TWIGE IVYAHISHUWE 17: 7-9

TWIGE IVYEREKEYE IMITWE INDWI YA CA GIKOKO INDAYA IGENDERAKO

Soma Ivyahishuwe 17: 7-9

Ibaze nawe nk’ubu inka canke impene/ihene Ivyaye ugasanga izanye inyana canye umwagazi ufise imitwe indwi. Mugani w’abanywarwanda, wab’ugushij’ishano wogacwa we!!! Kera abarundi bavuga ngo n’ubugesera bwadutse!!!! Soma iki cigisho, usanga ari ubugesera! Wewe wigumire kuri Kristu gusa, ntuteshwe indaha n’ibikungero….

Image result for bibiliya yera

Ngo iyo mitwe indwi igereranywa n’imisozi indwi, iyo ndaya yicayeko. Ntiwibaze ibindi bindi, burya ngo INGENZI Y’UMIHANA NIYO NZANYI Y’AMAZIMWE, kandi koko ngo KUGENDA GUTERA KUBONA. Abageze i Roma aho intebe y’Ubupapa iri, ngo n’igisagara ciza cubatswe ku misozi indwi. Vyatumye n’abanditsi ba kera b’i Roma bari barabaye barurangiranwa bacita IGISAGARA C’IMISOZI INDWI. Nkuko bavuga ko n’aha i wacu ngo n’ igihugu c’imisozi ighumbi, niko n’i Roma havugwa ngo n’igisagara c’imisozi indwi. Abo banditsi, ni nka Horace, Virgil, Martial, Cisero na Propertius!!!

Iyi karata yerekana imisozi indwi igisagaraca Roma cicayeko

Les Sept Collines de Rome et la Muraille Servienne.

Amazina y’iyo misozi ni: l’Aventin, le Cælius, le Capitole, l’Esquilin, le Palatin, le Quirinal et le Viminal.

Iyo mitwe indwi kandi ngo n’abami indwi. Koko hari abami indwi bategetse i Roma bigereranya n’Imana, ariko Yohani yerekana hano ubwami bwagiye butegeka isi yose kuva kera na rindi, mu gihe c’Umuhanuzi Daniyeli, bagiye biha icubahiro co gusengwa. Reka turabe neza aba bami, duhereye ku bakombowe, turabe ko bakwira indwi:

. Ngo batanu barakombowe: n’aba:

1-Ubwami bw,i Babuloni

2-Ubwami bw’Abamedi n’abaperesi

3-Ubwami bw’Abagiriki

4-Ubwami bw’Abapapa b’i Roma bwakombowe muro 1798 gushika mu mwaka w’1929

5-Umwe ariho, n,ukuvuga rero ubupapa uhereye mu mwaka w’1929

6-Uwundi ntaraza, kandi ngo niyaza azoba ari uwo kumara igihe gito.

Uwo mwami agereranywa na rwa runani rw’amadini yataye umurongo yose. Azokwishira hamwe ngo agire ubumwe. Mwoba mumaze kwumva inama mpuzamashengero: Oecuménisme. Ni we mwami wa gatandatu

7. Umwami w’indwi afitaniye isano na ca gishushanyo c’igikoko kiboneka mu Vyahishuwe 13: 14 ariko ngo uwo mwami azomara igihe gito.

Urwo runani rw’amadini rizovyura akanyarigabo mu misi ya nyuma, rugire inguvu mbi. Nibo bazotangura gucuranguza abanse gufata ikimenyetso c’igikoko. Kurya batwigisha mw’ishule ko ,uguteranya ibice (fractions), batangura kubiha igitigiri kibihuza (dénominateur commun), reba neza usanga amadini yose ateraniye hamwe, azoroha gutegekwa kuko  »dénominateur commun » izoba  »dimanche ». Bidatevye, igihe c’imbabazi zo mw’ijuru kizoca kirangira. Ivyago bizoca bitangura gusukwa ku bari mw’isi. Yesu azoseruka urugamba rwananiranye arirwo rw’i Harmagedoni. Mu vy’ukuri uwo mwami w’indwi ntazoramba(Soma Ivyahishuwe 16: 1-20).

CA GIKOKO UBWACO NGO N’UMWAMI W’UMUNANI, ARIKO KANDI N’UMWE WO MURI BA BANDI INDWI ( Ivyahishuwe 17:11.

Uwo tuzomwiga tumunonosore ejo….

Imana ibane na mwe…..

 

Publié dans : ||le 28 avril, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire