TWIGE IVYAHISHUWE 16: 1-2

 TWIGE IVYAHISHUWE 16: 1-2

Numva ijwi rirenga rivuga muri rwa rusengero ribarira ba bamarayika ndwi, riti Ni mugende, musuke kw’isi izo nzavya ndwi z’uburake bw’Imana. 

Uwambere aragenda, asuka rwavya rwiwe kw’isi, abantu bafise ikimenyetso ca ca gikoko bagasenga n’igishushanyo caco, bafatwa n’ibisebe bikomeye bibi (Ivyahishuwe 16: 1-2).TWIGE IVYAHISHUWE 16: 1-2 ulcere_pied

Twibukanye

Iki cigisho kirahambaye kandi nico coroshe gutegera, gusumba ivyo tumaze kwiga vyose. Kuko kirimwo imvugo ifobetse nkeya. Abantu benshi bakunze kwerekana ko ar’abanyabwenge mu bintu vy’Imana kudusumvya, noneho bagafata akamenyero ko kutwereka ko amajambo yose dusoma mu Gitabo c’Imana, aba afise ikindi asobanura, kidahuje n’uko tuyabona mu nyuguti. Aha ni muvyikuremwo siko bimeze> Muri kumwe n’umunyavyaha yagiriw’ubuntu na Yesu nka mwebwe, Balthasar Miburo 

 

Icigisho  catanguye kivuga kiti: Numva ijwi  rirenga riva muri rwa rusengero ribarira bamarayika ndwi riti Ni mugende, musuke kw’isi izo nzavya ndwi z’uburake bw’Imana (Ivyahishuwe 16: 1). Urwo rusengero ruvugwa hano ni rumwe twiga mucigisho giheruha, rwo mw’ijuru. Izo nzavya ni za zindi duherutse kwiga, za zahabu, ariko zuzuye ivyago ndwi vy’uburake bw’inkazi bw’Imana ishobora vyose. Ndashaka kubibutsa ko izo nzavya zikozwe muri zahabu, ngo bitwereke ko uguca imaza kw’Imana kuzoba ar’ukw’agaciro kanini. Ruzoba urubanza rwera rwose, ku buryo ruzerekana abera n’abatar’abera. Ivyo kwihana ntibizoba bikivugwa. Igihe wewe na jewe twahawe co kwihana n’iki turimwo.

Itanguriro ry’ivyago vya nyuma

Umumarayika wa mbere aragenda asuka urwavya rwiwe kw’isi, abantu bafise ikimenyetso ca ca gikoko, bagasenga n’igishushanyo caco bafatwa n’ibisebe bikomeye bibi (Ivyahishuwe 16: 2). Ivy’uwo mumarayika ni vyo twibandako uyu musi. Uwu mumarayika niwe azozana icago c’intangamarara (icago kibanza). Niho bose bazotangura kubona ko bibeshe cane, mu gusuzugura ubutumwa tuvuga uyu musi. Ni musome neza uyu murongo. Murabona ko ico cago ca mbere kigenda gitumbereye abantu bafise ikimenyetso ca cagikoko gusa, kandi bagasenga igishushanyo caco. Wibuke ibi: Imana yacu yerekana neza ikimenyetso cayo nkuko twavyize. Soma neza Ezekiyeli 20: 20 ngo: Kandi mweze amasabato yanje ngo ababere ikimenyetso hagati ya jewe na mwe.

 Mpwemu w’ukuri

Abenshi baranyandikiye, abandi barampamagaye, bambwira ko bacungiye kuri Mpwemu Yera, ngo babigishije ko Mpwemu ari we kimenyetso. Ariko aho Mpwemu ari, niho hari no kwubaha Data na Yesu. Vyoba bitangaje ko hoba uwundi Mpwemu atumvikana na Yesu, gushika naho ahindura  amategeko Yesu atahinduye. Ariko rero n’aho bitangaje, iyo mpwemu yindi ibaho, kandi ikorera mu mashengero hafi nka yose, uretse ko no muri iki gihe hariho amasigarira nk’uko yatoranijwe n’ubuntu bw’Imana (Abaroma 11:5). Umurongo bose bishimikiza n’uyu ngo:  Kandi ntimukababaze Mpwemu w’Imana yabashiriweko kuba ikimenyetso, gushika ku musi wo gucungurwa (Abaefeso 4: 30). Mpwemu Yera avugwa hano n’umwe Yesu yemera kuzoturungikira, mur’aya majambo ngo: Mpwemu w’ukuri ni yaza, azobarongora abashitse ku kuri kwose, kuko atazovuga ivyo yigeneye, ariko ivyo azokwumva vyose nivyo azovuga, kandi azobamenyesha ibigira bize. Uwo azoshimagiza jewe, kuko azokwabira ku vyanje (azofata ku vyanje) akabibamenyesha (Yohani 16: 13-14). Nimwumve ibiranga Mpwemu w’ukuri: 1/Ntavuga ivyo yigeneye, 2/ Aramenyesha ibigira bize, 3/ ashimagiza Yesu/ 4/avuga rumwe na Yesu kuko afata mu vya Yesu nyene.

 Yesu ntahinduka (Abaheburayo 13: 8)

Kwemera rero ko isabato yahindutse ikaja ku musi wa dimanche, ntibihuje n’ivyo Yesu yigishije. N’inyigisho abantu bigeneye (point de vue humaine). Erega Yesu ntahinduka, uko yar’ari ejo, n’ubu niko ari, kandi niko azohora ibihe vyose (Abaheburayo 13: 8). Iyo abantu bo kw’isi bagenze nkuko Yesu yagenda, niho Mpwemu Yera ababera ikimenyetso kugeza ku  musi wo gucungurwa  kwabo wegereje.

Mpwemu w’ukuri na mpwemu ikorera mu bantu b’intabarirwa (Yohani 16 13; Abanyefeso 2: 2)

Sindiko ndaca urubanza ku baruhuka dimanche, ndetse bamwe ngo ni ku musi w’Imana. Subiramwo musome neza uyo murongo wo muri Yohana 16: 13-14. Utangura uvuga ngo:  Mpwemu w’ukuri ni yaza…  Biraboneka ko na Yesu yar’azi ko hariho uwundi mpwemu atar’uw’ukuri. Nimwaba mugirango ndiko ndibesha, subiramwo murabe ukuntu iryo jambo Yesu yarivuganye ubwenge ngo: Mpwemu w’ukuri ni yaza… Ntiyavuze ngo Mpwemu Yera w’ukuri ni yaza. Kuko iyo agereka ko ngo  »Yera », yari kuba yerekanye ko azoza ari Mpwemu umwe rudende (rukumbi). Ariko mu kuvuga ngo Mpwemu w’ukuri,  arashaka kukwigisha guhitamwo, kuko hashobora kuza Mpwemu w’ukuri n’uwumdi mpwemu w’ikinyoma.  

Uriya murongo nawo wo mu Banyefeso nawo, ntudushigikiye kuko ntidufise ishengero rigenda nk’iryo muri Efeso. Nico gituma muri uwu murongo havuzwe ngo Kandi ntimukababaze Mpwemu Yera w’Imana yabashiriweko kuba ikimenyetso, gushika ku musi wo gucungurwa(Abanyefeso 4: 30) Mwabonye neza ko hano havugwa Mpwemu Yera w’Imana. Kuko Abanyefeso bari baramuhisemwo neza, barahakana mpwemu wundi w’ibinyoma.  Intumwa Paulo arerekana neza ko izo mpwemu zibiri ziyerekanye muri Efeso, ariko iryo shengero rihitamwo Mpwemu w’Uhoraho.  Soma uwu murongo uvyumve:  Namwe mwari mupfuye mwishwe n’ibicumuro  n,ivyaha vyanyu, ivyo mwagenderamwo kera, nkuko ivy’iyi si bigenda, mwumvira umwami w’ abagaza ikirere, niwe mpwemu ikorera mu bantu b’intabarirwa (Abefeso 2: 1-2) Iyo mpwemu ikorera mu bantu b’intabarirwa, niyo Abakristu bo muri Efeso biyambuye, bashima kugenzwa na Mpwemu Yera w’Imana yabashiriweko  kubabera ikimenyetso (Abanyefeso 4: 30). Nanje nipfuza ko mwoyiyambura, mukambara Mpwemu Yera w’Imana.  

Dukwiye gukora nk’ishengero ryo muri Efeso.

Twongere kandi twibuke ko iri torero ry’i Efeso ryabayeho hagati y’imyaka ya 34- 100. Ubuhanuzi bwa Bibiliya bufatirahamwe ubwiza bw’amashengero yose yabayeho muri ico gihe bukayita Efeso. Efeso bisobanurwa ngo ikintu c’agaciro, gikundwa cane. Iri shengero kandi ntiryigeze rimenya ivya dimanche, kuko ryigishijwe n’Intumwa ubwazo, riterwa ubutwari n’abigishwa benshi babonye Yesu, abandi bigishijwe n’intumwa za Yesu ubwazo. Ryaruhuka isabato (Ivyakozwe n’Intumwa 16: 13-15). Ntibitangaje rero ko Paulo avuga ko rifise Mpwemu Yera yarihaweko ikimenyetso. Amatheologies yazanye ibitekerezo vyo gupinga ivyanditswe, kenshi bagashaka ko twiyegereza cane imico n’imigenzo y’ab’isi, aribo twita abapagani. Ivyo nivyo ishengero ry’abakristu ba mbere ryari ryaranse, noneho twebwe natwe nivyo twagiye kwitorera aho babitaye.

None dukurikire bande, canke tureke bande?

None abari mu kuri ni bande? Abapasitori bacu bahindura ivyanditswe bakatwigisha amategeko ahuje n’irari ry’isi, canke Yesu n’Intumwa ziwe bo batwigisha amategeko ya Data badaca ku ruhande? Uritonda neza, wibaze, usenge, wumve ko iryo shengero rigufatiriye, uwo mupasitori canke uwo mupadiri agufatiriye, ko yoba asumvya Mpwemu w’ukuri Abanyefeso, akamusumvya intumwa, akamusumvya na Yesu.

 Abakurikira amadini bazogwanya Yesu n’abamukurikira, ariko uwo mwagazi w’Imana azobanesha, na twebwe turi kumwe nawe tuzonesha

Ngirango wumvise ko icago cambere kizoba gitumbereye abafise ikimenyetso c’inyamaswa gusa, bagasenga n’igishushanyo caco. Inyamaswa twarize ko ar’ubutegetsi bw’uruvangatirane rw’amadini na za Leta. Igishushanyo caco, ni rwa runani rero bariko barubaka, ico bita Oeucuménisme. Ntugire ngo bizohagarara, bizobandaya. Ni vyagera ku ndunduro, bazishima ko bakomeye, baje inama yo guhanagura rwose ubutegetsi bw’Imana kw’isi, kugirango amategeko yose ahure n’irari ry’abantu. Nico batanguye kuvuga mu bihugu vyinshi ngo:  »Accomodement raisonable ». Abo bazogwanya Umwagazi w’Intama, uwo mwagazi nawe azobanesha kuko ariwe aganza abaganza n’umwami w’Abami, kandi abari kumwe nawe, bahamagawe,batoranijwe, bayobotse nabo bazobanesha (Ivyahishuwe 17: 14). Subiramwo usome neza uyu murongo tumaze kuvuga: havugwa mwo ko abazonesha bategerezwa kuba kumwe n’Umwagazi: Yesu. Ariko ngo n’abahamagawe, batoranijwe, bayobotse. Guhamagarwa rero ntibikwiye, ikiruta ho n’ugutoranywa. Gutoranywa navyo ntaco bizotumarira, nimba tutayoboka. Kuyoboka n’ijambo rizwi neza rivuga kwumvira amabwirizwa yose neza nkuko umwigisha yayatanze. Wibuke aka kajambo ngo: abari kumwe nawe, s’abari kumwe n’idini, n’abari kumwe nawe. Idini ritunganye, ritagira agasembwa imbere y’Imana Data wa twese, n’ukuraba impfuvyi n’abapfakazi, mu marushwa yabo, no kwirinda ngo ntiwanduzwe n’ivy’isi (Yakobo 1: 27). Uko kwirinda ngo ntitwanduzwe n’ivy’isi, niko ishengero rya kino gihe ryabuze. Ni vyo bituma ritakaza agaciro. Kuko ryisunga cane amategeko, imico n’imihango y’ab’isi. Kandi ya dimanche twavuga iri mu vy’isi vyanduje ishengero. Yakobo igihe yandika aya majambo, ishengero ntiryari bwandure umwanda. Tuvuga ngo ntituri musi y’amategeko ya Mose, ariko amategeko y’abapagani nayo yaratuganje. Murabe maso musenge, mugendane ubwenge, urugamba rurakomeye!

 Nta n’akanyuguti na kamwe canke akazatsa bizova ku mategeko (Matayo 5: 18)

Nta kibabaza rero nko kubona umuntu azi gusoma, yize amashure menshi, ariko naho bomusobanurira gute, agakomeza kuvuga ngo, kubwiwe aziko umusi ataco uvuze, ngo Yesu ni we buruhukiro, hamwe n’utundi tujambo abapasitori badutamitse. Buriya ijambo ngo:  »umusi »  riramutse rivuye muri Bibiliya, amategeko cumi yose yoba ahindutse, ndetse Bibiliya yose yoba ihindutse. Kuko handitswe ngo: Gushitsa aho ijuru n’isi bizoviraho, nta kanyuguti na kamwe canke akazatsa bizova ku mategeko, gushitsa aho vyose bizoheraherezwa (Matayo 5: 18). None ko ijuru n’isi bitaravaho, mwumva arinde yoshobora guhanagura inyuguti zo ku mategeko? Ikindi, mu kuvuga ngo  »umusi ntaco uvuze », tuba duhinduye ubusa Bibiliya yose, kuko raba neza mw’itegeko rya 4 ry’Imana, ijambo  »umusi » canke  »imisi » rigaruka incuro zitandatu muri iryo tegeko. Genda ubirabe neza mu Kuvayo 20: 8-11. None wumva twoba twishe inyugutu zingahe? Hamwe naho twohanagura ijambo  »umusi’‘ muri Bibiliya yose ho vyoba bicitse ibindi. Ivyanditswe vyose bifise akamaro, mureke kubeshwa n’abishakira inyungu zabo (soma 2Timoteyo 3: 16).

 Ur’umwana wa nyoko yabihiwe n’umugabo wiwe(Ezekiyeli 16: 45), ukwiye guhindura ingendo

Ntitubivugishwa n’uko turi musi y’amategeko y’imihango, ariko n’uko tuzi ko Yesu yabambwe azira ibicumuro vyacu. Kandi icaha n’ukurenga itegeko(1Yohani 3:4). Mur’iryo tegeko rero, n’ukwubahiriza umusi w’Imana kurimwo. Kandi umusi w’Imana, ntihanditswe na gato ko ari dimanche, handitswe ko ari isabato (Yesaya 58: 13, Luka 23: 54-56), umusi w’indwi. Dimanche n’umusi wa mbere, s’umusi w’indwi. Nkuko itegeko ryo kuruhuka ku musi w’izuba (sunday ryakomotse i Babuloni, niko n’itegeko ryo kuruhuka dimanche riboneka mu mategeko y’idini  ngo: Uhimbaze umusi w’Imana n’imisi mikuru itegerezwa.  Iryo tegeko ryubahirizwa n’abakomotse kuri iryo dini bose. Ni bimwe mperutse kubigisha ngo: Umukobwa na nyina bose ni kimwe (Ezekiyeli 16: 44). Ahandi ngo: Babuloni hahambaye nyina w’abamalaya (Ivyahishuwe 17: 5. Yamara burya naho bigutangaza, aba bakobwa b’indaya bavugwa, n’ariya mashengero yacu yanse kugenda nkuko Yesu yagenze, agashima kugendera ku bitekerezo vy’abanyabwenge muri théologie, bikomoka i Roma.  Ur’umwana wa nyoko yabihiwe n’umugabo wiwe (Ezekiyeli 16: 45) 

Ukwizera ntigufiswe na bose (Abatesalonike 3: 2)

Mu kirundi baravuga ngo: Inkoko zisezerana mu masasa. Ejo wohava ugorana ukavuga ngo barakurenganije, None ko wahamagawe, wumva ugenda nk’uwatoranijwe? Jewe mvuga nk’umunyabwenge buke, ariko Umwami anyigisha, araciye ubwenge kunsumvya.  Aho hejuru wasomye ngo: Kandi abari kumwe nawe, bahamagawe, batoranijwe, bayobotse, nabo bazonesha, Mbe ko  wahamagawe, ugatoranywa, ubwo urayoboka Umwagazi w’Imana, canke uyoboka idini gusa.  Wibuke ko abafata Bibiliya mu ntoke bose batayikoresha mukuri, kuko ukwizera kudafiswe na bose (Abatesalonike 3: 2). 

Ni muve hagati yabo, mwitandukanye nabo (2Abakorinto 6: 17)

Erega naho twibohera ku madini twajanywemwo n’abavyeyi bacu, canke incuti zacu, abandi tukaba tudadika kuko pasitori canke padiri ar’uw’i wacu, dusangiye umutumba, ubwoko, twariganye mw’ishule, n’ibindi…., Yesu nawe aravuga ati:  Muzobon’ibara mwebwe Abanyabwenge b’ivyanditswe, n’Abafarisayo, mwa ndarya mwe, kuko mukwiragira mu kiyaga no mu misozi ngo muhindure n’umwe abe uw’idini ryanyu; iyo ahindutse, mutuma abarusha kuba kabiri umwana wa gehinomu (Matayo 23: 15).

Ico ngusabira nanje arico nisabira n’uko ico cago kizova mu rwavya rw’umumarayika wa mbere cokurengana. Kuko abo kizoramuka gifashe, kazoba kabaye, ivyago bisigaye vyose bizoza aribo biraba. Bizoba bitewe n’uko bihitiyemwo ikimenyetso c’igikoko. Muri ico gihe abantu bazoba barondera urupfu, ariko ntibazorubona na gatoya, bazoba bipfuza gupfa, ariko urupfu rubahunge (Ivyahishuwe 9: 6).

Ico kimenyetso c’igikoko bagihitamwo gute?

Murabona ko abantu benshi basigaye baharanira kuba barurangiranwa (vedettes) mu buryo atari bumwe: muri politike, mu nkino, mu kuririmba n’ibindi. Iyo rero abantu nkabo bapfuye, Satani aba abonye ukuntu ategura abamuyoboka ngo bifatanye n’abandi muri bimwe bita misa zo kuva ku rupfu. Mu bihe ben’ivyo n’abakristu bazi Imana yabo baraza bakifatanya n’abandi bose mu kababaro. Abandi bifatanya n’abo badahujije mu masengesho yo mu gihe c’ubukwe, ukubatizwa, ugukomezwa, n’ibindi. Yamara burya, uwushaka kuyoboka Imana, vyose yobireka, bagapfuma bamutuka, bakamuseka. Irya nkengeri ivugira hejuru mu munara w’isengero iguhamagara, niyo umwami Salomo yeretswe ngo:  ku gatwe hejuru no mu gisagara, ngw’ahamagare abahahita, bagenda baramirije mu nzira zabo, at’umuntu wese w’imburabwenge n’aze yinjire hano… Kandi wa wundi ntaba aziko imizimu ariho iri kandi ko abatumire biwe baja i bwina mu rupfu (Imigani 9: 14-16, 18). Kandi ntuze winjire mu nzu y’amazimano yabo ngo wicarane nabo, ngo usangire nabo (Yeremiya 16:8). Naho nyene twitwaza ngo tuba tugiye gufata mu mugongo abavandimwe, ntimushobora kunywera ku gikombe c’Umwami wacu, no ku gikombe c’abadayimoni; ntimushobora gusangira ivyo ku meza y’umwami wacu n’ivyo ku meza y,abadayimoni (1Abakorinto 10: 21). Satani rero n’uko ategura abantu bose guhabwa ico kimenyetso c’igikoko, arico kimenyetso ca Satani nyene. Ni vyaba bikunanira guhagarara ku ruhande rwa Yesu mu bihe vyoroshe, ata nkoni bagushizeko, mu gihe kwifatanya n’ab’isi rizoba ar’itegeko, wewe uzotsindwa. Uwirinda guhemuka mu bintu bito, ashobora kwirinda guhemuka no mubintu bikomeye, kandi uwuhemuka mu bintu bito, niwe ahemuka no mu bintu bikomeye(Luka 16: 10). Witonde rero. 

 Yesu aragukunda cane kandi azogukiza, hitamwo ijambo ryiwe uyu musi

Ku bana b’Imana bazoba barihanganye, ntibiyanduze, bafise ikimenyetso cayo,  vyose bizoba ar’amahoro  bategereje ko Yesu aza kubajana.  Muri ico gihe niho ivyago bizoza vyisuka ku bahemukiye Imana, banse ukuri.

Ndazi ko Imana izoruhira kukwereka ko ubu butumwa ar’ubw’ukuri,kandi ubuhabwa n’umukuzi agushakira amahoro mu Mwami Yesu. Amen

Publié dans : ||le 30 juillet, 2010 |1 Commentaire »

1 Commentaire Commenter.

  1. le 1 mars, 2013 à 21:32 Nijimbere claude écrit:

    Muturungikire ivyigisho vyinshi
    dushishikare gusobanukigwa,
    murakoze.

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire