TWIGE IVYAHISHUWE 17: 7-8

TWIGE IVYEREKEYE CA GIKOKO WA MUGORE W’INDAYA AGENDERAKO

Ariko mubanze musome mwitonze mu Vyahishuwe 17: 7-18

Image result for Bibiliya Yera

1. Cariho kandi ntikiriho, kandi kizoboneka: Ivyahishuwe 17:8. Yohani we yatangajwe n’uko uwo mumaraya azoborezwa n’amaraso y’abera b’Imana. Marayika w’Imana abwira Yohani ati: Cariho ariko ntikikiriho yamara kizongera kibeho kiduge kive i kuzimu kije kuranduka. Marayika we yabwiye Yohani ko kizoba nk’igitangaza gihambaye ivyo ni vyashika ati: ab’isi yose badafise amazina yanditse mu gitabo c’ubugingo bazotangara (Ivyahishuwe 17:8)

Raba neza ibi bikurikira, wongere uvyiteho:

a- Ico gikoko cariho: Ni ya myaka y’Ubupapa, aho bwategeka abami n’amahanga, bucuranguza abera, bwica uwo bushatse,bugakiza uwo bushatse, kugeza mu mwaka w’1798, nyuma ya Yesu.Nivyo Daniyeli yanditse ngo: «  (Imana) Isumba vyose azoyivugako amajambo y’agatituro, kand’azocobogoza abera b’Isumba vyose. Azoja imigabo yo guhindura ibihe n’amategeko; kandi bazorekerwa mu maboko yiwe kugeza igihe n’ibihe, n’igice c’igihe bizoshirira (Daniyeli 7: 25)

b-Kutabaho kwaco: Mu mwaka w’1798, hari intwazangabo Berthiaume yo mu Bufransa yahangaye Papa, imukuraho, icirakw’iteka ubupapa. Vyageze aho ubupapa busigara ari icitiriro gushika mu mwaka w’1929. Ivyo birasobanura neza rwa ruguma rwari rugiye kugihitana: Muri ya mitwe yaco mbonamwo umwe ukomeretse akagirire, uruguma rwocishe rurakira (Ivyahishuwe 13: 3) 

c-Kuva ikuzimu kikwongera kubaho: N’ugushika mu mwaka w’1929, aho ubupapa bwongeye kuvyura igabo, kubera Musolini mw’itegeko ry’i Latrani. Abantu bazotangarira ico gikoko kizoba cakize uruguma, biraboneka ko atari abana b’Imana, kuko Bibiliya ivuga ngo n’abantu badafise amazina yabo mu gitabo c’ubugingo uhereye ku kuremwa kw’isi (Ivyahishuwe 17:8). Birumvikana ko twebwe ab’Imana tutotangazwa n’ivya Papa, kuko twiga ubuhanuzi, tukamenya icica n’igikiza, kuko kwiga ubuhanuzi bituma tumenya IMYONGA IHUMA N’IYIDAHUMA! Abana b’Imana bonguka imbaraga mu kwizera, iyo babonye ivyo bintu bishitse! Bibliya ikubwira iti: «  Ereg’Umwami Uhoraho ntazogira ic’akora atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha (Amosi 3: 7). Mwebwe mwahawe kumenya amabanga y’ubwami bwo mw’ijuru, ariko bo ntibabihawe (Matayo 13: 11)

Mu cigisho gikurikira tuziga ivy’imitwe indwi y’ico gikoko.

Dusenge: Mana yacu wewe wadutoranije mu b’isi, uduhe gukomera kw’ibanga, kugirango, n’abataramenya uku kuri n’abo baze dufadikanye urugendo. Urakoze, kuko wemera ko tuba urumuri mu mwijima wo muri iyi si, tubigusavye mw’izina rya Yesu Umwami wacu. Amen

Publié dans : ||le 28 avril, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire