TWIGE IVYAHISHUWE 17:8

CA GIKOKO UBWACO NGON’UMWAMI W’UMUNANI’ ARIKO KANDI NGO N’UMWE WOP MURI BA BANDI INDWI

Nkuko twamaze kubibona, ico gikoko kigereranywa n’ubutegetsi bw’i Roma bwigereranya n’Imana. Ntituvuga Prezida w’Ubutaliyano, kuko tuvuga ivyerekeranye n’ishengero. Aha havuga ubutegetsi bw’ishengero gatorika bushimikiye i Roma, ku musozi wa Vatikano. Mu gihe c’ubwami bw’i Babuloni, n’ubw’Abamedi n’Abaperesi, n’ubw’abagiriki, Roma ntuyashobora gukomera kuko ntiyari ifise ukwishira no kwizana. Kuva mu mwaka w’167 mbere ya Yesu, hashinzwe ico bita Pax Romana (Amahoro ya Roma).

Ubupagani bw’i Roma bumaze gusubirirwa n’Ubupapa, igikoko caciye kibandanya kubaho.  Cabaye igikoko co nyaco aho gitangiriye gutsontsomera abakomeza amategeko y’Imana, n’abahagarara nk’abagabo bakamera nka Yesu, kuva mu mwaka wa 538. Ariko kigeze muri 1798, kikomereka uruguma rwari rugiye kuguhitana (Soma Ivyahishuwe 13: 3, wongere urabe n’ivyo twize ejo: ukuntu ubupapa bwafashwe mpiri bukaguma mu kirindiro gushika mu mwaka w’ 1929. Uwo mwaka cavuye i kuzimu congera kubaho.

Kizobandanya gukomera, gushika aho abantu bazokora igishushanyo caco arirwo rwa runani rw’amadini rugereranywa n’umwami w’indwi. Icago ca 6 nicasukwa i Roma, abantu benshi bazomuzinukwa bamute. Nico gituma bivugwa ngo: Marayika wa gatandatu asuka  urwavya rwe mu ruzi runini Ufrate, amazi yarwo arakama kugirango inzira y’abami b’i burasirazuba yitegurwe (Ivyahishuwe 16: 12) Uruzi Ufrate (Euphrate) rwaca hagati y’igisagara c’i Babuloni. Kandi amazi mu buhanuzi agereranya abantu benshi (Ivyahishuwe 17: 15). Ishengero ry’i Roma ryiswe Babuloni (1Perero 5:13), kandi rikaba rifise abayoboke hose ariko ivyago vya nyuma bizotuma bose bariduhirwa. Ni rwo ruzi runini ruzokama, noneho abami bo mu Buseruko babone kuza. Kuko nkuko umuravyo urabuiriza mu Buseruko ukabonekera mu Burengero, niko n’ukuza k’umwana w’umuntu kuzomera (Matayo 24: 27). Papa azoba akiriho, asigare yigunze amaramare. Nico gotuma yitwa umwami w,umunani, ariko niba warasomye neza icigisho c’ejo,usanga ari nawe mwami wa gatanu. Muri ico guhe ca nyuma azioba yitwa umwami w’8 nyene, ariko uvyago vya nyuma bizomuhitana. Erega ngo URUGAMBA RUSHIZE KERA NGO RUHEMURA INTWARI…

 Maze usome neza witonze Daniyeli 11:45 n’Ivyahishuwe 17:11. Ubupapa ntako butagize ngo buganze ingoma n’abami, bugeza n,aho bwiha amazina y’Imana, ngo ni Nyen’ubweranda (Sa Sainteté), ngo ni Data mweranda (SAINT- PÈRE). Ariko Kristo yerekanye ko Data mweranda ari Imana Data gusa (Yohani 17:11, ariyo nyen’Ubweranda (Luka 18: 19, Ivyahishuwe 4:8). Ubundi kwiha amazina nk’ayo se s’ukurogotwa? Intambara igikoko kizoteza mu misi yanyuma zizoba urudubi, ariko ngo INYAMASWA IRAROMORA IKABA IGIYE GUPFA!

Uhoraho abagirire ubuntu, mukomere kw’ibanga, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

Miburo Balthasar

 

Publié dans : ||le 28 avril, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire