TWIGE IVYAHISHUWE 19: 1-6

TWIGE IVYAHISHUWE 19: 1-6

Nizera ko mufise mwese Bibiliya, nico gituma ntiriwe ndandika imirongo yose. Ariko ndasobanura umurongo ku murongo, namwe muze mukurikira muri za Bibiliya zanyu. Ikindi kandi, vyoba vyiza mugiye mwigira hamwe, mugakora umurwi wo kwiga ivyahishuwe. Bishobora gufasha bene wanyu na bashikibanyu badafise za computers (ordinateurs), nabo bagashobora kubimenya. Nanje nzokomeza kubasengera no no kubarungikira ibi vyigisho. Mubandanye mushake abandi bafise adresses, mutaravye idini, akarere, igitsina, amashule, imyaka canke ubwoko. Erega Babuloni twese iratugeramiye!

Imbere yo gutangura iki cigisho, nashaka kubamenyesha kandi ko mukwiye kugikwirakwiza muri bagenzi banyu. Fyonda kuri share/partager ukirungikire benshi.

Ivyahishuwe  19: 1-2: herekana ko no mw’ijuru hazoba umunezero mwinshi umusi Babuloni hazorimbuka. Soma neza Ivyahishuwe 19: 1, usanga hasa n’ahacurira wa wundi yiyita ngo ni Nyen’ubweranda, ngo ni Data Wera (His Holiness, Holy Father/Sa Sainteté, le Saint-Père); intebe yiwe ngo ni intebe yera (The Holy See/ Le Saint Siège). Agakiza, ubutware n’ivy’Imana yacu (soma umurongo wa mbere w’ico gice). Yesu yita Se ngo: Muvyeyi Mweranda, (Yohani 17:11), noneho uwundi mugabo ashobora gupfa, kandi yavyawe n’umugore nk’ abandi bose, ahobora gupfa nkuko sogokuru na sogokuruza bapfuye, ariko akiyita ngo ni Muvyeyi Mweranda, Nye’ubweranda, nyir’ubutungane, nyen’Ubutagatifu.  Kuko Imana yacu ica imanza z’ukuri, izocira Babuloni kw’iteka, ni yo maraya akomeye, yononesha ubusambanyi bwiwe abari mw’isi bose, izomuhora amaraso  y’abasavyi biwe yasheshe (Soma Ivyahishuwe 19:2).

Image result for evangelisation

Hari amajambo nabatoranirije yanditswe mu gitabo citwa Intambara ihambaye(La Grande Controverse) ashobora gisobanura ubwo bugizi bwa nabi bwa Babuloni ishimikiye i Roma:  »Abavugabutumwa bo mu Bavodwa (Abawaldensi) bagiye gukorera mu bihugu vyaganjwe n’abadayimoni. Noneho, abategetsi b’Ekleziya babonako abo bavugabutumwa bagenda biyoroheje, ko bashobora gutuma ivyo bihugu bizinukwa ububasha bw’Ekleziya. Ni ko guca bigisha ibintu vy’iterabwoba, ngo « abakorera Ekleziya baze biyubara abo bagabo bitwaza Ivyanditswe Vyera bakiyita abavugabutumwa ». Kuko, bavuga ko baramutse baretse izo nyigisho z’abavugabutumwa zikinjira mu mitwe y’banyagihugu, bazoca batangura kuzera ubukiriro bwabo bwose ku Mana, ubutegetsi bwa Roma buzoba butaye agaciro. Kubona ukuntu abo bakozi b’Imana bigisha, vyatumye abakorera Roma babura ayo bacira n’ayo bamira. Noneho baj’inama yo gutuza abantu b’Imana no kubanka urunka. Ubutegetsi bw’i Roma bwabonye ko ari igitutsi kibi, kubona abo bagabo bigisha Ivyanditswe Vyera, niko kuj’inama yo kubatorera ibihano vyo kubahasha. Umugambi wa Roma ngo kwari ukubafyefyetura musi y’ijuru. Aho abantu b’Imana bari binyegeje mu misozi, bababatumako ingabo za Papa ngo zibahige. Izo ngabo zari zigizwe n’abagabo ba ruburakigongwe bimwe bitavugwa. Inkozi z’ibibi ziragandagura abantu b’Imana zirikura, nka kumwe Kayini yagandagura Abeli. Imirima yabo barayonona, igihugu kicika umunuko, amasengero n’amazu yabo barayabomagura. Nk’uko inyamaswa yongereza amakari ibonye amaraso, niko n’ubugome bw’izo ngabo za Papa bwongerekana uko kwose banigaguye abantu b’Imana. Abantu b’Imana barakurikiranywe mu misozi no mu biyaya, mu mashamba no mumasenga, aho hose bihishije. Nta kintu kiboneka bagirizwa. N’abo bagome babica, baratangazwa n’ukubona bagandagura abagabo boroshe nk’intama. Icaha cabo ngo n’uko badakorer’Imana nkuko Papa ashaka » ( Aya majambo nayahinduye ndayakuye mu gitabo citwa La Grande Controverse, ku gice ca 4, urupapuro rwa 47

Aka n’agace gato cane k’amarorerwa Roma yakoreye abantu b’Imana. Kenshi Imana yagiye yereka Roma ko iriko iragwanya abantu b’Imana ishobora vyose, ariko Roma yica amatwi. Har’igihe mwoba mwarigeze kwumva ukuntu Papa aja gusaba imbabazi abantu biciwe ababo mugihe ubupapa bwari ku butegetsi mw’isi yose. Ariko burya ntimugirengo n’ukuri. Kuko ivyatumye Ubupapa butumvikana n’ubwoko bw’aberanda, n’ubu Papa yarabibitse, ategereje ko igihe kigaruka ngo abikoreshe: Ni za nduljensiya, amashapule n’imidari, Bikira Mariya, amashusho y’abapfuye, gufukamira abapfu no kubambaza, gukomeza imisi mikuru y’abapagani no kwica isabato, kwemera ko ubupapa butibesha, n’ibindi n’ibindi… Ubupapa ntibwihana!!!

Kubera ko ubugabo bwa Roma n’abayishigikiye bizoba birangiye ubutakigaruka, ni co gisobanura umunezero utavanze uboneka muri izo Alleluya zine ziri mu vyahishiwe 19: 1-6

Soma neza amaherezo ya Roma muri ico gice ca 19: 3.
Burya rero, ni vyo koko: Imana yarakunze cane abari mw’isi, vyatumye itanga umwana wayo w’ikinege, kugirango uwumwizera wese ntapfe rubi, ngo hagupfa ahabw’ubugingo buhoraho (Yohani 3: 16).

Babuloni irangizwa no kwaka umuriro n’umwotsi ufumbuka (Ivyahishuwe 19:3), ariko Ishengero ry, abahungu n’abakobwa b’Imana bizera Umwana w’Imana, ryo ntirirangira, ah’ubwo mu gihe Roma n’abayishigikiye(ari navyo vyitwa Babuloni) bose bazoba bapfuye rubi, niho aba bahungu n’abakobwa b’Imana bazoba nabo binjiye i Budapfa (Soma Ivyahishuwe 19: 4-9 na Luka 22: 29-30; Luka 13: 29; Matayo 8: 11

Genda rero mukwize iyi nkuru nziza, mukure abantu muri Babuloni, kandi muzobishobora. Kuko si kubw’imbaraga canke ubushobozi, ah’ubwo ni ku bwa Mpwemu w’Uhoraho (Zakariya 4:6). Aho abandi bose azogendera musi y’ibigirwamana vyabo, twebwe tuzokwama tugendera musi y’izina ry’Imana yacu, guhera ubu n’ibihe vyose (Mika 4:5). Ubutumwa tuvuga muri iki guhe buravuga kandi ngo: Bana b’Imana, ni muze tugendere mu muco w’Uhoraho(Yesaya 2:5), amen.

Miburo Balthasar

Publié dans : ||le 28 avril, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire