TWIGE IVYAHISHUWE 16: 12-21

TWIGE IVYAHISHUWE 16: 12-21

Uwa gatandatu asuka urwavya rwiwe mu ruzi runini Eufrate. Amazi yarwo arakama, kugirango inzira y’abami bava i burasirazuba yitegurwe. Kandi mbona mu kanwa ka ca gikoko no mu kanwa ka wa muvugishwa w’ibinyoma, havamwo impwemu zitatu zihumanya, zisa n’ibikere, kuko izo ari impwemu z’abadayimoni, zikor’ibimenyetso, zija ku bami bo mw’isi yose ngo zibakoranirize ku ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose. (Ehe ndaza nk’igisuma. Hahirwa uba maso, akazigama impuzu ziwe, ngo ntagende amenya, bakabon’isoni z’ubwambure bwiwe). Zibakoraniriza ahantu hitwa Haru-Magedoni, mu Giheburayo. Uw’indwi asuka urwavya rwiwe mu kirere. Ijwi rirenga riva mu rusengero kuri ya ntebe, riti Karabaye. Habaho imiravyo n’amajwi n’imituragaro, habaho na ca nyamugigima gihambaye, nta ca nyamugigima kinganya n’ico ubuhambazi no gukomera cigeze kubaho uhereye aho abantu babereye kw’isi. Ca gisagara gihambaye cigabanyamwo gutatu, ibisagara vy’abanyamahanga birasenyuka. I Babuloni hahambaye hibukwa imbere y’Imana ngo hahabwe agakarabo ka vino y’uburake bwayo bw’inkazi. Ibizinga vyo mu kiyaga vyose birahunga, kandi imisozi ntiyasubira kuboneka. Urubura ruhambaye, ibuye ryago ripima nk’italanto rukoragurikira ku bantu ruvuye mw’ijuru: ico cago gituma abantu barogotwa ku Mana, kuko ico cago carwo gikomeye cane (Ivyahishuwe 16: 12-21)

Uyu musi tugiye kurabira hamwe ivyago biva mu nzavya (mu dukarabo) z’abamarayika babiri baheruka. Muri kumwe n’umunyavyaha yagiriwe ubuntu na Yesu nkamwebwe, Balthasar Miburo.

Uwu mumarayika wa gatandatu, twasomye ko yasutse urwavya rwiwe mu ruzi runini Eufrate. Amazi yarwo arakama, kugirango inzira y’abami bava i Burasirazuba yitegurwe. Hari ibintu biumwe ugomba kumenya. Mu gihe igisagara ca Babuloni cari kikiriho, uruzi Efrate rwaca (rwanyura) hagati mu gisagara.

Muri iki gihe c’isezerano rishasha, intumwa Petero atubwirako Babuloni ari igisagara ca Roma n’ishengero rihakomoka. Uwu Petero niwe yabaye umubwiriza mukuru mw’ishengero ry’abakristu b’i Roma, yaje akurikira Paulo. Aravuga ati: Ishengero ry’i Babuloni, ry’abatoranijwe nkamwe rirabatasha (1Petero 5: 13). Petero yanditse aya majambo ari i Roma, ariko Mpwemu Yera ayobora intoke ziwe ngo ntiyandike Roma, mugabo yandika Babuloni. Kandi uyu Petero niwe Ekleziya Gatorika yita  »ikibuye » cubatsweko ishengero. Har’umurongo ukunda kuvugwa cane kuri iyo ngingo, ngo Yesu yavuze ngo: Uri Petero no kuri urwo rutare nzokwubakako Ekleziya yanje. Muri Bibiliya y’ikirundi harabivuga neza ngo: Nanje ndakubwira yuko uri Petero, kandi kuri urwo rutare nzokwubakako ishengero ryanje (Matayo 16: 18). Yesu ntiyavuze ngo kuri wewe Petero, nzokwubakako ishengero ryanje, ariko yivugiye ati:  »kuri urwo rutare ». Petero nawe ntiyigeze yumva ko ariwe ishengero rizubakwako, naho benshi bapfa kubimwemeza. Ni musome no mu gitabo c’INKURU NZIZA c’abagatorika, musanga Ekleziya canke Ishengero ryubatswe ku rutare ariko si ku mushingantahe Petero.

Image result for peter apostle preaching

 Ni mwumve amajambo Petero nawe yivugiye, imbere y’abagabo,  ca gihe yakiza umuntu w’ikimuga imbere y’urusengero rw’i Yerusaremu (Ivyakozwe n’Intumwa 3: 2-9):  ni mumenye mwese, n’ubwoko bwose bw’Abisiraeli, yuko ari mw’izina rya Yesu-Kristo, Umunyanazareti, uwo mwebwe mwabamvye, Imana ikamuzura mu bapfuye, ko ariho hatumye uyu muntu ahagarara imbere yanyu. Uwo niwe buye mwebwe abubatsi mwatituye, kandi ryahindutse irigumya imfuruka (Ivyakozwe n’Intumwa 4: 10-11). Ukwizera kwari muri Petero niko  »Rutare » n’kuvuga ukwizera nk’ukwa Yesu (Ivyahishuwe 14: 12). Ni mwumve ko hariho umushingantahe yitwa Petero, hakaba n’urutare: n’ibintu bibiri. Yesu avuga ngo: Uri Petero, no kuri urwo rutare… Yesu yabona muri Petero ukwizera kumeze nk’urutare. Ico kinyoma rero c’iremezo catumye abantu bizera amajambo y’abapapa bayaha agaciro kuruta aya Yesu, kuko bavuga ko umupapa w’i Roma ari ku ntebe ya Petero, kandi ngo ari mukibanza c’Imana kw’isi. Kandi rero iki kinyoma cabahaye umugisha ukomeye mu vy’isi, baronka abantu n’ibintu.

Ariko Petero ntiyigeze yiyumvamwo ko ari umupapa na gato, kuko yanditse ati: Muragire ubusho bw’Imana bwo muri mwebwe, muburagira nk’abagoberewe, ariko mubikore mubikunze, ntimuburagirishwe no kurondera inyungu mbi, ariko muburagire mushize igikonyo. Kandi ntimuragire nk’abatwaza amanyama amasho mwagabanganirijwe, ariko mube ivyitegererezo vy’ubusho. N’UKO UMWUNGERE MUKURU NI YEREKANWA, muzokwambikwa urugori rw’ubwiza ruzohoraho (1Petero 5: 2-4). Kuri Petero umwungere mukuru ni Yesu gusa. Soma Ivyakozwe n’Intumwa 15: 13-20, cane cane mu mirongo ya 13, 14 na 19, usanga Intumwa, hamwe n’Ishengero rya mbere ryose ry’abakristu, vyari biyobowe na Yakobo, kandi ubuyobozi bwa Yakobo bwari bufise icicaro i Yerusaremu.

Tugaruke rero kuri rwa ruzi Eufrate:  murabona ko bitanguye nabi muri iki gice, kuko umumarayika wa gatandatu afise urwavya ruvamwo icago gishobora gutuma amazi yo mu ruzi runini akama, ntabwo ari inkuru nziza kuri Roma. Muti gute?  Ubuhanuzi buravuga ngo: Ya mazi wabonye maraya yicarako, niyo moko n’amakungu y’abantu n’amahanga n’indimi (Ivyahishuwe 17: 15).

Ubwo muri make, icago kizova mu rwavya rw’uwo mumarayika wa gatandatu, kizotuma ya moko n’amakungu y’abantu n’amahanga n’indimi maraya yicarako bimuvako, bose bazomuryaruka, bamwikunkumure, kuko bazoba babonye ko ataco yishoboreye. Niko gukama kw’amazi yo mu ruzi runini. Ivyago bizoba vyugarije isi yose, umupapa w’i Roma nawe akomeza guhatira abantu kuza mu misa no gutabaza Mariya n’abatagatifu. Nico iri jambo risobanura ngo:  Ya mahembe cumi wabonye na cagikoko bizokwanka uwo mumaraya, bizomuzingazinga, bimukobe, birye n’inyama ziwe, bimutongoze umuriro (Ivyahishuwe 17: 15).  Ariko kandi ngo ayo mazi zokama, kugirango inzira y’abami bava i Burasirazuba yitegurwe (Ivyahishuwe 16: 12). Igihe ni cashika, abantu bose bakazinukwa Papa n’abategetsi b’amadini y’ibinyoma, hazoba hasigaye akanya gato cane ngo Yesu agaragare ku bicu azananye n’abamarayika ba Se, n’abera bose bo mw’ijuru, Eliya, Henoki, Mose, ba basaza 24, n’abandi tutazi amazina bazutse umusi Yesu apfa, bakajana nawe mw’ijuru. Yaraduze aja iyo mw’ijuru, kandi ajana iminyago (Abefeso 4: 8) Nkuko umuravyo urabiriza mu buseruko ukabonekera mu burengero, niko ukuza k’umwana w’umuntu kuzomera (Matayo 24: 27). Maze Uhoraho Imana yanyu azoza azananye n’abera bose (Zekariya 14: 5).

Yohani ati: Kandi mbona mu kanwa ka cagisato no mukanwa ka ca gikoko no mu kanwa ka wa muvugishwa w’ibinyoma havamwo impwemu zitatu zihumanya (Ivyahishuwe 16: 13) Akanwa k’igisato: N’akanwa ka Satani. Handitswe ngo: ca gisato, nico ya nzoka ya mbere, niyo Murwanizi, irindi ni Satani (Ivyahishuwe 20: 2). Mu kanwa ka ca gikoko, n’ukuvuga mu kanwa k’uruvangatirane rw’amadini n’ibihugu, arico twita Oeucuménisme. Iyo Oeucuménisme iriko izotsimbatazwa biciye ,mu nzira ya démocratie mpuzamahanga, ico bita Nouvel Ordre Mondial.  N’ukuvuga ko ibizova mu bantu no mu butegetsi bw’ico gihe, bizoba bisunitswe n’impwemu mbi. Nkako twasomye kenshi ko abantu bazorogotwa ku Mana kubera ivyago. Mu kanwa ka wa muvugishwa w’ibinyoma, n’ukuvuga mu kanwa k’ubupapa n’abazoba babushigikiye. Izo mpwemu zizova mu kanwa ka Satani, k’abantu, no ku wubashoreye, zizokora ibara (ishano) ritasubirwamwo! Kuko izo ari impwemu z’abadayimoni, zikora ibimenyetso, zija ku bami b’isi yose, ngo zibakoranirize ku ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose (Ivyahishuwe 16: 14).

Mu bakristu bo mu mashengero menshi bakunda kweza umusi wa dimanche y’abapapa, no mu madini menshi y’abapagani, bakunda guhurumbira abantu bakora ibitangaza, cane cane abakiza ingwara. Muragabe! kuko ukwizera kwacu muri ibi bihe vya nyuma, ntigukeneye gushingira ku bitangaza gusa. Kuko hazokwaduka abigira Kristo n’abigira abavugishwa n’Imana, bagakora ibimenyetso bihambaye n’ibitangaza, kugirango bazimize n’abatoranijwe ni vyashoboka (Matayo 24: 24). 

Publié dans : ||le 4 août, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire