUWE 2: 12-17 (IV)

 

Mu cigisho giheruka cerekeranye n’Ivyahishuwe 2: 12-17 nari nabemereye ko tuzorabira hamwe uwo Yesu yita  »Balamu yigishije Balaki gushira igitsitaza imbere y’ Abisraeli, kugira ngo barye inyama zaterekerejwe ibigigwamana, ngo bisuke no mu busambanyi » (Ivyahishuwe 2: 14).

Muri iki cigisho, muri kumwe n’umunyayaha yagiriw’ubuntu, akaba na mwene So mufatanije intambara y’umusaraba, Balthasar Miburo

TWIGE IVYAHISHUWE 2: 12-17 (IV) Rembrandt_Balaam's_Ass

Inkuru ya Balamu na Balaki ivugwa mu gitabo co Guharura (Kubara) 22: 1- 24: 25. Uyu muhanuzi yarahemukiye cane ubwoko bw’Imana. Ibi bintu Yesu amurega nivyo. Raba Guharura 25:  1-3. Na Mose yarabivuze neza ko Balamu ariwe yigishije abisraeli ivyo guhemukira Uhoraho ndetse no mu gupfa yapfuye urw’ amenyo. Soma Guharura 31: 8, 16-18 ngo: Bishe abami bose b’i Madiani n’abandi bose, Evi, Rekemu, Tsuri, Huri na Reba, abami batanu b’i Madiani, kandi bicisha inkota Balamu mwene Beori.  Mose arakarira cane abakuru b’abasirikare, abagaba ibihumbi n’abagaba amajana, bari bavuye ku rugamba. Arababwira ati: Ba bagore  ntimwabishe? Raba, abo ni bo  babateye guhemukira Uhoraho bivuye kw’ijambo rya Balamu mu vyabaye i Peori, bituma  ishyano rigwa mu bwoko bw’Israeli. None rero ubu, mwice zina muhungu wese mu bana basigaye, n’umugore wese yigeze kuryamana n’umugabo, ariko ntimwegere abakobwa b’amasugi (bakiri inkumi).

Mw’itorero rya Pergame, habonetsemo Balamu, nkuko n’uyu musi Balamu akomeza kuboneka mu mashengero menshi yiyita aya Kristo. Reka turabe ivyabaye i Pergamo, hanyuma nawe uraza kuraba ko bitoba ariko bimeze ngaho hiyo mw’ishengero ryawe. Uyu mugabo Balamu yari umuhanuzi, yar’umukozi w’Imana, igihe atari bwabone ibintu vya ruswa yoherejwe (yarungikiwe) na Balaki, umwami w’i Moabu (Guharura 22:7), ngo abashe kuvuma Abisiraeli. Iman’ibwira Balamu iti: Abo bagabo uraje ngaho mu nzu ni bande? Balamu yishura Imana ngo: Balaki mwene Tsipori, umwami w’i Moabu, yabohereje (yabatumye) kumbwira ivy’ ubwoko bw’abantu, ngo baje bava muri Egiputa. Ngo buzuye igihugu, ngo none ngende kubavuma, kugirango ashobore kubarwanya, abikize. Iman’iti: Wa mugabo we wirinde kujana n’abo bantu, kuko ntushobora kuvuma abantu bifitiy’ umugisha! Balamu azinduka kare mu gatondo, abwira ba bagabo batumwa na Balaki ati: Subira i wanyu kuko Imana ntiyemera ko njana na mwe (Guharura 22: 9-12)

Balaki noneho ngo arungika abatware benshi n’ibintu vyinshi gusumba ivya mbere. Balamu ati n’ubwo mwampa inzu yuzuye  ifeza na zahabu, ntabwo nakora ivyo Uhoraho yambujije gukora (Guharura 22: 15, 18). Ariko rero, umutima war’utangiye kwanka abonye ivyo bintu Balaki arungitse ubugira kabiri. Hakubirukana, ati ni mumvire mu rugo mwa bapagani mwe mushaka kuncumuza, yagiye gusaba Imana ngo imukundire ajane nabo.  Imana yaramukundiye kuko yari yabonye ko umutima wiwe wahengamiye ku mahera. Iti : Genda ariko uzavuge ivyo nshaka (Guharura 22: 20). War’uzi ko benshi bakorer’Imana, bivugisha amasengesho, bikoresha ibitangaza, kugirango bibabere uburyo bwo kwiyamamaza, maze amahera agwire mu mifuko yabo? Soma neza iyi nkuru uzombwira!!!!

Marayika yaraje gutangira Balamu kugira ngo amenye ko Imana itanezerewe n’iyo nzira afashe. Vyageze naho indogoba ya Balamu ibona marayika, Balamu ataramubona, igira ubwoba. Kuko amaso ya Balamu yari yahumishijwe n’ukwifuza ubukungu buva mu gipagani. Arayikubita, bigera naho indogoba iheba iravuga, iti: Ariko rwose kubona unkubise gatatu kwose umpor’iki? Balamu ati: ngukubise kubera agasuzuguro kawe iyo ngira inkota mba nkwishe (guharura  22: 23-30). Erega Balamu yabonye marayika yicwa n’ibimaramare (ikimwaro).

Image result for balaam

Abarundi ngo:  »umugani ntuva ku giti uva ku muntu »: Impamvu Yesu agaruka ku nkuru ya Balamu muri Pergamo, n’uko nyene iryo torero ryabonetsemo abagabo bararikira ubukungu n’ivyubahiro vy’abami b’isi, bakibagira kugendera ibanga nkuko Balamu yavyibagiwe. Har’umuvyeyi w’umunyamerika yitwa Ellen White yanditse ati: Mu myaka ya mbere y’ikinyejana ca kane, itegeko ry’umwami w,abami Constantino ryemeje ko icumweru kiba umusi mukuru mu bihugu vyose yategeka. Wari umusi wo  »guseng’izuba » wubahwa cane n’abayoboke biwe mu gipagani, ariko kandi n’abakristu barawuha agaciro. Amayeri ya Constantino kwari ugushaka kuzana aya madini abiri ku rugero rumwe. Abepiskopi, bari banyotewe amaronko n’ubutegetsi, ntibatinze kumuter’inkunga vuba na vuba muri iyo nzira. Baciye babona ko uyu musi ni wemerwa n’abakristu hamwe n’abapagani, abo bapagani bazoza ari benshi n’ubwo batazoba batahura ivyo bariko barakora, ariko nibura Kiliziya yabo izarushaho gusingizwa. Nyamara rero, n’ubwo hari abakristu gito bari bahaye bahururira mu vy’icumweru, hariho n’abandi banse guhemuka kw’isabato y’Umukama(Nyagasani), bakayubahiriza nyene nkuko biri mw’ibwirizwa(itegeko) rya kane (Kuva 20: 8-11). Satani wa Mubeshi yashaka gukoraniriza isi yose musi y’ibendera ry’ikinyoma, abicishije ku mukozi wiwe. N’uko birakomeza, Satani anyura ku bapagani basa n’abakijijwe ariko ari ku karimi gusa, no ku bepiskopi bararikiye ivy’isi, hamwe no ku bakristu baguye mu mutego w’abisi kugira ngo ashike ku co yashaka.

Amanama yaraterana,  agakoranya abakozi bakuru bakuru ba Kiliziya bava kw’isi yose (ico gihe Kiliziya ntabwo yitwa Gatolika, kuko n’ijambo bita mu kigriki: ec- clesia: abahamagawe bavanywe hanze ngo bareme ubundi bwoko). Uko inama yaterana, ni ko biga ukuntu bazatesha agaciro umusi Nyagasani yiremeye kandi yejeje, ngo bazamure icumweru. Umusi wahiswemo n’abapagani, urahava wemerwa ko ari wo musi w’Imana. Isabato ivugwa muri Bibliya, bati ivyo n’ivya kera vyashaje, n’ivy’Abayahudi. N’uko rero umukristu wese yasigaye yubahiriza isabato, bamuciraho iteka, baramuvuma (Ellen G. WHITE, Intambara ihambaye, igice ca 3, ku rupapuro rwa 53 na 54). Hari abanditsi benshi banditse ku vyerekeye iyi nkuru y’ukuntu Constantino yazanye icumweru mw’itorero ry’Imana, akoresheje uburyarya, yifashishije abayobozi baguye mu vyaha. Reka mvuge bamwe mur’abo banditsi, ni mwabona akaryo muzoshaka ibi bitabo vyabo: Louis Thomas, Docteur en Théologie, yanditse neza uko itegeko ry’icumweru ryatanzwe, aduha na copie yaryo mu kilatini muri Code Justinien, L. III, titre 12, loi 3, muri Le jour du Seigneur, vol. II, Appendice III, page 21, Genève et Paris 1893).  Uwundi mwanditsi ni Padiri Berger: Abbé Berger muri Dictionnaire de thélogie, tomme II, page 566, art.  »Dimanche ». Raba no mu gitabo ciwe citwa: Encyclopédie des Sciences religieuses, tome III, page 751, art.  »Dimanche ». Uwundi ni Mosheim, muri Histoire ecclésiastique, IVême siècle, par. II, sec 5.

Muri make, nta kintu gisha kiri musi y’izuba (Umusiguzi 1:9). Uzobona no ngaho mu mashengero i wanyu, abayobozi canke abakristu vyananiye kwihana ngo baje imbere. Abo bantu biragoye kumenya ko ari abakristu canke abapagani, ni banyamijiryanino, bantamb’iyo rweze. Baratukish’itorero ry’Imana, ni ba Mpemukendamuke, ni ba Balamu. Usanga bishimikiza imigenzo yazanywe n’abantu gusa. Iyo babuze ico bavuga, bagira ngo bashaka kwitonda ku bantu bose kuko niko kwerekana urukundo rwa Kristu. Mbeg’uburyarya??? Kristu arababwira ati: Mwa ndyarya mwe! Nta soni mufite  mu gutesha agaciro ijambo ry’Imana kubera imico mwatojwe na ba So banyu? Matayo 15:6. Bantu b’Imana, aho ni ho ukwihangana kw’abera kubonekera, bitondera amategeko y’Imana, bakagira kwizera nka Yezu (Ivyahishuwe 14: 12).

Mu cigisho gikurikira, tuzorabira hamwe ukuntu abayoboke ba Nikola bagarutse muri Pergame nkuko bari muri Efeso. Mwibuke na none ko Pergamo igereranywa na rya shengero ryagira amahirwe yo kuzamuka rigategeka kw’isi (313-538), ari naco cariteye kugwa. Pergamo n’ukuvuga »ikintu gishizwe hejuru.

Imana ibane na mwebwe mwese!

_______________________________________________________________________________________________________

ANDIKA IVYO UTEKEREZA KURI IKI CIGISHO NGAHA MUSI MU KIBANZA CABIGENEWE

_______________________________________________________________________________________________________

Publié dans : ||le 9 avril, 2009 |1 Commentaire »

1 Commentaire Commenter.

  1. le 26 février, 2013 à 22:37 Nijimbere claude écrit:

    Ivyo vyigisho , biranezereza cane,
    bituma dubanukigwa.
    shishikara uduha ,ibindi vyigisho,
    murakoze.

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire