TWIGE IVYAHISHUWE 2: 12-17 (III)

Mu cigisho giheruka narabemereye ko nzobabwira urupfu rwishe umwami w’i Roma wese yagiye acuranguza abakristu. Nashaka no kubasaba imbabazi kubera ko hari umwami nanditse kabiri nikurikiranya.

Hariya  ku murongo wa 13 wo muri iki gice ca 2, havugwa urya mugabo yitwa Antipa. Twarize ko Antipa ari uwo wese yanse kwemera ubu bubasha butuma twita umuntu ngo ni papa canke mama mu vy’idini. Soma Matayo 23:9. Ico kinyoma catangiye kera cane. Erega n’abami b’i Roma ico bapfuye n’ishengero rya Kristo, n’uko ryahakanye kubasenga nk’Imana. Buriya Ubupapa bwatoranye ivyo bwabonanye abami b’abapagani b’i Roma, ari mu migenzo, mu myambaro no mubikoresho vyo mu bisengero vy’ibigigwamana vyabo. TWIGE IVYAHISHUWE 2: 12-17 (III) papaute

Wa mwami yitwa Constantino yabaye umukristu kw’izina, akadabanganya vyinshi mw’ishengero, ari nawe yatanze itegeko ryo kuruhuka  »dimanche », we yabaye nk’uwemera Yesu ku rurimi, ngo yikize ibihano vy’Imana y’abakristu, kuko yari yumvise abamutangiriye bapfuye nabi bitewe n’uko bacuranguje abakristu.  We rero ngo yanse gupfa nabi nkabo.

Ni murabe rero ukuntu aba bami bapfuye:

1. Neron: Uwu yacuranguje abakristu cane abarega ngo nibo baturiye (batwitse) igisagara c’i Roma. Yamara abakunda kumenya amakuru kandi bagendera hafi yiwe, ngo bari bazi ko ari Neron nyene yaturiye/yatwitse ico gisagara, ngo acubake bundi busha. Uyu  mugabo abashingantahe biwe bamwise umwansi mubi w’igihugu. Avyumvise arahunga. Yiyumviriye kwiyahura biramuyobera, noneho asaba umugaragu wiwe aramwiyicira. Sinashoboye kumenya ico yamwicishije, ni nakimenya nzokibabwira. Yamwishe kw’ itariki 9, Ruheshi/Kamena 68.

2.Domitien: Uwu ngo yasogoswe n’abagaragu biwe, harimwo uwo bita Stephanus.

3. Trajan:  Uwu nawe bamuvuga mu bami bacuranguje abakristu. Ngo yavuye kuyobora abasirikare biwe ku rugamba mu bihugu vy’i Burasirazuba, noneho ngo yicwa n’uburuhe, agwa i Selinote muri Cilicie. Hari mu mwaka wa 117.

4.Hadrien: Uyu mugabo rero yabonye amahano mabi. Yapfiriye mu bubabare butavugwa, aribwa mu mutima no mu mahaha, bikamunanira no guhema. Yarashatse no kwiyahura biranka. Yashatse n’abamwica baramwankira. Yapfuye kw’itariki 10 Mukakaro/Nyakanga 138.

5. Antonin: Sinamenye icamwishe mugabo ngo yapfuye itariki 7 Ntwarante/Werurwe 161

6.Marc-Aurèle: Uwu ngo yishwe n’akaranda, ariko aragwanira kwagura ibihugu bitegekwa n’ingoma y’abaroma. Yagenda arora mu Buraruko. Yaguye i Vienne kw’itariki 17 Ntwarante/Werurwe 180.

7. Septime Severe: Yagambaniwe n’umuhungu wiwe yivyariye. Kuko uwo muhungu ngo yashaka kwihariza ingoma. Septime Severe yarabuze uko abikika, arihebura. Ngo yapfanye ishavu n’agahinda, i York, kw’itariki 4 Ruhuhuma/Gashyantare 211.

8. Maximin le Thrace: yishwe n’abakuru b’intwaramiheto ziwe bisonzeye. Babonye ko ariwe mpamvu zo kubura ivyo barya(Nta buryo bwo kudonda inkuru yose). Ngo hari mu gihe c’agacikamvura (mu ntango z’ici), mu mwaka wa 238.

9. Decius: Ari mu bantu bacuranguje abakristu cane kandi yamenye amaraso menshi y’intore z’Imana. Uyu mugabo ngo yakoreye imana-zuba cane kuko yasengwa nkuko imana zimukoraniyemwo kuko niko vyagenda iyo ubaye umwami w’abami i Roma. Ndabibutsa ngaha ko i Pergame ariho hatanguye gusenga umwami w’umuroma nk’imana mwaka wa 29 mbere yo kuvuka kwa Yesu.

Hari inkuru novuga ngo yabaye mu gihe Decius yategeka guhonyanga uwo wese atemera guhereza ikimazi imana-zuba: Ibi ngira ngo mbabwire, ngo vyoba vyabaye Decius ari mu gisagara ca Efeso. Ngo hoba hari abasore indwi bahagaze nk’abagabo, bemera gukomera kw,ijambo rya Kristu. Aba basore kandi ngo bakora mu ngoro i bwami bwa Decius. Barabareze ku mwami, umwami arabarengutsa, aravye ukuntu ari abasore bato kandi yarabakunda cane, arabarekura ngo bagende bihanure bemere izo mana ziwe. N,uko umwami aba agiye mu ntambara. Ba bahungu bitegura guhunga. Baratororokanya utuntu twabo, ibindi babiha bakene. Decius agarutse, yasanze ba bahungu bagiye kwinyegeza mw’isenga ry’ibuye.  Ariko ngo umwe wo muro bo yitwa Diomedi (abandi bamwita Malchus) yahora agenda mu gisagara yiyoberanije, agasuma ivyokurya yongera abaririkiza n’ico umwami yibaza ku bakristu. Yumvise ko Decius ariko arabahiga bikomeye,  aragenda ashira vya vyokurya bene wabo, bararya kugira ngo bagire intege zo guhangana n’izo ngorane. Bamaze kurya, Imana ibateza itiro barasinzira bapfira mw’itiro. Decius yari yarahamagaje abavyeyi babo ababaza iyo abana babo bagiye, ashaka no kubica. Ba bavyeyi baratinya, baraviga bati: Bahungiye mw’isenga ry’ibuye, ku musozi Celioni. Umwami avyumvise yanka kubakurikirana ngo abiyicire, ariko Imana imucurika ubwege, afata iyi ngingo: Ngo vyoba vyiza ntumye abadasigana banje, bagafurira iryo senga n’amabuye, noneho aba bahungu bakazoherayo bishwe n’inzara. Vyabaye gurtyo nyene.

Haciye imyaka irenga 350, umugabo yitwa Dalius yari nyen’iryo tongo ryarimwo rya senga ry’ibuye, asaba abafundi ko bomwubakira uruhongore rw’intama ziwe, kuko zari nyinshi. Ba bafundi bakehaniwe n’amabuye, baragiye bagera ku mabuye yugaye rya senga. Bariko barayasunika bayasanzaza ngaho babahungu barikangura. Wa wundi Diomedi arasohoka ajana amahera yari yarashigaje kw’isoko kugura imikate. Ayo mahera yariko ishusho y’umwami Decius. Abamubonye bibaza aho yayakuye. We yibaza ngo n’ayo yararanye kuko yagirango yasinziriye ejo nimugoroba. Abantu bumvise inkuru ziwe, bamusaba kubereka aho aba. Noneho basanga  bagenzi biwe baraho, basa neza, bambaye za mpuzu baryamana. Bababwira ko Dacius yapfuye kera. Bati Imana yacu yashatse kwerekana ko izuka ry’ abapfuye ribaho. Barariye ivyo Diomedi yasumye bariryamira na none barasinzira, basubira gupfa. Mu bantu baje gushengerera aba bantu twovuga umwami Theodose yari umukristo w’ukuri, ariko haza uwundi mukuri w’ishengero w’umugumutsi, amwigisha bimwe vy’abasadukayo ngo nta zuka ry’abapfuye ribaho. Hari n’uwundi mukuru w’ishengero yubaha Imana, ni nawe yari yatumiye umwami kuza kwirabira ako karoruhore. Umwami yarashimye Imana kubera ko ukwizera kwiwe kwari gutanguye kugoyagoya, kubera inyigisho z’abasadukayo. Aho hantu umwami yahubakishije urusengero rukomeye rw’urwibutso. Iyo nkuru yitwa mu gifransa: Les sept dormants. Iyi nkuru iravugwa mu bitabo vy’abagatorika no mubitabo vy’aba Islamu. Ntituzi neza ko vyagenze nkuko bivugwa, mugabo hoba harabaye ibintu bisa n’ivyo.

10. Aurélien, we ngo yarasaze. Yishwe n’abaganwa biwe. Ariko ngo yari amaze gupanga imigambi yo kwica abakristu

11. Dioclétien. Uyu niwe ytegetse agatikizo k’imyaka cumi. Ibuka ivyahishuwe 2: 10 ngo: Satani azoshira bamwe muri mwebwe mu nzu y’imbohe kandi muzogira amakuba mu misi cumi. Wame wihangana gushika ku gupfa, nanje nzoguka urugori rw’ubuzima.

Burya umusi uhura n’umwaka mu mvugo ya Bibliya: Ezekiyeli 4: 6  no Guharura 14: 34. Iyo misi cumi yo mu Vyahishuwe ihuye n’igihe categetswe na Dioclétien co guhonya abakristu ku buryo budasubigwamwo. N’ubwo atariwe yarangije iryo tsembatsemba, ariko ni we yari yaritanguye. Uyu mugabo yagabanganije ibihugu vy’ubwami bwa Roma mu maprovinces ane. Izo provinces ni zo yise Diocèses. Intwaro y’abagabo bane bose bameze nk’abami yitwa  »tetriumvirat » Buriya Diocèse n’ijambo rivuye muri Diocléltien. Niho Diocèse z’abagatolika b’i Roma zikomoka. (Soma witonze Danieli 11: 39). Yahebeye ingoma yiwe Galere na Maximien akiri muzima. Yaciye yigira kwibera mu ngoro yiwe i Salone muri Dalmatie. Sinamenye icamwishe mugabo ngo yaguye muri iyo ngoro ku wa 1 Rusama/Gicurasi 313

12.Galere na Maximien nibo bamusubiriye, bakomeza kuhondahonda ishengero ry’Imana. Aba bagabo bategekera hamwe, kuko kenshi vyaraba mu ngoma z’abaroma,  kuko bategeka isi yose, nkuko twabivuze kuri Dioclétien. Ico giye Galere yitwa umwami w’abami ariko Maximien akaba umukayisari. Uyu mugabo Galere ni we yari yafashije Dioclétien gutegura umugambi wo gutsembatsemba uwitwa umukristu wese mu bihugu bitegekwa na Roma. Ariko ngo yagiye gupfa atangira kuza abagirira akagongwe. Yapfuye Dioclétien akiri muzima, kuko yapfuye muri 311. Sinzi icamwishe.

13. Maximien n’uwitwa Valérien barakomeza kumena amaraso y’abakristu gushika mu mwaka wa 313. Mu myaka umunani, abakristu benshi bapfuye n’abo muri Afrika, kuruta abo mu Bulayi. Niho haca haza rero uriya Constantino twavuze tugitangura.

Ng’ubwo ubusobanuro bw’uyu mugabo Yesu yita Antipa yiciwe i Pergamo. Pergamo na Roma ni kimwe mu mvugo yo muri Mpwemu. Kuko amadini ya gipagani yinjiye i Pergamo avuye i Babuloni, kubera ca gihe umwami Kuro (Cyrus mu gifransa) yirukana aba basaserdoti bakorera idini ry’ izuba (soma witonze Yesaya 44: 25-28 na 45:1, harabivuga neza). Ayo madini nkuko twabibonye mu vyigisho biheruka, niyo yagiye no kwigisha ibwo buyobe bwabo i Roma kubera umwumvikano umwami wa Pergamo yagiriraniye n’uw’ i Roma, akamugabira Pergamo. Roma ni yo yatanze itegeko ntabanduka ryo guhimbaza umusi w’izuba  »Sunday ». Kuko izuba ari ryo ryarimwo imana y’umwami w,abami i Roma.

Mu kurangiza, ni murabe itegeko umwami w’abami Constantino yatanze ryo guhimbaza dimanche  »umusi w’izuba »uko ryari ryanditswe. Ryasohotse itariki 7 Ntwarante/Werurwe umwaka wa 321, ngo: Abacamanza, ababa mu bisagara mwese hamwe n’ abikorera utwabo, mutegerezwa kuruhuka ku musi mweranda (ku musi wera) w’izuba. Ababa mu misozi, ntabibabuza kuza gukora mu mirima ngo batere imbuto batere n, imizabibu. Ntibakareke igihe ciza nk’ico ngo kibajane kuko kwoba ar’ukutitaho imigisha duhererwa ubuntu n’umwami wo mw’ijuru (izuba) code Justinien LIII, titre 12, loi 3 cité en latin dans le jour du Seigneur. _Amajambo ari mu tuzitiro ninje nayongeyemwo kugirango musobanukirwe neza_Nagerageje guhindura ijambo kw’ijambo. Ku bumva igifransa ni mufyonde hano musome muri iki gitabo: http://latragediedessiecles.tripod.com. Muheze musome kuva kuri paragraphe ya 11. Iri tegeko naryo riri muri Appendice, numéro 53. Iki gitabo muraza kugisanga kuri site ya paroisse Twihane.

Mu cigisho gikurikira tuzorabira hamwe uwo Yesu yita Balamu mu rwandiko rwandikiwe iri shengero ry’i Pergame, ntimurambirwe, biracaza….

 _______________________________________________________________________________________________________

NIMWEREKE ABANDI PAROISSE TWIHANE. NI MUSOME N’IKINYAMAKURU CACU CITWA  »HAMAGARA »

ANDIKA IVYO WIPFUZA NGAHA HEPFO AHABIGENEWE.

_____________________________________________________________________________

Publié dans : ||le 29 mars, 2009 |3 Commentaires »

3 Commentaires Commenter.

  1. le 29 mars, 2009 à 21:11 Nteziyaremye Athanase Raimond écrit:

    Yesu ashimwe cyane kandi ndishimye ni ukuri ko burya Imana ijya irengera ubwoko bwayo kandi ikaburyanirira muri byose none rero njyewe ntabwo nabashije kumenya neza amezi abami bagiye bapfira kuko wayanditse mu kirundi mais byagenze neza kandi Yesu ajye aguha umugisha mwinshi cyane.

  2. le 2 avril, 2009 à 2:02 ERASTE J.P écrit:

    NUKURI NI IBY’IGICIRO CYINSHI KUBA TUGENDA TUMENYA IMVO NI IMVANO Z’IBIRIHO.BIGARAGARA KO IGITUMA AKENSHI ABANTU BADAHINDUKA BISHOBORA GUTERWA AHANINI NI IBYO BIGISHIJWE CYANGWA SE BARABYIGISHIJWE NABI(SUIVRE MOUTONNEMENT COMME DES MOUTONS DE PANULGE)!AKAHISE KADUFASHA GUTEGURA NEZA IGIHE KIZAZA.

    KUBWIBYO TWASABAGA BISHOBOTSE KO MWAJYA MUSHYIRAHO (FRANÇAIS) KU MEZI NGO TUMENYE AYARIYO TWE TUTAZI AMAGAMBO YOSE Y IKIRUNDI.

    IMANA IGUMYE IBONGERERE IMBARAGA MURI IKI GIKORWA KIDASANZWE!

  3. le 16 juillet, 2011 à 11:25 kahungu cyprian écrit:

    mwana wa data wo mwijuru, sangwa amahoro yuwaducunguye yesu kristo, nizere ko ukomeye numuryango wawe natwe turakomeye, icifuzo chanje kiracari hahandi ko ububutumwa budakwiye guherera munyandiko gusa ahubwo dukwiye nokubushira kuma cd na dvd, kugirango bufashe abatagira za computer, abane bwe bo gusoma, canke ba bura umwanya canke batazi no gusoma urakoze imana iguhu mugisha, ni mwenewanyu muriyesu, umuryango wawe uti ndabasuhuza uti yesiu arabakunda.

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire