TWIGE IVYAHISHUWE 17: 5

TUBANDANYE KWIGA IVYEREKEYE UWO MUGORE W’INDAYA WO MU VYAHISHUWE IGICE CA 17:

IZINA RY’UWO MUGORE W’INDAYA RITEY’AMAKENGA.

Iki cigisho naco kiri mu kirundi, kuko cari kigenewe impunzi z’abarundi zari muri Tanzania. Canditswe muri 2008

Ubwo tubandanije ca cigwa c’ejo bundi.

8. Izina yiwe ngo n’iry’akabanga: Bibiliya irimwo amabanga y’ubwoko bubiri: Ibanga rya mbere n’iry’Imana, rituma umuntu afata Kristo nk’urufatiro rutanyiganga. Image result for mariage adventiste    Umutu agakomera ku mwami Yesu, n’aho rwoba urupfu akarwemera, kuko Kristo yamukunze nawe akamukunda, noneho urukundo rw’uwo muntu na Kristo rukamera nk’umusore yikundiye inkumi, kuburyo ata nsaku n’ibihuha vyobatandukanya. Nkuko umusore arongora inkumi nikwo abakubamwo bazokurongora. Kuko nabahaye umugabo umwe ariwe Kristu ngo ndamubashingire mumeze nk’inkumi itunganye (Yesaya 62:5 na 2Abakorinto 11:2). Iyo umuugabutumwa yigishije umuntu akamugeza ku mubatizo, niho bibonekera ko uwo muntu yemeye kugiriranira umubano n’Umwami Yesu. Burya rero umukozi w’Imana agomba kunezerwa kuruta umuyeyi abonye umwana wiwe nawe agiye gushinga urwiwe. Erega iyo vyagenze neza abo tuvyara mu mazi y’umubatizo no muri Mpwemu, nibo baheza bakazovyara abandi.

Iryo banga rirasobanutse neza kandi ngo:« ab’Imana yakunze kumenyesha itunga ry’ubwiza bw’iri banga, riugwa mu banyamahanga,niryo Kristu ari muri mwebwe, iyiziogiro yo kuzoronka ubwiza »(Bakolosayi 1:27). Ibanga rya kabiri n’ibanga rya Satani, rituma umuntu ashira ibintu n’abantu mu kibanza c’Imana, akumva ko ibikoresho vy’idini bifise ububasha kuriwe, nkuko abapagani bizera ububasha bw’ibiheko. Yamara burya ngo: IGIHEKO GIHEKERA UWAHETSE! Imidari n’amashapure, imisaraba n’ibisandasanda, amazi ahezagiye n’ibindi, ntaco bimarira abavyizeye. Gusa dukwiye kubagenza buke tubasengera kuko nabo sibo, baracatsikamiwe n’umwansi w’intore z’Imana, uwo Bibiliya yita Belzebubi (mu kirundi bisobanurwa ngo: RWUBA RWA BIGATA). Ivyo iyo bibuze, bazera ubukiriro ku bapasitori, ku basaserdoti, ku bepiskopi, ku masakaramentu n’ibindi. Ugasanga umuntu atinya ko Bibliya yiwe ikorokera hasi, ariko atigera ayisoma ngo amenye ibirimwo! Buriya n’iyo Bibiliya iba isigaye imeze nk’igiheko, kuko kuyitunga kuba gusigaye ari nko kwizera igitabo, utazi amajambo ari muri co. Biteye isoni na vyo, ku muntu azi gusoma, akibagira gusoma ijambo ry’Imana, mugabo akabanguka mu gusoma icupa! Uwo ni Satani abunga mu bantu ben’abo: Dusome muri 2Abatesalonike 2: 9-12:  »Kuza k’uwo mugarariji kuri mu buryo bwo gukora kwa Satani, gufite imbaraga zose n’ibimenyetso n’ibitangaza by’ibinyoma, n’ubugunge bwose bwo  kugabitanya ku barimbuka, kuko batamenye gukund’ukuri ngo bakizwe. Nico gituma Imana izobarungikira ubuzimire bukomeye cane ngo bizere ibinyoma, kugira ngo abatizeye iby’ukuri bose bishimira kugabitanya, bacirwekw’iteka » Mu cigisho gikurikira tuiziga neza iri zina ryiwe ngo: Babuloni

Dusenge: Turagushima Mwami kuko uduhishurira aya mabanga akomeye. Domeka umuriro w’urukundo rwawe muri twe, wongere utwize kugukundisha abandi mw’izina ryera rya Yesu. amen..

Publié dans : ||le 28 avril, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire