TWIGE IVYAHISHUWE 18: 4-6

TUBANDANYE KWIGA IVYAHISHUWE 18: 4-6

Reka mbibutse ko nkoresha Bibiliya y’ikinyarwanda. Mugire umwete wo kuraba uko bivugwa neza mu kirundi. Iyindi mirongo nagerageje kuyivuga mu kirundi cumvikana kugira ngo biborohere.

Numva irindi jwi rivugira mw’ijuru riti: Bwoko bwanje, ni muwusohokemwo, kugirangio mwe gufatanya n’ivyaha vyawo, mwe guhabwa ku vyaha vyawo. Kuko ivyaha vyawo vyarundanijwe bikagera mw’ijuru; kandi Imana yibutse gukiranirwa kwawo.

Aha dukwiye kubanza kwihweza insiguro y’ijambo ngo irindi jwi. Ejo twabonye ko umumarayika ashinzwe gusenya Babuloni, ko ari marayika wundi (Soma Ivyahishuwe 18:1). Uwu mumarayika ashinzwe ivyo gusenya Babuloni n’umwe wo mu bamarayika bafise ivyago indwi vy’imperuka IIvyahishuwe 16: 17-19), Ni we yeretse Yohani ivya wa mugore w’indaya twiga mu gica ca 17. Raba Ivyahishuwe 17: 1. Bamwita marayika wundi, kugirango berekana ko ubutumwa azovuga butazakirwa nkuko bisanzwe, kuko buzoba bufise imbaraga zidasanzwe zo mw’ijuru zo gusenyura Babuloni no kuyicirakw’iteka. Buriya Ubutumwa bw’abamarayika batatu bo mu Vyahishuwe 14: 6-12, ntibuvuga ko ari abamarayika batatu batandukanye. Bisobanura ko imbaraga zuzogenda zongerekana mu bavugabutumwa, mu gihe bazoba bihetse kuri Kristo we mbaraga zacu. Bagenda bagwiza imbaraga, umuntu wese wo muribo aboneka imbere y’Imana i Siyoni. Mu gitabo ca kera c’abagatorika citwa Amazaburi, uwo murongo wari wanditswe mu kirundi ciza ngo: Uko batera baj’imbere niko bakomera, gushika baseruke imbere y’Imana, ku murwa wa Siyoni (Zaburi 84:8). Yohani yabwiwe ngo: Ukwiriye kwongera guhanura iby’amoko menshi, n’amahanga menshi, n’indimi nyinshi, n’abami benshi (Ivyahishuwe 10: 11). S’uko ariwe yategerezwa kubivuga ku giti ciwe, ah’ubwo n’ukuvuga ko igitabo ciwe yar agiye kwandika c’Ivyahishuwe kizovuga ubutumwa bwiza bw’umuvyuro wanyuma mu minwe y’abakozi b’Imana aribo jewe na wewe, twitwa mu yandi majambo: Marayika wundi…. Ibuka ko twize ejo ko marayika ari ijambo rivuga ngo: intumwa.  Nyabura no muburire abantu, basohoke bacike bave muri Babuloni, kugirango ntibafadikanye naho guhabwa ku vyago biharaririye. Soma igica ca 18: 6-24. Ihangane ugisome. Nta mahoro Babuloni hateze. Hazotikira mw’isaha imwe (imisi 15).

Hari ibucuro bitanguye gufata abantu b,i Babuloni: Umukristu yaguye canke umukristu akorera muri Babuloni, uzokwumva iyo umubwiye ngo: Nta muntu w’Imana aruhuka  »dimanche » canke uti ntamuntu w’Imana akwiye kurya ingurube, kunywa ibiboreza, kwambara amaherena n,imigufu, baca bavuga ngo, turiko turabacira urubanza. Iri jambo ryarakwiriye mu ndimi zose, mumadini yose: kugir’inama abantu ngo bihane babihunduye ngo n’ukubacir’urubanza. Kandi na none uze witegereze kandi wumve, nta mwene Data yubahiriza amategeko y’Imana, agahagarara nk’umugabo nka Yesu (Ivyahishuwe 14: 12) yigera avuga ngo bariko baramucir’urubanza. 

Buriya rero barya bantu ntibabesha,tuba turiko turabacir,urubanza. Ndetse ubu barucirwa n,abana babo, na bashiki babo nabene wabo, incuti n’abaryango, ababanyi n’abagenzi, kuko babavamwo bagasohoka muri urwo rudubi rw’i Babuloni, bagakorera muri Siyoni yera. Vyose bibamerera neza kuruta ubwa mbere. Ariko iyo abo bantu bagiye kubayagira ivyiza babonye i Siyoni, hakugira ngo babakurikire, bivamwo urwanko n’ibitutsi. Ariko abana b’Imana batoranijwe, ni bumva amajambo meza tubabwira, bo bazovuga bati: Ntimudusige kuko twumvise ko Imana iri kumwe na mwebwe (Zakariya 8:23). Semerera cane rero ntimuzuyaze, mubwire ubwoko bw’Imana ibicumuro vyabwo (Yesaya 58: 1). Uwushaka kuvyumva azovyumva, uwutabishaka abireke (Ezekiyeli 3:27). N’uko rero muve hagati y’abo mwitandukanye, niko Uwiteka avuga. Kandi ntimugakore ku kintu gihumanye. Nanje nzobakira. Maze muzombera abahungu n’abakobwa, niko Rugira Umushoboravyose avuga (2Abakorinto 6: 17-18).

Ibi tumaze kwiga kugeza hano, bira sobanura neza imirongo yose isigaye yo mu gice ca 18. Bizotuma ejo twiga igice ca 19.

Miburo Balthasar

Publié dans : ||le 28 avril, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire