TWIGE IVYAHISHUWE 17: 1-4

Turabire hamwe ishusho y’uwo mugore w’indaya avugwa mu vyahishuwe, igice ca 17

1.Haza umwe wo muri ba bamarayika barindwi bari bafite za nzabya ndwi arambwira ati “Ngwino nkwereke iteka maraya ukomeye azacirwaho, yicara ku mazi menshi.

2.Ni we abami bo mu isi basambanaga na we, abari mu isi bagasinda/bakaborerwa inzoga ari zo busambanyi bwe/bwiwe.”
3.Anjyana mu butayu/mu bugaragwa ndi mu Mwuka/muri Mpwemu, mbona umugore yicaye ku nyamaswa itukura yuzuye amazina yo gutuka Imana, ifite imitwe irindwi n’amahembe cumi.
4.Uwo mugore yari yambaye umwenda w’umuhengeri n’uw’umuhemba/impuzu y’inyambarabami n’iy’agahama. Yari arimbishijwe/ashajije n’izahabu n’amabuye y’igiciro cyinshi n’imaragarita, mu intoki ze yari afite igikombe cy’izahabu cyuzuye ibizira n’imyanda y’ubusambanyi bwe.
5.Mu ruhanga rwe/rwiwe afite izina ry’amayoberane ryanditswe ngo BABULONI IKOMEYE, NYINA W’ABAMARAYA, KANDI NYINA W’IBIZIRA BYO MU ISI.
6.Mbona ko uwo mugore asinze amaraso y’abera n’amaraso y’abahōwe Yesu. Mubonye ndatangara cyane.
Image result for La femme de l'apocalyse 17

Uyu mugore aravugwa mu bice vya 17 na 18. Ivyo bice uko ari bibiri bimwita indaya. Mu gice ca 17 hasigura ivyiwe. Mu gice ca 18, havuga uko azofyetwa rwose, ubutakigaruka. N’aho wosoma mu gice ca 16: 19, wobona ukuntu iyo ndaya bita Babuloni iraye iri bubone amahano: Ngo:  »Babuloni hahambaye haribukwa imbere y’Imana, ngo hahabwe agakarabo ka vino y’ishavu ryayo ry’inkazi »

Mu Vyahishuwe 17:1, umumarayika yahamagaye Yohani ngo yihweze ivy’iyo ndaya. Uyo mumarayika yahawe akazi ko guhasha Babiloni no kuyikomvomvora, ngo n’umwe wo mu bamalayika indwi, bazorekura ivyago vya nyuma. Ni wihweza neza igice ca 16: 17-19, uhita ubona neza ko ariwe yahawe ico gikorwa. Banza usome iyo mirongo imbere yo kubandanya.

N’uko rero wibuke kandi ko mu gitabo c’ivyahishuwe havugwamwo abagore babiri: Hari umugore w’intore yahebuje mu gice ca 12, n’iyo ndaya yo mu bice vya 17 na 18.  Ubwo tuvuga ubwiza n’ububi bwabo bagore’ uranakumbura utangure guhitamwo uwuzokubera nyoko! Ejo ni waba wahise mwo nabi, abamarayika bazohava baguterera hanze, ujane na nyoko! Mugenzi wanje ntuz’ube  » MWUNGU WA RWA RUYUZI » ! Ivyanditstwe bivuga ngo: Abazokubona bose bazoza bagucak’umugani ngo UR’UMWANA WA NYOKO!!! (soma Ezekiyeli 16:44). Bizoba bibabaje wifatanije n’indaya ngo ikubere nyoko kandi nyoko wawe w’ukuri akurindiriye ngo musangire ubuhirwe. None se,

- iyo ndaya ngo yahebuje vyose mu gusambana (Ivyahishuwe 17:2)

- ngo n’indaya nyina w’indaya (Ivyahishuwe 17:5)

-ngo ni  kiborerwa nka rubundakumazi, ngo kandi n’umwicanyi (Ivyahishuwe 17:2)

-Ariko avanze no kwiyandarika (Ivyahishuwe 17:4)

-Aho abandi bagore baguma muhira batunganya urugo, wewe ngo ni Gatuzamihana, asambana n’abami, kuko ararikiye ivy’isi (Ivyahishuwe 17: 2-4)

-Aho umugore Nakibumbarugo yitoye mu myambaro yera yerekana ubwiza bwo mu mutima wiwe ari bwo bweranda (Ivyahishuwe 19:8); iyo ndaya yo yiyambariye ibitukura tukutuku, bigereranywa n’amaraso y’intore z’Imana yasheshe(Ivyahisuwe 17:4 n’uwa 6)

-Aberanda nka Dawidi, canke aberanda nka Yesu mwana wa Dawidi (Matayo 21: 9), baravugwa muri Zaburi ya 116: 13 ngo: Nzokiriza igikombe c’agakiza, nambaz’izina ry’Uhoraho. Twese ubwoko bw’Imana turashira hejuru ici gikombe c’agakiza kuko uwami wacu yagikirije mu maboko yiwe, akambaza izina ry’Uhoraho adusabira agakiza (Matthieu 26:27). _Uwo mumaraya we ngo igikombe ciwe cuzuye ibuhumanya n’imyanda y’ubusambanyi bwiwe.

Ukuntu Bibiliya yerekana imyambaro y,uwo mugore, n’inzahabu zimubonekako, n’utugenegene tw’amabuye y’agaciro, n’ubudede (ubusaro), birerekana neza ko uwo mugore agereranywa n’uruvange rw’amadini yaguye. Nyabuna mwa bahungu mwe, mwa bakobwa mwe, mwa bagabo mwe, mwa bagore, iyo mwambara ivyo bintu vyanyu, muze muraba ntimwambare nk’iyo ndaya yo mu Vyahishuwe 17. Ivyo wambaye ku matwi, ku mazuru no ku maguru n’ahandi, uko kwama murarikiye impuzu z’agaciro ngo muboneke mu bandi ku muri ibihangange, ubwo ntirwoba ari urupfu rw’i Babuloni ruriko rurababungamwo? Muritonde, igihe  ni gito, ejo ntibaze babace ko umugani kuri wa musi ngo : Dore ukuntu bisa nka ca nyina!!!!! Ivyo twambara birerekana neza uwatuvyaye uwariwe, ko twavyawe n’isi canke ko twavyawe n’Imana. Ni wirabe wibaze wisubize, ubona ivyo wambaye bisa n’iy’uwavyawe n’Imana, ubwa kabiri mu mazi no muri Mpwemu? Canke ubona bisa n’ivy’uwitwgirira kuvuka ubwa kabiri?

Reka duhagararire ngaha uyu musi, na kare ngo  »imvugirakuyamara y’umugabo ikundwa na bake ». Ejo rero ntimuzotangwe, tuzokomeza gusobanura imyambaro yiwe, n’ibiri mu gikombe ciwe. Hari n’amabanga ahambaye yiwe, Kristu azotwereka!

Wa musomyi, urasoma wiyubara! (Matayo 24: 15)

 

Publié dans : ||le 28 avril, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire