TWIGE IVYAHISHUWE 2: 12-17 (II)

URWANDIKO RWANDIKIWE ITORERO RY’I PERGAMO II

Mugiye gukurikirana igice ca kabiri c’icigisho cerekeranye n’uru rwandiko rwandikiwe itorero ry’i Pergamo

Ndabaramukije mwebwe mwese mukurikirana ibi vyigisho vy’Igitabo c’Ivyahishuwe. Uru rwandiko rw’i Pergamo tuzorwiga turunoganze, kuko nirwo rubitse inkomoko y’ubugome bwose bwadutse mw,itorero butewe n’abakristo gito, abanyabwoba, ibijora. Muri make rurerekana inkomoko ya Babuloni yo mw’Isezerano risha.

Mur’iki cigisho, muri kumwe n’umunyavyaha yagiriw’ubuntu, mwene So mufatanije intambara y’umusaraba, Balthasar Miburo.

Uyu musi tuza kwibanda kw’ijambo riboneka ku murongo wa 13 (Ivyahishuwe 2: 13) ngo: Nzi aho uba ko ariho intebe ya Satani iri. Mbese iyo ntebe ya Satani ishinzwe i Pergamo imeze gute? Reka tubirabe:

TWIGE IVYAHISHUWE 2: 12-17 (II) 2498

Mu gihe umwami Kuro yatembagaza ingoma y’umwami Baltazar (Belushaza muri Bibliya) mu mwaka wa 539 mbere yo kuvuka kwa Yesu, yasubije  abanyamahanga ibitagiruburyo vyabo bita imana. N’ukuvuga ivyo Nebukadineza yari yaranyaze amahanga vyose. Yahaye n’uburenganzira Abayuda ngo bisubirire i wabo. Ivyo bintu vyabababaje cane abasaserdoti (abahereji) bari batunzwe no gukorera ivyo bigirwamana. Abakora mu rusengero rwikirwamana rwa Bel-Marduk baragumukanye umwami Kuro birakomera… Kuro yitabaje abasirikare biwe, intambara irasutama, ariko induru ntiganz’ingoma, kandi ngo:  »akaruta akandi karakamira »! Abo bamenja baruhiye komoka bayerera muri Aziya Ntoya bagera rero muri Pergamo. Aho basanze ari mu cimabarozi, bahagirira amahirwe, bafungura idini ryabo rya gipagani bahubaka na Kaminuza yigisha amabanga y’idini ryabo. Mu mwaka wa 33 imbere y’ivuka rya Yesu, umwami w’i Pergamo yagabiye ico gisagara umwami w’i Roma, ni vyo vyatumye rya dini rya gipagani rikomeza inzira rija kugerera mu gisagara c’i Roma. Mu madini ya gipagani yo hambere, niho hakomotse umugenzo wo kubaka ibisengero vy’iminara miremire ngo berekane ko bashakakugera aho imana ziri, bongere berekane ko ari intahangarwa. Bagira n’abasaserdoti bigize agakomeye, bitwa PONTIFEX MAXIMUS (Souverain Pontife mu gifransa), n’ukuvuga UMUSHIKIRWA W’AMAJAMBO ADAHARIRIZWA CANKE ADAHINYUZWA. Yaba afise UBUDAHANGARWA bwose.

Itorero rya KRISTO rero ryahanganye n’irya gipagani ryari ryatsimbataye i Roma, riratotezwa, riracuranguzwa, kugera mu gihe ca Konstantino aho ba Mpemuke-ndamuke baruhiye guca bugufi bemera ko imico y’ igipagani ivangwa n’iya gikristo. Pergamo niho hahaye ubugabo Roma mu buryo bw’idini, Roma irwanya inyigisho z’ukuri z’ishengero rya Yesu kuva ubutumwa bwiza bugeze muri uwo murwa. Roma ni ho hari intebe y’umwami w’abami, hahinduka intebe y’idini rya gipagani. Rimaze kwivanga neza n’irya gikristu, niho umwami Konstantino yahahebeye bariya biyita ba Papa. N’ukwiyita Papa vyonyene, ni nk’ukwigereka ko amabuye kuko Kristu yarihanikirije abigishwa biwe ngo birinde kwiyita ngo » MUVYEYI ». Kandi ntimukagire umuntu wo mw’isi mwita  »Data » kuko  »So » ari umwe, ari uwo mw’ijuru (Matayo 23:9). Buri ya Papa risobanurwa ngo  »papa, Data, Muvyeyi »

Nico gituma Yesu avuga uyu mugabo yitwa Antipas, akamurata cyane muri uyu murongo ngo: Nz’aho uba ko ariho intebe y’ubwami bwa Satani iri, nyamara ugakomeza izina ryanje ntiwihakane kunyizera, ndetse no mu misi ya Antipa, umugabo w’ intungane yanshingiy’intahe, yiciwe i wanyu aho Satani afite icumbi (Ivyahishuwe 2: 13). Biragaragara ko abakristu b’i Roma bataguye mu binyoma bose, harabaye abahagaze nk’abagabo. Iri zina ngo Antipa risobanura ngo uwutemera ivy’ukwiyita papa. N’ukuvuga abantu bose bapfuye bazira ukuri kwa Yesu mw’ishengero rya Kristu, kuva mu mwaka wa 313 gushika mu 538 nyuma ya Yesu. Kuko ni muri ico gihe Ubupapa bwariko buritoborera inzira mu mitwe y’abantu, kuko iryo zina ngo Papa ryagaragaye neza mu kinyejana ca gatandatu. Mu cigisho gikurikira, tuzorabira hamwe, ingingo zagiye zifatwa  ubupagani n,ubukristo bivangwa, bitewe n,uburyarya bwa Konstantino.

Mu kurangiza ikicigisho c’uyu musi, reka rero ndabahe amazina y’abami b’abaroma bagwanije ishengero rya Kristo. 

  1. Neron: 54-68 

  2. Domitien: 81-96 

  3. Traja:  98-117

  4. Hadrien: 117-138

  5. Antonin: 138-161

  6. Marc-Aurèle: 161-180

  7. Septime Sévère 193-211

  8. Maxime le Thrace: 235-238

  9. Decius: 249-251

  10. Valérien: 253-260

  11. Aurélien 260-275

  12. Dioclétien:¯284-305

  13. Galère 305-311

Mu cigisho gikurikira, tuzoraba urupfu rw’umw’umwe mur’abo bami.

 

 

 

Publié dans : ||le 19 mars, 2009 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire