TWIGE IVYAHISHUWE 17: 1-4 (2)


TWIHWEZE NEZA IVYEREKEYE UWO MUGORE W’INDAYA WO MU GITABO C’IVYAHISHUWE’ IGICE CA 17

1. Ngo n’indaya:  Mu mvugo yo muri Mpwemu, bivuga ngo n’ishengero canke amashengero abangikanya ivyera n’ibitar’ivyera, akavanga ukuri n’ibinyoma.

2. Ngo asambana n’abami bo mw’isi: Iyo abakristu bagiye kwisuka mu vya Politike,  baba berekanyeko badashobora kubumbwa n’ugukorer’Imana gusa. Burya umuntu n’aho yoramba akarambarara akaba yamana umururumba wo gutunga, … kubwanje mbona ko arutwa n’inda yakorotse!!! (Raba Umusiguzi 6:3). Nta mutegetsi w’ishengero akwiye gufatanya kuyobora inama za politike n’iz’ishengero. Kandi rero, mw’ishengero ry’ abasigaye bo mu ruvyaro rwa wa mugore avugwa mu Vyahishuwe 12:17, wa mugore ngo afise abana bitondera amategeko y’Imana bagashinga intahe nka Yesu: abo bana b’Imana ntibemerewe na gato kuja muri Politike. N’uwoba ari muri ivyo bintu muri iki gihe yar’akwiye kugarukira hagufi, agasab’Iman’imbabazi. Kuko amadini iyo agiye muri Politike, ahita ashaka ko ivyo yifuza arivyo bikorwa, noneho amafuti yose akozwe muri Politike, agacafuza umurimo w’Imana, Shetani n’abadayimoni bakisekera! Yewe Mpemuke ndamuke we! Biratey’isoni imbere y’abamarayika!!!!

3. Ngo ababa mw’isi baborerwa vino, nizo busambanyi bwiwe: Uravye ukuntu amashengero yaguye akora mu guhenda ababa muri iyi si, uca usanga bimeze nk’ukuntu inzoga ikwegakwega umunywi mu bitekerezo. Hambere hahise nko mu myaka ya 1975, nari ko ndakorana n’abandi bagabo mu kazi, noneho haza kuza abantu bikoreye imibindi y’inzoga bagiye ku rubanza rwo kuramukanya mu miryango nkuko bisanzwe. Hari umugabo muri twebwe yakunda gusetsa abandi, noneho abonye ukuntu dukurikiz’amaso iyo mibindi y’inzoga, aratubwira ngo: Ariko mubure kuraba ivyo muriko murakora, mwishinge gukurikiza amaso abikoreye ivyo bisazi nk’aho umenga bikorey’Imana!!!! Iryo jambo ryaranyigishije vyinshi!!!

Abantu bakunda guhagarara baraba ibirori vyo mu mashengero, iyo abaririmvyi bamabaye neza, iyo imisa zisomwa n’abepiskopi benshi, iyo har’ibiterane vyo guhimbaz’Imana vyateguriwe hamwe n’ibindi… Ariko buriya ngo biriya bintu biratwakura ngo tugende dufadikanye nabo ariko ngo ntakuri kurimwo (Imigani 9: 18), kuko amategeko y’Imana baba barayishe, noneho bagasigara ku birori gusa (Matayo 15:3; Mariko 7: 8-9, 13, 1Yohani 2:3-4; 5:3). Mbibutse ko amadini mu kurwa atangira kwemera ubusobanuro bw’abapasitori n’abapadiri kuruta amajambo  ya Yesu n’intumwa ziwe n’abahanuzi. Ubwo ntiwumva ko bihuje neza na kwa kuraba inzoga mu kirahure, ukananirwa no kuyireka kandi uzi neza ko uwunyoye gake ariwe ahava akanywa na kenshi? Imigani 23: 29-35. Barakurarika mu materaniro yabo, ejo bazokwibagiza isabato y’Imana wemere icumeru cazanywe n’abapagani b’i Roma, bukeye usange wambaye amaherena nk’inka y’inzugu, nyuma utangure guhamiriza nkuko wahora utamba mu kabare kera utarakizwa! Uritonda!

 4. Ngo iyo ndaya yicaye ku gikoko gisa n’agahama: Ico gikoko ni kimwe kiri mu Vyahishuwe 13:7. Twavuze ko uwo mugore agereranywa n’amashengero. Burya rero ngo:  »AGATSIRIKWA NTIGAHERE’ N’AMENYO YA RUGURU » Muvyemere canke mubireke ntaco mubihindurako, Imana yarategekanije igihe ishengero rimwe rizokwegera ayandi mu bugome, agacika igishengero kinini, noneho akicara ku butegetsi. Igikoko c’agahama n’ukuvuga amaraso azoseseka kubera imigambi ico gishengero kizogira abategetsi mu bubegito no mu buraya bwaco.

Aha biravugitse neza ngo yicaye ku gikoko. Iyo wicaye kw’igare, uriyobora iyo ushaka. Wicaye ku ndogoba urayijana iyo wifuza. Amashengero ni yamara kwiyunga azofadikanya n’ubutegetsi bw’ab’isi kandi azobuyobora, ibara rizoba riguye!!!!! IGIPFA KIBURIWE, N’IMPONGO!!! Mwebwe mwirinde, mugume mw’ishengero ryubaha amategeko y’Imana, niho muzobona Yesu ni yaza mu bwiza bwiwe!!!

5. Kwambara impuzu z’agahama (Ivyahishuwe 17:4): Mu mvugo y’ubuhanuzi, agahama gasigura ibi: a/Ivyaha no kuba intagondwa, b/ Kwica no kwicana  mu kurenganya abatagire shinge na rugero; c/ Agahama karasobanura kandi: ICUBAHIRO C’UBWAMI.

Ayo madini  agereranywa na Babuloni azokwishimikiza kuri Roma (1Petero 5: 13), azoba afise ibi vyose, tumaze kuvuga.

IVYAHA NO KUTAGONDWA: Kubangikanya ubukristu n’ubupagani bizobashimisha, uwuzobahangara ngo ababurire azohasig’agatwe, uretse ko abamarayika nabo bazorinda abasavyi b’Imana muri ivyo bihe bibi (Zaburi 34:8)

KWICA, KWICANA, NO KURENGANYA ABATAGIRA SHINGE NA RUGERO: Ni vyo bazokorera abanse guheba ukuri, abo bose bishimira guhagarara bashikamye nka Yesu.

ICUBAHIRO C’UBWAMI: Wibuke ko muri 1Petero 5: 13, Petero agereranya Roma na Babuloni. Kandi rero, adakardinali bose bambaye umutuku. N’ibara risobanura vyinshi ku bagatolika! Urabaza ivyo bakoze mu myaka 1260, uzobona ko (Ivyahishuwe 12:6), n’ivyakozwe n’abami b’abaroma batikiza abakristu. Nta gishasha kiba musi y’izuba (Soma Umusiguzi 1:9)

6. Kwisakara izahabu n’amabuye y’agaciro: Biragereranya ubutunzi buzoboneka muri Roma, kandi abandi bicwa n’inzara

7.Igikombe c’izahabu cuzuye ibihumanya n’imyanda: IGIKOMBE C’INZAHABU: kigereranya inyigisho za gikristu nziza zitey’igomwe. IBIHUMANYA N’IMYANDA: Ni kwa kuvanga inyigisho z’ibinyoma n’inyigisho z’ukuri: ngo Papa arandika bantu bapfuye mu gitabo c’aberanda, vya Noheli, Pasika zidahuje na Bibliya, ivy’umweru, n’ibindi….

Reka duhagararire  ngaha tuzobandanya ejo.

Dusenge: Data mwiza uduhe guhagarara dushikamye muri ibi bihe, utumenyereze kwitondera amategeko yawe, no gushing’intahe nka Yesu. Amen

Miburo Balthasar

Publié dans : ||le 28 avril, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire