TWIGE IVYAHISHUWE 17: 12-18

TWIGE IVY’ABAMI CUMI (Ivyahishuwe 17: 12-18)

a. Ngo n’abami cumi batarima.

b. Ngo bazohabwa kuganziriza hamwe na ca gikoko kumara isaha imwe (Ivyahishuwe 17:12)

Iri jambo ngo kumara isaha imwe, risobanura ngo kumara igihe gito, nk’indwi zibiri gusa. Ubwo turaza kubiraba handi hato. Abami cumi bavugwa n’amako cumi y’abazungu bo mu Bulayi, ari nayo Ubulayi bwose buhagaze ko: Aba Francs, Turcs, Vandals, Allemans, Anglo-saxons, Ostrogoths, Lombards, Herules, Bourgonds n’aba Barbares.

Kuva mu mwaka w’167 inyuma ya Yesu, aba Barbares, barabangamiye cane ubwami bw’i Roma, bagater’ibihugu Roma yategeka, bakabihindura  mu buryo butari bumwe. Bakomeje gutegekana n’umwami w’abami w’i Roma gushika muri 476, no mu gihe Papa yar’asigaye ategeka i Roma gusa, bobo bakomeza guhangama ku ngoma zabo. Bashoboye no kumara igabo Papa nkuko yari yarabigambiriye, bamubuza amahoro,bamubuza kwikakisha (2Abatesalonike 2: 6-7)

c. Ngo: Bahuza inama, baha ca gikoko ububasha bwabo

Mu mwaka wa 508 nyuma ya Yesu, Clovis umwami w’abafransa (Aba Francs), yahindutse umugatorika, arabatizwa. Aba akomye imbarutso, abami bose baramukurikira barahinduka, bacika abagatorika, bahuza inama guha icubahiro Papa w’i Roma.

Ariko abami  ntibavyemeye bose. Amoko atatu yarihagaze ko, n’ayo ni: Aba Herules, Vandals, n’aba Ostrogoths. N’ubwo bagiye bihagararako, mu mwaka wa 538, abanyuma muribo bakuweho, maze n’aba Barbares bose bari basigaye bafatanya na Papa baramurwanirira, bamuha inkomezi zabo n’ubutware bwabo. Iyo tuvuze aba Barbares, dushobora kandi kuba tuvuze muri rusangi amoko yose atavuga rumwe n’abami b’i Roma, canke Abapapa. Ubwo n’ukuvuga ko Ubulayi bwose bwaguye mu maboko ya Papa.

d. Mu Vyahishuwe 17: 14 hatwereka ibintu bibiri

1. Ukuntu abo bami barwanije Umwagazi w’ Intama bakamutwara ibikorwa n’icubahiro ciwe mu mwaka wa 508 nyuma ya Yesu (soma Daniyeli 12:11)

2. Ariko ngo ISUBIRAMWO RIRICA.

Mu misi yegereje umusi w’umuhero, urunani rw’amadini ruzoshira hamwe, rurwanye igikorwa c’Imana, ku buryo ukuri kwa Yesu bazogufudika, noneho ayo madini azoba yemeye kuyoborwa n’ubupapa azakore ya ngwano y’i Harmagedoni.

Navuze ho ubwo butware bwa Papa mu misi yanyuma buzomara hafi indwi zibiri, reka nisobanure mutarantera amabuye:

Ubuhanuzi bwavuze ko bazofadikanya n’igikoko  kuganza kumara isaha imwe (Soma Ivyahishuwe 17: 12).

Mu buhanuzi:

Umusi ungana n’umwaka (Guharura 14: 34 na Ezekiyeli 4:6)
Umwaka ufise imisi 360, kuko ukwezi kwo mu buhanuzi kugira imisi 30: Ivyahishuwe 11: 2-3. Haravugwa amezi 42 ahuje n’imisi 1260. Ni wafata 42×30, usanga bihuje n’imisi 1260. Ariko kuko umusi ungana n’umwaka, ubwo n’ibintu bizoshika mu gihe c’imyaka 1260. Twaravyize mu misi ishize (538-1798).

Iyo dufashe umwaka w’imisi 360 tukawuringaniza n’umusi w’amasaha 24, duca tubona ko isaha yo mu Buhanuzi ingana n’imisi 360: 24= imisi 15.

Imisi 15, ni hafi indwi zibiri.

Hari n’aho Bibiliya ivuga ivy’agacerere kazomara hafi igice c’isaha imwe mw’ijuru (Ivyahishuwe 8:1), mu gihe Kristu azoba aheraheje ivyo kudusengera mw’ijuru akaza gutora umugeni wiwe ari ryo Shengero. Ico gice c’isaha ni imisi 15:2= n’ukuvuga imisi 7 n’igice.

TUZOGARUKA CANE KURI IVYO BIHARURO MU MISI IGIYE KUZA, TURIKO TURIGA IVYAHISHUWE IGICE CA 18.

Imana ikomeze kubakangura, muhagararire ukuri!

Miburo Balthasar

Publié dans : ||le 28 avril, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire